Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 55)

Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)

IDOMINIKA YA 4 YO MU KAREMA (Umwaka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu Gitabu ca mbere ca Samuweli  (16, 1b. 6-7. 10-13a)

Dawidi asigwa amavuta ngo abe umwami w’Abanyisraeli

Muri irya misi, Umukama yabwiye Samuweli ati : « Niwuzuze agakerenke kawe amavuta, uheze uve hasi ugende, ndakurungitse kwa Yese w’i Betelehemu : mu bahungu biwe ni ho natoye umwami. »
Babaye bagishika, Samuweli akubita ijisho Eliyabi, umwe mu bahungu ba Yese, aca yibwira ati : « Nta gukeka, uyo ni we Umukama yatoye ! » Ariko Umukama aca abwira Samuweli ati : « Ntumushime igihagararo canke uburebure, uwo si we natoye. Ivyiyumviro vy’Imana ntibisa n’ivy’abantu : abantu baraba ibiboneka, na Yo Imana ikaraba umutima. »

Hanyuma Yese acisha imbere ya Samuweli abahungu biwe indwi, (suite…)

Ku wa 19 Ntwarante: Yozefu Mweranda, Umukunzi wa Bikira Mariya.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri ca Samuweli  (7, 4-5a. 12-14a. 16)

Umukama Imana azomuha ingoma ya se wiwe Dawudi

Muri iryo joro nyene, ijambo ry’Umukama rishikirizwa Natani, riti : « Genda ubwire umusavyi wanje Dawudi uti : Niwamara kumara urw’abagabo, ukaja gusanga ba sogokuru bawe bahise, nzobungabunga akaryango k’uruvyaro rwawe, nongere nkomeze ingoma yarwo. Uwuzoba yamuka kuri wewe, ni we azokwubakira izina ryanje ingoro, nanje ndamukomereze imisi yose intebe y’ubwami bwiwe. Nzomubera se, na we ambere ikibondo. Umuryango wawe n’ubwami bwawe bizoramba mu maso yanje na ntaryo ; intebe yawe izohangama gushika no ku nyoni y’ici. »

Izaburi 88 (89), 2-3. 4-5. 27. 29

Icit : Umuryango wiwe uzokwamaho imyaka yose.

Urukundo rwawe, Mukama, ndaruririmba ubudahengeshanya,
inzaruka zose nzozimenyesha ko uzira guhemuka.
Erega navuze nti : « Urukundo rwawe ruravyagiye ubutakihava ;
mw’ijuru niho washinze ingingo yawe izira guhemuka. »

« Twagize ubumwe twe n’uwo nitoreye, (suite…)

IDOMINIKA YA 3 YO MU KAREMA (Umwaka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka : 17, 3-7
(N’uduhe amazi yo kunywa)

Muri irya misi,
Abanyisraeli bari bavuye mu Misiri iyo bari bagorewe, bagenda mu ntara Imana yari yabemereye, barongowe na Musa. Bashitse mu nzira, basanga nta mazi yo kunywa ariho, baja mu vyo kwidodombera Musa bamubwira bati : « Mbe wadukuriye iki mu gihugu ca Misiri ? Watuzanye aha ngo utwicishe inyota, twebwe, abana n’ibitungwa vyacu ? »

Musa na we atakambira Umukama ati : « Aba bantu bashaka kunyicisha amabuye, ndabagire nte ? » Umukama yishura Moshe ati : « Genda imbere y’ishengero, uri kumwe n’abashingantahe bakeyi b’Abanyisraeli, witwaze ya nkoni wakubitisha ikiyaga. Nanje nzoba ndi kumwe nawe, kuri kirya gitandara c’ibuye, ku murambi wa Horebi. Urakubita ico gitandara, amazi azoca acuncubuka, abantu baronke ico banywa. » (suite…)