Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 58)
Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)
IDOMINIKA YA 5 YO MU MWAKA A
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 58, 7-10
Niho umuco wawe uzotamanzura nk’umtwenzi
Ng’iri iryavumerewe n’Umukama :« Sangira ivyokurya vyawe n’uwushonje, abagowe babuze aho baba ubinjize mu nzu yawe, niwabona uwuri gusa umwambike, ntiwirengagize umuntu nkawe.
Niho umuco wawe uzotamanzura nk’umutwenzi, igikomere cawe kigakira ningoga, ubutungane bwawe bukakuja imbere, na bwo ubuninahazwa bw’Umukama bugushorere. Niho uzohamagara Umukama akakwitaba, ukamuborogera akakwitaba ati : “Ndi hano.”
Niwakura iwawe umuzigo uguturubika be n’amajambo y’ububisha, niwaha uwushonje (suite…)
Idominika ya 4 yo mu mwaka A
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Sofoniya : 2, 3; 3, 12-13
Mu gihugu cawe, nzosigaza abatobato n’abicisha bugufi gusa
Rondere Umukama, mwa bantu batobato mwese bo kw’isi, muhore mmugamburukira amateka yiwe. Reondere ubutungane, mwicishe bugufi ; kumbure muzoba mwikinze ishavu ry’Umukama aho rizokwadukira.
Mu gihugu cawe, nzosigaza abatobato n’abicisha bugufi gusa, kandi agasigarira ka Israeli kazohungira mw’izina ry’Umukama. Bazoheba ubuyobe bwose, bihane ikinyoma cose, abangushi na bo bacibwe. Bazogandagaza ku mitumba, baruhuke atawubariye urwara. (suite…)
Ku wa 25 Nzero: UGUHINDUKA KWA PAWULO MWERANDA. Umusi Mukuru
Sawuli yahora ahama abigishwa b’Umukama abipfuriza urupfu, agenda ku muherezankuka mukuru, amwaka amakete ngo ashobore kuja mu masinagoga y’i Damasi kugira ngo niyabona abantu bakurikira inzira ya Yezu, abagabo n’abagore, abafate abajane i Yeruzalemu baboshwe. Ageze mu nzira ari mu gushikira i Damasi, buno nyene umuco uvuye mw’ijuru uramuhwikira. Agwa hasi, yumva ijwi rimubarira riti : « Sawuli, Sawuli, umpamira iki ? » Arishura ati : : « Uri nde, ga Mukama ? » Umukama ati : « Ndi Yezu uriko urahama. Va hasi, ugende mu gisagara, ni ho bazokubwira ico ubwirizwa gukora. » Abantu bari bamuherekeje baca barahagarara, ubwoba bwabatekeye, batamariwe kuko bumva ijwi ata muntu babona. Sawuli ava hasi, ariko n’aho yakanura ntaco yabona, bamufata ukuboko bamujana i Damasi. Amaraho gatatu ata co abona, ata co anywa, ata co arya.
Hananiya aragenda, ashitse mu nzu, agaranzurira iminwe kuri Sawuli avuga ati : «Sawuli, mwenewacu, Umukama Yezu, umwe yakubonekera mu nzira, aho waza, yandungitse ngo ubone kandi uhabwe Mutima Mweranda.» Buno nyene homoroka utuntu ku maso yiwe, aca arabona. Ava hasi, amaze kurya arakomera.
Bihugu vyose, nimumushemeze !
Nabashinze ngo mugende mwame ivyamwa, kandi ivyamwa bihoraho »







