Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 67)

Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)

Idominika ya 27 yo mu mwaka. (Umwaka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Habakuki (1, 2-3 ; 2, 2-4)

Intungane izotungwa n’ukugumya ibanga

habacucMbega Mukama, nzogutabaza gushika ryari utari bunyumvire ? Nzogusaba ngo ukure imidugararo utari bunkize ? Ni kuki ureka ngo mbone amakuba, ukishinga kwirabira ayo ngowe ? Nsigaye mbona abasahura n’abarwana ; hose ni ugutukana, induru ntaho itavuga.

Umukama ahava anyishura ati : « Andika ivyo ubona, ubishire ku dupapuro, babashe kubisoma neza. Kandi bizoshika igihe cavyo kigeze, ntakabuza bizoteba biranguke. Nivyateba, urabirorera ; bitebe bitebuke, bizoza nta gisivya.

Uwufise umutima wagoramye azohagwa, na yo intungane izotungwa n’ukugumya ibanga.»

IZABURI 94 (95) 1-2, 6-7, 8-9

Icit : Ese uyu munsi mwokwumviriza ijwi ry’Umukama,
         rivuga riti : « Ntimukomantaze imitima yanyu. »

Nimuze dutere impundu Umukama,
tumushemeze We tuzeyeko urukiza !
Ingo tuje mu nyonga ziwe tumukengurukire, (suite…)

Idominika ya 25 yo mu mwaka. (Umwaka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Amosi (8, 4-7)

(Itunga ribi nta co rimarira umutima)

euroNimwumve iri jambo, mwebwe mukandagira aboro, mugashaka kumara abatobato mu ntara, kuko muhora muvuga muti : « Mbega, imboneko z’ukwezi zizoshira ryari, ngo tubone kwishorera amahonda ? Mbega, isabato izorengana ryari, ngo tubone kwishorera ingano ? Tuzoheza tugabanye ingero, twongereze ibiguzi, duhindure iminzane. Umurushwa tuzomugura makeyi, umworo na we inkweto gusa : eka n’ibikumbi vy’ingano nyene tuzobishora ! » Umukama arahiye kw’izina rya Israeli, ati : « Ni ukuri nkazokwigera nibagira inabi n’imwe bakoze ! »

IZABURI 112 (113), 1-2. 5-6. 7-8

Icit : Uragashemezwa, Mukama,
         Wewe wama ubogora abakene.

Canke : Aleluya.

Bantu b’Umukama, nimuninahaze Umukama,
muninahaze izina ry’Umukama !
Izina ry’Umukama ni rininahazwe
Ubu no mu myaka yose.

Mbega, uwongana n’Umukama Imana yacu yova hehe,
ko mbona yurira kuvyagira mu ngoro yiwe,
akururuka kuraba
ibiri mw’ijuru no kw’isi ?

Umukama akura ku musenyi abatagira amagara,
umukene na we akamukura mu mwavu ;
kugira ngo amwicarike hamwe n’abakuru,
hamwe n’abakuru b’igihugu ciwe.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Timote (2, 1-8)

(Imana ishaka ko abantu bose bakira)

Mukunzi wanje,
Ico nipfuza imbere ya vyose ni uko boringaniza ivy’ugusenga, ivy’ukwambaza, ivy’ugutakamba n’ivy’ugukenguruka, ngo basabire abantu bose, abami n’abafise ubukuru bose, kugira ngo tubone kurambana iteka n’itekane, mu bukristu no mu bupfasoni.

Ico ni co gisabisho c’ukuri kandi gihimbaye mu nyonga z’Imana Mukiza wacu, Yo ishaka ko abantu bose bokira bakamenya ukuri. Koko, Imana ni imwe kandi umukandizi w’Imana n’abantu ni umwe nyene, akaba umuntu Kristu Yezu, yitanzeko incungu ya bose. Ubutigu bumaze kugera, yarabaye icabona arashingira intahe ukuri. Nashinzwe kumubera umutumwa-mvuze ukuri, simbesha- mu kwigisha intara z’abapagani inzira y’ukwemera n’iy’ukuri. Ndashaka rero ko hose abantu bosenga bagakíriza ibiganza bîtōnze, ata shavu n’ivyiyumviro bibi.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
N’aho yari atunze, Yezu Kristu yarigize umukene kubera mwebwe,
kugira ubukene bwiwe bubatungishe.
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (16, 1-13)

Igisomwa kigufi : 16, 10-13

(Nta wushobora gukorera Imana n’ifaranga)

intendantUmunsi umwe, Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Habaye umuntu w’umutunzi yari afise umubwiriza ; uno rero baramumuregako ngw’aramusesagurira ibintu. Shebuja rero aramuhamagaza, amubaza ati : ‘Mbega, ivyo nkwumvako ni ibiki ? Nyereka rero ingene wandinganirije ibintu, kuko kuva uyu munsi utagisubira gutegeka mu vyanje !’

Uno mubwiriza na we yiyumvira ati : ‘Mbe bane nza kubigenza gute, ko databuja ankuye ku co nahora nkora ? Nje kurima, numva ata magara ; gushera na ho, vyontera isoni ! Ariko ndabonye noneho ingene nza kubigenza, kugira ngo umunsi navuye mu gikorwa canje ndonke abazonsembereza.’

Ahamagara rero umwe umwe mu bari bafitiye umwenda shebuja, abaza uwa mbere ati : ‘Databuja umufitiye umwenda ungana iki ?’ Aramwishura ati : ‘Impange ijana z’amavuta.’ Uno mubwiriza na we ati : ‘Fata ikete ryawe, icara, wandike ningoga mirongo itanu.’ Abaza uwundi ati : ‘Weho umufitiye ibingana iki ?’ Na we ati : ‘Ibikemanyi ijana vy’ingano.’ Nya mubwiriza amusubiza ati : ‘Akira ikete ryawe, wandike mirongo umunani.’

Shebuja rero atangazwa n’ubwenge uno mubwiriza w’igisuma yagize ; kuko abakurikirana ivy’isi basumvya mu vyabo abakurikirana umuco. Nanje rero ndababwiye nti : Iryo tunga ridatunganye rirondeze abagenzi, kugira ngo umunsi rizoba ribavuyeko babasembereze mu nsago zidashira.

(Igisomwa kigufi gitangurira ngaha)

Uwuzigama ibanga mu bitagoye azorizigama mu bigoye ; uwurimena mu bitagoye, ntazoreka kurimena mu bigoye. None rero, nimwaba mutazi gutunganya itunga ribi, ni nde azobashinga itunga nyakuri ? Nimwaba mutazi gutunganya iritari rwanyu, ni nde azobaha iryanyu bwite ? Ntawushobora gukorera ba shebuja babiri, kuko yokwanka umwe agakunda uwundi, canke yokwishimira umwe uwundi na we akamunebagura. Ni ho rero mutoshobora gukorera Imana n’ifaranga. »

Idominika ya 24 yo mu mwaka. (Umwaka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (32, 7-11. 13-14)

Moshe asabira ikigongwe abanyisraeli batagamburukiye Imana

moise-au-sinaiMoshe yari akiri ku musozi wa Sinai. Umukama araheza aramubwira ati : « Hogi, manuka ningoga, kuko igihugu cawe wakuye mu Misri cashaye. Ntibarushe bihagararako, inzira nabategereje gukurikiza bayitaye. Bacurishije mu vyuma ishuri y’inzahabu, none ni yo bapfukamira, ni yo bahereza imperezwa, bavuga ngo : Ehe raba Israeli, Imana yawe yagukuye mu Misri ! »

Umukama arongera abwira Moshe ati : « Ndabona ko ico gihugu ari intagondwa. Ubu rero ndeka, ishavu ryanje ryisuke, ndabatikize n’agasya k’akarenge. Ariko wewe, nzokugira igihugu kininiya. »

Moshe rero aragerageza gucuvya ishavu ry’Imana, avuga ati : « Ni kuki ga Mukama, utaye ishavu ku gihugu cawe wakuye mu Misri ku bubasha bw’ukuboko kwawe n’ibiganza vyawe ? N’usubize agatima kuri Ibrahimu, Izahaki na Israeli, abasuku bawe, wemereye icese ko bazorondoka, (suite…)