Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 83)

Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)

IDOMINIKA YA 18 YO MU MWAKA (Umwaka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (16, 2-4. 12-15)

Umukate uvuye mw’ijuru

Multiplication des painsMuri irya minsi, ishengero ryose rya Bene Israyeli batanguye kwidodombera Musa na Aroni, barababarira bati : « Umukama iyo apfuma atwicira mu gihugu ca Misiri, tuciteretse inkono z’inyama, tukirya ivyokurya tugahaga ; none mwadukuyeyo mutuzana muri aka karere, kugira ngo mwicishe ikigoyi iri shengero ryose ! Maze, Umukama abarira Musa ati : « Raba, ngira ngo ndabakoragurire umukate uvuye mw’ijuru : uko bukeye abantu baze bame baja kwegeranya ibikwiranye n’uwo musi, kugira ngo mbagerageze, ndabe yuko bazigama amabwirizwa yanje canke ko bayarenga. Numvise ingene Bene Israyeli bidoga.» Urababwira uti : « Uyu munsi ku mugoroba, butarira murafungura inyama, ejo mu gitondo na ho muzorya umukate muhage. Niho muzomenya ko ari Jewe Umukama, Imana yanyu. » Kuri uwo mugoroba nyene, inkware ziraza zuzura insago zose, mu gitondo c’uwundi musi na ho babona urume rukikije nya nsago. Nya rume rumaze gukama, babona hasi mw’ishamba utuntu dutoduto, twiburungushuye, dusa n’urubura ; Bene Israyeli babibonye barabazanya bati : « Mann hou ? », ni ukuvuga (suite…)

DOMINIKA YA 16 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (23, 1-6)

Abungere beza b’igihugu c’Imana

Ng’iri iryavumerewe n’Umukama :
Baragatoye, abungere bareka intama zo mu canya canje zigahona kandi bakazishwiragiza ! Ni co gituma, jewe Umukama Imana y’Israyeli, mbwiye abo nashinze kuragira igihugu canje nti : Intama zanje mwaraziretse, zirashwiragira, zirazimira, ntimwazitayeho. Jewe ngiye kubashinga ijisho kubera akabi mwakoze. Hanyuma, nzoshwaburira hamwe intama zanje zasigaye, ndazikure mu bihugu vyose aho nazirukaniye. Nzozisubiza mu bwatsi bwazo, zirondôke, zigwire. Nzozironderera abungere baziragirana ubwira (suite…)

IDOMINIKA YA 13 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi (1, 13-15 ; 2, 23-24)

Ishari rya shetani ni ryo ryakweze urupfu kw’isi

Imana si yo yaremye urupfu,
vyongeye ntishima kubona abapfa.
Ibiremwa vyose Imana yabiremeye kubaho,
kandi ivyaremwe hano kw’isi ni vyiza,
nta bumara bwica buri muri vyo.
Urupfu na rwo ntirwiganje kw’isi,
kuko ubutungane buzokwamaho.

Ego cane, Imana yarémeye umuntu kwamaho,
yaramwishushanije ngo ase na yo.
Ishari rya shetani ni ryo ryakweze urupfu kw’isi,
na bo abayiyeguriye rurabahitana.

IZABURI 29 (30) 2.4, 5-6, 11.12a.13b

Icit. : Ndaguhaya, Mukama,
         kuko wambogoye.

Ndaguhaya, Mukama, kuko wambogoye, (suite…)