Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 87)

Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)

25 NDAMUKIZA : MARIKO MWERANDA, UMWANDITSI W’INKURU NZIZA

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Petero (5, 5b-14)

saint_marc1Ncuti zanje,
Nimwikenyeze mwese ukwifata ruto ngo mukorerane, kuko Imana irwanya abishima igaha ubutore abifata ruto. Nimwicishe bugufi munsi y’ububasha bw’ikiganza c’Imana, kugira ngo ibatere iteka igihe kigeze, muyiture imitwarariko yanyu yose, kuko ibafise ku mutima. Nimwigerere, nimwame mugavye : wa mwansi wanyu ari we shetani yama yiyerereza nk’intambwe iroha, irondera uwo yorotsa. Mumurwanye mugumije umutima mu kwemera, muzi neza yuko benewanyu bose iyo bava bakagera bagowe ayo mugowe. Na yo Imana nyenubutore bwose, Yo yabahamagariye ubuninahazwa bwayo bawaho muri Kristu, mumaze kubabara gatoyi, izoheza ibanogerereze Yo nyene ubwayo, ibasubirize umutima mu nda, ibaremeshe, ibakomeze. N’ihorane ubuninahazwa n’inganji imyaka n’imyaka. Amen.

Utwo tujambo natwandikishije Silivano mwenewacu akwiye kwemerwa uko niyumvira, kugira ngo ndabahanure, nkabigisha ko bwa butore bw’Imana murimwo ari bwo bw’ukuri. Ekleziya y’i Babiloni irabatasha be n’umwananje Mariko. Muramukanye namwe nyene mu kurwana mu nda nk’aberanda.
Muhorane amahoro mwese musanzwe muri Kristu.

IZABURI 88 (89) 2-3, 6-7, 16-17

Icit. : Urukundo rwawe, Mukama,
         ndaruririmba ubudahengeshanya.

Urukundo rwawe, Mukama, ndaruririmba ubudahengeshanya,
inzaruka zose nzozomenyesha ko uzira guhemuka.
Erega navuze nti : «Urukundo rwawe ruravyagiye ubutakihava,
ukudahemuka kwawe na kwo kurashizwe mw’ijuru.

Ijuru riragukengurukira, Mukama kubera ivyiza wakoze,
riraguhaya mw’ikoraniro ry’aberanda kubera ingingo yawe izira guhemuka.
Mu bari mw’ijuru ni nde yokwigereranya n’Umukama,
mu bana b’Imana, ni nde yogira ngo angana n’Umukama?

Barahiriwe abantu bazi gutera impundu Umukama,
abazoza gukubita ibipfukamiro imbere y’inyonga zawe zikayangana ;
izina ryawe ribatera akanyamuneza igihe cose,
ubutungane bwawe bukarushirizaho kubahimbara.

INKURU NZIZA

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yanditswe na Mariko (16, 15-20)

Amaze kuzuka, Yezu yabariye bamwe Cumi n’umwe ati : «Kwire isi yose, mushikirize Inkuru nziza ikiremwa cose. Uwuzokwemera akabatizwa azorokoka, uwutazokwemera azocibwa. Ibitangaro bizokorwa n’abazoba bemeye ni vyo vy’ibi : bazokwirukana amashetani, bavuge izindi ndimi kw’izina ryanje ; bazofata mu minwe, banywe uburozi bwica ntihagire ico bubagira, nibagaranzurira ibiganza ku barwaye, bano bazokira.»

IDOMINIKA YA 4 YA PASIKA :Yezu, Umwungere mwiza. (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (4, 8-12)

Nta wundi muntu n’umwe ashobora kudukiza

Muri irya misi, Petero yuzuye Mutima Mweranda avuga ati : « Batware b’igihugu namwe bakurambere, ko uyu musi mutubazagiza kubera iciza twagiriye umuntu w’ikimuga, mukatubaza ico twamukirishije, nimuze mwabimenya mwese n’igihugu c’Israyeli cumve koi co kimuga cakijijwe n’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu Umunyanazareti, umwe mwebwe nyene mwabamba, Imana ikamuzura akava mu bapfuye. Iryo Zina, ni ryo ryakijije uwo muntu ahagaze imbere yanyu. Yezu ni we rya buye, mwebwe abubatsi mwataye, ryabaye ishimikiro ry’imfuruka. Nta handi hari ubukiriro atari muri we, nkako, munsi y’ijuru, nta rindi zina abantu bahawe ryagenewe kudukiza. »

IZABURI 117 (118), 1. 8-9. 21-23. 26. 28cd. 29

Icit. : Ibuye abubatsi bari bataye
         Imana yarigize iry’ishimikiro.

Canke : Alleluya.

Shemeza Umukama, kuko ari mwiza,
Kuko Ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !
Hako wishimira abantu,
Worondera amahungiro ku Mukama ;
Hako wishimira beningoma,
Worondera amahungiro ku Mana.

Ndagushemeza kuko wanyumviye,
ukambera Umukiza.
Rya buye batora bagashibura,
ni ryo ryabaye iremezo :
ivyo bitangaza twabonye
vyabonetse ku bw’Umukama.

Aragahezagirwa
Uwuje kw’izina ry’Umukama !
Ni Wewe Mana yanje, nzogushemeza :
ngushimagize, Mana yanje !
Shemeza Umukama, kuko ari mwiza,
kuko ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Yohani (3, 1-2)

Tuzomubona nk’uko ari

Bakunzi banje,
Nimurabe urukundo Data yadukunze uko rungana tukitwa abana b’Imana, kandi turi bo. Igituma isi itatuzi, ni uko na we itamumenye. Bakunzi banje, n’ubu turi abana b’Imana, ariko ico tuzoba ntikiraboneka. Ico tuzi, ni uko aho kizobonekera, tuzosa na we, kuko tuzomubona uko ari.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Jewe ndi wa Mwungere mwiza :
ndazi intama zanje, na zo ziranzi. »
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (10, 11-18)

Umwungere mwiza yigura intama ziwe

Muri irya misi, Yezu yavuze ati : « Jewe ndi wa Mwungere mwiza. Umwungere mwiza yigura intama ziwe. Umucangero atari umwungere kandi atari we nyenintama, abona imfyisi ije, akazita aho, agahunga, nya mfyisi na yo ikazitwara kandi ikazishwiragiza. Ubwo rero, ahunga kuko ari umucangero atababaye izo ntama. Jewe ndi wa Mwungere mwiza, ndazi intama zanje na zo nya ntama zikamenya, nk’uko Data anzi nanje nkamumenya. Kandi ndigura intama zanje. Ndafise n’izindi ntama zitari muri uru rugo, na zo nyene mbwirizwa kuzizana zizokwumve ijwi ryanje kandi hazobe ubusho bumwe n’umwungere umwe. Ico Data ankundira ni uko ntanga ubuzima bwanje kugira ngo nze ndabusubireko. Nta wubunyaka, ni jewe nyene ubwanje ndabutanga. Ndi n’ububasha bwo kubutanga n’ubwo kubusubirako. Ni ryo bwirizwa nahawe na Data. »

IDOMINIKA YA 3 YA PASIKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (3, 13-15. 17-19)

Nyenubuzima mwari mwishe, Imana yaramusubije muzima

Muri irya misi,
Petero abarira ishengero ati : « Imana ya Aburahamu, Izahaki na Yakobo, Imana ya ba sokuru, ni yo yaninahaje umusuku wayo Yezu, umwe mwahereza Pilato, mukamwihakana imbere yiwe, mukagirako mukamugobera ngo amwice, yagomba kumurekura. Mweho, mwarihakanye Intungane, Umweranda, musabira ikigongwe umwicanyi. Mwari mwishe Soko ry’ubuzima, ariko Imana yaramusubije muzima, natwe tukabibera ivyabona. None rero, benewacu, ndazi yuko mwagize ivyo mwe n’abakuru banyu, ku kuyoberwa. Ariko, uko ni ko Imana yaranguye ivyavuzwe n’abahanuzi bose, ko Kristu azobabara. Nimwigaye rero muhinduke, ngo mukire ibicumuro vyanyu. »

IZABURI 4, 2. 4. 7. 9

Icit. : Inyonga zawe, Mukama, nizitumurikire !

Canke : Alleluia.

Iyo ndagutakambiye uranyumviriza,
Mana Wewe butungane bwanje !
Mu marushwa uranduhura,
ngirira imbabazi, wumvirize igisabisho canje !

Nimubimenye :
Umukama yitoreye umutoni wiwe ;
Umukama aranyumvira
Iyo ndamutakambiye.

Tweho, Mukama,
inyonga zawe nizitumurikire !
ni Wewe wujuje akanyamuneza umutima wacu.

Ko ndi mu mahoro,
ndaryama ngasinzira ;
kuko ari Wewe, Mukama,
untungira mu mutekano.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ikete rya mbere ry’Umutumwa Yohani (2, 1-5a)

Ni We Ciru c’ibicumuro vyacu, si ic’ivyacu gusa, ni ic’ivy’isi yose

Bane banje, ndabandikiye ivyo kugira ngo ntimucumure. Kandi nihagira uwucumura, dufise Umuburanyi kwa Data, ni Yezu Kristu, we ntungane. Kandi ni We Ciru c’ibicumuro vyacu, mugabo si ic’ivyacu gusa, ariko ni ic’isi yose. Kandi ng’iki ikizomenyesha ko tumuzi : ni uko twozigama amabwirizwa yiwe. Uwuvuga ati : « Ndamuzi », hanyuma ntazigame amabwirizwa yiwe, ni umubeshi kandi ukuri ntikuri muri we. Ariko uwuzigama ijambo ryiwe, ni ivy’ukuri, muri we ni ho urukundo rw’Imana ruba urukundo rubushitse.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Mukama Yezu,
nutwumvishe ivyanditswe mu bitabu vyeranda,
umutima wacu wuzure urukundo, niwatuganiriza.
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (24, 35-48)

Vyari vyanditswe ngo Kristu azobabara, aheze yizure mu bapfuye ku musi ugira gatatu

St ThomasKuri uyo musi, abigishwa bavuye i Emawusi bariko baraganirira bamwe cumi n’umwe ivyo babonye mu nzira n’ukuntu bamumenye aho yamanyura umukate. Bakiriko baravugana batyo, Yezu araza ahagarara hagati yabo, ababwira ati : « Nimugire amahoro ! » Ubwoba burabatekera, bagira ngo babona icijiji. Arababaza ati : « Ni igiki mutinya ? Kandi mwibaza iki mu mitima yanyu ? Nimurabe ibiganza n’ibirenge vyanje, ntimukekereze, ni jewe ! Nimunkorakore mwitegereze kuko icijiji ntikigira umubiri, ntikigira amagufa nk’uko mubona ndabifise. » Akivuga ivyo, abereka ibiganza n’ibirenge vyiwe. Ntibari bwemere kuko bari banezerewe, kandi bari batamariwe. Arababaza ati : « Nta twokurya mufise ? » Bamuhereza akamanyu k’ifi yokeje. Aragafata arya bose babona. Ababwira rero ati : « Ivyo ni vyo nahora ndababwira tukiri kumwe, hamwe nababwira ivyari vyanditse vyose kuri jewe mw’Itegeko rya Musa, mu Bahanuzi no mu Mazaburi, ko bizoranguka. » Hanyuma abaha ubwenge ngo bashobore gutegera Ivyanditse, ababwira ati : « Vyari vyanditse ko Kristu yari kubabara, agaheza akizura akava mu bapfuye amaze gatatu mu kuzimu, kandi ngo kw’izina ryiwe ukwisubirako n’ikigongwe c’ibicumuro bizokwigishwe mu makungu yose, mbere bitangurire i Yeruzalemu. Kandi ni mwebwe muri ivyabona. »