Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps de l’Avent (Page 4)

Archives de Catégorie: Temps de l’Avent

IDOMINIKA YA 2 Y’UBUSHIKIRO (Umwâka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Baruki (5, 1-9)

Urugendo rugenda rugana Yeruzalemu nshasha

Yeruzalemu, kura ivyambarwa vy’umubabaro n’amarushwa,
ikwize ubuninahazwa bw’Imana ubutakikuvako ;
ambara umutamana w’ubutungane bw’Imana,
itwikire urugori rw’ubuninahazwa bw’Uwamaho.
Nka ko, Imana ishaka kuratira abari munsi y’ijuru ubutore bwawe,
kandi Imana izokwama igutazira iti :
« Mahoro ahagaze ku butungane,
Buninahazwa bwuzuye ubweranda.»
Yeruzalemu, haguruka uje ahakirurutse, (suite…)

IGIHE C’UBUSHIKIRO: IDOMINIKA YA 1 Y’UBUSHIKIRO (Umwâka C)

couronne_avent_m0IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (33, 14-16)

Imburizi y’Umucunguzi

Ng’iri iriyazwe n’Umukama :
Igihe kiregereje c’aho nzorangura ijambo naraganiye umuryango wa Israyeli n’uwa Yuda. Muri iyo misi, nzotera mu nda ya Dawudi akabuto k’ubutungane kazovyagiza ingingo n’ubutungane mu ntara. Muri iyo misi, igisata ca Yuda kizorokoka, Yeruzalemu na yo igume mu mutekano ; ng’iri izina bazoyitazira : «Imana-Butungane-bwacu ».

IZABURI 24 (25) 4b-5b, 8-9, 10.14

Icit. : Ni Wewe, Mukama,
nerekezako umushaha.

Ntabara, Mukama, undangire inzira y’iwawe,
uranyigisha inzira zawe.
Urantumbereza ukuri, uranyigisha,
ni Wewe Mana izonkiza. (suite…)

« Ng’uyo Yezu araje. Musanganire ». Igihe c’Ubushikiro.

Ico ari co igihe c’Ubushikiro

Joannes Claudius MANARIYO

Muri Ekleziya Gatolika ikurikiza imigirwa y’Abanyaroma (Église Catholique Romaine), ni ikiringo kimara indwi zine, cugurura, uko umwaka utashe, urukurikirane rw’ukuntu bahimbaza ikinyegezwa ca Kristu. Muri Ekleziya Gatolika ikurikiza imigirwa yarazwe n’umweranda Ambruwaze (Église Catholique de rite ambroisien), ico kiringo kimara indwi zitandatu. Nk’uko n’ibindi biringo bisanzwe bifise umusi mukuru bigenda bitwerekezako, n’ikiringo c’Ubushikiro kirafise uwo kitwerekezako : kitwerekeza ku musi mukuru wa Noheli, ari wo musi mukuru w’ivuka rya Yezu Kristu. Uwo musi mukuru (Noheli), twovuga ko watanguye guhimbazwa mu gice ca mbere c’ikinjana ca kane inyuma y’ivuka rya Yezu Kristu. Ariko mu kinjana ca gatandatu, ni ho hashirwaho ikiringo c’ukuwitegurira, ubwa mbere ntacari kihari. Muri ico kiringo rero bǎrisonzesha bakongera bakibabaza. Ico kiringo kimaze kujaho, mu nyuma cafashe intumbero ya Liturujiya.

Ukuntu ico kiringo catanguye gushirwaho

Ico kiringo nticamye kiringanijwe muri Ekleziya. Catanguye guhimbazwa mu kinjana ca gatanu. Umwepiskopi Perpet w’i Tours twovuga ko ari we yatanguje ihimbazwa ry’ico kiringo. Mw’ikete yanditse yasavye abakristu ko kuva ku musi mukuru w’umweranda Maritino w’i Tours (uhimbazwa itariki 11 Munyonyo) gushika ku musi mukuru wa Noheli, boza barisonzesha gatatu mu ndwi. Hari abaciye batangura (suite…)