Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps de l’Avent (Page 8)

Archives de Catégorie: Temps de l’Avent

IDOMINIKA YA 4 Y’UBUSHIKIRO (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri ca Samuweli (7, 1-5. 8b-12. 14a. 16)

Ubwami bwa Dawidi buzoramba imyaka n’imyaka

Ni uko rero, umwami Dawidi amaze kwinjira mu ngoro yiwe i Yeruzalemu, Umukama amuhaye impore hagati y’abansi biwe bose bamukikije, abarira umuhanuzi Natani ati : « Ehe jewe mba mu nzu yubakishijwe amasederi, na yo itabernakulo y’Imana iba mw’ihema gusa ! » Natani yishura umwami ati : « Genda ukore nk’uko wipfuza wewe nyene, kuko Umukama ari kumwe nawe. »

Ariko muri iryo joro nyene, ijambo ry’Umukama rishikirizwa Natani, riti : « Genda ubwire umusavyi wanje Dawidi uti : Ng’iri iryavuzwe n’Umukama : Mbega, ni wewe uzonyubakira inzu yo kubamwo ? Ni je nagukuye inyuma y’ibitungwa mu gahinga aho wari uragiye intama, kugira ngo ube umuyobozi w’igihugu canje, Israeli. Namye ndi kumwe nawe aho waja hose, naratikije abansi bawe bari baguhanze. Nzokugira rurangiranwa mu bandi bakuru bo kw’isi, nzotorera ikinanza igihugu canje Israeli, ndakigerereho kigumeho ; ntikizoba kikiyerera nk’uwutagira iyo aja, nk’uko babigize kuva aho nari nashinze abacamanza ngo bayobore igihugu canje Israeli.

Ndaguhaye impore mu kugukiza abansi bawe bose, kandi Umukama akumenyesheje yuko azokwubakira inzu. Niwamara kumara urw’abagabo, ukaja gusanga ba sogokuru bawe bahise, nzobungabunga uruvyaro rwawe, nongere nkomeze ingoma yarwo. Uwuzoba yavuye muri wewe nzomubera se, na we ambere ikibondo. Umuryango wawe n’ubwami bwawe bizoramba mu maso yanje na ntaryo : intebe yawe izohangama ubutayegayega. »

IZABURI 88 (89), 2-3. 4-5. 27. 29

Icit : Urukundo rwawe, Mukama,
ndaruririmba ubudahengeshanya.

Urukundo rwawe, Mukama, ndaruririmba ubudahengeshanya,
inzaruka zose nzozimenyesha ko uzira guhemuka.
Erega navuze nti : « Urukundo rwawe ruravyagiye ubutakihava ;
mw’ijuru niho washinze ingingo yawe izira guhemuka. »

« Twagize ubumwe twe n’uwo nitoreye,
narahiye umusavyi wanje Dawidi nti :
Narashinze umuryango wawe ubutakihava,
ndagushigikirira ingoma izokwamaho. »

« Azomapamagara ati : Wewe uri Dawe,
Mana yanje, ukongera ukaba ikinja rinkiza !
Nzokwama ndamukunda imyaka yose,
ubumwe bwanje sinzokwigera ndabumukurako. »

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (16, 25-27)

 Ikinyegezwa c’Imana kizohishurirwa muri Yezu Kristu

Ncuti zanje,
Imana yo nsa ishobora kubaremesha muri ya Nkuru Nziza ndabigisha, mvugira Yezu Kristu, muri rya banga ryahishijwe imyaka n’imyaka, none ubu ryamenyekanye m vyanditswe n’abahanuzi nk’uko Imana yamaho yari yabitegetse, rikamenyekana mu ntara z’abantu bose ngo bamuyoboke bamwemere. Imana yo nsa, Nyenubwitonzi, n’ininahazwe ku bwa Yezu Kristu mu myaka n’imyaka. Amen.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.

Jewe ndi umusavyi w’Umukama ;
ni bimbere uko ubivuze !

Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Luka (1, 26-38)

Uza gusama imbanyi, uzokwibaruka umuhungu

Umunsi umwe,
Umumarayika Gabrieli yatumwe n’Imana mu gisagara c’i Bugalile citwa Nazareti ku mwigeme yari yasabwe n’umuntu yitwa Yozefu, wo mu muryango wa Dawidi ; nya mwigeme na we yitwa Mariya.

Nya mumarayika arinjira amubwira ati : « Mwaramutse, wewe wuzuye inema, Umukama muri kumwe. » Mariya ngo avyumve, agwa mu gahundwe, yibaza ico iyo ndamutso ivuyeko.

Nya mumarayika yamara aramubwira ati : « Humura, Mariya, warashimwe n’Imana. Uza gusama imbanyi, uze uyivyaremwo umuhungu, uzomwita Yezu. Azoba mukuru kandi azokwitwa Umwana w’Uwo mw’ijuru. Umukama Mana azomuha ingoma ya se wiwe Dawidi ; azogaba igihugu ca Yakobo imyaka yose, n’inganji yiwe ntizohera. »

Mariya na we abaza nya mumarayika ati : « Ivyo bizoshoboka bite ko ntari bumenye umugabo ? » Umumalayika aramwishura ati : « Mutima Mweranda azokuzako, maze ububasha bw’uwo mw’ijuru bugutwikire. Nico gituma uwo uzokwibaruka azoba mweranda kandi akitwa Mwene Mana.

Mbere na Elizabeti, incuti yawe, aheruka gusama imbanyi y’umuhungu mu busaza, kandi uku kwezi kugira gatandatu, n’aho bahora bamwita ingumba, kuko atakinanira Imana. »

Mariya ati : « Jewe ndi umusavyi w’Umukama ; nibimbere uko ubivuze. » Nya mumarayika aca arigira.

IDOMINIKA YA 3 Y’UBUSHIKIRO (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu Gitabu c’Umuhanuzi Izaya (61, 1-2a. 10-11)
Umuzo w’Umukama utuzanira urweze

Umutima w’Umukama uri kuri jewe,
kuko Umukama yansize amavuta ;
yantumye kuburira Inkuru Nziza aboro,
kwunga imitima yavunitse,
kumenyesha ababoshwe ko babohowe,
n’imbohe ko zugururiwe,
no kumenyesha abantu umwaka mwiza w’Umukama.

Nzonezerwa cane mu Mukama,
umutima wanje uvugirize impundu Imana yanje :
kuko yanyambitse imyabaro y’urukiza,
akayorosa umutamana w’ubutungane,
nk’uko umugeni aberwa n’urugori,
kandi nk’uko umugeni asharizwa n’utugenegene twiwe.

Nk’uko isi ibaduka ibimera
N’indimo ikameza ivyayitewemwo,
uko ni ko Umukama azomeza ubutungane n’ishimwe
imbere y’amakungu yose.

URURIRIMBO : Luka 1, 46-48. 49-50. 53-54

Icit : Umutima wanje uzovugiriza impundu
         Imana yanje.

Umutima wanje uraninahaza Umukama,
umushaha wanje wahimbawe n’Imana Yo Mukiza wanje.

Kuko yibutse umuntu wiwe mutomuto,
kuva ubu abantu bose bazonyita muhirwe.

Kuko Rugiravyose yangiriye yangiriye ibitangaza :
izina ryiwe ni ryeranda.

Agirira ikigongwe abamwubaha bose,
abavyeyi n’abana.

Abashonje yarabahagije ivyiza,
abakungu na bo abarungika zirayoye.

Yarabungabunze Israeli umusavyi wiwe,
yibuka ikigongwe ciwe.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abanyatesalonika (5, 16-24)

Umwe wese, uko ari kwose, ubwenge, umutima n’umubiri,
niyityorore ku musi w’ukuza kw’Umukama

Ncuti zanje,
Nimwame muhimbawe, ntimuhengeshanye gusaba ; muri vyose na hose, nimwame mukenguruka, kuko ari co Imana ibashakako muri Kristu Yezu. Ntimuzimye Mutima, ntimukengere ivy’abahanuzi ; ariko nimwitegereze vyose, muheze iciza mukizigame ; nimwirinde icitwa ikibi cose.
Imana y’amahoro Yo nyene ubwayo n’ibagire beranda muri vyose ; umwe wese uko ari kwose, ubwenge, umutima n’umubiri, yizigame ku musi w’ukuza kw’Umukama wacu Yezu Kristu abe ata mahinyu agira. Uwabahamagaye ni Intatanamundagano, ni We rero azobibagirira.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.
Umutima w’Umukama uri kuri jewe.
Ni We yantumye kumenyesha aboro Inkuru Nziza y’urukiza.
Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani (1, 6-8. 19-28)

Hagati yanyu, hari uwundi mutazi

Haza umuntu atumwe n’Imana, yitwa Yohani. Yaje ameze nk’icabona kivugira uwo muco, kugira ngo bose bemere kubera we. Si we yari umuco, mugabo yari icabona ca nya muco.
Ng’iyi ingingo Yohani yashinze, hamwe Abayahudi bamurungikira abasaserdoti n’abaleviti bavuye i Yeruzalemu ngo bamubaze bati : « Uri nde ? »
Na we abivuga uko biri ntiyabihakana, ababwira ukuri ati :
« Sindi Kristu. »

Baramubaza rero bati : « Bite ? Ubaye Eliya ? »
Ati : « Eka, sindi we. »
Bati : « Uri wa muhanuzi ? »
Abishura ati : « Oya. »
Na bo bamubwira bati : « None uri nde, tukaboneraho iryo tuja kwishura abadutumye ? None wewe wiyita nde ? »
Ati : « Jewe ndi rya jwi riterera akamo mu gahinga, kumwe umuhanuzi Izaya yabivuga ati : ‘Nimuringanize inzira y’Umukama.’ »
Abari batumwe bari abo mu Bafarizayo. Bongera rero kumubaza bati : « Ni kuki none ubatiza, utari Kristu, ntube Eliya, vyongeye ntube na wa muhanuzi ? »
Yohani arabishura ati : « Jewe mbatiza mu mazi, ariko hagati yanyu hari uwundi mutazi : ni we azoza ankurikira, sinkwiye n’uguhamburura imizana y’inkweto ziwe. »

Ivyo vyose vyabereye i Betaniya hakurya ya Yordani, aho Yohani yabatiriza.

IDOMINIKA YA 2 Y’UBUSHIKIRO (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (40, 1-5. 9-11)

Nimuharurire Umukama inzira

Humurize, humurize igihugu canje,
Nimusubirize umutima mu nda Abanyayeruzalemu.
Babwire muti : « Igikorwa canyu kirarangiye,
Igicumuro canyu carishuwe.
Umukama yarabahanye ikirenga kabiri ku bicumuro vyanyu. »
Ijwi risemerera riti :
« Nimuharurire Umukama inzira mu gahinga,
muharurire Imana yacu inzira igororotse mw’idonzi.
Umubande wose ufurirwe,
umusozi n’umutumba wose uringanizwe,
ahari imanga hose hongere hasaswe,
na ho ahaduga nk’uruti rw’icumu haringanizwe.
Ni ho ubuninahazwa bw’Umukama buzokwibonekeza,
kandi nta wuzosigara atabubonye,
kuko Umukama yarivumereye. »

Wewe uzaniye Siyoni inkuru nziza,
duga ku musozi muremure.
Wewe uzaniye Yeruzalemu inkuru nziza,
shira ijwi hejuru cane.
Tereza akamo, ntutinye.
Ubwire ibisagara vya Yuda uti :
« Ng’iyo Imana yanyu !
Ng’uyo Umukama Imana, azozanana n’ububasha,
ukuboko kwiwe kuzomugarurira vyose.
Raba, azoza azanye ivyo yatsindiye vyose
Kandi inkurikizi yiwe yitangiye imbere.
Azoragira ubusho bwiwe nk’umwungere,
azoterura imyagazi mu maboko,
ayitware ku gikiriza,
intama zonsa na zo azozibungabunga. »

IZABURI 84 (85), 9ab-10. 11-12. 13-14

Icit : Mukama, twereke urukundo udufitiye,
         uduhe urukiza rwawe.

Hinge numvirize ivyo Umukama agira avumere :
avumera amahoro y’igihugu ciwe ;
nangwa, abamwubaha bari hafi y’ugukira,
hanyuma ubuninahazwa bwiwe bube kw’isi yacu.

Urukundo n’agatima k’ibanga bigendane,
amahoro n’ubutungane bihane ikaze ;
umudahemuka azokwamuka kw’isi,
intungane imanuke iva mw’ijuru.

Umukama niyadukomorera ingabirano ziwe,
isi izoca irondoka ;
ubutungane buzomuja imbere,
amahoro yiwe amuherekeze.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya kabiri ry’Umutumwa Petero (3, 8-14)

Nimutegure inzira y’Umukama

Bakunzi banje,
Hari ikintu mudashobora kwibagira : ni uko mu maso y’Umukama umusi umwe umeze nk’imyaka igihumbi, imyaka igihumbi ikamera nk’umusi umwe. Umukama ntatevya isezerano ryiwe, nk’uko bamwe biyumvira yuko aritevya ; ariko arazi kubiyumanganya, ntashaka ko hagira n’umwe atikira, ashaka ko bose bohava bisubirako. Mugabo, umusi w’Umukama uzoza nk’igisuma, aho ikirere kizosanzara casirana, ibisate vyaco bigashongeshwa n’umuriro, isi na yo n’ibikorwa biri muri yo bigacika igitongorero.

None, ko ivyo vyose bizoshonga bityo, namwe mutegerezwa kwigenza rweranda mu bikorwa vy’ukuyobokera Imana no mu bisabisho, mu kurindira no mu guhahamira amaza y’Umusi w’Imana uzotuma ikirere gishongeshwa n’ugusha, ibisate vyaco bikayagishwa n’umuriro. Nka ko, ivyo turindiriye nk’uko Umukama yabituraganiye, ni rya juru rishasha na ya si nshasha bivyagiyemwo ubutungane.

Ni uko rero, bakunzi banje, umwanya mukibirindiriye, nimushishikare rwose kugira ngo abasange muri mu mahoro, mutagira agahonzi n’amahinyu.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.

Nimutegure inzira y’Umukama, muringanize inzira ziwe ;
ni ho umuntu wese azobona urukiza rw’Imana.

Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (1, 1-8)

Nimuringanize inzira z’Umukama

Intanguro y’Inkuru Nziza ya Yezu Kristu, Umwana w’Imana.
Nk’uko vyanditswe n’umuhanuzi Izaya ngo : « Raba ndungitse intumwa yanje imbere yawe, ngo ategure inzira yawe. Ijwi ry’uwuhogora mu gahinga riti : ‘Tegure inzira y’Umukama, ringanize inzira ziwe.’ »

Na we Yohani Batista yari mu gahinga, amanyesha ibatisimu y’ukwisubirako ngo ibicumuro birekurwe. Yirukirwa n’igihugu cose c’Ubuyudeha n’ababa i Yeruzalemu bose, bakemera ibicumuro vyabo kandi bakabatizwa na we mu mazi ya Yordani.

Yohani yari yambaye impuzu y’ubwoya bw’ingamiya, maze akayikenyeza umukanda w’urusâto, yari atunzwe n’ukurya inzige kumwe n’ubuki bwo mw’ishamba.

Kandi yigisha ati : « Uwuje mu nyuma zanje arandusha ububasha, mbere sinkwiye n’ugupfundurura imizana y’inkweto ziwe. Jewe, nababatije mu mazi gusa, ariko We, azobabatiza muri Mutima Mweranda.»