Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps de Noël (Page 7)
Archives de Catégorie: Temps de Noël
UMURYANGO MWERANDA (Idominika ikurikira Noeli).
Menya neza: Iyo habuze umusi w’Imana mu misi umunani ikurikira Noeli, bagira uwo musi mukuru kw’igenekerezo rya 30 Kigarama, kandi, imbere y’Injili, batora igisomwa kimwe gusa muri vya bisomwa bibiri vyabigenewe : mu mwaka « B » no mu mwaka « C », bashobora gusoma ibindi bisomwa imbere y’Inkuru Nziza.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : 3, 2-6. 12-14
(Uwubaha Umukama arasonera se na nyina)
Umukama ni We atera iteka Senaka mu bana biwe, ni We yubahiriza umuvyeyi mu bana biwe.
Uwubaha umuvyeyi wiwe aba ariko arishura ibicumuro vyiwe, uwutera iteka nyina wiwe asa n’uwuriko aragwiza itunga. Uwubaha se azohimbarwa na we mu bibondo vyiwe, niyatakambira Umukama azomutega amatwi.
Uwutera iteka se azoramba, uwugamburukira Umukama azoshimisha uwamwibarutse.
Mwananje, urunganira so niyamara gushika mu zabukuru, ntuze umutere amagorwa mu buzima bwiwe. N’aho ubwenge bwiwe bwoyama, uramugirira imbabazi, ntumukengere ngo n’uko uciyumvamwo ingoga. Ineza uzogirira so ntizokwibagirwa, kandi izohanagura ibicumuro vyawe.
Izaburi 127 (128), 1-2. 3. 4-5
Icit : Hahiriwe umuntu wese yubaha Umukama akagendera mu nzira yiwe.
Hahiriwe umuntu wese yubaha Umukama, (suite…)
Ku mutaga wa Noeli
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 52, 7-10
(Isi yose iyo iva ikagera izobona urukiza rw’Imana yacu)
Ese ingene biryoheye ijisho
kubona umuntu ashinga amano ku murambi
azanye inkuru nziza, azanye amahoro,
ayaga urweze, ashikanye ubukiriro,
abwira igisata ceranda ati :
« Imana yawe irahangamye ! »
Tega amatwi :
Ng’abo abareretsi bawe bavugirije impundu icarimwe,
kuko biboneye icese Umukama agarutse i Siyoni !
Tamba utārîke, musaka wa Yeruzalemu,
Kuko Umukama yahojeje igihugu ciwe, (suite…)
Mu gitondo ca Noeli
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 62, 11-12
(Ng’uyo Umukiza wawe arashitse)
Ng’iri ijambo Umukama asamirije kw’isi yose iyo iva ikagera : « Bwira umwigeme wa Siyoni uti : Ng’uyo Umukiza wawe arashitse, aherekejwe n’impera y’intsinzi yiwe, arōngōwe n’ivyo yambuye abansi. » Bazobita ‘Gihugu ceranda, Barokore b’Umukama’ ; nawe bagutazire ‘Mugomwa’, ‘Gisata kitakiri umusaka’.
Izaburi 96 (97), 1.6.11-12
Icit : Uyu musi twasagiriwe n’umuco w’akatabonetse : Umukama yatuvukiye !
Umukama ari ku ngoma ! Isi n’itārîke !
N’amazinga menshi atārîke !
Ijuru rihaye ubutungane bwiwe,
intara zose zice zibona ubuninahazwa bwiwe.
Umuco urasira ku mweranda,
umuntu w’intungane na we akibera mu gahimbare.
Mwa beranda, nimuhimbarwe mu Mukama,
nimuhimbaze izina ryiwe ryeranda.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Tito : 3, 4-7
(Imbabazi z’Imana ni zo zatumye idukiza)
Mukunzi wanje,
Umusi Imana Umukiza wacu yerekana impuhwe n’urukundo ifitiye abantu, ntiyiriwe irihweza ibikorwa vy’ubutungane twari twakoze. Imbabazi zayo zonyene ni zo zatumye idukiza mu mazi yatwuhagiye akabi kacu kose kari karatuzingamitse, tugasubira kuba bazima muri Mutima Mweranda. Uwo Mutima Mweranda yamutuvyagijemwo kubwa Yezu Kristu Umukiza wacu, kugira ngo amaze kutugira intungane, tube abaragwa b’ubuzima bwamaho twizigiye.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Imana n’ininahazwe mw’ijuru !
Kw’isi na ho hayagwe amahoro ku bakunzi bayo !
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 2, 15-20
(Abungere bahasanga Mariya, Yozefu n’akayoya)
Abamalayika bamaze kwisubirira mw’ijuru, abungere basigaye baratoshanya bati : « Ingo tugende i Betelehemu, turabe ivyo bintu vyahabaye twamenyeshejwe n’Umukama. »
Baciye bagenda bihuta, bahasanga Mariya na Yozefu, n’akayoya karyamye mu bwato bw’inka. Ngo bakabone, bigana ivyo bari bumvise kuri uyo mwana.
Abumvise bose ivyo abungere babiganiye baratangara. Mariya we yama yibuka ayo majambo, akayazigama mu muzirikanyi wiwe.
Hanyuma abungere basubira inyuma, bagenda baraninahaza Imana, bayishimagiza, kuko ivyo vyose bari biyumviye kandi biboneye vyahwanye n’ivyo bari babwiwe.






