Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps de Noël (Page 8)

Archives de Catégorie: Temps de Noël

Mw’ijoro rya Noeli.

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 9, 1-6
(Twaragabiwe umwana w’umuhungu)

Igihugu cahora mu mukorane,
cariboneye umuco w’agatangaza,
umuco warasiye ku bantu bo muri ico gihugu c’umukorane.
Warongereje akanyamuneza kabo,
ubasesekariza agahimbare :
none bariko barakwigina,
banezerewe nk’abariko barimbura,
bishongora nk’abagabura amatungo y’abansi.
Nkako wabaremuruye umuzigo wabasenya ibikanu,
ubuhiri bwabavuna ibitugu wabugize ubunywenywe,
ikiboko c’uwabatwaza umukazo wakivunye
nka wa munsi wirahira abansi kuri Madiyani.
Inkweto z’urugamba n’ivyambarwa vyavumbagajwe mu maraso
Warabituriye umuriro urabitongora.
Nkako, umwana yatuvukiye,
twagabiwe umwana w’umuhungu ;
yavukanye intahe n’inganji,
niho bamutazira ‘Muhanuzi w’agatangaza, Mana y’ingabo,
Muvyeyi yamaho, Mwami w’amahoro’.
Inganji yiwe azoyivyagiza mu mahoro y’akatabonetse
Ku ntebe ya Dawudi n’ingoma yiwe,
ayishinge, ayishigikire mu ngingo n’ubutungane
kuva ubu no mu myaka yose.
Urukundo rutagabanuka rw’Imana Nyen’ingabo
Ruzorangura ivyo vyose kuva ubu no mu myaka yose.

Izaburi 95 (96), 1-2a. 2b-3. 11-12. 13
Icit : Uyu musi Umukiza yatuvukiye ; ni we Kristu, Mukama.

Vyinire Umukama akavyino gashasha,
nawe si iyo uva ukagera, vyinira Umukama,
vyinire Umukama izina ryiwe rihezagirwe.

Uko bukeye uko bwije, nimumenyeshe urukiza rwiwe,
mwiganire abapagani ko ari We aninahaye,
mumenyeshe ibihugu vyose ivyiza vy’agatangaza yakoze.

Ijuru nirihimbarwe, isi nay o itarike,
ikiyaga n’ivyo gitunze bitere akamo,
imirima n’ivyamwa nibihimbarwe !

Ibiti vyo mw’idonzi binezerwe,
n’uko bibonye Umukama ariko araza,
ashogomanga gucira urubanza isi.

IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Tito : 2, 11-14
(Urukundo Imana yadukunze rwibonekeje mu bantu)

Mukunzi wanje,
Urukundo Imana yadukunze, soko ry’ubukiriro bw’abantu bose, rwibonekeje mu bantu. Rutwibutsa guheba akabi kose no guhunga ibihenda amaso vyose, kugira ngo ubuzima bwa hano kw’isi tubukoreshe twigerera, tube intungane twongere tuyoboke Umuremyi. Ivyo vuose tubigire turorereye bwa buhirwe twizigiye na bwa buninahazwa bw’Imana yacu Nzima n’ubw’Umukiza wacu Yezu Kristu, We yatwihebeye ngo adukize akabi kose, artyorore igihugu kimwegukiye, cama citwararika ineza.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.
Ndabazaniye Inkuru Nziza
Uyu musi Umukiza yatuvukiye,
ni We Kristu Mukama !
Alleluia.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 2, 1-14
(Uyu musi, Umukiza yabavukiye)

Muri irya misi, haje itegeko rya Sezari Ogusto ryategereza abantu b’isi yose kwiyandikisha. Uwatanguye kubaharura ni Kwiriniyo, icariho co mu Busiriya. Bose rero baragenda kwiyandikisha, umuntu wese mu gisagara ciwe. Yozefu na we nyene ava mu gisagara ca Nazareti mu Bugalile, aduga mu Buyudeha, mu gisagara ca Dawudi citwa Betelehemu, kuko yamuka mu gisata no mu muryango wa Dawudi ; agenda kwiyandikisha be na Mariya umukenyezi wiwe, na we yari yibungenze.
Bashitseyo, bihwanirana n’uko ageze kwibaruka. Yibaruka umuhungu, imfura yiwe, amworosa udushambara, amuryamika mu bwato bw’inka, kuko bari babuze indaro mu nzu z’abashitsi.
Hafi yaho, hari abungere, barara barakuranwa kurarira amasho yabo. Umumalayika w’Umukama arababonekera, umuco w’Umukama urabakikiza ; bagira ubwoba bwinshi.
Nya mumalayika arababwira ati : « Subize umutima mu nda, ndabazaniye inkuru nziza, iza kunezereza igihugu cose. Uyu musi, mu gisagara ca Dawudi, Umukiza yabavukiye : ni We Kristu Mukama. Ikiza kumubamenyesha ni iki : muza gusanga akayoya karyamye mu bwato bw’inka, koroshwe udushambara. »
Buno nyene, abandi bamalayika bavuye mw’ijuru baja hamwe n’uwambere, bashimagiza Imana, bavuga bati : « Imana ininahazwe mw’ijuru, kw’isi na ho hayagwe amahoro ku bakunzi bayo. »

25 KIGARAMA: IVUKA RY’UMUKAMA

Ku mugoroba urongora uwo musi (24 Kigarama)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 62, 1-5
(Ubuhirwe bwa Siyoni, umukunzi w’Umukama)

Sinzoreka guhayagiza Siyoni, sinzohengeshanya gushimagiza Yeruzalemu, gushika ubutungane bwaho butamanzure nk’umutwenzi, urukiza rwayo ruce ibibatsi nk’urumuri rwaka.
Intara zizoheza zibone ubutungane bwawe, n’abami bose babone ubuninahazwa bwawe. Bazogutazia izina rishasha rivuye mu kanwa k’Umukama Mana.
Mu minwe y’Umukama uzoba urugori rukayangana, mu minwe y’Imana uzoca ibibatsi nk’urugori rw’abami. Ntibazoba bakikwita “Intabwa”, intara yawe ntizoba icitwa “Akarere”, bazoguhamagara riho “Kinezero canje”, intara yawe bayite “Inkundwakazi” ; kuko uhimbara Umukama, intara yawe kandi izoronka umunega. Nk’uko umusore yabira umwigeme, niko Umuremyi wawe azokwabira, nka kurya umukenyezi anezera umugabo wiwe, niko nawe uzonezera Imana.

Izaburi 88 (89), 4-5. 16-17. 27-29
Icit : Urukundo rwawe, Mukama, ndaruririmba ubudahengeshanya.
Twarunze ubumwe n’uwo nitoreye,
narahiye umusavyi wanje Dawudi nti :
Narashinze umuryango wawe ubutakihava,
ndagushigikirira ingoma izokwamaho.

Barahiriwe abantu bazi gutera impundu Umukama,
abazoza gukubita ibipfukamiro imbere y’inyonga zawe zikayangana ;
izina ryawe ribatera akanyamuneza igihe cose,
ubutungane bwawe bukarushirizaho kubahimbara.

Azompamagara ati : “Wewe uri Dawe,
Mana yanje, ukongera ukaba ikinja rinkiza !”
Nzokwama ndamukunda imyaka yose,
ubumwe bwanje sinzokwigera ndabumukurako.

IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa : 13, 16-17. 22-25
(Ugucungurwa kw’abantu)

Ishengero ryari rikoraniye mw’isinagoga ya Antioche ya Pisidi, hanyuma Paulo ava hasi, akiriza ukuboko ngo bahore, aratangura ati : « Bantu b’Israeli namwe mwubaha Imana, nimwumvirize : Imana y’Israeli yaratoye ba sokuru, irabarondora baraba igisata iyo bari bahungiye mu Misri ; igikuzayo ububasha bwayo, irahava irabatorera Dawudi ngo ababere umwami. Ni we yavuze muri aya majambo ngo : ‘Naritoreye Dawudi mwene Yese, umuntu anshika ku nyota, azorangura ivyo nshaka vyose.’
Nk’uko yari yarabiraganye, mu ruvyaro rwiwe ni ho Imana yatoye Yezu, ngo abe Umukiza wa Israeli. Ataraza, Yohani Batista ni we yamuteguriye inzira, mu kwigisha igihugu cose ca Israeli ibatisimu y’ukwigaya. Igihe yari mu kurangura ivyo yatumwe, Yohani yavuze ati : ‘Jewe sindi uwo mwiyumvira, haza kuza uwo ntakwiye guhamburura utuzana tw’ibirato vyiwe.»

INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Ejo akabi k’isi kazoba kaheze,
na We Umukiza w’isi ace atugira ingabo ziwe.
Alleluia.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Matayo : 1, 1-25

(Igisomwa kigufi : 1, 18-25)
(Amamuko ya Yezu Kristu, mwene Dawudi)

Ng’aya amamuko ya Yezu Kristu, mwene Dawudi, mwene Ibrahimu :
Ibrahimu yavyaye Izahaki, Izahaki avyara Yakobo, Yakobo avyara Yuda na benewabo, Yuda avyara Faresi na Zara kuri Tamar, Faresi avyara Esromu, Esromu avyara Aramu, Aramu avyara Aminadabu, Aminadabu avyara Nasoni, Nasoni avyara Salmoni, Salmoni avyara Boozi kuri Rahabu, Boozi na we avyara Yobedi kuri Ruti, Yobedi avyara Yese, Yese avyara umwami Dawudi.
Dawudi avyara Salomoni kuri muka Uriya, Salomoni avyara Roboami, Roboami avyara Abiyasi, Abiyasi avyara Asa, Asa avyara Yozafati, Yozafati avyara Yorami, Yorami avyara Oziasi, Oziasi avyara Yoatami, Yoatami avyara Akasi, Akasi avyara Ezekiasi, Ezekiasi avyara Manase, Manase avyara Amoni, Amoni avyara Yosiasi, Yosiasi avyara Yekoniasi na benewabo ; muri ixco gihe ni ho batwarwako imbohe i Babiloni.
Aho babohorewe bakava i Babiloni, Yekoniasi yavyaye Salatieli, Salatieli avyara Zorobabeli, Zorobabeli avyara Abiyudi, Abiyudi avyara Eliyakimu, Eliyakimu avyara Azori, Azori avyara Sadoki, Sadoki avyara Akimu, Akimu avyara Eliyudi, Eliyudi avyara Eleazaro, Eleazaro avyara Matani, Matani avyara Yakobo, Yakoba avyara Yozefu, umugabo wa Mariya, nyina wa Yezu yitwa Kristu.
None rero ubukuye ku ntango : kuva kuri Ibrahimu gushika kuri Dawudi, rwari urwaruka rwa cumi na kane ; na ho kuva kuri Dawudi gushika aho Abayahudi batwarwa kuba abaja i Babiloni, urwaruka rwari urw’icumi na kane ; vyongeye kuva aho babereye abaja i Babiloni gushika kuri Kristu, urwaruka rwari urw’icumi na kane nyene.

(Igisomwa kigufi gitangurira aha)

Ng’ivyo ivy’ivuka rya Yezu Kristu uko vyagenze. Mariya, nyina wiwe, yari yasabwe na Yozefu ; ariko imbere y’uko babana, yari yasamye inda kubwa Mutima Mweranda. Uyo mugabo wiwe Yozefu yari umuntu w’ingingo, kandi ntiyashaka kumwararaza ; niko kwigira inama y’ukumuhebera mu mpisho.
Amaze kuvyiyumvira, intumwa y’Umukama iramubonekera ari mu ndoto, imubwira iti : « Yozefu mwene Dawudi, ntutinye kubana na Mariya, umugore wawe : iyo nda afise yamutse kuri Mutima Mweranda ; azovyara umwana w’umuhungu, izina uzomwita ni Yezu, kuko ariwe azokiza ibicumuro igihugu ciwe. »
Ivyo vyose vyabaye ngo ijambo ry’Umukama ryari ryavuzwe n’umuhanuzi ritahe, ngo : « Umwigeme azosama imbanyi ayivyaremwo umuhungu, bazomwita Emanueli, ni ukuvuga Imana turi kumwe. »
Yikanguye, Yozefu akora ico umumalayika w’Umukama yari yamutegetse, ajana iwe umugore wiwe. Ariko atamumenye, avyara umwana w’umuhungu, amwita Yezu.
Mu misa yo ku munsi mukuru wa Noeli, bakoresha ibi bisomwa bikurikira ; ariko mu Misa imwe imwe, bashobora gutora muri ivyo bisomwa ibibereye ishengero ry’abakristu.

Igihe c’Ikarema: Idominika ya 1 (Umwâka C)

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (26, 4-10)

Ukwemera kw’igihugu c’Imana Israyeli

Musa yabwiye ishengero ry’Abanyisrayeli ati « Niwahereza ivyimburwa vya mbere, umuherezankuka azokwakira igisimbo birimwo, agitereke ku ruhimbi rw’Umukama Imana yawe. Hanyuma uvuge imbere y’Umukama Imana yawe, uti: « Sokuru yari Umwaramu w’umwangazi, yamanutse mu gihugu ca Misiri, ihahungira ari kumwe n’abantu imparurwa ; ntiyari bwarondoke gushika aho abiwe bǎsagarara, bakaba igihugu gikomeye. Hanyuma Abanyamisiri baraheza baducura bufuni na buhoro, baratugirira nabi, batugira abaja. Niho twatakambira Umukama Imana ya basokuru, Umukama araheza adutega yompi, aribonera ayo tugowe, amaganya yacu n’agahahazo batwicisha. Umukama aca aramvura ukuboko kwiwe rubashavyose, adukura mu Misiri, akora ibitangaza vyinshi n’ibimenyetso biteye ubwoba. Yaratuzanye gushika aha, atugabira iki gihugu gitembamwo amata n’ubuki. None rero, Mukama, ndagushikaniye umwaka w’ivyo nimbuye mw’itongo wampaye.’
Hanyuma uheze ubitereke imbere y’Imana yawe, ukubite ibipfukamiro imbere y’Umukama Imana yawe. »

IZABURI 90 (91) 1-2, 10-11, 12-13, 14-15

Icit. : Mukama, guma iwanje,
         ndi mu marushwa.

Iyo nkingiwe n’inkinzo y’Uwahangamye mw’Ijuru,
nkibera mw’irebe ry’Umushoboravyose,
ndibuka Umukama ari we mahungiro n’amirukiro yanje,
Imana yanje nizeye.

Nta kabi kazokugobako,
nta muvumo uzogera mu nzu yawe ;
na none yabwirije abamarayika biwe,
ngo baguhagarikire mu rugendo rwawe rwose.

Bazokurerura mu maboko yabo,
ngo ntutsitare kw’ibuye.
Uzokandagira imamba n’akamina,
uhonyore umukurira w’intare be n’isato.

« Nzomukimbagiza ko yanyishimikije,
nzomukuza kw’atiyobagije izina ryanje.
Aranyakura nkamwitaba,
mu marushwa sindamuvirira :
ndamuruhura nkamuninahaza. »

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (10, 8-13)

Ukwemera muri Yezu Kristu

Ncuti zanje,
Mu Bitabu Vyeranda handitswe ngo: « Ijambo riri hafi yawe rwose, riri mu kanwa kawe no mu mushaha wawe. » Iryo Jambo, ni ya Nkuru nziza y’ukwemera duhora tubigisha. Nka ko, niwaba wemeza n’umunwa wawe ko Yezu ari Umukama, ukemera mu mushaha wawe yuko Imana yamuzuye mu bapfuye, uzokira. Kuko uwemera n’umushaha wiwe wose aca aba intungane, na we uwubiserura mu mvugo aba ashikiriye ubukiriro.

Kukaba nka ko, Ibitabu bivuga ngo: « Ku musi w’urubanza, nta n’umwe mu bamwemera azoteterwa.» Nta gitandukanya Umuyuda n’Umugereki kiriho : bose basangiye Umukama umwe, we agabira abamwambaza bose. Handitswe kandi ngo : « Umuntu wese yambaza izina ry’Umukama, azokira. »

INKURU NZIZA

Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.

Umuntu ntatungwa n’indya gusa,
ariko aratungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.

Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (4, 1-13)

Mutima amujana mu gahinga, araheza arageragezwa na shetani

TentationsYezu yuzuye Mutima Mweranda ava kuri Yorodani, Mutima amujana mu gahinga, ahamara imisi mirongo ine ageragezwa na Shetani. Muri iyo misi, nta co yageza ku munwa ; ngo ize guhera, arasonza. Shetani imubwira iti : « Niwaba uri Umwana w’Imana, bwiriza iri buye ricike umukate. » Yezu ayishura ati : « Handitswe ngo : Umuntu ntatungwa n’indya gusa.» Shetani yongera yongera kumujana ku gasozi karekare, imwereka intara zose z’abami b’isi, imubwira iti : « Ndaguhereza ubwo bubasha bwose n’ubuninahazwa bwaho bwose, kuko nabuhawe ndabuhereza uwo nshatse ; niwapfukama imbere yanje, buzoba rwawe bwose. » Yezu mu kuyishura ayibwira ati: « Handitswe ngo : Uzosenga Umukama Imana yawe, uyikorere yo nsa. » Shetani yongera kumujana i Yeruzalemu, imutereka kw’isunzu ry’igisengero, imubwira iti: « Niwaba uri Umwana w’Imana, niwikororere hasi, kuko handitswe ngo : ‘Azotegeka abamarayika biwe ngo bakurinde.’ Kandi ngo : Bazoguterura mu minwe yabo, woye gutsitaza ikirenge kw’ibuye. » Yezu mu kuyishura ayibwira ati : « Handitswe ngo: Ntuze ugerageze Umukama Imana yawe.»

Irangije kumugerageza mu buryo bwose, shetani imuva iruhande gushika igihe cagenwe.