Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps du Carême (Page 10)

Archives de Catégorie: Temps du Carême

Ku wa 4 Mweranda. Mu gitondo.

IMISA BAHEZAGIRIRAMWO AMAVUTA MERANDA.
Mu Burundi, iyi misa ihora iherezwa ku wa gatatu Mweranda,mu masengero Mvyeyi (Ctahédrales) kugira ngo vyorohere abasaserdoti gutunganya neza imigirwa itangura ku wa 4 Mweranda ku mugoroba.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (61, 1-3a. 6a. 8b-9)

Umukama yansize amavuta, kandi yantumye kuburira Inkuru nziza aboro n’ukuremesha imitima y’abashegeshwe.

Umutima w’Umukama uri kuri jewe,
kuko Umukama yansize amavuta;
yantumye kuburira Inkuru nziza aboro,
kwunga imitima yavunitse,
kumenyesha ababoshwe ko babohowe
n’imbohe ko zugururiwe,
no kumenyesha abantu umwaka mwiza w’Umukama
n’umusi wo kwihora kw’Imana yacu. (suite…)

La passion du Christ nous révèle le vrai visage de Dieu, et son dessein salvifique pour nous.

Le Dimanche des Rameaux nous amène à la dernière étape de notre pèlerinage de Carême, commencé le mercredi des cendres. Le récit de la Passion est probablement la partie la plus ancienne de la tradition orale chrétienne, et donc le Cœur de l’Évangile. Dans les quatre Évangiles ce récit est similaire, bien que chacun des auteurs le présente selon son inspiration. Jésus, lui, n’est pas surpris par sa passion. Il sait qu’elle va arriver comme le fruit de la fidélité à sa mission, et il est fidèle au prix de sa vie. Grâce à une note particulière de Matthieu nous apprenons comment la mort de Jésus accomplit le projet de Dieu et fait entrer dans une ère nouvelle, avant même sa résurrection. (Mt 27,51-53). La cadence du récit ralentit lorsque nous arrivons à la Passion, ce qui nous permet de ressentir que nous accompagnons Jésus dans ses derniers moments de souffrance

« Le Fils de l’Homme accomplit les Ecritures »

Chez Matthieu nous retrouvons souvent cette précision que (suite…)

Idominika y’Ibisandasanda n’iy’Ukubabara kw’Umukama. Umwaka A

UKWINJIRA KW’UMUKAMA I YERUZALEMU 

INKURU NZIZA

Aragahezagirwa uwuje kw’izina ry’Umukama

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (21,1-11)

Imisi mikeyi imbere y’uko umusi mukuru wa Pasika ushika, Yezu n’abigishwa biwe begera Yeruzalemu, bagenda berekeza i Betifage, amarora ku Gasozi k’Imizeti, Yezu araheza arungika abigishwa babiri, ababwira ati: «Nimugende mu mihana imbere yanyu, muca muhasanga indogobwe iziritse hamwe n’umwana wayo. Muziziture, muheze muzinzanire. Nihagira ico bababwira, mubasubize muti: “Umukama ni we azishaka, aca azibarungikira adatevye”.»
Biba gutyo nyene, ngo ivyavuzwe n’umuhanuzi biseruke ngo: «Barira Abanyayeruzalemu uti: “Ng’uwu umwami wanyu aje iwanyu, arangwa n’ubutekereji, yicaye ku ndogobwe no ku mukurira w’igitwazi”.»
Abigishwa baragenda rero, bagira ico Yezu yababwirije. Bazana ya ndogobwe n’umwana wayo, bayirenzako ibikwemu vyabo Yezu na we ayicarako.
Hanyuma abantu benshi barashikuka, basasa impuzu mu nzira, abandi na bo (suite…)