Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps du Carême (Page 4)

Archives de Catégorie: Temps du Carême

Yezu ni we Nzira, Ukuri n’Ubuzima. Iyi « Betaniya » turimwo iki gihe, twebwe ba « Lazaro », tumwambaze aturasaneko.

Abbé Lambert RIYAZIMANABavukanyi,
Turabandanya rwa rugendo rw’Ikarema rudushikana kuri Pasika y’Umukama, kuri kwa kujabuka imanga y’umwijima n’igicumuro, tukajabuka tuva mu rupfu twerekeza mu buzima, ubwo nabwo tukabugana dufashijwe n’intambe dutera. Ni navyo ibisomwa vyeranda vy’uyu musi bitubwira, aho Abayahudi bamenyeshwa n’umuhanuzi Ezekieli ko bazosubira mu ngo zabo, bava iyo bari bangarijwe, mbere n’umwizero wabo ugahera. Kuri bo rero iryo ni nk’izuka. Kandi n’Inkuru Nziza yagarutse kuri iryo jambo : umuntu amaze mu cane mu cobo, ivyiwe vyaba vyarangiye.

Nk’uko tuvyibuka, ku w’Imana wa mbere twarabonye ko urwo rugendo rugoye kuko rurimwo amageragezwa aduhamagarira kugaragaza ukwemera, twisunze iryo twapfunditse n’Imana. Ku musi w’Imana ukurikira turibuka ko Yezu yaduhonjeje ku buninahazwa buturindiriye ngo ntiducike ivutu kuko iyo tuja ari heza kandi ari inzira ishika. Ku w’Imana ugira gatatu naho, turibuka ko yaduhaye amazi y’ukunywa, kuko nawe nyene azi ko urugendo ari rurerure, bigatuma tubura utuguvu two kurubandanya. Ku w’Imana ugira kane w’i Karema, yaraduhumuye amaso ngo tubone ikibereye, gutyo dushobore kumukurikira n’ukumushingira intahe n’imbere y’abamaze gutimbira mu kabi, badashaka kubona ineza, maze bakiyugaranira mu kwiyemera, ntibashaka ko hari n’umwe yobakura mu vyo bamenyereye. Gutyo turashobora rero n’ugutegera ikimenyetso co kuri uyu musi aho azura Lazaro, ngo atwereke ko n’urupfu ari urupfu rutamufiseko ijambo rya nyuma. Tuzoba rero twiteguriye kwinjirana nawe mu mabanga y’icungurwa ryacu dutangurana n’Idominika y’ukubabara kw’Umukama, ku musi w’Ibisandasanda.

Bavukanyi, turi ku rugendo rero, urugendo rw’ukwemera. Iyi Nkuru Nziza twasomewe igaruka kuri ico ciyumviro incuro 23 zose: hogi dusubire mu Buyudeha…. none ugira usubireyo?…uwugendagenda ku mutaga…. uwugenda mw’ijoro…. ngira ngende kumukangura…. hogi tuje kumuraba… ngo ashike…. hogi rero tuje kumuraba… Abayahudi bari baje kugandara…. Marita yacice aza kumusanganira. Murumva ko bose baticaye. Mbere na Lazaro, bavuze ko bamuhamburura, bagaca bamureka akagendagenda. Abagendagenda babwirizwa rero gushika iyo bariko baja. Aho naho tahumvise: « benshi rero mu Bayahudi bari baje kwa Mariya, babonye ico Yezu agize, baca baramwemera. Bari baje kugandara, ariko ntibahereje ku marira, (suite…)

Mukama, dukize uruhumyi rw’umutima ngo tubashe kubona ibibereye vyodukiza.

Bavukanyi,
Turabandanya rwa rugendo rw’Ikarema rudushikana kuri Pasika y’Umukama, kuri kwa kujabuka imanga y’umwijima n’igicumuro. Nkako, Pasika bisigura kujabuka. Nk’uko tuvyibuka, ku w’Imana wa mbere twarabonye ko urwo rugendo rugoye kuko rurimwo amageragezwa aduhamagarira kugaragaza ukwemera, twisunze iryo twapfunditse n’Imana. Ni  ko Kristu yatsinze Shetani. Ku musi w’Imana ukurikira turibuka ko Yezu yaduhonjeje ku buninahazwa butuA Lambertrindiriye ngo ntiducike ivutu kuko iyo tuja ari heza kandi ari inzira ishika. Ku w’Imana w’Ikarema ugira gatatu naho, turibuka ko yaduhaye amazi y’ukunywa, kuko nawe nyene azi ko urugendo ari rurerure, bigatuma tubura utuguvu two kurubandanya. Uyu musi rero araduhumura amaso ngo tubone ikibereye, gutyo dushobore kumukurikira n’ukumushingira intahe n’imbere y’abamaze gutimbira mu kabi, badashaka kubona ineza, maze bakiyugaranira mu kwiyemera, ntibashake ko hari n’umwe yobakura mu vyo bamenyereye. Gutyo tuzoshobora rero n’ugutegera ikimenyetso co ku musi w’Imana uza, aho azozura Lazaro, ngo atwereke ko n’urupfu ari urupfu rutamufiseko ijambo rya nyuma. Tuzoba rero twiteguriye kwinjirana nawe mu mabanga y’icungurwa ryacu dutangurana n’Idominika y’ukubabara kw’Umukama, ku musi w’Ibisandasanda.

Bavukanyi, Yezu amaze kuduhumura amaso, duca tubona ikibereye: ni vyo twumvise (suite…)

IDOMINIKA Y’IBISANDASANDA N’IY’UKUBABARA KW’UMUKAMA

UKWINJIRA KW’UMUKAMA I YERUZALEMU

Ivyo basoma mu mwaka «A» na «B» twaravyanditse mu bihimba vyagenewe umwaka «A» na «B» nyene. Aha tugira tuhandike ivyagenewe umwaka «C». Iyi Nkuru Nziza tugira ngo dutangurireko, murazi ko ari iyisomwa imbere y’Ukwinjira mw’isengero.

RameauxINKURU NZIZA

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (19, 28-40)

Yezu aja imbere, ararōngōra abigishwa biwe baduga i Yeruzalemu. Ngo yegere i Betifage na Betaniya, hafi y’agasozi kitwa ak’Imizeti, arungika babiri bo mu bigishwa biwe ati : « Gende mu gisagara kiri harya imbere, muza kuhasanga indogobwe y’umukurira iziritse, itarigera igenderwako ; muyiziture muyinzanire. Hakagira uwubabaza igituma muyizituye, muramwishura muti : Umukama ni we ayitumyeko ».

Abatumwe rero baragenda, basanga vyose bimeze nk’uko Yezu yabibabwiye. Mu gihe bariko barazitura nya ndogobwe, beneyo bati : « lyo ndogobwe muyiziturira iki ? » Bati : « Umukama arayikeneye. » Baraheza bazanira Yezu ino ndogobwe, maze bayisasako imitamana yabo, aca bicarikako Yezu. Ngo batangure kugenda, abantu bakaza barasasa imitamana yabo mu nzira. Bari mu gishikira akamanuko ko ku Gasozi k’Imizeti, abigishwa biwe bose batereza ijwi, baninahaza Imana n’agahimbare ku bitangaro vyose bari babonye, bavuga bati : « Haninahazwe uyo Mwami aje kw’izina ry’Umukama ! Amahoro mw’ijuru, n’ishimagizwa rirengere (suite…)