Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps du Carême (Page 8)

Archives de Catégorie: Temps du Carême

Igihe c’Ikarema: Idominika ya 3 (Umwâka C)

Babonye bibereye, bashobora gusoma ibisomwa vyose vy’Idominika ya gatatu yo mu Karema vyagenewe Umwaka « A ».

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (3, 1-8a. 10. 13-15)

Imana-Mukiza yimenyesha Musa

moise-buissonardent200Muri irya misi, Musa yariko araragira intama za sebukwe Yetro, umuherezankuka wa Madiyani. Umusi umwe, yari yazijanye mu gahinga, ashika ku musozi w’Imana witwa Horebi. Umumarayika w’Umukama aramubonekera asa n’urubeya rurabiriza mu gisaka. Musa ngo aje kuraba, abona kino gisaka gisa n’igitongorero c’umuriro ariko kidasha. Ni ko kwibwira ati : « Hinge, negere, maze nihweze ivyo bintu ndabe n’igituma ico gisaka kidasha. » Umukama aramubona ariko aregera, ngo arabe neza uko bimeze, aca aramuhamagara ari hagati mu gisaka, ati : « Musa ! Musa ! » Na we ati : « Ndarengutse. » Araheza amubwira ati : « Nturuhe wegera ngaha, mbere niwambure inkweto zawe, kuko aha uhagaze ari ahantu hasonerwa. » Umukama arongera kumubwira ati : « Ni jewe Imana yawe, Imana ya Aburahamu, Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo. » Musa aca yipfuka mu maso kuko yatinya kuraba Imana.

Umukama aramubwira ati : « Nabonye ayo igihugu canje kigorewe mu Misiri, numvise amaborogo bavuza kubera uruhuha rw’ababakoresha ; ni ivy’ukuri ndazi amaganya barimwo. Nishinze kubakura mu minwe y’Abanyamisiri, ngo ndabajane mu ntara imera kandi nini, mu gihugu c’amata n’ubuki. Genda, ndakurungitse kwa Farawoni, ukure mu Misiri igihugu canje, abana b’Israyeli. » Musa rero abwira Imana ati : « Ego ndagiye kuraba Abanyisrayeli, ndababwire nti : Imana ya ba sokuru yantumye iwanyu. Yamara nibambaza izina ry’uwantumye nzobishura iki ? » Imana isubiza Musa iti : « Ndi uwuriho. Ng’aya imajambo uzoshikiriza Abanyisrayeli, uti : « Uwuriho ni we yanbantumyeko. » Imana yongera kubwira Musa iti : « Uzobwira bene Israyeli uti : « Umukama, Imana ya ba sokuru, Imana ya Aburahamu, Imana ya Izahaki, Imana ya Yakobo, ni yo yabantumyeko. Iryo ni ryo zina nzokwamana, ni ryo muzoshobora kunyibukirako mwe n’abo muzovyara bose, imyaka n’imyaka.

IZABURI 102 (103) 1-2, 3-4, 6-7, 8.11

Icit. : Umukama ni We Nyenimbabazi n’ikigongwe.

Himbaza Umukama mushaha wanje,
maze n’amagara yanje yose aninahaze Izina ryiwe ryeranda ;
himbaza Umukama se mushaha wanje,
maze ntihagire ico wibagira mu vyiza vyiwe.

Ni we akurekurira ibicumuro vyawe vyose,
ni we agukiza indwara zose ;
ni we akugarurira ku cobo,
ni we atuma uhagatirwa n’urukundo n’igishika.

Umukama akorana ubutungane,
akaburanira impahazwa ;
ni we yamenyesheje Musa amabanga yiwe,
akereka abana b’Israyeli ivyiza vy’agatangaza yakoze.

Umukama ni we Nyenimbabazi n’ikigongwe,
ntakaza ishavu, yuzuye urukundo ;
nk’uko isi ata ho ihwaniye n’ijuru,
ni ko n’urukundo rwiwe rurengeye abamwubaha.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (10, 1-6. 10-12)

Imana iratwibutsa ngo twisubireko

Ncuti zanje,
Sinshaka ko muyoberwa ivyabaye mu gihe ba sokuru bava mu Misiri. Bose bagenda bahagarikiwe n’inkingi y’igicu, kandi bose barajabutse ikiyaga Gitukura. Bose bari bunze ubumwe na Musa, basa n’ababatirijwe muri ca gicu no mu kiyaga ; bose barariye ya mfungurwa imwe y’umutima ; bahora banywa amazi ava mu gitandara c’ibuye cabaherekeza, na co ico gitandara cari ikimenyetso ca Kristu. Ariko rero, benshi muri bo ntibagororokeye Imana, baraheza bagwa mu gahinga. Ivyo vyarabaye ngo bitubere akarorero, ntitwipfuze ibibi nk’uko ba sokuru babigize. Ntimwidodombere Imana, nk’uko bamwe muri bo babigize, maze bagatikira. Kandi ivyo vyose vyabashikiye ngo bitubere akarorero, kandi vyanditswe ngo bitubere impanuro, twebwe twegereye imisi ya nyuma. None rero, uwigira ngo arahagaze, niyitegereze yoye kugwa.

INKURU NZIZA

Ijambo ryawe ni iry’ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.

Umukama yavuze ati: « Nimwihanure,
kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi. »

Ijambo ryawe ni iry’ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (13, 1-9)

Imana ntihengeshanya kudukebura ngo twihanure

Umusi umwe, haza abantu biganira Yezu ayashikiye Abanyagalile, ingene Pilato yabakurikije inkuka bari baje guhereza. Yezu arabishura ati : : « Mugira ngo abo Banyagalile babonye ayo yose kuko bari bacumuye kurusha abandi bose ? Ndabibabwiye : Haba n’intete ; ariko, na mwebwe ni mutihana, muzoshira mutyo mwese. Canke, ba bandi cumi n’umunani basidukirwako n’umunara wa Silowe ukabica, mugira ngo bari bakoze akabi gusumba ak’abandi bose baba i Yeruzalemu ? Ndabibabwiye : Haba n’intete ; ariko, na mwebwe ni mutihana, muzoshira mutyo nyene. »

Yezu araheza abacira uyu mugani ati: « Habaye umuntu yari afise igiti c’umutenahi mu murima wiwe w’imizabibu. Ngo aze kwamura, asanga ntihagirako namba. Abwira uwamurabira imizabibu ati: ‘Raba, haheze imyaka itatu yose nza kurondera ivyamwa kuri uyu mutenahi, sinsangeko n’ikirazira. Wuce, nakare wononye ubwatsi ku busa.’ Na we aramwishura ati: ‘Databuja, enda banza urorere uyu mwaka, nbanze nimbe iruhande, ndawutabirire. Ubwo, hari n’aho wokwama. Na ho n’utama uzowuca.»

Ukugeragezwa kwa Yezu, kutubere urupimo rw’ukwemera Imana nk’uko Yo nyene ishaka kutwihishurira.

A LambertIjambo ry’Imana dushikirizwa kuri uwu musi w’Imana wa mbere wo mu Karema, naho dukunda kuryitirira ukugeragezwa kwa Yezu, nkundire tubihindukize ukundi, tuvyerekeze ku kwemera kwacu, n’ingene tukugaragaza, cane cane iyo rugeranyeko. Nkako nyene, ibisomwa twasomewe, uko ari bitatu, biragaruka kuri ukwo kugaragaza ukwemera : ukwemera kwaranze/kwaranga bene Israyeli, ari nakwo kwemera Pawulo Mweranda agarukako mw’ikete yandikiye Abanyaroma. Yezu arashimangira imigenderanire afitaniye na Se mu kumwumviriza no mu kumuyoboka. Muri iyi misi 40, dusabe Umukama adukomereze ukwemera.

Imisi mirongo ine y’Ikarema.

Jeune-prière-AumôneGuhera ku musi wa 3 w’iminyota, twaratanguye rwa rugendo rw’imisi 40, rudushikana ku kwigina intsinzi ya Pasika. Nk’uko tubizi canke tuvyibuka, iyo misi 40 yibutsa igihe Abanyisraeli bamaze mu bugaragwa (imyaka 40), bagana igihugu Umukama Imana yari yabageneye. Baragendanye rero n’Imana, barabona ingene Imana ibitaho, naho vyaba vyabagoye nyene. Ikindi iyo misi 40 ivuga yisunze imyaka 40 y’urwo rugendo, ni uko abagize urwo rugendo bashitseyo bamaze kubona vyinshi/menshi, baragize experience idasanzwe y’ubuvyeyi bw’Imana. Nico gituma badakekereza mu gushikanira Imana mu vyo yabahaye.
Iyo misi 40 kandi, iranatwibutsa imisi 40 Umuhanuzi Eliya yamaze mu gahinga igihe (suite…)

Jésus ne subit pas sa mort, mais se donne par amour libre, solidaire à notre condition pécheresse pour nous sauver.

Christ-RoiPour découvrir qui est Jésus, il faut oser nous mettre à sa suite sur les chemins de sa Pâque, et contempler avec les yeux de la foi, la gloire du Fils de Dieu qui resplendit au cœur même de la déréliction de sa Passion d’amour. Mieux que tous les autres évangélistes, Jean souligne la manière dont Jésus domine ceux qui semblent disposer de lui. C’est Jésus et lui seul qui dirige les événements selon les desseins du Père, les menant à leur parfait accomplissement. Si l’évangéliste insiste ainsi sur la souveraine liberté de Notre-Seigneur, c’est pour souligner qu’il vit sa Passion comme une offrande d’amour. Judas n’a même pas besoin de livrer son Maître : celui-ci se présente lui-même : « Qui cherchez-vous ? ». Bousculade imprévue ? Surprise devant la sérénité et la maîtrise de celui qu’ils viennent arrêter ? Ou mystérieuse terreur religieuse ? Quoi qu’il en soit, les gardes et les soldats « reculent et tombent à terre », se prosternant sans le vouloir devant la majesté de leur victime.

Comme « le Bon Berger qui donne sa vie pour ses brebis », Jésus protège les siens et les met à l’abri : « Si c’est moi que vous cherchez, laissez aller ceux-ci ». Saint Jean commente : « C’est ainsi que devait s’accomplir la parole que Jésus avait dite : “Je n’ai perdu aucun de ceux que tu m’as donné” ». Par contre pour lui-même, (suite…)