Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps Ordinaire (Page 10)

Archives de Catégorie: Temps Ordinaire

IDOMINIKA YA 22 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (4, 1-2. 6-8)

Nimuzigame amahwirizwa y’Umukama

Muri irya minsi,
Musa yabariye ishengero ry’Abanyisrayeli ati : « None rero, yemwe Banyisrayeli, nimwumvirize amabwirizwa n’amateka ngira mbashikirize, muheze muyazigame ; niho muzobaho mukinjira mu gihugu Umukama Imana ya ba sogokuruza yabahaye, kikabegukira. Ntihagire ico mwongera canke musobanura mu vyo mbategetse ; amabwirizwa y’Umukama Imana yanyu araba ari yo masa mukurikiza nk’uko ndabibategetse. Ni uko rero, muze muyazigame, muyarangure, azobaronkera ubwitonzi n’ubwenge imbere y’ayandi makungu. Umusi bumvise ayo mabwirizwa yose, bazotangara bati : ‘Ni ukuri nta kindi gihugu gitunze abitonzi n’incabwenge nk’iki !’ Mbega, hari igihugu gifise imana iri hafi yaco nk’uko Umukama Imana yacu aba hafi yacu, iyo tumwambaje ? Canke, hari igibugu gifise amabwirizwa n’amateka atunganye nk’aya mbashikirije uyu musi ?»

IZABURI 14 (15) 2-3a, 3cd-4ab, 5
Icit. : Ni nde, Mukama, azokwinjira mu ngoro yawe ?

Hazoshika umweranda yigenza neza,
akora ibituuganye, (suite…)

IDOMINIKA YA 21 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Yozuwe (24, 1-2a. 15-17. 18b)

Tuzoba inzigamahanga z’Umukama, kuko ariwe Mana yacu

Muri irya misi,
Yozuwe yakoranirije imiryango yose y’Israyeli i Sikemu, ahamagaza abakurambere b’Israyeli, abakuru bayo, abacamanza bayo, be n’ababwiriza bayo ; bararenguka bahagarara imbere y’Imana. Yozuwe araheza abarira ishengero ryose ati : « Nimwabona bibabangamiye gukorera Umukama, uyu musi nimwitorere uwo muzokorera : hitemwo za mana ba sogokuruza bakorera hakurya ya rwa ruzi rwa Efurati, canke imana z’Abemori bene iki gihugu murimwo. Jewe n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Umukama.» Abantu baramwishura bati : « Twopfuma dupfa hako duheba Umukama ngo dukorere izindi mana ! Umukama Imana yacu ni we yadukuye mu gihugu ca Misiri, twe na ba sogokuruza, aho twari twagorewe mu buja ; ni we yakoze ibitangaza imbere yacu, ni we yadukingiye mu nzira yose twazananye no mu mahanga twaciyemwo. Na twebwe nyene, tuzogendanira Umukama, kuko ari we Mana yacu.»

IZABURI 33 (34) 2-3, 16-17, 18-19, 20-21, 22-23

Icit. : Umvirize, murabe,
ingene Umukama ari mwiza.

Nzoninahaza Umukama na ntaryo, (suite…)

IDOMINIKA YA 19 YO MU MWAKA (Umwaka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (19, 4-8)

Eliya akomezwa n’umukate agaburiwe n’Imana

Elie à l'HorebMuri irya misi,
Eliya yari yagenze urugendo rw’umusi umwe mu bugaragwa, araheza rero yicara musi y’igiti, yipfuza urupfu, avuga ati : « Ewe Mukama, ubwanje buraheze : akira ubuzima bwanje, kuko ntaruta ba sogokuruza. » Araheza yiryamira munsi y’ico giti, arasinzira. Maze, umumarayika araza aramukoma, aramubarira ati « Vyuka, ufungure ! » Akanuye, abona umukate ukaranze n’umukuza w’amazi, biri haruguru y’umutwe wiwe. Ni uko rero arafungura, aranywa arongera ariryamira. Umumarayika w’Umukama agaruka ubugira kabiri, aramukoma, aramubarira ati : « Vyuka, ufungure, ahandi ho urugendo rwokunaniza kuko ari rurerure. » Ni uko rero aravyuka, arafungura, aranywa, izo mfungurwa azigendera imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine, ashika kuri Horebi umusozi w’Imana.

IZABURI 33 (34) 2-3, 4-5, 6-7, 8-9

Icit. : Umvirize, murabe,
         ingene Umukama ari mwiza.

Nzoninahaza Umukama na ntaryo,
nzomuhaya ntahengeshanya. (suite…)