Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps Ordinaire (Page 13)
Archives de Catégorie: Temps Ordinaire
IDOMINIKA YA 26 YO MU MWAKA (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (18, 25-28)
Imana iratwakura ngo idukebure
Ng’iri iriyazwe n’Umukama: Mwebwe muhora muvuga muti: «Umukama agira ibitumvikana.» Tega amatwi, muryango w’Israyeli: Mbe ingiro yanje ni yo igoramye? Ubwo si mwe mwigenza ukutari ko? Iyo intungane ihevye ubutungane igakora nabi, hanyuma igapfa kubera ico, iba ipfuye izira iyo nabi. Umuyobe na we, iyo ahevye ibicumuro vyiwe, agakurirkiza ukuri n’ubutungane, akwiye kubaho. Nkako, kubera ko yemeye guheba ibicumuro vyiwe vyose yakoze, akwiye kubaho, ntazopfa.
IZABURI 24 (25) 4-5b, 6-7, 8-9
Icit.: Ibuka, Mukama, urukundo rwawe.
Ntabara, Mukama, undangire inzira y’iwawe,
uranyigisha inzira zawe. Urantumbereza ukuri,
uranyigisha, ni Wewe Mana izonkiza.
Gira wibuke imbabazi zawe, Mukama, (suite…)
IDOMINIKA YA 16 YO MU MWAKA (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi (12, 13. 16-19)
Abacumuye urabaha uburyo bwo kwisubirako
Nta yindi Mana atari Wewe yitwararika abintu vyose, kugira ngo werekane ko udaca urwa ngondagonde. Ubutungane bwawe bushimikiye ku bubasha bwawe, kandi ntutwaza umukazo kuko vyose ari ivyawe. Abanse kwemera ubukuru bwawe, urabumvisha ububasha bwawe ; ababuzi na bo iyo bimonogoje, urabatetereza. Ariko, kuko atawokunanira, ubacira uruciye ku ngingo, kandi udutwara utwengenga ; kuko upfa kubishaka, ububasha bwawe bugaca bwibonekeza. Mu kugenza utyo, washatse kwereka igihugu cawe ko umuntu w’intungane ategerezwa kwigenza runtu, atuma abana bawe bizera ko, n’aho bazoba bagucumuyeko, uzobaha uburyo bwo kwisubirako.
IZABURI 85 (86) 5-6. 9-10, 15-16a
Icit : Uri mwiza, Mukama, uri Umunyakigongwe.
Weho, Mukama, uri mwiza, uri Umunyakigongwe, (suite…)






