Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps Ordinaire (Page 20)

Archives de Catégorie: Temps Ordinaire

Idominika ya 22 yo mu mwaka. (Umwaka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Mwene Siraki (3, 19-21. 30-31) ; (grec 17-18.20.28-29)

Ishimagizwa ry’ugucisha make

humildade-frMwananje, rangurana ubwitonzi ivyo ukora vyose, ni ho bazogukunda kurusha amasabo meza. Uko ubukuru bwawe bungana, niko utegerezwa kwicisha bugufi : ni ho uzoshimwa mu nyonga z’Umukama. Nkako, inganji y’Umukama ni agaheta, ariko abifata ruto ni bo bamuninahaza. Uwishima abura uko yogira, kuko inyanduruko y’akabi imubamwo. Umwitonzi we yama yibuka mu muzirikanyi wiwe amajambo y’ubwitonzi ; ico incabwenge ishaka, ni ukugira amatwi akunda kwumviriza.

IZABURI 67 (68), 4-5ac. 6-7b. 10-11

Icit : Kubw’imbabazi zawe, Mukama,
         warateguriye urugo umworo.

Aberanda baravugiriza impundu Imana,
baratamba, baratarika. (suite…)

Idominika ya 21 yo mu mwaka. (Umwaka C)

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 66, 18-21
Imana ni Umukama w’ibihugu vyose

chemin-croixNg’iri iriyazwe n’Umukama :
« Nzokoranya abantu bava mu ntara zose bakavuga indimi zose ; bazoheza babone ubuninahazwa bwanje. Nzoshira ikimenyetso muri bo, kandi bamwe bamwe bo mu bavuye muri bo nzobarungika mu ntara za kure no mu mazinga ya kure nyene, aho batarumva ivyo bayaga kuri jewe kandi aho batarabona ubuninahazwa bwanje. Izo ntumwa z’igihugu canje zizomenyesha ubuninahazwa banje muri ivyo bihugu. Maze muri za ntara za kure bazogarukana benewanyu bose, babere Umukama ishikanwa rizima, bazoza bagendera ku mafarasi, ku bitwazi, ku nderuzo no ku ngamiya, bashike ku musozi wanje mweranda, i Yeruzalemu, bamere nk’abana b’Israeli bahora bahereza amashikanwa mu nzavya nyeranda (suite…)

Idominika ya 20 yo mu mwaka. (Umwaka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya : 38, 4-6. 8-10
Umuhanuzi azira ico yatumwe

Jérémie, ProphèteMu gihe Yeremiya yari mu mvuto, abashingantahe babwiye umwami bati : « Uyo muntu akwiye gupfa, kuko yavunye inkokora intwaramiheto zasigaye mu gisagara, eka n’igihugu cose, mu kuvuga ben’ayo majambo. Oya namba, uyo muntu ntashakira ineza igihugu, ashaka ko gitikira. » Umwami Sedesiyasi arabishura ati :« Ng’uyo mwamwifatiye, umwami nta bubasha afise kubarusha ! » Baca bafata Yeremiya, bamuta mu kinogo bimvye ku kirimba c’umuganwa Malkiyahu. Bămukororeyeyo bamuboshe. Muri ico kinogo, nta mazi yarimwo, atari ikivurungu c’ivyondo ; Yeremiya agikorokeramwo. Intwazangabo y’ingoro y’umwami, umwe ava muri Etiyopiya yitwa Ebedumeleki, aragenda kubarira umwami, ati : « Mwami wanje nyen’ingoma, ivyo abo bantu bagiriye umuhanuzi Yeremiya ni bibi cane ! » Bamutereye mu kinogo, kandi ari mu kwicwa n’inzara!» Maze, umwami abarira Umunyetiyopiya Ebedumeleki, ati : « Tora hano abagabo batatu, (suite…)