Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps Ordinaire (Page 22)

Archives de Catégorie: Temps Ordinaire

Idominika ya 16 yo mu mwaka (Umwaka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko : 18, 1-10a
(Ibrahimu aramutswa n’Imana)

Dieu visite AbrahamUmunsi umwe, Umukama yabonekeye Ibrahimu ku giti ca Mambre, imbere y’inzu, mu gihe c’amashoka. Ibrahimu araramuye amaso, abona abantu batatu bahagaze hafi yiwe. Ngo ababone aca ava hasi, ariruka kubasanganira, akubita ibipfukamiro hasi, ati : « Mukama, ni naba ndabikwiye, nturengane umusavyi wawe. Rindira bazane amazi, mwoze ibirenge, muruhukire munsi y’iki giti. Hinge nje kurondera ivyokurya muhereze umutima, mubonereho kubandanya urugendo rwanyu, ko mwaciye iruhande y’umusavyi wanyu !» Na bo bati : « Genda, ugire nk’uko ubivuze.»

Ibrahimu ariruka n’imuhira, abwira Sara ati : « Rondera ningoga ivyibo bitatu vy’ifu, ucumbe imikate.» Ibrahimu arabandanya no mu busho bwiwe, afata inyana nyayo kandi inuze, (suite…)

IDOMINIKA YA 15 YO MU MWAKA (Umwaka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (30, 10-14)

Itegeko ry’Imana ryanditswe mu mushaha w’umuntu

Ijambo ry'ImanaMuri iya misi, Musa yabariye ishengero ry’Abanyisraeli ati : « Umviriza ijwi ry’Umukama Imana yawe, mu kugumya amabwirizwa n’amateka yiwe yanditswe muri iki gitabu c’Amabwirizwa ; n’usubize agatima ku Mukama Imana yawe n’umushaha wawe wose, n’umutima wawe wose. Iri bwirizwa nguhaye uyu musi ntirikurengeye, urashobora kurirangura. Ko ritari mw’ijuru, ntuze urinde kwibaza uti : ‘Ni nde azokwurira mw’ijuru akaja kuritumanurira, tukaryumva, tukaboneraho kurikurikiza ?’ Ko ritari hakurya y’amazi, ntuze wibaze uti : ‘Ni nde azojabuka kurituzanira, tukaryumva, tukaboneraho kurikurikiza ?’ Iryo jambo riri hafi yawe, riri mu kanwa kawe no mu mutima wawe, kugira ngo urikurikize.»

IZABURI 68 (69), 14. 17. 30-31. 33-34. 36ab.37

Icit : Mwa bantu muciye bugufi, nimurondere Imana ;
         ni ho muzobona ubuzima.

Jeho mboneyeho kugutakambira, Mukama ;
muri iki gihe c’ukunyereka ubuntu bwawe, Mana mfise ;
n’unyishure kubera imbabazi nyinshi umfitiye,
kuko ari Wewe woshobora kunkiza rwose.
Urazirikanye, Mukama, urukundo rwawe ni akaroruhore,
kubw’imbabazi nyinshi umfitiye, n’undabe ryiza !

Jeho ndi umurushwa, ndababaye ;
urukiza rwawe nirumvyure, Mana mfise.
Nzoheza ninahaze izina ry’Imana,
nzorivyinira, nzorikengurukira.

Abantu baciye bugufi barabibonye barahimbarwa :
« Eka namwe muhurumbira Imana,
nimusubize umutima hamwe !»
na none, Umukama yumvira abicisha bugufi,
ntarenzako amaso abiwe ari imbohe.

Imana izobogora Siyoni
Kandi izokwubaka ibisagara vya Yuda,
kugira ngo abasavyi bayo bahatorane,
kandi abakunda izina ryayo bahagerere.

Canke : IZABURI 18 (19), 8. 9. 10. 11

Icit : Amabwirizwa y’Umukama ni akezamutima.

Amategeko y’Umukama aratunganye,
ahembura umutima ;
amabwirizwa y’Umukama ni ay’ukuri,
niyo bwenge bw’abantu batobato.

Amategeko y’Umukama aragororotse,
ni akezamutima ;
amabwirizwa y’Umukama arasobanutse,
ni yo muco w’umutima.

Ukwubaha Umukama ni akaroruhore,
ntikuzokwigera guhera n’intete ;
Umukama ashinga intahe y’ukuri,
intahe yama itunganye.

Isumvya izahabu gukundwa,
na yo nyene itagira imvange ;
irusha kuryoha
ubuki n’umutsama.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakolosi (1, 15-20)

Ku bwiwe no muri We, ni ho vyose vyaremewe

Kristu ni We gashusho k’Imana itaboneka,
ni We yaboneye izuba zina kiremwa cose,
kuko muri We ariho vyose vyaremewe,ivyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi, ibiboneka n’ibitaboneka,
yaba Abashingantahe canke Ingabo
canke Inkomezi canke Intwaza z’Ijuru,

Vyose ni We yabiremye kandi ni We maherezo ya vyose.
Yamye ariho vyose bitarahaba kandi vyose bibeshwaho muri We.
Ni We kandi umutwe w’umubiri wiwe ari wo Ekleziya.
Ni We vyose vyamukako, ni We mfura y’abapfuye
Kugira ngo abe uwa mbere muri vyose,
Kuko Imana yashimye ko umusesekara wayo wose
Uvyagira muri Kristu,
Igashima ko ku bwiwe vyose bisubira kwuzura na Yo,
ari ivyo kw’isi ari ivyo mw’ijuru,
Igihe yazana amahoro kubw’amaraso yasheshe ku musaraba.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Amajambo yawe, Mukama, araduha umutima n’ubuzima ;
urafise amajambo y’ubuzima budahera.
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (10, 25-37)

Ibwirizwa ry’urukundo

Qui est mon prochainUmusi umwe, Umwigisha yari aho ava hasi ngo ageze Yezu, ati : « Mbega, Mwigisha, nokora iki ngo nze ntorane ubuzima budahera ?» Yezu na we aramwishura ati : « None, mu mabwirizwa handitswe iki ? Uhora usomamwo ibiki ? » Uno na we amwishura ati : « Urakunda Umuka

ma Imana yawe n’umushaha wawe wose, n’umutima wawe wose, n’amagara yawe yose, n’ubwenge bwawe bwose ; urakunda kandi mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene.»Yezu na we ati : « Wishuye neza ; genda, ugire gurtyo nyene, uzohoraho.»

Ariko, wa Mwigisha arondera ingene yokwikurayo, abaza Yezu ati : « Mbega, mugenzanje ni nde ?»

Yezu amusubiza ati : « Habaye umuntu yariko aramanuka ava i Yeruzalemu aja i Yeriko ; arahava agwa mu bisuma, bihejeje kumwambura, biramukubita, birigira, bimusiga ari intere. Hanyuma rero, umusaserdoti amanukana nya nzira ; ngo amubone, aca iruhande arigira. Hanyuma na ho, harenguka umulevita ; ngo amubone, aca iruhande ararengana. Umunyasamariya na we yari yimariye urubanza ; aramurengukako, ngo amubone amutera ikigongwe ; aramwegera, apfuka inguma ziwe, azisukako amavuta n’umuvinyu, araheza amushira ku gitwazi ciwe, aja kumwakira indaro, aramubungabunga. Ngo buce, yakira idenariyo zibiri, azihereza nyen’indaro, amugira ati : ‘ Murwaze neza ; ibindi vyose uzomutangira, nzobigusubiza ngarutse.’ None ku bwawe, muri abo bantu batatu, ni nde yagiriye ubugenzi wa muntu yagwa mu bisuma ?»
Wa Mwigisha yishura ati : « Ni uwo yamugiriye imbabazi.» Yezu na We ati : « Genda nawe rero, ugire gurtyo.»

Idominika ya 14 yo mu mwaka (Umwaka C).

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (66, 10-14a)

Urweze rwo kuronka Umukiza

Nimunezerwe hamwe na Yeruzalemu, tambe mutarike, mwebwe abayikunda mwese ; nimwigine hamwe na yo, mwebwe mwahora muyigandariye ! Kugira ngo muze mwonke muhage, muhozwe n’ibere ryayo, musoserwe n’ubuninahazwa bwayo.

Nkako, ng’iri iriyazwe n’Umukama : Nzoyironsa amahoro atemba nk’uruzi, iteka ryayo mu makungu ringane n’uruzi rwasheshe. Imicuko yayo izorerurwa, bazoyisimbagiza. Kurya umuvyeyi ahoza umwana wiwe, niko nanje nzobahoza, mugahozwa muri Yeruzalemu. Nimwabibona, agahimbare kanyu kazoba kose, umubiri wanyu uzototahara nk’ubwatsi buremvye. Umukama azokwimenyesha abasavyi biwe.

IZABURI 65 (66), 1-3a. 4-5. 6-7a. 16.20

Icit : Bantu muri kw’isi yose, shimagize Imana.

Bantu muri kw’isi yose, shimagize Imana,
Muririmbire izina ryayo rininahaye,
Muhimbaze ishimagizwa ryayo !
Mubwire Imana muti : « Ibikorwa vyawe ni agahambaye !»

Abari kw’isi yose baricisha bugufi imbere yawe,
bakayaga, bakaririmba izina ryawe ! (suite…)