Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps Ordinaire (Page 26)
Archives de Catégorie: Temps Ordinaire
DOMINIKA YA 16 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (23, 1-6)
Abungere beza b’igihugu c’Imana
Ng’iri iryavumerewe n’Umukama :
Baragatoye, abungere bareka intama zo mu canya canje zigahona kandi bakazishwiragiza ! Ni co gituma, jewe Umukama Imana y’Israyeli, mbwiye abo nashinze kuragira igihugu canje nti : Intama zanje mwaraziretse, zirashwiragira, zirazimira, ntimwazitayeho. Jewe ngiye kubashinga ijisho kubera akabi mwakoze. Hanyuma, nzoshwaburira hamwe intama zanje zasigaye, ndazikure mu bihugu vyose aho nazirukaniye. Nzozisubiza mu bwatsi bwazo, zirondôke, zigwire. Nzozironderera abungere baziragirana ubwira (suite…)
IDOMINIKA YA 13 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi (1, 13-15 ; 2, 23-24)
Ishari rya shetani ni ryo ryakweze urupfu kw’isi
Imana si yo yaremye urupfu,
vyongeye ntishima kubona abapfa.
Ibiremwa vyose Imana yabiremeye kubaho,
kandi ivyaremwe hano kw’isi ni vyiza,
nta bumara bwica buri muri vyo.
Urupfu na rwo ntirwiganje kw’isi,
kuko ubutungane buzokwamaho.
Ego cane, Imana yarémeye umuntu kwamaho,
yaramwishushanije ngo ase na yo.
Ishari rya shetani ni ryo ryakweze urupfu kw’isi,
na bo abayiyeguriye rurabahitana.
IZABURI 29 (30) 2.4, 5-6, 11.12a.13b
Icit. : Ndaguhaya, Mukama,
kuko wambogoye.
Ndaguhaya, Mukama, kuko wambogoye, (suite…)
Idominika ya 12 yo mu mwaka. (Umwaka B).
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca Yobi (38, 1. 8-11)
Imana ni segaba wa vyose
Umukama yavugiye mu gihuhusi, abarira Yobi, ati :
« Ni nde yagomeje inzugi ikiyaga
aho cisevya cisuka kiva mu nda y’ukuzimu ;
aho nagitwikira umutamana w’igipfungu,
nkacorosa ibicu ;
aho nagishingira akarimbi,
nkazitiza imyango amagufuri ?
Navuze nti : « Uzoshika aha, ntuzoharengana ;
aho ni ho amanyama y’imikuba yawe azogarukira ! »
IZABURI 106 (107), 23-24, 25-26, 28-29, 30-31
Icit. : Nimushemeze Umukama,
kuko urukundo rwiwe rwamaho imyaka yose.
Canke : Aleluya.
Abamanuka baja mu kiyaga bagendera mu mato
Baja kudandariza hagati mu mazi menshi,
barabonye (suite…)






