Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps Ordinaire (Page 27)

Archives de Catégorie: Temps Ordinaire

Idominika ya 11 yo mu mwaka B.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (17, 22-24)

Agati kateretswe n’Imana

seneve1Ng’iri iriyazwe n’Umukama Imana : Jewe nzohanyura agashami mu bushorishori bw’isederi, hanyuma ndakiterere jewe nyene ku musozi muremure cane. Ego cane, ku musozi muremure wa Israyeli ni ho nzogatera ; na ko kazoshamika, kame imbuto. Kabe igiti c’isederi ry’akaroruhore, Inyoni n’ibisiga vyose vy’amoko yose bizocarikamwo, mu gitutu c’amashami yaco ni ho bizoruhukira. Maze, ibiti vyose vyo mw’ishamba bizomenya yuko ari jewe Umukama : ndasenyura igiti kirekire, nkavyura icatembagaye : ni je nūmîsha igiti gitotahaye, ngatotahaza icagadutse. Jewe Umukama nararivuze kandi nzorirangura.

IZABURI 91 (92) 2-3, 13-14, 15-16

Icit. : Birabereye, Mukama,
         ko twokuririmbira.

Birabereye gukengurukira Umukama, (suite…)

IDOMINIKA YA 6 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Bene Levi (13, 1-2. 45-46)

Ibwirizwa ryari ryerekeye abanyamibembe

Muri irya misi, Umukama yabariye Musa na Aroni ati : « Umuntu niyagira ku rukoba inkavyi, igitongangira canke ikibibi comenyesha indwara y’imibembe, nibamuzanire umuherezankuka Aroni canke umwe wo muri bene Aroni b’abaherezankuka. Umunyamibembe iyo arwaye iyo ndwara, n’agende yambaye impuzu zitabutse, asambaguye imishatsi yiwe, yipfutse ku munwa, agende arasemerera ati : “Ndahumanye ! Ndahumanye !” Imisi yose akirwaye iyo ndwara, azoba ahumanye ; mbere azoba ari uwahumanye, abe ukwiwe, aze abe hirya y’aho mugandagaje. »

IZABURI 31 (32), 1-2. 5. 11

Icit. : Ni Wewe mahungiro yanje,
         Unsanganize impundu z’uko ndokotse.

Hahiriwe uwarekuriwe igicumuro,
uwakize akabi kiwe ;
hahiriwe urya
Umukama ataco yagiriza.

Navuze nti : « Ngiye gutumbera Umukama,
nirege ibicumuro nakoze. »
Nawe, Mukama,
warandekuriye ikibi nakoze.

Nezerwa, himbarwa n’Umukama,
mwa bantu b’intungane ;
mutambe, mutarike,
mwebwe mufise umutima ugororotse.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (10, 31 – 11, 1)

Nimunyigane nk’uko nanje nigana Kristu

Ncuti zanje,
Iyo murya canke iyo munywa canke iyo mukora ikindi ico ari co cose, nimukore vyose ngo muninahaze Imana. Ntihagire abo mutirimutsa, baba Abayuda, baba Abagereki, yaba Ekleziya y’Imana, nk’uko nanje kunezereza bose muri vyose, ntarondera ikingirira akamaro jenyene, mugabo nkarondera ikigirira akamaro benshi, ngo babone gukira. Nimunyigane nk’uko nanje nigana Kristu.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Umuhanuzi mukuru yaserutse iwacu,
Imana yaramukije igihugu cayo.
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (1, 40-45)

Imibembe iranyika, aca arakira

Umusi umwe, umunyamibembe yegereye Yezu aramutakambira, akubita ibipfukamiro hasi, ati : « Mukama, ubishatse wonkiza. » Imbabazi zivyutse, Yezu araramvura ukuboko aramukorako, ati : « Ndabishatse, kira. » Buno nyene, imibembe iranyika, aca arakira. Yezu yamara aca amera nk’uwumuhambarira, aca aramusohora, amubarira ati : « Umenye ntugire uwo ubibwira, genda riho wiyereke umuherezankuka, kandi utange, kuko wakize, ivyo Musa yashinze. Ni co kizobereka ko wakize. » We rero yapfuye gusohoka, aca aja mu vyo kubivugira hejuru n’ugukwiza ivyabaye ; kikaba ari co mbere kibuza Yezu kuba akigira igisagara yinjiramwo icese. Yaguma ahiherereye mu gahinga, kandi bakava irya n’ino bakamusangayo.

IDOMINIKA YA 5 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Yobi (7, 1-4. 6-7)

Igihe c’umuntu ari mu marushwa

Muri irya misi, Yobi yaravuze aya majambo ati :
« Mbega umuntu akiri kw’isi ntaba ari mu ntambara,
imisi yiwe na yo si nk’iy’umucangero ?
Nk’uko umushumba yipfuza igitutu,
umucangero na we akarereka impembo yiwe,
ni ko nagabiwe amezi y’amarushwa
nkamara amajoro y’umuruho. »
Iyo ndyamye, ndibwira nti :
« Buca ryari ngo mvyuke ? »
Ndara ndagaragurika
bukarinda buca.
Imisi yanje irihuta kuruta ico umujishi w’impuzu ajisha,
ishira ata mwizero.
Ibuka, se Mukama, ko ubuzima bwanje ari umuyaga gusa,
ijisho ryanje ntirigisubira kubona ivyiza ukundi gusha.

IZABURI 146 (147), 1-2. 3-4. 5-6

Icit. : Shemeza Umukama,
ni We akiza imitima ituntuye !

canke : Alleluia.

Shemeza Umukama,
birahimbaye kumuririmbira.
Vyinira Imana yacu,
biraryoshe kuyishimagiza.

Ni we akiza imitima ituntuye,
agakanda inguma zabo ;
ni We aharura igitigiri c’inyenyeri
imwe imwe akayita izina ryayo.

Umukama Mushoboravyose ni agahambaye,
ubwenge bwiwe ntibugira ingero.
Umukama ahagarikira abatobato,
inkozi z’ikibi na zo akazicinyiriza hasi.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (9, 16-19. 22-23)

Noba ndarwiciriye ntamenyesheje Inkuru Nziza

Ncuti zanje,
Ukumenyesha Inkuru Nziza si co kininahaza ; ni igikorwa ntegerezwa, kimfatira hose. Noba ndarwiciriye ntamenyesheje Inkuru Nziza ! Iyo mba ari je ubwanje nihaye ico gikorwa, nokuyemwo impembo. Ko ata mpembo mfise ni uko ari ibanga nashinzwe. None rero, impembo yanje ni iyihe ? Ni uko mu kwigisha mpeza nkigisha Inkuru Nziza ata co naka, kugira ngo ndeke gukoresha ivyo noshobora gukura kuri iyo Nkuru Nziza nyene. Egome, n’aho ndi uwidegemvya kuri bose, narigize umushumba wa bose, kugira ngo ndushirizeho kuronka benshi. Mu badakomeye, nabaye nk’uwudakomeye, kugira ngo ngarure abadakomeye ; kuri bose nigize vyose, kugira ngo mbashe gukiza bamwebamwe uko nshobora kwose. Ivyo vyose ndabikora ku bw’Inkuru Nziza, kugira ngo ntorane mu vyiza vyayo.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.
Kristu yarafashe ubumuga bwacu,
arigerekako indwara zacu.
Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (1, 29-39)

Yarakiza abarwaye benshi bababaye kwinshi

Bavuye mw’isinagoga, Yezu ari kumwe na Yakobo na Yohani, barora kwa Simoni na Andreya. Inabukwe wa Simoni yari ku musego, arwaye inyonko. Buno nyene, baca baramuvugira. Na we aramwegera aramufata ukuboko aramuvyura. Nya nyonko ica irakira, mbere aja mu vyo kubazimana. Ku mugoroba, izuba rirenze, bamuzanira abarwaye bose n’abasazwa n’amashetani. Igisagara cose cari gikoraniye imbere y’inzu. Akiza abarwaye benshi bababaye kwinshi ; amashetani menshi na yo akayirukana, kandi ntiyayareka ngo avuge, kuko yari amuzi. Bukeye, Yezu ahengera umutwenzi utarakika, aravyuka, arasohoka, aja mu gahinga ahantu hiherereye, aba ari ho asengera. Simoni n’abo bari kumwe bamuja mu nyuma. Bamushikiriye bati : « Bose bariko barakurondera. » Na we ati : « Hogi tuje ahandi mu bindi bigwati, ndahigishe na ho, kuko ari co canzanye. » Aragenda rero yigisha mu masinagoga yo mu Bugalile bwose kandi yirukana amashetani.