Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps Ordinaire (Page 28)

Archives de Catégorie: Temps Ordinaire

IDOMINIKA YA 4 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (18, 15-20)

Nzobarungikira umuhanuzi kandi nzoshira amajambo yanje mu kanwa kiwe

Muri irya misi, Musa yabariye ishengero ry’Abanyisrayeli ati : « Umukama Imana yanyu azobahagurukiriza umuhanuzi ameze nkanje, aca muri mwebwe, mu b’iwanyu nyene ; n’abe ari we muzokwumvira. Bizoba nk’uko mwabisavye Umukama, Imana yanyu kuri Horebi, kuri wa musi mwari mwakoraniyeho, aho mwavuga muti : “Ntidusubire kwumva ijwi ry’Umukama Imana yacu n’ukobona urya muriro uhambaye, twoye gupfa !” »
Umukama akambarira ati : « Ivyo bavuze babivuze ko. Nzobahagurukiriza umuhanuzi ava mu b’iwabo, ameze nkawe. Nzoshira amajambo yanje mu kanwa kiwe, na we azobabarira ivyo ndamutegereje vyose. Kandi uwutazokwumvira amajambo yanje n’uyo azovuga kw’izina ryanje, ni jewe nyene nzobimwibariza. Umuhanuzi na we niyubahuka kwigenera ijambo ntamutegereje kuvuga, akarivuga kw’izina ryanje canke akagira ico avuga kw’izina ry’izindi mana, uwo muhanuzi azopfa. »

IZABURI 94 (95), 1-2. 6-7. 8-9

Icit : Ese uyu musi mwokwumviriza ijwi ry’Umukama,
rivuga riti : « Ntimukomantaze imitima yanyu. »

Nimuze dutere impundu Umukama,
tumushemeze We tuzeyeko urukiza !
Ingo tuje mu nyonga ziwe tumukengurukire,
tumukomere amashi tumwigine !

shike, duce bugufi, dupfukame :
dusenge Umukama yaturemye.
Na none, ni We Mana yacu,
Natwe tukaba intara arongoye.

« Ntimukomantaze imitima yanyu nka kera i Meriba,
no kuri wa musi wo mu gahinga ka Masa,
hamwe ba sogokuruza banyu bangerageza bakancaca,
kandi bari bamaze kubona ibikorwa nakora. »

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (7, 32-35)

Uwutagira iyindi myitwarariko yitwararika ivy’Umukama

Ncuti zanje,
Ndipfuza ko mutogira imyitwarariko ya cane. Uwutagira umugore aritwararika iwy’Umukama n’ingene yonezereza Umukama ; uwufise umugore aritwararika ivy’isi n’ingene yonezereza umugore wiwe ; uwo akaba abangikanije. Na we umugore atagira umugabo, eka n’umwigeme nyene, aritwararika ivy’Umukama, kugira ngo abe mweranda ku mubiri no ku mutima. Uwufise umugabo na we aritwararika ivy’isi n’ingene yonezereza umugabo wiwe. Ivyo ndabibabwiye ngo bibabere vyo, sinabivuze ngo mbatege umutego, ariko nabivuze ngo muhimbarwe kandi ngo mwiyegurire Umukama mudafise imitima ibiri.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.
Igihugu cari cicaye mu mwijima cariboneye umuco w’agatangaza,
umuco warasiiye ku bari bicaye mu gihugu c’umuzimagiza n’urupfu.
Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (1, 21-28)

Yezu yigisha nk’uwufise ubukuru bw’uwubikwiye

Yezu yari kumwe n’abigishwa biwe i Kafaranawumi. Kw’isabato ikurikira, Yezu yinjira mw’isinagoga arigisha. Abantu rero batangara butangare n’ivyo yigisha, kuko yigisha nk’uwubikwiye, atari nk’abanditsi. Hagasangwa mw’isinagoga hari umuntu yiziziwe n’igishetani. Kirahogora giti : « Mbega dupfa iki ga Yezu w’i Nazareti ? Ubwo wazanywe n’ukutumara ? Erega ndakuzi, uri Umweranda w’Imana. » Yezu aragikankamira ati : « Numa kandi va muri uyo muntu ! » Nya gishetani kiramujegeza, gica kimuvamwo kiboroga. Bose rero bahinda agashitsi, bituma mbere babazanya bati : « Mbega ivyo ni ibiki ? Ng’iyi rero inyigisho nshasha, ihagaze ku bukuru ! N’amashetani ari amashetani aramugamburukira ! » Ubwo nyene, aca aba rurangiranwa irya n’ino mu micungararo yose y’Ubugalile.

IDOMINIKA YA 3 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yonasi (3, 1-5. 10)

Abantu b’I Niniva baciye bihanura

Ville de NINIVEMuri irya misi, Umukama yabariye Yonasi ati : « Haguruka, ugende mu gisagara gikuru, ubashikirize ijambo ryanje. » Yonasi arahaguruka aja i Niniva nk’uko Umukama yabivuze. Niniva cari igisagara kinini cane : kugira ngo umuntu akirengane, yakimaramwo imisi itatu agenda. Yonasi arinjira mùmu gisagara, amara umusi wose agitemberamwo. Yasemerera avuga ati : « Hasigaye imisi mirongo ine Niniva kigasenyurwa ! » Abantu bo muri Niniva na bo baca bemera Imana, bashinga itegeko ryo kwisonzesha, bambara amagunira bose, kuva ku bakuru gushika ku bato. Imana ngo ibone ivyo bagize ngo bahebe imigenzo yabo mibi, irisubirako, amahano yari yabaraganiye ntiyayarungika.

IZABURI 24 (25), 4bc-5ab. 6-7bc. 8-9

Icit. : N’undangire inzira yawe, Mukama.

Ntabara, Mukama, undangire inzira y’iwawe,
uranyigisha inzira zawe.
Urantumbereza ukuri, uranyigisha,
ni Wewe Mana izonkiza.

Gira wibuke imbabazi zawe, Mukama,
wibuke n’urukundo rwawe, kuko ari ivya misi yose.
Nk’uko urukundo rwawe rwamaho,
n’ube ari ko unyibuka, Mukama.

Ese ubutungane n’urukundo vy’Umukama !
Umukama yama agarura abazimiye.
Abatobato akabatumbereza ubutungane,
abicisha bugufi akabigisha inzira yiwe.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (7, 29-31)

Ivyo kw’isi bihinda bihera, ntitwirengagize Umukama

Ncuti zanje,
ng’ibi ivyo mbabwira : igihe ni kigufi. Hasigaye rero ko abafise umugore bomera nk’abatamufise, ko abari mu marira bomera nk’abatari muri yo, ko abanezerewe bomera nk’abatanezerewe, ko abadandaza bomera nk’abazokwakwa utwabo, ko abakoresha ivy’isi bomera nk’abatabikoresha nka cane. Erega, ivyo kw’isi bihinda bihera.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Ubwami bw’Imana buri hafi ;
igarure kandi mwemere Inkuru Nziza.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (1, 14-20)

Igarure kandi mwemere Inkuru Nziza

Yohani Batista amaze gufatwa, Yezu aza i Bugalile yigisha Inkuru Nziza y’Imana, ati : « Umusi washitse kandi Ubwami bw’Imana buri hafi ; igarure kandi mwemere Inkuru Nziza. »
Umusi umwe, Yezu yajanye inkengera y’ikiyaga c’Ubugalile, abona Simoni na mwenewabo Andreya, batera urusenga mu kiyaga : nka ko rero bari abarovyi. Yezu rero arababarira ati : « Nimunkurikire, nzobagira abarovyi b’abantu. » Buno nyene bata hano insenga, baramukurikira. Ateye imbere gatoyi, abona Y    akobo mwene Zebede na Yohani mwenewabo. Na bo nyene bari mu bwato bariko barasana insenga zabo. Buno nyene arabahamagara. Baca basiga se wabo Zebede mu bwato, we n’abamukorera, baramukurikira.

IDOMINIKA YA 2 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere ca Samuweli (3, 3-10. 19)

Yaga, Mukama, umusavyi wawe ariko arakwumviriza

Muri irya misi,
Samuweli yari aryamye mu ngoro y’Umukama, ahari isandugu ryeranda. Umukama rero aramuhamagara ati : « Samuweli, Samuweli ! » Na we yishura ati : « Ndarengutse. » Aca yiruka kwa Heli ati : « Ndarengutse kuko umpamagaye. » Heli na we ati : « Sinaguhamagaye, subira kuryama. » Aragenda kuryama. Umukama arasubira kumuhamagara ati : « Samuweli, Samuweli ! » Aragenda kwa Heli ati : « Ndarengutse kuko umpamagaye. » Heli na we ati : « Mwananje sinaguhamagaye, niwisubirire kuryama. » Samuweli ntiyari bwamenye Umukama, n’ijambo ry’Umukama ntiryari bwamushikire. Umukama asubira guhamagara Samuweli ubwa gatatu, na we arava hasi, agenda kwa Heli ati : « Ndarengutse kuko umpamagaye. » Heli rero aca arategera ko ari Umukama yahamagaye nya mwana. Ni ko kubarira Samuweli ati : « Genda wiryamire, nihagira uwuguhamagara, uraheza uvuge uti : “Yaga, Mukama, umusavyi wawe ariko arumviriza.” »

Samuweli rero asubira kuryama mu kibanza ciwe. Umukama araza, ahangama aho ; arahamagara nk’ubwa mbere ati : « Samuweli, Samuweli ! » Samuweli na we yishura ati : « Yaga, Mukama, umusavyi wawe ariko arumviriza. »

Samuweli arakura kandi Umukama bari kumwe. Bisubiye, nta jambo na rimwe yigeze ata mu vyo yari yamubwiye vyose.

IZABURI 39 (40), 2. 4ab. 7-8a. 8b-9. 10

Icit : Ndi hano, ndaje, Mukama,
         ndaje gukora ivyo ushaka.

Nari nizigiye Umukama nshimitse,
yaranteze ugutwi.
Araheza antuma nezerwa ndaririmba,
ndaririmbira Imana yacu.

Inkuka n’imperezwa vyari ubusa kuri Wewe,
warantabaye ndabimenya.
Eka ivyo baguhereza vyose ntiwari ubishimitsemwo,
niho nitora nti : « Ndi hano ndaje. »

Ivyanditswe kuri jewe
bintegereza gukora ivyo ushaka :
Mana mfise, amabwirizwa yawe aranezereza
Kandi ndayashize ku mutima.

Narataziriye inkuru nziza
Ishengero rikoranye.
Raba sinobinuma,
ni ico wiyiziye, Mukama.

IGISOMWA CA KABIRI

 Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (6, 13b-15a. 17-20)

Imibiri yanyu ni ingingo za Kristu

Ncuti zanje,
Umubiri wacu ntiwagiriwe ubuhumbu, yamara ni uw’Umukama, Umukama ni uw’umubiri. Imana na yo yazuye Umukama izotuzura natwe ku bubasha bwayo. Ntimuzi ko imibiri yanyu ari ingingo za Kristu ? Uwifatanije n’Umukama aca asangira umutima na we. Nimuhunge ibiterasoni. Ikindi gicumuro cose umuntu yokora ntigishikira umubiri wiwe ; ariko uwukora ibiterasoni we aba acumuye ku mubiri wiwe. Canke ntimuzi ko umumbiri wanyu ari ingoro ya Mutima Mweranda ari muri mwebwe kandi mwamuhawe n’Imana ? Ntimuzi kandi ko utiganza ? Nka ko, mwaraguzwe igiciro. Nimuninahaze Imana rero mu mubiri wanyu.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Twabonye Mesiya, ari we Kristu ;
Ingingo n’ukuri vyazanywe na we.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (1, 35-42)

Abatumiwe na Yezu birirwa iruhande yiwe uyo musi

Yezu amaze kubatizwa, bukeye bwaho, Yohani Batista yari akiri aho, na babiri bo mu bigishwa biwe. Maze yitegereje Yezu yari ahaciye, avuga ati : « ng’uyu Umwagazi w’Imana. » Nya bigishwa babiri bumvise avuze atyo, bakurikira Yezu. Yezu arakebuka, abona bamukurikira, araheza ababwira ati : « Murondera iki ? » Na bo bamubaza bati : « Rabbi, ni ukuvuga Mwigisha, mbega uba hehe ? » Ababwira ati : « Nimuze mwirabire. » Baragenda, babona aho yaba ; birirwa iruhande yiwe uyo musi : hari nko kw’isaha y’icumi. Andreya, mwenewabo na Simoni Petero, yari umwe muri abo bari bumvise ivya Yohani bagakurikira Yezu. Ahura rero ubwa mbere na Simoni mwene nyina, amubwira ati : « Twabonye Mesiya », ni ukuvuga Kristu. Araheza amushikiriza Yezu. Yezu amwitegereje, avuga ati : « Uri Simoni mwene Yohani, uzokwitwa Kefas », ni ukuvuga Rutare.