Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps Ordinaire (Page 31)

Archives de Catégorie: Temps Ordinaire

IDOMINIKA YA 25 YO MU MWAKA (Umwâka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (55, 6-9)

Ivyiyumviro vyanje si vyo rwanyu

Rondera Umukama igihe agishaka kuboneka,
mwambaze igihe akiri hafi.
Umubisha n’ahebe amayira yiwe,
umunyakabi n’ahindure ivyiyumviro vyiwe.
N’agaruke ku Mukama, na We azoheza amugirire ikigongwe ;
n’agaruke ku Mana yacu, na Yo iri n’imbabazi nyinshi.
Umukama yavuze ati :
« Ivyiyumviro vyanje ntibisa n’ivyanyu,
amayira yanje si yo yanyu.
Nk’uko ijuru rirengeye isi,
Niko amayira yanje arengeye ayanyu,
Ivyiyumviro vyanje bigasumba ivyanyu. »

IZABURI 144 (145), 2-3. 8-9. 17-18

Icit : Umukama yama hafi y’abamusaba

Nshaka kukuninahaza imisi yose,
Izina ryawe ntirizomva mu kanwa ;
Cane cane Umukama ni mukuru, arabikwiye,
ubukuru bwiwe ntibugira ingero.

Umukama ni Nyenimpuhwe n’ikigongwe,
ntakaza ishavu, yuzuye urukundo ;
Umukama agirira ineza bose,
agirira imbabazi ivyo yaremye vyose.

Umukama aratunganye mu vyivyumviro vyiwe vyose,
ni urukundo mu bikorwa vyiwe vyose ;
ntiyimira abamwitura,
yama hafi y’abamusaba mu kuri.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyafilipi (1, 20c-24. 27a)

Ubuzima bwanje ni Kristu

Ncuti zanje,
N’aho noba ndi muzima canke n’aho noba napfuye, Kristu azokwama aninahazwa mu mubiri wanje. Kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu, n’ugupfa kwombera akunguko. Ariko, ubuzima bwanje hano kw’isi bumpa uburyo bwo kugira ibikorwa vy’akamaro, none sinzi ico notora. Muri ivyo bibiri, numva mburaniwe : mu gihe kimwe nipfuza gutaha ngo mbane na Kristu, kuko ari ho vyoba vyo gusumba ; mu kindi gihe, nkabona ko kuguma hano kw’isi ari co cihutirwa kubera mwebwe. Mweho, nimwigenze nk’uko bibereye Inkuru Nziza ya Kristu.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.

Utwugururire umutima, Mukama,
dushobore kwumviriza amajambo y’Umwana wawe.
 

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (20, 1-16a)

None, undaba ribi kuko ngize neza ?

Muri irya misi,
Yezu yaciriye abigishwa biwe uyu mugani ati : « Ubwami bw’ijuru busa na nyenurugo yazindutse umutwenzi kurondera abamukorera mu murima w’imizabibu ; bemeranya idenariyo rimwe ku musi, aca abarungika m mizabibu yiwe. Ngo ahengere nko kw’isaha ya gatatu, akubitira kw’irembo, abona abandi bicaye ku nama ataco bakora ; araheza ababwira ati : ‘Namwe nimugende mu mizabibu yanje, ndabahemba impembo ibakwiye.’ Na bo baca barajayo. Ngo ahengere nko kw’isaha ya gatandatu no kw’isaha y’icenda, asubira gukubitira kw’irembo, agira nka kumwe kwa kare. Ngo ahengere nko kw’isaha y’icumi na rimwe, asubira kw’irembo, ahasanga abandi bibereye aho. Araheza ababwira ati : ‘Ni kuki mwiriwe muhagaze ataco mukora ?’ Bamwishura bati : ‘Ni uko twabuze uwutujana kumukorera.’ Na we ababwira ati : ‘Nimugende na mwebwe mu mizabibu yanje.

Bugorovye, nyenimizabibu abwira umubwiriza wiwe ati : ‘Gotora abakozi ubagerere, utangurire ku baherutse, uhereze ku baje ubwa mbere.’ Abo kw’isaha y’icumi na rimwe baje, umwe umwe bamuhereza idenariyo. Bamwe b’ubwa mbere na bo, bagira ngo baza kubarusha ; ariko na bo nyene, umwe umwe aronka idenariyo rimwe. Baryakira batonganya senaka bati : ‘Abo baje ubwa nyuma, ubagereranije natwe twishwe n’izuba, n’intuguta na bo bakoze isaha imwe !’ Na we rero abwira umwe muri bo ati : ‘Mbega, mugenzi, nakurenganije nte ? Ntitwari twemeranije idenariyo rimwe ? Fata rero ivyawe, ugende. Ni je nashatse kugerera uwaje ubwa nyuma nk’uko nakugereye nawe ; none hari ikimbuza kugenza ivyanje nk’uko ndabishaka ? Uheze undabe ribi kuko ngize neza ?’

Uko ni ko abanyuma bazoba abambere, abambere na bo bakaba abanyuma. »

IDOMINIKA YA 20 YO MU MWAKA (Umwâka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (56, 1. 6-7)

Abana ba kavantara nzobajana ku murambi mweranda wanje

Ng’iri iriyazwe n’Umukama : Kurikiza ukuri, ukore ubutungane, kuko urukiza rwanje ruri hafi y’gushika, kandi ubutungane bwanje nuri hafi y’ukwiserura.
N’abana b’akavantara bêmeye gukurikira Umukama ngo bamukorere, bagakunda izina ryiwe, bakamubera abasavyi, ntibakengera umusi w’isabato, kandi bakagumya inanga ry’isezerano ryanje, abo nzobajana iwanje ku murambi mweranda. Nzobanezereza mu ngoro yanje nyeranda, inkuka zabo n’imbagwa zabo nzozakiriza yompi kuri altari yanje, kuko ingoro yanje izokwitwa « Ingoro abantu bose basengeramwo. »

IZABURI 66 (67), 2-3.5.6-8
Icit : Intara nizimenye yuko uri Imana, nizivyemere zose hamwe
Canke: Alleluya

Imana n’itugirire imbabazi, n’iduhezagire!
Inyonga zawe nizituboneshereze,
inzira yawe na yo n’imenyekane kw’isi,
intara zose nizimenye ko uri Umukiza.

Intara nizivyine zihimbarwe,
kuko uca urubanza rutunganye kw’isi;
uratwara ibihugu mu butungane,
ukayobora neza intara zo kw’isi yose.

Intara nizemere yuko uri Imana,
nizivyemere zose hamwe!
Imana n’ihezagirwe yongere isengwe
Kuva iyo isi iva ikagera.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (11, 13-15. 29-32)

Imana iratanga ikongera ikitorera

Ncuti zanje,
ndabibabariye mwebwe, mwa banyamahanga : ndi umutumwa ku banyamahanga, ndatera iteka ibanga nashinzwe ; ivyo vyose ndabigira ngo kumbure ab’iwacu bavyure umwikomo, mbone gukiza bamwe muri bo. None, ko aho bigirijweyo ariho isi yaciye isubira kwuzura n’Imana, umusi bazogarukira ho hazoba iki ? Nta kindi atari izuka mu bapfuye !
Na none, Imana iratanga ikongera ikitorera, ntisubiza inka mw’igabiro. Nk’uko na mwebwe kera mwari mwaragambarariye Imana, none ubu mwagiriwe ikigongwe kubera ubugambarazi bwabo, niko na bo nyene ubu bagambarariye Imana kubera ikigongwe mwagiriwe, kugirango na bo nyene ubu bakigiriwe. Imana yarugaranye abantu bose mu bugambarazi, kugira ngo ishobore kubagirira ikigongwe bose.

IKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Yezu yariko arigisha Inkuru Nziza y’Ubwami,
kandi agakiza n’ubumuga n’indwara zose z’igihugu.
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (15, 21-28)

Ewe wa mukenyezi, ukwemera kwawe ni kunini

Umusi umwe,
Yezu yari agiye amarora i Tiri na Sidoni. Hanyuma haza umukenyezi w’i Kanahani avuye muri ico gihugu, ashira ijwi hejuru avuga ati : « Ngirira ikigongwe, Mukama, Mwana wa Dawidi, akigeme kanje shetani yakishe. » Yezu ntihagira ico amwishura. Abigishwa biwe bamwegereye baramusaba bati : « Mwirukane adukure induru inyuma. » Yezu asubizayo ati : « Nta bandi banzanye atari intama z’Israeli zatakaye. » Nya mukenyezi amwegereye, aramupfukamira, avuga ati : « Ntabara se Mukama. » Yezu aramwishura ati : « Ntibikwiye ko umukate w’abana wohabwa utubunda. » Nya mukenyezi asubizayo ati : « Ni ivy’ukuri, Mukama ; ariko, utubunda turarya utuvunguka dukorotse tuva ku meza ya ba shebuja. » Yezu amwishura ati : « Ewe wa mukenyezi, ukwemera kwawe ni kunini ! Nibikubere rero nk’uko wipfuza. » Kuri iyo saha nyene, wa mwigeme wiwe aca arakira.

IDOMINIKA YA 19 YO MU MWAKA (Umwâka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (19, 9a. 11-13a)

Umukama yiyereka Eliya

Eliya ashitse i Horebi, yinjira mw’isenga ryari aho ararayo. Umukama aramubarira ati : « Sohoka, uje guhagarara kuri urya musozi, imbere y’Umukama ; ni ho Umukama aza guca. »

Hanyuma haza umuyaga w’igihuhusi, urasitura imirambi, n’amabuye arasatagurika ; ariko Umukama ntiyari muri ico gihuhusi. Ico gihuhusi kirangiye, haza ikintu kigigimvya isi, ariko Umukama ntiyari muri ico kintu. Hanyuma yaco, niho haza umuriro, ariko Umukama ntiyari muri uwo muriro. Umuriro uzimye, haza akayaga gakeyi. Eliya ngo akumve, aca yipfuka umutamana wiwe mu maso, arasohoka ahagarara mu rwinjiriro rwa rya senga.

IZABURI 84 (85), 9ab. 10. 11-12. 13-14

Icit : Mukama, twereke urukundo udufitiye,
         uduhe urukiza rwawe !

Hinge numvirize ivyo Umukama agira avumere :
avumera amahoro y’igihugu ciwe ;
nangwa, abamwubaha bari hafi y’ugukira,
hanyuma ubuninahazwa bwiwe bube kw’isi yacu.

Urukundo n’agatima k’ibanga bigendane,
amahoro n’ubutungane bihane ikaze ;
umudahemuka azokwamuka kw’isi,
intungane imanuke iva mw’ijuru.

Umukama niyadukomorera ingabirano ziwe,
isi izoca irondoka ;
ubutungane buzomuja imbere,
amahoro yiwe amuherekeze.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (9, 1-5)

Nopfuma mba igicibwa kuri Kristu, kubera benewacu tuvukana ku mubiri
Ncuti zanje,

Ndavuga ukuri muri Kristu, simbesha, kandi ijwi ry’umutima wanje rirabinyemeza muri Mutima Mweranda : numva intuntu nyinshi n’amaganya y’intatezuka mu mushaha wanje. Egome, jewe nyene nopfuma mba igicibwa kuri Kristu, kubera benewacu tuvukana ku mubiri. Bo ni Abanyisraeli : baragenewe iteka ry’abana bo mu nzu, ubuninahazwa, amasezerano, amategeko, ivy’ugusenga icese, imihango, eka n’abasokuru. Kandi ni bo Kristu yamukako kubw’umubiri, We aganza vyose, Imana nyaguhezagirwa mu myaka yose. Amen.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Umutima wanje uriteze Umukama,
ijambo ryiwe ni ryo nizeye.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (14, 22-23)

Mbwira ngusange hiyo ngendera ku mazi

Amaze kugwiza imikate ngo agaburire abantu, buno nyene, Yezu aca ategeka abigishwa biwe ngo baje mu bwato, bamutange ku nkombe yo hakurya, na we asigare arasezera abantu. Ahejeje kubasezera, yidugira ku musozi ahiherereye ngo asenge, bugoroba ari yo akiri wenyene.

Ubwato bwari bumaze gushika mu kiyaga hagati buzungagizwa n’ibisebuzi ; umuyaga waturuka imbere yabo. Buri mu guca, Yezu aza iyo bari, agendera ku mazi, barakangwa, bavuga bati : « Ni umuzimu ! », ubwoba burabatekera, bakoma induru.

Buno nyene, Yezu ababwira ati : « Humure, ni jewe ; ntimugire ubwoba ! » Petero aramwishura ati : « Niyaba ari wewe, mbwira ngusange hiyo ngendera ku mazi. » Yezu ati : « Ingo ! » Petero ava mu bwato, agendera ku mazi aja iyo Yezu ari. Abonye umuyaga uhuhuta cane, agira ubwoba ; ngo yumve atanguye kunyika, avuza induru ati : « Ntabara, Mukama ! »

Buno nyene, Yezu aca aramvura ukuboko, aramufata, amubwira ati : « Muntu utagira ukwemera, icatumye ukeka ni iki ? » Bamaze gushika mu bwato, umuyaga uca urahera. Abari mu bwato baca baramusenga bavuga bati : « Ni ukuri, uri Umwana w’Imana ! »