Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps Ordinaire (Page 37)
Archives de Catégorie: Temps Ordinaire
IDOMINIKA YA 33 YO MU MWAKA
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Malakiya : 3, 19-20a
(Umunsi w’Umukama)
Ng’uyu umunsi w’Umukama uraje, waka nk’itanure. Abishima n’inkozi z’ikibi bazoba nk’ibishingwe. Uwo munsi wimirije kuza uzobatongora, -uko ni ko Umukama Nyen’ingabo avumereye- nta n’agashitsi canke agashami uzobasigarana. Ariko, mweho abubaha izina ryanje, izuba ry’ubutungane rizobarasirako, rifise urukiza mu mababa yaryo.
Izaburi 97 (98), 5-6. 7-8. 9
Icit : Umukama azoza gucira isi urubanza ruciye ku butungane.
Ririmbira Umukama mu nanga
maze ijwi rihwanirane n’iry’inzamba ;
vugiriza impundu Umwami ari We Mukama,
urumbete rusekere, imyironge yitabire.
Ikiyaga n’ibirimwo vyose,
isi n’abayibako bose, nibisamirane !
Inzuzi nizikome amashi,
imisozi na yo n’itere impundu !
Nimuvugirize impundu Umukama ariko araza
ngo acire isi urubanza !
N’acire isi uruciye ku butungane,
intara azicire urudaciye ku karenganyo !
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya kabiri Umutumwa Paulo yandikiye Abanyatesalonika : 3, 7-12
(Nihagira umuntu yanka gukora, n’areke no kurya)
Ncuti zanje,
Murazi neza ingene mwotwigana, kuko tutareze amaboko iwanyu,kandi atawe twaririye ivya gusa, ariko twama dukora ijoro n’umutaga, ata gikenurwa, ata buruhe twibanga, kugira ngo ntihagire uwo tugora muri mwebwe. Si uko tutari kubishobora, ariko twashatse kubabera akarorero ngo mutwigane. Na kare, aho twari tukiri iwanyu, ng’ibi ivyo twabategereza : nihagira umuntu yanka gukora, n’areke no kurya.
None twumvise yuko bamwe muri mwebwe bibera ngaho ataco bakora, ariko bishinga kurya ivy’abandi. Abantu ben’abo, turabategetse kandi turabahanuye mu Mukama Yezu Kristu : nibakore mu mutekano, babone kurya ivyo bakoreye.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Murame muraramuye umutwe, kuko ubukiriro bwanyu bwegereje.
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 21, 5-19
(Murinze rugabo, ni ho muzokiza imitima yanyu)
Umunsi umwe, abantu bamwe bariko baravuga ingene igisengero gisharijwe n’amabuye meza be n’amaturo y’abemera, hanyuma Yezu avuga ati : « Hazoza iminsi, ivyo muriko muratangarira bizosanzara : nta buye na rimwe rizosigara ku rindi. » Na bo baramubaza bati : « Mwigisha, none ivyo bintu vyose bizoshika ryari, kandi ikimenyetso c’uko ivyo biri hafi y’ugushika ni ikihe ? »
Yezu avuga ati : « Muraba maso, ntihagire uwuzobahuvya ! Hazoza benshi biyitirira izina ryanje, bababwira ngo : Ni jewe, kandi ngo : Igihe cashitse ! Ntimubaje mu nyuma. Nimwumva ngo indwano n’umudurumbanyo birateye, ntimugire ubwoba ; ivyo ntivyobura kubanza gushika, ariko umuhero ntuzoba uragera. »
Araheza ababwira ati : « Intara izotera iyindi, ubwami butere ubundi ; irya n’ino isi izonyiganyiga cane, akaranda n’amapfa bitere ; hazoba ibintu biteye ubwoba n’ibimenyetso kw’ijuru. Yamara ivyo vyose bitarashika, bazobafata, babahame, babakubitire mu masinagoga no mw’ibohero, babashengeze ku bami no ku vyegera vya Sezari, muhorwa izina ryanje.
None rero nimubizirikane neza : ntimuzorinda kwiyumvira ivyo muri bubishure. Jewe nyene nzobihera imvugo n’ingingo, abansi banyu bose batazoronka aho bazica ngo babahinyuze.
Mu bazobashengeza harimwo abavyeyi banyu nyene n’abo muvukana, incuti n’abagenzi ; bazobicamwo bamwe bamwe. Muzokwankwa na bose kubw’izina ryanje. Ariko, haba n’agashatsi na kamwe kazobava ku mutwe ngo kazimirire. Murinze rugabo, ni ho muzokiza imitima yanyu.
IDOMINIKA YA 32 YO MU MWAKA
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abapfiriye Israeli : 7, 1-2. 9-14
(Abavukana indwi bapfira ibanga)
Umunsi umwe, abavukana indwi bafatwa kumwe na nyina wabo ; umwami Antiyokiya yashaka kubahatira ku nyama z’ingurube itegeko ribuza, abagomorerako ababakubita inkoni n’ibiboko. Umwe muri bo arabaserukira ati : « Mbe ushaka kutubaza iki ? Ha kurenga ku mabwirizwa ya ba data, twopfuma dupfa. » Uwa kabiri na we, mu gihe yariko aracikana, avuga ati : « Wa mugesera we, udukuye muri ubu buzima bw’ubu, yamara Umwami w’isi azotuzurira ubuzima budahera, kuko dupfiriye amategeko yiwe. »
Hanyuma y’uwo bafata uwa gatatu, bamwica nabi. Buno nyene asokorora ururimi nk’uko babimutegetse, atarika amaboko adatinya, aca avugana ubutwari ati : « Ijuru ni ryo ryampaye izi ngingo z’umubiri, mugabo kubera amategeko yaryo ndazirenza amaso, kandi ni ryo nizigiye ko rizozinsubiza. » Umwami na we nyene n’abagendanyi biwe bagwa mu gahundwe kubera ubutwari bw’uyo musore yaraba nk’ubusa ivyo kubabara.
Igihe uno amariye gupfa, bazana uwa kane bamugira nk’aba mbere. Bugingo ari mu gucikana, avuga ati : « Wopfuma wicwa n’abantu, iyo wizigiye ko Imana ari yo izokuzura ; ariko wewe ntuzokwigera ugabana izuka ry’ubuzima budahera. »
Izaburi 16 (17), 1. 5-6. 8b. 15
Icit : Umunsi nzokwikangura, ni ho nzohozagazwa n’ukukubona mu maso, Mukama.
Umburanire, Mukama,
umviriza amaborogo yanje ;
tega ugutwi igisabisho caje
kivuye mu kanwa kazira kubesha.
Nagumye ngendera mu nzira zawe,
ikirenge canje nticigeze gitsitara.
Ndakwambaza kuko utobura kunyishura, Mukama ;
ntega ugutwi, wumvirize ijambo ryanje !
Unzigame nk’imbonero y’ijisho,
unkingire ikibaba.
Nanje nzokwihweza inyonga zawe mu butungane,
nikanguye na ho, nzohozagazwa n’ukukubona mu maso.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya kabiri Umutumwa Paulo yandikiye Abanyatesalonika : 2, 16-3, 5
(Ntiduhororokerwe mu kurorera Umukama)
Ncuti zanje,
Umukama wacu Yezu Kristu ubwiwe, be na Mana Data wa twese yadukunze akaduha rimwe rizima uruhoza n’ukwizigira kwuzuye urweze, nibaremeshe imitima yanyu mu vyo mukora no mu vyo muvuga vyose.
Kandi, benewacu, muradusabire, kugira ngo Ijambo ry’Umukama risasagare, rininahazwe nk’uko kw’iwanyu. Saba dukire inda mbi y’ababisha badushakira inabi, murazi ko bose badafise ukwemera.
Umukama ni intatanamundagano : ni We azobakomeza akabarinda wa mubi. Na kare, amizero tubafiseko ahagaze ku Mukama : ivyo tubabwiriza murabíkora kandi muzokwama mubikora. Umukama n’arongore imishaha yanyu ayerekeze ku rukundo rw’Imana, ntimwigere muhororokerwa mu kurindira Kristu.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Yezu Kristu ni We mfura mu bari bapfuye ; ni We akwiye ubuninahazwa n’ububasha mu myaka n’imyaka.
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 20, 27-38
(Igisomwa kigufi : 20, 27. 34-38)
(Imana yacu ni Imana y’abazima)
Umunsi umwe, bamwe mu Basadusayo, -bamwe bagira ngo nta zuka ry’abapfuye ririho,- baregereye Yezu ngo babimubaze.
(Igisomwa kigufi kigera aha, kirasubira gutangurira ahandi)
Bati : « Mwigisha, ng’ibi ivyo Moshe yadutegetse : Haramutse habaye umuntu afise mwenewabo yubatse, uwo mwenewabo agapfa ata mwana asize, uwo muntu yabira wa mupfakazi, ngo avyarire umwana mwenewabo. None, habaye abahungu indwi bavukana : uwa mbere yabira umugore, arapfa ata mwana asize; uwa kabiri, hanyuma uwa gatatu baramwabira ; bose gurtyo, uko bari indwi, bapfa at mwana basize. Mu nyuma, wa mugore na we arapfa. None, ku munsi w’izuka, uwo mugore azoba uw’uwuhe, ko bamwabiriye bose uko ari indwi ? »
(Igisomwa kigufi gisubira gutangurira ngaha)
Yezu na We arababarira ati : « Abantu bo kw’isi barabira, abandi bakabirwa ; yamara abazoba babereye kwinjira mu bwami buzoza no kuzuka mu bapfuye, ntibazokwabirana, kuko batazoba bagishobora gupfa ; bameze noneho nk’abamalayika kandi ni abana b’Imana, kuko batewe iteka ryo kuzuka.
Na vyo, ivy’uko abapfuye bazozuka, na Moshe yaravyerekanye hamwe yari hafi ya ca gisaka, akita Umukama Imana ya Ibrahimu, Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo. Si Imana y’abapfuye, ni Imana y’abazima, kuko bose ari Yo bakesha ubuzima. »
IDOMINIKA YA 31 YO MU MWAKA
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : 11, 22-12,2
(Imana irakunda ibiremwa vyayo vyose)
Mukama, isi yose imbere yawe imeze nk’agatete k’umusenyi gahengeka umunzane, nk’ima ry’urume rizindukira gutonyangira hasi. Mukama, ufitiye imbabazi abantu, kuko ushobora vyose ; nturaba ibicumuro vyabo, kugira ngo bigarure. Nkako nyene, ufitiye urukundo rw’igishika ibiremwa vyose, nta na kimwe mu vyo wagize kigutera ishishi ; ico wanka ntiwari kukirema.
Ikidashatswe nawe coshobora kuramba gute ? Ikidahamagawe nawe coshobora kurama gute ? Igituma ugirira imbabazi ibiremwa vyose, ni uko ari rwawe, ni uko uri Rugabá ukunda ubuzima, impwemu zawe zikabeshaho vyose.
Abaguye, uritonda mu kubahanura, urabakebura, ukabereka igicumuro cabo, kugira ngo bikure mu kabi, babonereho kukwemera, Mukama.
Izaburi 144 (145), 1-2, 8-9, 10-11, 13c-14
Icit : Nzohezagira izina ryawe iminsi yose, Mwami wanje, Mana mfise.
Hinge nkuninahaze, Mwami wanje, Mana mfise,
Mpezagire izina ryawe iminsi yose ntahengeshanya !
Eka nshaka kukuninahaza iminsi yose,
Izina ryawe ntirizomva mu kanwa.
Umukama ni Nyen’impuhwe n’ikigongwe,
Ntakaza ishavu, yuzuye urukundo ;
Umukama agirira ineza bose,
agirira imbabazi ivyo yaremye vyose.
Ivyo waremye, Mukama, nibigushemeze,
Abakunzi bawe nibaguhezagire !
Nibayage ubuninahazwa bw’ubwami bwawe,
Nibigane hose ubutwari bwawe !
Umukama ni imvugakuri mu majambo yiwe,
Ni urukundo mu bikorwa vyiwe vyose ;
Araramira abashaka kugwa bose,
akagorora abagoramye bose.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya kabiri Umutumwa Paulo yandikiye Abanyatesalonika : 1, 11-2, 2
(Twitege Umukama mu mahoro atagira imvange)
Ncuti zanje,
Twama tubasabira ngo Imana yacu isange mukwiranye n’ibanga yabahamagariye ; kubera ububasha bwayo, n’ibafashe kurangura bimwe bishemeye ivyiza vyose mushaka gukora, n’iremeshe ukwemera kwanyu, kugira ngo izina ry’Umukama wacu Yezu rininahazwe muri mwebwe, namwe mushimagizwe muri We : ico ni co Imana yacu n’Umukama wacu Yezu Kristu babateguriye.
Benewacu, dushaka kubahanura ku vyerekeye umuzo w’Umukama wacu Yezu Kristu n’ikoraniro ryacu hamwe na We : ntimushoke muhagarikwa umutima canke ngo muterwe ubwoba n’ijambo bitirira Mutima canke n’ijambo canke n’ikete batwitirira ryemeza ko umunsi w’Umukama uri mu gushika.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Imana yakunze isi gushika itange Umwana wayo w’ikinege ; uwumwemeye wese arafise ubuzima budahera.
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 19, 1-10
(Uguhinduka kwa Zake, umukuru w’Abatozakori)
Umusi umwe, Yezu yinjiye i Yeriko, aca mu gisagara hagati. Hakaba hari umuntu yitwa Zake ; yari umukuru w’Abatozakori kandi yari atunze. Yama yipfuza kubona Yezu uwo ari we, ariko ntiyabishobora kubera ishengero ryari ryinshi cane, na we akaba mugufi. Arirukanga, aja imbere, yurira igiti, kugira ngo ashobore kumubona, kuko ari yo nzira yajana.
Yezu, ahashitse ararangamira, aramubarira ati : « Zake, ururuka ningoga, kuko uyu munsi ndamutse ndara iwawe. » Na we aca arururuka, amwakirana akanyamuneza.
Abari aho ngo babibone, baja mu vyo kwidodomba bose, bati : « Ehe, agiye kurarira umuntu w’umunyabicumuro ! » Zake rero arahagarara, abwira Umukama ati : « Mukama, ng’ivyo ivyanje : ngiye kubicamwo kubiri, igice kimwe ngihe abarushwa ; nihaba hari uwo nanyanganije, ndamusubize ibiruta kane ivyo namutwaye. » Niho rero Yezu yavuga ati : « Uyu munsi, urukiza rwashitse muri iyi nzu, kuko n’uyu abaye umwana wa Ibrahimu. Na kare, Umwana w’umuntu yaje kurondera n’ugukiza ivyari vyazimiye. »







