Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps Ordinaire (Page 39)

Archives de Catégorie: Temps Ordinaire

IDOMINIKA YA 27 YO MU MWAKA

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Habakuki : 1, 2-3 ; 2, 2-4

(Intungane izotungwa n’ukugumya ibanga)
Mbega Mukama, nzogutabaza gushika ryari utari bunyumvire ? Nzogusaba ngo ukure imidugararo utari bunkize ? Ni kuki ureka ngo mbone amakuba, ukishinga kwirabira ayo ngowe ? Nsigaye mbona abasahura n’abarwana ; hose ni ugutukana, induru ntaho itavuga.

Umukama ahava anyishura ati : « Andika ivyo ubona, ubishire ku dupapuro, babashe kubisoma neza. Kandi bizoshika igihe cavyo kigeze, ntakabuza bizoteba biranguke. Nivyateba, urabirorera ; bitebe bitebuke, bizoza nta gisivya.
Uwufise umutima wagoramye azohagwa, na yo intungane izotungwa n’ukugumya ibanga.»

Izaburi 94 (95), 1-2. 6-7. 8-9
Icit : Ese uyu munsi mwokwumviriza ijwi ry’Umukama, rivuga riti : ‘Ntimukomantaze imitima yanyu’.
Nimuze dutere impundu Umukama,

tumushemeze We tuzeyeko urukiza !
Ingo tuje mu nyonga ziwe tumukengurukire,
tumukomere amashi tumwigine

Shike, duce bugufi, dupfukame :
dusenge Umukama yaturemye.
Na none, ni We Mana yacu,
natwe tukaba intara arongoye.

« Ntimukomantaze imitima yanyu nka kera i Meriba,
no kuri wa munsi wo mu gahinga ka Masa,
hamwe ba sogokuruza banyu bangerageza bakancaca,
kandi bari bamaze kubona ibikorwa nakora.»

IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya kabiri Umutumwa Paulo yandikiye Timote : 1, 6-8. 13-14

(Ntugire isoni kubw’intahe ushingira Injili y’Umukama)

Mwananje nkunda cane,
Ndaguhaye ngo ukabure ya ngabirano Imana yaguhaye aho nakwubikako ibiganza. Imana ntiyaduhaye umutima upfana isoni n’ubwoba, ariko yaduhaye umutima w’ubutwari, w’urukundo n’ubwitonzi. Ntugire isoni rero kubera intahe woshingira Umukama wacu cabure kubera jewe imbohe yiwe, ariko rinda hamwe nanje ya magorwa ubona kubera Inkuru Nziza uhagarikiwe n’ubukomezi bw’Imana.
Gumya amajambo y’inyigisho nagushikirije, ubigirane ukwemera n’urukundo rwa Kristu Yezu. Iyo mbitso nziza rero, urayizigama, ufashijwe na Mutima Mweranda avyagiye muri twebwe.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Ijambo ry’Umukama ryamaho imyaka yose ; iryo ni ryo jambo ry’inkuru nziza mwashikirijwe.
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 17, 5-10

(Ubukomezi bw’ukwemera)
Umunsi umwe, abatumwa babwiye Umukama bati : « Twongerereze ukwemera ! »Umukama abishura ati : « Iyo muba mufise ukwemera kungana n’agatete ka sinapi, mwobwiye iki giti kinini muti : ‘Irandure, uze kwitera mu kiyaga.’coca kibagamburukira.
Muri mwebwe, ni nde yoba afise umusuku atuma kurima canke kuragira, yohengera avuye kurima akamubwira ati : ‘N’uze wicare ku meza ?’ Abura kumubwira riho ati : ‘Ntegurira ivyokurya, ukenyere, ungaburire, gushika mpeze gufungura no kunywa ; hanyuma nawe ubone gufungura n’ukunywa.’ Mbega yokengurukira uwo musuku kuko yakoze ivyo yamutumye ?
Ni uko namwe mumeze : nimwaheza gukora ivyo mwabwirijwe, muravuge muti : ‘Turi abasuku b’imburakimazi, nta kindi twakoze atari ico twabwirizwa gukora. »

IDOMINIKA YA 26 YO MU MWAKA

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Amosi 6, 1. 4-7

(Ugire umuziro ugusesagura ivyo Imana yaguhaye)

Ng’iri iriyazwe n’Umukama Mushobora vyose : Baragowe abo bishinga kwitemberera muri Siyoni n’ukwubaka ku musozi wa Samariya ata nkomanzi. Imyagazi batoranije mu busho, be n’inyana bakuye mu ruhongore, babirya baryamye ku buriri bw’akatabonetse, bagaramye ku bisaswa vyiza vyiza.
Iyo bariko baracuraranga baratarika nka kumwe kwa Dawudi, bagacura n’ivyuma vyo kwumviriza imvyino. Umuvinyu bawumnywera imbere mu bikombe vy’agaciro, bakisiga amavuta amoga neza, yamara ntibababazwe n’uko igihugu c’Israeli catabagaye.
Nico gituma ubu bazobatwara mu mahanga, baje imbere y’abangajwe bava mu gihugu c’amavukiro. Noneho, wa mugwi w’abaryi uzimangane !

Izaburi 145 (146), 7-9a. 9b-10
Icit: Ninahaza Umukama, se mushaha wanje.
Canke: alleluya.

Umukama acira urubanza impahazwa,
akagaburira abashonje,
nayo ababoshwe akabakura mu ngoyi.

Ni We ahumura impumyi,
ni We agorora abahetamye,
ni We akunda abantu b’intungane,
ni We ahagarikira ba kavantara.
Ni We arwanira abapfakazi n’impfuvyi,

Ariko inzira y’abakora ikibi akayizimiza.
Umukama azoora ku ngoma.
Ni We Mana yawe, Siyoni, mu myaka n’imyaka.

IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Timote : 6, 11-16

(Ubuzima bwawe bube mu kwemera Kristu)

Weho rero, muntu w’Imana, rondera ubutungane, ubwitonzi mu vy’Imana, ukwemera, urukundo, ubwiyumanganyi n’ubutekereji. Wame urwana indwano nziza y’ukwemera, ucakire bwa buzima budahera wahamagariwe kandi washingiye intahe ishemeye mu maso y’ivyabona vyinshi.

Ndagusavye imbere y’Imana ibeshaho vyose n’imbere ya Kristu Yezu yashingiye intahe ukuri imbere ya Ponsiyo Pilato : zigama amategeko y’Umukama, gushika aho Umukama wacu Yezu Kristu azoserukira. Igihe kigeze, azomenyeshwa na Segaba wa vyose Nyaguhimbarwa, we Mwami w’abami, Umukama aruta abandi bose, we musa azira urupfu, avyagiye mu muco utegerwa, ata muntu yigeze akubita ijisho kandi ata n’uwuzomubona. Ni We Nyen’icubahiro n’ububasha mu myaka yose. Amen.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.
N’aho yari atunze, Yezu Kristu yarigize umukene kubera twebwe, kugira ubukene bwiwe bubatungishe.
Alleluia.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 16, 19-31

(Waronse itunga, na we Lazaro amagorwa ; ubu rero ariko arahozwa, nawe ubabara)

Umusi umwe, Yezu yabariye Abafarizayo uyu mugani, ati : « Habaye umuntu w’umutunzi yambara ibisayangana, ivyoroshe, yamana inzimano. Hakaba n’umworo yitwa Lazaro, yama aryamye kw’irembo ry’uno mutunzi, umubiri wiwe ari ibisebe. Yipfuza utuvunguka tw’imikate twokoroka tuva ku meza ya wa mukungu; mbere imbwa na zo zikaza kurigata ibisebe vyiwe. Hanyuma, wa mworo arapfa, abamalayika bamujana mu maboko ya Ibrahimu ; wa mutunzi na we arapfa, arahambwa.

Ari mu kuzimu, ariko arababara cane, ararangamira, abona kure Ibrahimu areze Lazaro. Ashira ijwi hejuru ati: ‘Ibrahimu dawe wacu, ngirira ikigongwe, ndungikira Lazaro, akoze isonga ry’urutoke mu mazi, ahoroshe ururimi rwanje, kuko ndiko ndicwa nabi n’izi mbeya.’
Ibrahimu arishura ati : ‘Mwananje, ibuka ko waronse itunga ukiri kw’isi, na we Lazaro akaronka amagorwa. Ubu rero ariko arahozwa, nawe ubabara. Vyongeye, hagati yawe natwe, hazokwama imanga imanga nini, ibuza ab’ino kuza hiyo, n’ab’iyo kuza ino.’
Wa mutunzi ati : ‘Ndagusavye ho dawe, urungike Lazaro mu muryango wa data, kuko mfise abo tuvukana batanu ; ababwire uko bimeze, ntibazohave bagwa nabo muri aya marushwa.’
Ibrahimu amwishura ati : ‘Barafise Musa n’abahanuzi, nibabumvire.’
Na we ati : ‘Oya nyabuna, Ibrahimu dawe wacu, ariko uwuzutse abashikiriye niho bokwigaya.’
Ibrahimu ati : ‘Nibatumviriza Musa n’abahanuzi, uwapfuye n’iyo yozuka ntibazokwemera.’»

IDOMINIKA YA 25 YO MU MWAKA

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Amosi : 8, 4-7

(Itunga ribi ntaco rimarira umutima)

Nimwumve iri jambo, mwebwe mukandagira aboro, mugashaka kumara abatobato mu ntara, kuko muhora muvuga muti : « Mbega, imboneko z’ukwezi zizoshira ryari, ngo tubone kwishorera amahonda ? Mbega, isabato izorengana ryari, ngo tubone kwishorera ingano ? Tuzoheza tugabanye ingero, twongereze ibiguzi, duhindure iminzane. Umurushwa tuzomugura makeyi, umworo na we inkweto gusa : eka n’ibikumbi vy’ingono nyene tuzobishora ! »
Umukama arahiye kw’izina rya Israeli, ati : « Ni ukuri nkazokwigera nibagira inabi n’imwe bakoze ! »

Izaburi 112 (113), 1-2. 5-6. 7-8
Icit : Uragashemezwa, Mukama, Wewe wama ubogora abakene.
Canke : Alleluya.

Bantu b’Umukama, nimuninahaze Umukama,
muninahaze izina ry’Umukama !
Izina ry’Umukama ni rininahazwe
Ubu no mu myaka yose.

Mbega, uwongana n’Umukama Imana yacu yova hehe,
ko mbona yurira kuvyagira mu ngoro yiwe,
akururuka kuraba
ibiri mw’ijuru no kw’isi ?

Umukama akura ku musenyi abatagira amagara,
umukene na we akamukura mu mwavu ;
kugira ngo amwicarike hamwe n’abakuru,
hamwe n’abakuru b’igihugu ciwe.

IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Timote : 2, 1-8

(Imana ishaka ko abantu bose bakira)

Mukunzi wanje,
Ico nipfuza imbere ya vyose ni uko boringaniza ivy’ugusenga, ivy’ukwambaza, ivy’ugutakamba n’ivy’ugukenguruka, ngo basabire abantu bose, abami n’abafise ubukuru bose, kugira ngo tubone kurambana iteka n’itekane, mu bukristu no mu bupfasoni.
Ico ni co gisabosho c’ukuri kandi gihimbaye mu nyonga z’Imana Mukiza wacu, Yo ishaka ko abantu bose bokira bakamenya ukuri. Koko, Imana ni imwe kandi umukandizi w’Imana n’abantu ni umwe nyene, akaba umuntu Kristu Yezu, yitanzeko incungu ya bose. Ubutigu bumaze kugera, yarabaye icabona arashingira intahe ukuri.
Nashinzwe kumubera umutumwa-mvuze ukuri, simbesha- mu kwigisha intara z’abapagani inzira y’ukwemera n’iy’ukuri. Ndashaka rero ko hose abantu bosenga bagakíriza ibiganza bîtōnze, ata shavu n’ivyiyumviro bibi.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
N’aho yari atunze, Yezu Kristu yarigize umukene kubera mwebwe, kugira ubukene bwiwe bubatungishe.
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 16, 1-13

(Igisomwa kigufi : 16, 10-13)

(Ntawushobora gukorera Imana n’ifaranga)

Umunsi umwe, Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Habaye umuntu w’umutunzi yari afise umubwiriza ; uno rero baramumuregako ngw’aramusesagurira ibintu. Shebuja rero aramuhamagaza, amubaza ati : ‘Mbega, ivyo nkwumvako ni ibiki ? Nyereka rero ingene wandinganirije ibintu, kuko kuva uyu munsi utagisubira gutegeka mu vyanje !’

Uno mubwiriza na we yiyumvira ati : ‘Mbe bane nza kubigenza gute, ko databuja ankuye ku co nahora nkora ? Nje kurima, numva ata magara ; gushera na ho, vyontera isoni ! Ariko ndabonye noneho ingene nza kubigenza, kugira ngo umunsi navuye mu gikorwa canje ndonke abazonsembereza.’

Ahamagara rero umwe umwe mu bari bafitiye umwenda shebuja, abaza uwa mbere ati : ‘Databuja umufitiye umwenda ungana iki ?’ Aramwishura ati : ‘Impange ijana z’amavuta.’ Uno mubwiriza na we ati : ‘Fata ikete ryawe, icara, wandike ningoga mirongo itanu.’ Abaza uwundi ati : ‘Weho umufitiye ibingana iki ?’ Na we ati : ‘Ibikemanyi ijana vy’ingano.’ Nya mubwiriza amusubiza ati : ‘Akira ikete ryawe, wandike mirongo umunani.’

Shebuja rero atangazwa n’ubwenge uno mubwiriza w’igisuma yagize ; kuko abakurikirana ivy’isi basumvya mu vyabo abakurikirana umuco. Nanje rero ndababwiye nti : Iryo tunga ridatunganye rirondeze abagenzi, kugira ngo umunsi rizoba ribavuyeko babasembereze mu nsago zidashira.

(Igisomwa kigufi gitangurira ngaha)

Uwuzigama ibanga mu bitagoye azorizigama mu bigoye ; uwurimena mu bitagoye, ntazoreka kurimena mu bigoye. None rero, nimwaba mutazi gutunganya itunga ribi, ni nde azobashinga itunga nyakuri ? Nimwaba mutazi gutunganya iritari rwanyu, ni nde azobaha iryanyu bwite ?

Ntawushobora gukorera ba shebuja babiri, kuko yokwanka umwe agakunda uwundi, canke yokwishimira umwe uwundi na we akamunebagura. Ni ho rero mutoshobora gukorera Imana n’ifaranga. »