Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps Ordinaire (Page 40)
Archives de Catégorie: Temps Ordinaire
IDOMINIKA YA 24 YO MU MWAKA
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka : 32, 7-11. 13-14
(Musa asabira ikigongwe abanyisraeli batagamburukiye Imana)
Musa yari akiri ku musozi wa Sinai. Umukama araheza aramubwira ati : « Hogi, manuka ningoga, kuko igihugu cawe wakuye mu Misri cashaye. Ntibarushe bihagararako, inzira nabategereje gukurikiza bayitaye. Bacurishije mu vyuma ishuri y’inzahabu, none ni yo bapfukamira, ni yo bahereza imperezwa, bavuga ngo : Ehe raba Israeli, Imana yawe yagukuye mu Misri ! » Umukama arongera abwira Musa ati : « Ndabona ko ico gihugu ari intagondwa. Ubu rero ndeka, ishavu ryanje ryisuke, ndabatikize n’agasya k’akarenge. Ariko wewe, nzokugira igihugu kininiya. »
Musa rero aragerageza gucuvya ishavu ry’Imana, avuga ati : « Ni kuki ga Mukama, utaye ishavu ku gihugu cawe wakuye mu Misri ku bubasha bw’ukuboko kwawe n’ibiganza vyawe ? N’usubize agatima kuri Ibrahimu, Izahaki na Israeli, abasuku bawe, wemereye icese ko bazorondoka, bakagwira nk’inyenyeri zo mu kirere ; wongere wibuke igihugu wemeye kuzoshikiriza abuzukuruza babo, kikaba iragi ryabo imyaka yose. »Umukama ngo yumve ayo majambo ya Musa, arahava araturura, igihano yashatse guha igihugu, arakireka.
Izaburi 50 (51), 3-4. 12-13. 17-19
Icit : Niko nzohaguruka nsubire kwa Data.
Ngirira ikigongwe, se Mana yanje, kubera ubuntu bwawe,
kubw’ikigongwe cawe kidakama, nzimanganiriza akabi nakoze.
Nyuhagira umwanda wose mfise,
uheze uhanagure ibicumuro vyanje vyose.
Mukama, nshiramwo umushaha w’indanga,
ugushaka kwanje na kwo ukuremeshe kwame kukwihambiriyeko.
Ntunshibure ngo nkuve mu maso,
ntera iteka riho ungumizemwo ubwiza bwawe.
Mukama, mfatanura umunwa,
mbashe gushemeza ubuninahazwa bwawe.
Imperezwa igushika ku nyota ni umutima wigaye ;
umutima wigaye kandi waduhiwe n’ibicumuro nakoze,
ntuzowushiburire kure, Mana yanje.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Timote : 1, 12-17
(Ugukengurukira Imana kw’umunyabicumuro yarekuriwe)
Ndakengurukiye rwose uwankomeje, ari we Kristu Yezu Umukama wacu, kuko yanyizigiye akantera iteka ryo kumukorera, n’aho nari nabanje kumutuka, kumuhama n’ukumwambika ibara. Ariko naragiriwe ikigongwe, kuko nabigize ntabizi, ntaremera. None ingabirano y’Umukama wacu yarongerekanye, be n’ukwemera n’urukundo mfise muri Kristu Yezu.
Iri jambo ni iry’ukwemera kandi rirakwiye kwakirwa ata nkomanzi : Kristu Yezu yazanywe kw’isi n’ugukiza abanyabicumuro, nkaba uwa mbere muri bo ; ariko, igituma nagiriwe ikigongwe ni ukugira ngo mbe uwa mbere Yezu Kristu yerekanamwo ubwitonzi bwiwe bw’agahebuza, maze bibere akarorero abazomwemera ngo bashikire ubuzima budahera.
Umwami yamaho, Imana idapfa, itaboneka, imwe rudende, n’iterwe iteka ry’ugusengwa yongere ininahazwe mu myaka yose. Amen.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Imana ni Yo yatumye abantu b’isi buzura na Yo muri Kristu, ikongera ikadushiramwo ijambo ry’ubwo bwuzure.
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 15, 1-32
(igisomwa kigufi : 15, 1-10)
Akanyamuneza k’ukuronka ikigongwe c’Imana
Abatozakori n’abanyakabi bahora baza bose aho Yezu ari ngo bamwumvirize. Abafarizayo rero n’Abanditsi baja mu vy’ukwidodomba, bati : « Uyu muntu yakiriza yompi abanyakabi akongera agasangira na bo ! » Yezu na we abacira uyu mugani, ati : « Muri mwebwe uwogira intungwa ijana agaheza agatakaza imwe, ntiyorekera mu gahinga zimwe mirongo icenda n’icenda zasigara, ajaka kurondera imwe yatakara gushika ayitore ? Ayitoye, araheza akayiterera ku bitugu yigina, yashika imuhira agahamagara abagenzi n’ababanyi, ati : ‘Nimuze tunezerwe, natoye ya ntungwa yanje yari yatakaye’ ! Nanje ndababariye : umunsi umunyakabi yigaye, no mw’ijuru hazoba akanyamuneza karuta agaterwa n’aberanda mirongo cenda n’icenda ata kabi biyagiriza. Canke, none umugore yoba afise amafranga cumi, atakaje rimwe, yoreka kumurika agakubura mu nzu hose, akarondera ashimitse gushika aritore ? Amaze kuritora na ho, aca ahamagara abagenzi n’ababanyi, ati : ‘Nimuze tunezerwe, natoye rya faranga nari nataye.’ Nanje ndabibabariye : uko ni ko abamalayika b’Imana bazonezerwa n’umunyakabi umwe yigaye. »
Igisomwa kigufi giherera aha
Français : Le retour du fils prodigue, Jacopo Bassano, huile sur toile, 100 x 122,6 cm, musée des beaux-arts de Libourne, France. (Photo credit: Wikipedia)
Yezu yongera ababwira ati : « Habaye umuntu yari afise abahungu babiri. Umuhungu mutoyi abarira se ati : ‘Dawe, ntabaza itoranwa ryanje.’ Se rero arabatoranya. Iminsi mikeyi iheze, wa muhungu mutoyi akoranya ivyiwe vyose, yigira mu ntara ya kure, asesagura itunga ryiwe, acika igihumbu.
Vyose bimaze kumuherako, hatera ikigoyi muri ico gihugu, buca buramukubira. Avaho rero agenda gushumbira umuntu wo muri ico gihugu, na we amurungika mw’itongo ryiwe ngo amuragirire ingurube. Yahora ashaka kwihembuza ibishishwa bagaburira ingurube, yamara ntiyabona uwubimuha.
Niho rero yiyumvira ati : ‘Abashumba ba dawe barya uko bashaka, bangana iki ! Nanje hano ndiko ndicwa n’inzara ! Mve hasi, ngende kwa dawe, mpeze ndamubarire nti : Dawe, naracumuye ku Wo mw’ijuru nongera ndagucumurako; ntibinkwiye rero ko nitwa umwana wawe, ntabara unshire mu bashumba bawe.’ Arahaguruka rero, agaruka kwa se.
Akiri kure, se aramubona, ikigumbagumba kiramuniga, ariruka amugwa ku bitugu bararamukanya. Araheza wa muhungu abarira se ati : ‘Dawe, naracumuye ku Wo mw’ijuru nongera ngucumurako, singikwiye kwitwa umwana wawe.’
Se wiwe yamara abarira abasuku biwe ati : ‘Nimunzanire ivyambarwa vyiza mubimwambike, mugireko mumwambike impeta ku rutoke n’ibirato ku maguru. Murabe kandi ikimasa kinuze, mukibage, tugire umunsi mukuru w’akanyamuneza ; kuko uyu muhungu wanje yari yapfuye, none yazutse ; yari yazimiye, none yazimurutse.’ Ni uko rero baja mu vyo kugira umunsi mukuru.
Ariko rero umwana wiwe w’imfura yari mu murima. Ngo aze gutahuka, yegereye inzu, yumva inanga n’indirimbo bissekera. Ahamagara rero umusuku, amubaza ivyo ari vyo. Wa musuku amwishura ati : ‘Ni umwe murumunawe yagarutse, mbere so yabaze ikimasa kinuze kuko yasubiriye kumubona akidundega.’
Biraheza rero bimutera ishavu, aranka kwinjira. Se rero arasohoka, aja mu vyo kumuhoyahoya. Na we yishura se ati : ‘Iyi myaka maze ngukorera, ntaho nigeze nkugambararira, yamara ntaho wampaye na rimwe n’agahene ngo ngirire umunsi mukuru abagenzi banje ; none uyu muhungu yamariye ivyiwe mu bishushungwe, aragarutse umubagira ikimasa kinuze !’
Se araheza aramwishura ati : ‘Wewe mwananje, wangumye iruhande, ivyo mfise vyose ni ivyawe. Nawe nu, ntitwari kureka kunezerwa tubonye murumunawe yari yapfuye none yazutse, yari yazimiye none yazimurutse. »
IDOMINIKA YA 23 YO MU MWAKA
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : 9, 13-19
(Ni Imana itanga ubwenge nya bwenge)
Ni nde yoshobora kumenya imigabo y’Imana ? Ni nde yoshobora gutegera ico Umukama ashaka ? Ivyo abagenewe gupfa bahora biyumvira bigarukira hafi, ivyo bahora bipfuza birahindagurika ; nkako nyene, umubiri wagenewe kubora uraremera umutima, ya nzu y’ibumba ikaremereza ubwenge ivyiyumviro vyinshi. Biratugora gutegera ibiri hano kw’isi, ibiri hafi turiruhisha cane ngo tubibone ; none, ni nde uwoshobora guhishura ibiri mw’ijuru ? Bisubiye kandi, ni nde uwari kumenya ico ushaka, utabanje kumuha ubwenge n’ukumurungikira, uvuye mw’ijuru Umutima wawe Mweranda ? Uko niko inzira z’abantu bo kw’isi zagorowe, uko niko abantu bigishijwe ivyo ushima, ubwenge wabahaye bukabashikiriza urukiza.
Izaburi 89 (90), 3-4. 12-13. 14. 17
Icit: Mukama, wamye uri amahungiro yacu, kuva kera na rindi.
Abantu urabasubiza mw’ibumba, Mukama,
ukababarira uti : « Bana b’abantu, nimusubireyo. »
mu maso yawe imyaka igihumbi imeze nk’umunsi w’ejo wahise,
canke nk’igishingo kimwe c’ijoro.
Ubajana nk’uko isuri itwara, bagaca bahura n’itiro ;
mu gitondo bakamera nk’ivyatsi bikura,
mu gitondo birakura bigashurika,
ku mugoroba bigatemwa, bikuma.
N’utwigishe guharura iminsi yacu,
kugira ngo dukerebuke mu bwenge.
Ewe Mukama, garuka : uzogeza ryari ?
Niwirimbuze mu vyo ugirira abasavyi bawe.
N’udukwize urukundo rwawe mu gitondo ca kare,
niho twoheza tukamara umunsi wose mu karirimbo
no mu kanyamuneza.
Ubuninahazwa bwawe, Mukama, nibudusagire :
n’udushimangirire ivyo dukora n’amaboko yacu.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Filemo : 9b-10. 12-17
(Uwari umushumba wawe yarabaye mwenewanyu)
Mwananje nkunda cane,
Jewe Paulo, n’aho nabaye umutama nkaba n’ubu ndi imbohe kubera Kristu Yezu, hari ico nshaka kugusaba cerekeye Onezimo, wa mwana wanje nivyariye mu ngoyi. Ni we rero nkurungikiye kandi uwo ameze nk’umushaha wanje. Nari n’iciyumviro c’ukumuzigama hafi yanje ngo ankorere mu kibanza cawe mu ngoyi ndimwo kubera Injili ; ariko, ntavyo nashatse gukora ntakugishije inama, kugira ngo iciza ukora ntikive ku gahato, ariko kive ku gushaka kwawe.
Kumbure icatumye atandukana nawe umwanya mutoyi kwari ukugira ngo umusubizwe imyaka yose, atakiri nk’umushumba, mugabo asumba rwose umushumba, abe mwenewacu mfise ku mutima, nawe urushirizeho kumukunda mu bantu no muri Kristu. Ni uko rero, niwaba wemera ubucuti dufitaniye, n’umwakire nk’uko yoba ari jewe wakiriye.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
(Inyonga zawe nizimurikire umusavyi wawe, unyigishe ivyo ushaka).
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 14, 25-33
(Uguca ubwenge n’ukwiyambura ivy’isi ugakurikira Yezu)
Isinzi ry’abantu ryari rigendaniye Yezu, hanyuma arahindukira ababarira ati : « Umuntu niyaza iwanje ntahebe se na nyina, umugore n’abana, bene nyina na bashikiwe, mbere n’amagara yiwe, ntashobora kumbera umugendanyi. Uwutikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire, ntashobora kumbera umugendanyi.
Ni nde muri mwebwe yoshaka kwubaka inzu, ntabanze kwicara ngo arabe ko afise ibiyujuje ? Kugira ngo amaze gutangura ntayite urukankara, bose ngo bamutwenge bati : ‘Uyu muntu yatanguye kwubaka inzu, vyamunaniye kuyuzuza.’
Canke ni uyuhe mwami yoja gutera uwundi, ntabanze kwiyumvira ko abantu biwe ibihumbi cumi boshobora gutsinda uwuje kwivunisha ibihumbi mirongo ibiri ? Atabishoboye, arungika intumwa gusaba itekane wa mwami akiri kure.
Niko, uwo wese muri mwebwe adashobora guheba ivyo atunze vyose, ntashobora kumbera umugendanyi. »
IDOMINIKA YA 22 YO MU MWAKA
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : 3, 19-21. 30-31
Ishimagizwa ry’ugucisha make
Mwananje, rangurana ubwitonzi ivyo ukora vyose, ni ho bazogukunda kurusha amasabo meza. Uko ubukuru bwawe bungana, niko utegerezwa kwicisha bugufi : ni ho uzoshimwa mu nyonga z’Umukama. Nkako, inganji y’Umukama ni agaheta, ariko abifata ruto ni bo bamuninahaza. Uwishima abura uko yogira, kuko inyanduruko y’akabi imubamwo. Umwitonzi we yama yibuka mu muzirikanyi wiwe amajambo y’ubwitonzi ; ico incabwenge ishaka, ni ukugira amatwi akunda kwumviriza.
Izaburi 67 (68), 4-5ac. 6-7b. 10-11
Icit : Kubw’imbabazi zawe, Mukama, warateguriye urugo umworo.
Aberanda baravugiriza impundu Imana,
baratamba, baratarika.
Nimuririmbire Imana, mucurarangire izina ryayo,
muyivyinire, muyiyereke.
Imana ihangamye mu ngoro yayo nyeranda,
ni Yo se w’impfuvyi ikaba n’umuburanyi w’abapfakazi ;
Imana irubakira inyakamwe,
imbohe na yo irayugururira umuryângo w’ubuhirwe.
Watanze, Mukama, akavura kanywesha,
uremesha abawe bajonjogoye ;
umuryāngo wawe uraheza uronka urugo,
rurya nyene, Mukama, wari wateguriye umworo
kubw’imbabazi zawe.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa ryandikiwe Abahebreyi : 12, 18-19. 22-24a
Umusozi wa Siyoni ni igisagara c’Imana Nzima
Ncuti zanje,
Igihe mwegera Imana, ntimwegereye ikintu kiboneka, nka wa muriro waka, vya bicu vyirabura, wa muzimagiza, vya bihuhusi vy’umuyaga, rwa rwamo rw’inzamba na rya jwi ry’amajambo ryatumye abaryumvise bitakambira ngo ntihagire irindi jambo babwirwa. Ariko mwegereye umusozi wa Siyoni n’igisagara c’Imana Nzima, mwegereye Yeruzalemu yo mw’ijuru n’isinzi ry’abamarayika, ikoraniro rihambaye n’ishengero ry’abantu b’imfura banditswe mw’ijuru, mwegereye Imana Mucamanza wa bose n’imitima y’aberanda babushitse, mwegereye na Yezu We Mushikiriza w’Isezerano rishasha.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Nimwemere inganji yanje, mukunde n’ivyo nigisha, kuko ndi uwitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima. »
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 14, 1. 7-14
Niwaba ushaka ikibanza ca mbere mu butumire bw’Imana, urabanza wishire mu kibanza giciye bugufi
Umunsi umwe, hari ku munsi w’isabato, Yezu yinjiye mu nzu y’umwe mu bakuru b’Abafarizayo ngo bamuzimane, bano nabo bakamurereka. Abonye ingene abari batumiwe batanguranwa ibibanza biri imbere, Yezu araheza ababarira ati : « Niwaramuka utumiwe mu bugeni, ntuze ugende kwicara mu kibanza kiri imbere, kuko kumbure mu batumire hoba hari uwukuruta ; nyen’ukubatumira mwe na we yohava aza kubabwira ati : ‘Mucungurire ikibanza’; nawe rero ugateterwa mu gusubira mu kibanza kiri inyuma. Uramutse watumiwe rero, uriyicarira riho mu kibanza kiri inyuma, kugira ngo nyene gutumira niyaza, akubwire ati : ‘Erega, mukunzi, igira imbere.’ Ni ho rero uzoba uronse iteka mu batumire bandi bose. Nkako, umuntu wese yininahaza bazomusubiza hasi, na we uwifata ruto bazomushimagiza.»
Yezu yongera kubarira uwamutumiye ati : « Ukaramuka ufungurira abandi, ntuhamagare abagenzi bawe, benewanyu, uncuti n’ababanyi batunze, kuko kumbure na bo bogutumira, bakakwishura ; yamara niwagira inzimano, uratumira aboro, ibimuga, abacumbagira n’impfuvyi ; ni ho uzoba uhiriwe, kuko batagira ico bokwishura : uzokwishurwa umunsi intungane zizozuka. »






