Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps Ordinaire (Page 8)

Archives de Catégorie: Temps Ordinaire

IDOMINIKA YA 30 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (31, 7-9)

Akanyamuneza k’ukurokoka kwa Israyeli

Ng’iri iriyazwe n’Umukama :
Tambe mutārîke, muvugirize impundu Yakobo, mushemeze igihugu gisumba ibindi vyose ! Shire ijwi hejuru, mwivuge amazina muti : « Umukama yarokoye igihugu ciwe, ka kasigarira k’Abanyisrayeli ! » Ehe ngiye kubagarukana mbakure mu gihugu co mu buraruko, ndabashwabure kuva aho isi igera hose. Ntibazosiga inyuma impumyi n’uwucumbagira, abagore bibungenze n’abavuye mu kiriri ; eka, bazogaruka ino ari ishengero rinini. Bari bagiye bararira, noneho nzobagarukana imitima itekanye ; nzobereka amasôko, ndabacishe mu nzira igororotse aho batazotsitara. Erega, Israyeli nayibereye umuvyeyi, Efurayimu ni imfura yanje.

IZABURI 125 (126), 1-2ab, 2cd-3, 4-5, 6

Icit. : Ivyo Umukama yatugiriye ni agatangaza,
         natwe turi mu kanyamuneza.

Igihe Umukama yabohora imbohe za Siyoni,
twari tumeze nk’abari mu ndoto ;
niho akamwemwe kashaka kutwica,
imvyino zikasana.

Niho abapagani bavuga bati :
« Ivyo Umukama yabagiriye ni agatangaza ! »
Ni ko, ivyo Umukama yatugiriye ni akaroruhore,
eka natwe twari mu kanyamuneza.

Bohora se Mukama, imbohe zawe,
uzizane nk’imigende kw’isi ikamutse.
Ababivyi mw’ibiba babiba barira,
mw’igesa bakagesa bishongora.

Bagenda bararira,
bajanye imbuto z’ukubiba ;
maze, bagarukanye imikama y’ivyimburo,
bakaza barisiga.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete ryandikiwe Abahebereyi (5, 1-6)

Uzokwama uri Umuherezankuka na ntaryo, nka kumwe kwa Melekisedeki

Umuherezankuka mukuru yama atorwa mu bantu, ibanga ryiwe ni ukubaserukira ku Mana; ategerezwa guhereza amashikanwa n’ingorore kubera ibicumuro vyabo. Arashobora noneho guterwa imbabazi n’abacumura kubera ubwenge buke bwabo canke kuko bazimiye, kuko na we nyene ari ntamagara; ndetse bimutuma ategerezwa kwitangira we nyene inkuka y’ibicumuro vyiwe nk’uko abigirira igihugu. Bisubiye kandi, nta muntu yiha iryo teka, ariko ariterwa n’Imana, nka kumwe kwa Aroni.

Na Kristu ubwiwe si we yihaye iteka ry’ukuba Umuherezankuka mukuru; yarihawe n’Uwamubariye ati: « Uri Umwananje, ni je nakwivyariye uyu musi. » Nk’uko yavuze ahandi ati: « Uzokwama uri Umuherezankuka na ntaryo, nka kumwe kwa Melkisedeki.»

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Umukiza wacu Yezu Kristu yatsinze urupfu,
akaboneshereza ubuzima kubera Inkuru nziza.
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (10, 46-52)

Mwigisha, ntabara mbone

Umusi umwe, Yezu yariko ara va mu gisagara ca Yeriko, we n’abigishwa biwe n’isinzi ry’abantu. Ahwana n’impumvi, mwene Timayo, yari yicaye ku nzira ashera. Yumvise ko ari Yezu w’i Nazareti ahaciye, arasemerera ati: « Yezu, Mwana wa Dawudi, ngirira ikigongwe!» Benshi baramukankamira ngo acereze; na we arushirizaho gusemerera, ati: « Mwana wa Dawudi, ngirira ikigongwe ! » Yezu rero arahagarara, ati: « Mwakure. » Bākura ya mpumyi bati: « Subiza umutima mu nda ! Va hasi : araguhamagaye. » Aterera hasi igikwemu ciwe, asimba rimwe aba ashikiriye Yezu. Yezu aramubaza ati : « Ushaka ko nkugirira iki?» Impumyi iramwishura ati: « Mwigisha, ntabara mbone ! Yezu aramwishura ati: « Genda, ukwemera kwawe kuragukijije.» Buno nyene, arakanura, agendanira Yezu.

IDOMINIKA YA 29 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (53, 10-11)

Ishaka ry’Umukama rizoranguka

Umusuku wiwe, Umukama yashatse kumuvunaguza amagorwa. Ariko, niyitanga akabera abantu incungu, azoramutswa n’abuzukuruza, azoramba ; kubera we, ishaka ry’Umukama rizoranguka. Ayo magorwa yose yabonye azohinduka akanyamuneza, azohimbarwa, aronke ivyo yipfuza vyose. Kubera ko yemeye akababara, iyo ntungane, uwo musavyi wanje azokiza abantu isinzi, azokwiremeka ibicumuro vyabo.

IZABURI 32 (33), 4-5, 18-19, 20.22

Icit. : Tworose urukundo rwawe, Mukama,
          kuko ari Wewe twama twizigiye.

Ijambo ry’Umukama riratunganye,
ibikorwa vyiwe vyose birimwo ukuri. (suite…)

IDOMINIKA YA 28 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi (7, 7-11)

Itunga nya tunga ni umutima w’Ubwitonzi

Narasavye, ngabana ubwenge ;
naratakamvye, umutima w’Ubwitonzi unyinjiramwo.
Nanje ndawukunda kuruta intahe n’ingoma
imbere y’Ubwitonzi, itunga ryose ndariraba nk’ubusa.
Sinigeze ndabugereranya n’intabonwa,
inzahabu zo kw’isi zose zimeze nk’umusenyi iruhande yabwo,
ifaranga na ryo rikaba nk’ivyondo.
Narabukunze kuruta amagara n’ubutore ;
narabushimye kuruta umuco w’izuba,
kuko busayangana ubudahengeshanya.
Mbere, ivyiza vyose naronse, vyazananye na bwo,
iminwe yabwo yangabiye itunga ridaharurwa.

IZABURI 89 (90), 12-13, 14-15, 16-17

Icit. : N’udukwize urukundo rwawe, Mukama,
         niho tuzoba mu kanyamuneza !

N’utwigishe guharura imisi yacu dusigaje,
kugira ngo tuhakure umutima w’ubuntu.
Ewe Mukama, garuka : uzoreka kutwikumira ryari ?
Babarira abasavyi bawe.

N’udukwize urukundo rwawe mu gitondo ca kare, (suite…)