Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps Ordinaire (Page 9)
Archives de Catégorie: Temps Ordinaire
IDOMINIKA YA 27 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (2, 18-24)
Bazocika umubiri umwe
Mu ntango y’irema, Umukama yavuze ati : « Si vyiza ko umuntu aguma wenyene, nzomuronderera umugenzi bakwiranye. » Umukama arongera kubumbabumba ibikoko vyose vyo mw’ishamba n’inyoni zo mu kirere, hanyuma abizanira umuntu ngo arabe uko avyita : kimwekimwe cose categerezwa kugumya izina cahawe n’umuntu. Umuntu rero arakwiragiza amazina ibikoko vyose, inyoni zo mu kirere n’ibitungwa vyo mu murima, mugabo nta mugenzi bakwiranye yasanzemwo. Umukama rero arungikira umuntu itiro ryinshi, arasinzira. Amukuramwo igufa rimwe ry’urubavu, mu nyuma arateranya aho ryavuye. Umukama afata rero rya gufa yakuye mu rubavu rw’umuntu, arikoramwo umugore, hanyuma amuzanira nya muntu. Uno rero aca ashira ijwi hejuru ati : « Ubu ho rero, uyu ni igufa ry’amagufa yanje, kandi ni umubiri w’umubiri wanje. Azokwitwa umugore kuko (suite…)
IDOMINIKA YA 26 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihárūra (11, 25-29)
Mutima Mweranda aja aho yishakiye
Muri irya misi, Umukama yamanutse mu gicu, aganira na Musa. Araheza afata Mutima yari umuvyagiyemwo, amukwiragiza kuri ba bakurambere mirongo indwi. Ngo babe bakimuronse, baca batangura kuvugira Imana, ariko ntivyaragama. Muri ico gihe, hari abagabo babiri bari basigaye mw’icumbi, umwe yitwa Elidadi, uwundi na we Medadi ; Mutima abinjiramwo na bo. N’aho batari bagiye iyo Ihema ryari riri, bari mu gitigiri c’abatowe; ni uko batangura kuvugira Imana aho nyene bari bacumbitse. Umuhungu umwe w’urnusore agenda ariruka abarira Musa ati: « Elidadi na Medadi bariko baravugira Imana mw’icumbi ryacu! » Yozuwe mwene Nuni, yabaye umufasha wa Musa kuva akiri umusore, amubarira ati : « N’ubabuze, muhanyi ! » Musa aramubaza ati: « Mbe iryo shari uryerekanye ngo undwanire? Ese Umukama yobavyagizamwo Mutima wiwe, igihugu ciwe cose kikaba igihugu c’abamuvugira ! »
IZABURI 18 (19) 8, 10, 12-13, 14
Icit. : Amabwirizwa y’Umukama ni akezamutima.
Amategeko y’Umukama aratunganye, (suite…)
IDOMINIKA YA 23 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (35, 4-7a)
Ibitangaza vy’urukiza ruva ku Mana
Humuriza abo imitima yatuntuye, uti : « Rye umutima amenyo, mureke kugira ubwoba. Ng’uyo Umukama Imana yanyu : igihe co guhorwa kirashitse, Imana yabibutse, ni yo ije kubakiza. »
Amaso y’impumyi azoca akanura, amatwi y’intumva azibûke. Ibimuga bizosimba bugeregere, ururimi rw’ibiragi rutere imvyino z’agahimbare. Mu bihugu bitazi amazi, azokwisuka, imvura izoba nyamwondo mu ntara zagadutse. Umusenyi uturira uzohinduka igitanga, ahagataye hazocika amasôko.
IZABURI 145 (146), 7, 8-9a, 9bc-10
Icit. : Ninahaza Umukama, se mushaha wanje.
Canke : Aleluya.
Umukama acira urubanza impahazwa,
akagaburira abashonje,
nayo ababoshwe akabakura mu ngoyi. (suite…)






