Accueil » Posts tagged 'Abarundi'
Archives de Tag: Abarundi
Nos récentes
- Sur son trône de la Croix, le Christ inaugure le Royaume basé sur l’humilité et la miséricorde 23 novembre 2025
- Moïse le suppliant et la Force de la Prière Communautaire 18 octobre 2025
- Naaman et le Samaritain : leçons d’humilté, de foi et de gratitude de la part des païens. 11 octobre 2025
- Servir avec foi : au-delà des mérites et des calculs 4 octobre 2025
- Lazare et le Riche: leçons d’amour et de partage 27 septembre 2025
Mes Photos sur Flickr
Ubukuru nyabwo bushingiye kw’iteka turonderera abo dushinzwe gutunganiriza, bugakomezwa n’inema y’Imana
21 octobre 2018 17 h 35 min / Un commentaire sur Ubukuru nyabwo bushingiye kw’iteka turonderera abo dushinzwe gutunganiriza, bugakomezwa n’inema y’Imana
Ukwibuka Incungu z’Ukwikukira n’Intwaro Rusangi mu Burundi
Umuganwa Ludoviko Rwagasore na Prezida Melchior NDADAYE
Ibisomwa Vyeranda : Izaya 53,10-11 ; Abahebreyi 4,14-16 ; Mariko 10, 35-45
Ben’icubahiro Barundi, Barundikazi mwese,
Turakoranye kuri uyu munsi, ngo dushimire Imana yatugize intara yayo yitwa Uburundi. Turakoranye ngo twibuke ko dufise iyo tuva n’iyo tuja, tubifashijwemwo n’abatugiye imbere bakazirikana iteka ryacu nk’Abarundi, bakarigwanira, mbere bakanabizira, haraheze imyaka haraheze imyaka itari mike. Twibuka aho Umuganwa Ludoviko Rwagasore yagandagurwa, hari mu 1961. Tumwibuka kuko yabaye incungu y’Uburundi mu kwikukira kw’igihugu. Twibuka kandi Umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye, Incungu y’intwaro iva ku benegihugu biciye mw’ihiganwa n’amatora (démocratie), yagandaguwe mu 1993. Kumwe n’abo rero, twibuke n’abandi Barundi bafatanije n’izo ntwari mu guhananira iteka ry’Uburundi n’Abarundi. Nk’abemera, turahiriwe ko bihuriranye n’Umusi w’Imana, gutyo ngo dufashijwe n’iryo twigishwa n’Imana, ngo uyu musi ugire ico utwigishije haba mu buzima bwacu canke mu buzima bw’igihugu cacu. Twisunge rero Ijambo ry’Imana tumaze gushikirizwa muri ibi bisomwa vyeranda.
Ukwitangira abandi (le martyre), ni isôko ry’imihezagiro
Bavukanyi, ng’ico iciyumviro uwanditse ibi twumvise mu gisomwa ca mbere yashitseko, ariko azirikana amagorwa igihugu ciwe caciyemwo kiri mu buja, agaheza akabishikiriza avyerekeza ku musuku w’Imana yemeye amagorwa ngo abiwe bahatorere akajisho. Gutyo muri we no mu bo abwira, hakomera iciyumviro ko amagorwa, ugutotezwa mbere n’ukwicwa birimwo, bishobora gutuma abantu bakubitiza agtima mpembero, bakarahira kurengerwa n’inabi bakorerwa, gutyo bakitanga ngo ibintu bihinduke, agateka n’akaranga kabo bigarukirwe.
Ni navyo tuzirikana mu gisomwa ca kabiri aho dutegera y’uko (suite…)
“Nimube abanyakigongwe nk’uko So wanyu wo mw’ijuru ari umunyakigongwe” (Luka 6, 36)
Abakristu bahamagariwe kuba ivyabona vy’urukundo n’ikigongwe c’Imana.
Hambavu yo kuduhishurira ko Imana ari munyakigongwe, Yezu aratwigisha ko na twebwe duhamagariwe kuba abanyakigongwe: “Nimube abanyakigongwe nk’uko Sowanyu wo mw’ijuru ari umunyakigongwe”.
Mu mugani w’umusuku ruburakigongwe, Yezu aratwigisha ko Imana yama iturekurira ataco idusavye igihe cose tuyitakambiye, igihe cose twemanze akabi kacu mu kwambaza ikigongwe cayo. Ariko ubwo buntu Imana itugirira, duhamagariwe natwe kubugirira abandi badufitiye umwenda, atari uko tuba turiko turicira icobo, kandi Imana yari yaduciriye icanzo c’urukiza n’ubuzima. Uyu musuku ruburakigongwe yananiwe no kurekurira uwaramufitiye umwenda – usa n’uko ata gaciro wari ufise ugereranije n’umwenda we yari yarekuriwe n’Umwami – kuko atigeze atahura ko yagiriwe imbabazi kandi atari abikwiye. Akenshi biratunanira kurekurira abandi kuko (suite…)
“Nimube abanyakigongwe nk’uko Sowanyu wo mw’ijuru ari umunyakigongwe” (Lc 6, 36)
7 avril 2016 9 h 31 min / Poster un commentaire
AMAPFUNGO Y’ABASASERDOTI N’ABIHEBEYIMANA BABA I ROMA
“Nimube abanyakigongwe nk’uko Sowanyu wo mw’ijuru ari umunyakigongwe” (Lc 6, 36)
Bavukanyi, Ikarema tumaze igihe tutanguye ni Ikarema idasanzwe kuko ije mu mwaka wahariwe ikigongwe c’Imana. Nk’uko dusanzwe tubizi ikarema ni igihe co guhindukira ku Mana. Duhamagariwe gusenga, kwisonzesha no kugira utwigoro mu ntumbero yo gucumvya impengamiro n’ingeso mbi zacu zitwigiza kure y’Imana kandi zikatubuza kugiriranira imigenderanire myiza n’abandi bavukanyi. Murumva rero ko ikarema ari igihe ciza kidufasha guhurumbira kuruta ikigongwe c’Imana kitwuhagira umwanda wose w’igicumuro, kikatugira abantu bashasha banywanye n’Imana kandi bakunda n’abagenzi. Nta muntu numwe ashobora kunywana na bagenziwe atabanje gukomeza ubunywanyi bwiwe n’Imana.
Nico gituma rero nashimye ko twozirikanira hamwe ikigongwe Imana idahengeshanya kutwereka kugira ngo natwe dushobore kuba abanyakigongwe barajwe ishinga no gusasagaza hose amahoro n’akanyamuneza. Muri ino nyigisho, (suite…)








