Accueil » Posts tagged 'abatumwa' (Page 3)
Archives de Tag: abatumwa
29 Ruheshi: UMUSI MUKURU W’ABATUMWA PETERO NA PAULO BERANDA
Kuri uwo musi mukuru nyene
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa : 12, 1-11
Ubu nzi neza ko Umukama yankuye mu minwe ya Herodi
Muri nya gihe, umwami Herodi yatumye ingabo ziwe ngo zigirire inabi bamwe bamwe bo muri Ekleziya. Yakobo rero mwenewabo na Yohani, amucisha umutwe. Herodi ngo abone binezereye Abayahudi, aca atuma abaja gufata Petero, agasangwa na ho hari mu misi ya Pasika. Petero amaze gufatwa, aca atabwa mu ngoyi ; bashinga abasirikare cumi na batandatu bo kumurinda ari bane bane; yashaka kumwereka ishengero Pasika ihavuye. Petero rero yaguma mu nzu y’ibohero ; mugabo Ekleziya ntiyahengeshanya kumusabira ku Mana.
Buca Herodi yerekena Petero mw’ishengero, muri nya joro nyene Petero yari aryamye hagati y’abasirikare babiri, abandi barinzi na bo bari ku muryango wa nya nzu abohewemwo. Umumalayika w’Umukama (suite…)
29 RUHESHI UMUSI MUKURU W’ABATUMWA PETERO NA PAULO BERANDA
Ku mugoroba urongora uwo musi mukuru
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa : 3, 1-10
Ico mfise ndakiguha : kw’izina rya Yezu, va hasi utambuke
Umusi umwe, Petero na Yohani baraduze mw’isengero mu gihe c’ugusenga kw’isaha y’icenda. Ikimuga cavutse gicumbagira bari bazanye ku muryango w’isengero witwa “Mwiza” nk’uko bahora babigira kugira ngo gisege abinjira, kibonye Petero na Yohani binjiye mw’isengero, kirabatega iminwe ngo barabe ico bogitabaza.
Petero na Yohani bati : “N’utwihweze!”
We rero yabahanga amaso ategereje ico bomuha.
Petero yongera kumubarira ati : “Nta nzahabu n’ifeza mfise, ariko ico mfise ndakiguha : kw’izina rya Yezu Kristu w’i Nazareti, va hasi utambuke.” Amufashe ukuboko kw’iburyo, aramuhagurutsa ; buno nyene imitsi n’ibirenge vya nya kimuga bica birakomera biba inaga. Atangura n’ukugenda, atambuka neza mbere barinjirana mw’isengero, agenda aratamba (suite…)
Umusi Mukuru wa Asensiyo (Umwâka C)
Mu bihugu basanzwe bahimbaza uwu musi mukuru ku musi wa kane ukurikira idominika ya 6 ya Pasika.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (1, 1-11)
Abatumwa babona Yezu ariko arurira mw’ijuru
Mu gitabu ca mbere nanditse, ga Tehofilo we, naravuze ivyo Yezu yagize kandi yigishije kuva agitangura gushika umusi yurira mw’ijuru, ahejeje gusigarana amategeko ba batumwa yari yitoreye ku bwa Mutima Mweranda.
Aho amariye kubabara, abo batumwa ni bo yabonekeye abaha ibimenyetso vyinshi vy’ukubereka ko ari muzima : yamaze imisi mirongo ine ababonekera yongera abayagira ivy’Ubwami bw’Imana. Ngo ahengere bariko barasangira imfungurwa, abategeka kuguma i Yeruzalemu, ngo barorerereho wa muhango Data yari yabahaye. Ababwira ati : «Yohani yabatirisha amazi; mu misi iza kuza, mwebwe muzobatizwa muri Mutima Mweranda.»
Abari bahakoraniye barahava bamubaza bati : «Mbega, Mukama, ubu ni ho ugira ngo ubogore ingoma y’Israyeli?» Abishura ati : «Ivy’ukumenya igihe n’isango Data yigeneye We nyene ubwiwe, si ivyanyu. Mugabo, muzoronka ubukomezi Mutima Mweranda (suite…)






