Accueil » Posts tagged 'Babeli'
Archives de Tag: Babeli
UMUSI MUKURU WA PENTEKOTI: Ku mugórōba urōngôra Pentekoti.
Umwaka A, B na C (ibisomwa ntibihinduka)
IGISOMWA CA MBERE
Igisomwa ca mbere, bagitora mu bisomwa bine bikurikira :
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko : 11, 1-9
Aho hantu bahita Babeli, kuko ariho Umukama yayoberanirije ururimi rwabo
Muri ico gihe, abantu bose bavuga ururimi rumwe, bagakoresha amajambo amwe. Ni uko : bariko barimuka bagana i Burasirazuba, babona ikiyaga mu gihugu c’i Shinari : bagereraho. Baraheza barvugana bati : « Ngo tubumbe amatafari, tuyaturire neza. » Bakoresha amatafari ha gukoresha amabuye, na kaburimbi mu kibanza c’ubudongo. Bavugana bati : « Ngo twiyubakire igisagara (suite…)






