Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'bazokwihweza uwo basogose'

Archives de Tag: bazokwihweza uwo basogose

UMUSI MUKURU W’UMUSHAHA MWERANDA WA YEZU

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ozeya (11, 1. 3-4. 8c-9)

Urukundo Umukama afitiye igihugu ciwe

Coeur_de_JesusNg’iri iriyazwe n’Umukama :
Igihe Israyeli yari akiri muto, naramukunda, hanyuma mpamagara uwo mwana wanje ngo ave mu Misiri. Jeho naramwigishije gutambuka, ndamufata ukuboko, ariko ntiyabonye ko nariko ndamubungabunga. Naramwiboheyeko ndamubohesha imigozi y”urukundo, naramuteruye nk’uwusimbagiza ikibondo, kandi naramugaburira. (Ariko, baranse kwigarurira kuri jewe ; mbe noba ntegerezwa kubaheba, bagahanwa ?). Umutima uranyanse mu nda, ikigongwe canje cose kiravyutse. (suite…)