Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Bene Israyeli'

Archives de Tag: Bene Israyeli

IDOMINIKA YA 18 YO MU MWAKA (Umwaka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (16, 2-4. 12-15)

Umukate uvuye mw’ijuru

Multiplication des painsMuri irya minsi, ishengero ryose rya Bene Israyeli batanguye kwidodombera Musa na Aroni, barababarira bati : « Umukama iyo apfuma atwicira mu gihugu ca Misiri, tuciteretse inkono z’inyama, tukirya ivyokurya tugahaga ; none mwadukuyeyo mutuzana muri aka karere, kugira ngo mwicishe ikigoyi iri shengero ryose ! Maze, Umukama abarira Musa ati : « Raba, ngira ngo ndabakoragurire umukate uvuye mw’ijuru : uko bukeye abantu baze bame baja kwegeranya ibikwiranye n’uwo musi, kugira ngo mbagerageze, ndabe yuko bazigama amabwirizwa yanje canke ko bayarenga. Numvise ingene Bene Israyeli bidoga.» Urababwira uti : « Uyu munsi ku mugoroba, butarira murafungura inyama, ejo mu gitondo na ho muzorya umukate muhage. Niho muzomenya ko ari Jewe Umukama, Imana yanyu. » Kuri uwo mugoroba nyene, inkware ziraza zuzura insago zose, mu gitondo c’uwundi musi na ho babona urume rukikije nya nsago. Nya rume rumaze gukama, babona hasi mw’ishamba utuntu dutoduto, twiburungushuye, dusa n’urubura ; Bene Israyeli babibonye barabazanya bati : « Mann hou ? », ni ukuvuga (suite…)