Accueil » Posts tagged 'Burundi' (Page 3)
Archives de Tag: Burundi
Itangazo risozera Inama isanzwe y’Abepiskopi Gatorika b’i Burundi.
Kuva kw’igenekerezo rya 10 gushika kurya 13 Ruheshi 2014, Abepiskopi Gatorika b’i Burundi Barakoranye mu nama yabo isanzwe yo muri Ruheshi , ikaba yabereye mw’Iseminari Nkuru yitiriwe Papa Yohani Paulo wa 2.
Muri iyo nama, Abepisikopi baronse akaryo k’uguhanahana amakuru arangwa mu ma diyoseze barongoye, bararimbura n’ingene urugendo rweranda bagiriye i Roma rwagenze hamwe n’Ijambo umuvyeyi wacu Papa yabatekereye.
Barihweje kandi intererano Ekleziya Gatorika yotanga muri iki gihe Abarundi bariko bitegurira amatora yo 2015, bongera bariga n’ingene ya Bibiriya Nyeranda mu kirundi izokwakirwa imaze gushika mu Burundi hamwe n’ingene izoshikirizwa abakristu. Baboneyeho n’akaryo k’ukwihweza ibibazo bimwe bimwe vyerekeye ubuzima bwo mu maseminari makuru hamwe n’ivyerekeye ihimbazwa rya yubire y’umwaka ya Caritas Burundi na CRS mu Burundi
Mu makuru bahanahanye, barashima utwigoro tugirwa mu madiyoseze yose two gukomeza ukwemera mu bakristu, n’utwo kubafasha kugendera n’ukuba ivyabona vy’ukwemera. Ivyo bikibonekeza ku kuntu abakristu bahimbaza n’umwete mwinshi amasakramentu, ku guhimbaza cane imisi mikuru itegekanijwe muri Ekleziya, ku maparuwase mashasha abandanya ashingwa kugira ngo abasaserdoti begere cane abakristu barongoye. Aho bukera naho kizoba ari igihe c’isarura mu madiyoseze aho ubu bose bariko bitegurira imisi mikuru y’ugutanga ubusaserdoti n’iyukwiyegurira Imana ku miryanga y’abihebeyimana.
Ariko rero hambavu y’ivyiza bitari bike bikorwa muri Ekleziya no mu gihugu, Abepiskopi barabonye kandi ko hariho ibindi bitari bike biteye amakenga Abarundi kandi bigeramiye ukwemera kw’abakristu. Hari abakristu bata ukwemera kwabo bakirukira amadini atandukanye bava aha baka jaha hariya, kubera amaronko n’izindi nyungu bahendeshwa, ugasanga ntibakigira aho bahagaze.
Uri ubukene n’inzara vyugarije Abarundi muri iki gihe. Henshi mu gihugu, imvura yaguye nabi, ahandi naho haka uruzuba rwinshi,ivvo na vyo bigatuma abantu bataronka umwimbu ukwiye, ari naco gituma Abarundi dukeneye abatugarukirako.
Abepiskopi barabonye kandi ko hariho abantu muri iki gihe bafise ubwoba bw’amatora yimirije. Ari naco gituma bakebura abene gihugu bose kugira ngo bitegurire nyabuna ico kiringo gihambaye mu buzima bw’igihugu, kandi babigirane umwizero, kuko ku bisanzwe igihe c’amatora ni igihe ciza ku bene gihugu bose. Ikindi babonye ni ingeso mbi zigayitse zisigaye zirangwa m rwaruka aho usanga hari abihebeye ukunywa ibiyayuramutwe , ubuhumbu n’ibindi.
Ku vyerekeye naho urugendo Abepiskopi baherutse kugira i Roma kuva ku wa 4 gushika ku wa 10 Rusama 2014, barashimye ko rwagenze neza, bongera barazirikanira hamwe inyigisho n’impanuro ziri mw’ijambo umuvyeyi wacu Papa Fransisiko yyabashikirije kugira ngo barabe ingene bozifatirako mu gutunganya umwe wese ubutumwa ajejwe. Muri urwo rugendo, Abungere barashoboye kugendera ibisata bishika 15 mu bisata bijejwe ubutumwa bwa Papa. Baraciye irya n’ino ivyo bakuye mu gisata kimwe kimwe cose.
Ku vyerekeye naho icokorwa muri iki kiringo c’ukwitegurira amatora,babonye ko Ekleziya ikwiye gushikiriza inyigisho zerekana ibiranga intwaro rusangi n’inyifato ibereye yoranga abakristu .
Nayo ku vyerekeye Bibliya Nyeranda mu kirundi, Abepiskopi barongoye gukengukira cane umugwi wari ushinzwe guhindura Bibliya nyeranda mu kirundi ku kuntu bitanze, barashima n’abayitwandikiye bongera barayiturungikira , none mu misi mikeyi cane izoba yatushikiriye hano i Burundi. Niyashika mu Burundi rero, abungere bashinze ko hazoba umugirwa w’ukuyakirana igishika n’icubahiro maze hace hakurikira inkuka y’imisa y’ugukenguruka Imana. Ingene naho iyo Bibliya nyeranda izoshikirizwa abakristu, navyo nyene Abungere baciye babitegekanya.
Mu kigo c’iyo nama nyene, Abungere bararonse akaryo k’ugusangira n’abaseminari hamwe n’abarezi babo, inkuka y’imisa y’ugukengurukira Imana kw’ishirwa mu mugwi w’aberanda rya Papa Yohani Paulo wa II, ubu asigaye ari umuvunyiwa 2 w’iseminari Nkuruy’i Gitega.
Mu gusozera, Abepiskopi bararabiye hamwe ingene ubutumwa basangiye bwotunganywa n’abogenwa kugira ngo baburangure.
Ya Bibiliya Nyeranda twari tunyotewe yabonetse. Dushimire Imana!
Ijambo ryawe ni Urumuri rw’ibirenge vyanje, ni umuco w’inzira yanje ( Z. 119, 105)
Bakristu dusangiye ukwemera, namwe mwese mukunda ijambo ry’Imana,
Twebwe Abungere banyu, turabaramukije amahoro y’Imnana. Muri uku kwezi kwa Ruheshi kugenewe ubutumwa bwa Bibiliya Nyeranda, turi n’akanyamuneza ntangere ko kubamenyesha inkuru nziza dukesha ubuntu bw’Imana : Ya Bibiliya Nyeranda twari tunyotewe yabonetse. Dushimire Imana!
Nkako, hari haciye imyaka n’iyindi, Ekleziya Gatorika y’i Burundi isenga, yongera iherekeza mu buryo bwinshi igikorwa gihambaye, c’ugushira mu rurimi rwacu rw’ikirundi igitabu ceranda ca Bibiliya yose. Mwese mwari musanzwe muzi ko, iruhande y’ibisomwa dusanganywe, bisabwa mu Nkuka z’Imisa ari ibicebice, twari dufise igitabu cuzuye c’ubwuzure bushasha gusa. Muri yo myaka yose rero, duherekejwe n’inema y’Imana, tukamurikirwa na Mutima mwerada yamye ayobora Ekleziya y’Imana kuva kera na rindi, umuryango wacu wagiye urakutsa ikivi, uriko uratunganya igitabu c’ijambo ry’Imana cuzuye, kigizwe n’ubwuzure bwa Kera hamwe na Bushasha, ico gikorwa rero kikaba caratunganye. Mugabo ntimutangare, abahora basoma Bibiliya Nyeranda mu gifaransa canke muzindi ndimi, barazi ko twebwe abagatorika dufise Bibiliya Nyeranda irimwo ibitabu 73. Ni ukuvuga 46 mu Bwuzure bwa kera na 27 mu bwuzure bushasha. Iyo ni yo BibiliyaNyeranda yuzuye.
Turashimira rero abo bose baterereye agacumu k’ubumwe, ku buryo butandukanye, kugira ngo ico gikorwa ceranda gitungane. Ubwa mbere na mbere, turashimiye abo Inama y’Abepiskopi yagiye irashinga ubwo butumwa muri iyo myaka yose. Turashimiye kandi abakristu mweese ku gisabisho mwahereje no ku ntererano mwagiye muratanga. Abandi dushimira ni ababaserukiye mu nama y’Umuryango wa Diyoseze ku nyota y’Ijambo ry’Imana mu rurimi rwacu berekanye hose. Umwitwarariko berekanye w’uko Ijambo ry’Imana ryo murikira ubuzima n’imigenzo yacu, vyarakabuye mu muryango wose ishaka ry’uko ico gitabu ca Bibiliya Nyeranda coboneka vuba. Ntitwokwibagira gukengurukira dushimitse abantu n’amashirahamwe nk’Ishirahamwe rya Bibiliya mu Burundi, ku buryo baduterereye bwo kurangura ico gikorwa. Turakengurukiye rero ku buryo budasanzwe abakristu do muri Diyoseze ya Seoul mu gihugu ca Koreya y’epfo bagiwe imbere n’Umwungere wa bo, batwunganiye cane kugira ngo ico gitabu ca Bibiliya candikwe neza kandi kidushikire. Tuzokwame tubibuka mu gisabisho cacu.
Bakristu dukunda, Ijambo ry’Imana ni kirumara kandi ni ntasubirirwa mu buzima bwacu. Umukama Yezu ni we agira ati : “Umuntu ntabeshwaho n’indya gusa, abeshwaho kandi n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana” (Matayo 4,4), ahandi na ho ati : “Amajambo nababwiye ni umutima akaba n’ubuzima” (Yohani 6, 63). Umweranda Yohani Krizostome na we ati : “Ukutamenya ivyanditswe vyeranda ni inkwezi y’amabi atagira uko angina. Ni ho hava akaranda k’ubuhakanyi imigenzo itaroranye n’ibikorwa bitagira mvura. Nkako, kurya impumyi zidashobora kugendera mu nzira igororotse, ni ko n’abatagendera mu muco w’ivyanditse mu bitabu vyeranda baruhira kurwa mu gicumuro no kuzimira kenshi, kuko bagendera mu mukorane” Yoronimu Mweranda we mbere agira ati : “Ukutamenya ivyanditswe vyeranda, ni ko kutamenya Kristu”. Uwo kristu na we, ni ijambo w’Imana, bisubiye, “Uko yari ari ejo ni ko akiri n’ubu, kandi ni ko azokwama ari no mu myaka yose” (Heb. 13,8).
Mu nomero iheruka twabashikirije igice ca mbere c’ijambo ry’inama y’Abepisikopi Gatorika ku vyerekeye ukwezi kwa Bibiliya hamwe na Bibiliya mu Kirundi yabonetse. Ni musome igice ca kabiri arico canyuma.
Ni co gituma Ijambo ry’Imana ridasaza kandi ridata igihe. Uko rirengeye ibihe ni ko rirengeye n’ubwenge bw’abantu. Igitabu ca Bibiliya Nyerandasi igitabi nk’ibindi, kuko kirimwo Ijambo rihambaye ryuzuye ububasha bw’Imana, rigenewe guhindura ubuzima bwacu. Kugira ngo ivyo biranguke, birakenewe ko turitegera. Ariko rero, uretse ko ivy’Imana vyama biturengeye, ibiri muri ico gitabu ceranda vyanditswe kera cane, kandi vyandikirwa mu mico itandukanye n’iyacu. Ivyo rero biratuma dusigwa n’imvugo dusangamwo, bimwe ntidushoke tubitegera n’ubwenge bwacu gusa. Ni vyiza rero ko Ijambo ry’Imana, turizirikana canecane dusenga, kugira ngo turonke umuco ukwiye wo kuritegera. Kubera ko Imana yaturemanye ubwenge, birakenewe ko tubukoresha mu gutohoza, kugira ngo tumenye ico Imana yashatse kuduhishurira iciye ku banditsi beranda. Nico gituma rero tubahamagariye kwitwararika kurisoma no kurondera kurimenya neza, murizirikanire mu gisabisho, mugabiye gukundira Mutima Mweranda ngo abafashe kuritegera n’ukurigendera.
Ariko, bakristu dukunda, nk’uko Paulo Mweranda avyigisha, iryo Jambo ry’Imana ryabikijwe umuryango w’abemera nk’itunga ry’agaciro ntangere (raba 2 Timote 1, 14). Uwo muryango nyene, umurikiwe na Mutima Mweranda, ni wo ufise ijambo rya nyuma ku ntumbero yaryo, iroresha abarisoma ku kwemera gushitse, kutagira amahinyu. Ni ko, umukristu wese arasabwa kwisomera n’ukuzirikana Ijambo ry’Imana. Arashobora kuja hamwe n’abandi ngo bunganiranire mu kurizirikana. Ariko rero, bose basabwa kuritegera bisunze ico Abungere b’Ekleziya bigisha. Kuva na kera, abihaye abihaye kwisigurira iryo jambo mu ntumberoiciye kubiri n’iy’abashinzwe kuyobora uyo muryango, bama babiba amacakubiri, aruhira kuvyara utugwi tudasangiye ukwemera.
Nico gituma, aho abakristu batoba bategereye bobaza Abungere babo, bakirindaz cane kwibaza ko bashobora gutegera Ijambo ry’Imana uko umwumwe yishakiye, umuryango w’Ekleziya utabahaye intumbero kandi ariwo waribikijwe. Ni na co gituma; ikibanza kibereye kandi kiruta ibindi bokwakiriramwo insiguro y’ukuri y’Ijambo ry’Imana, ari aho hose umuryango w’abemera uba ukoraniye icese, kuko ni ho Umukama Yezu, We Jambo rikuru riduhishurira Imana y’ukuri, aba ari ‘raba Matayo 18, 20), na canecane mu masabamana, na yo akaza ahetwa n’inkuka y’Imisa.
None rero, bakristu dukunda; namwe mwese bakunzi b’Ijambo ry’Imana, turabashikirije icese igitabu ca Bibiliyha Nyeranda mu ruirimi rwacu rw’Ikirundi. Nimucakirane icubahiro n’ubukengurutsi mufitiye Imana, mugikunde, mugitunge mu ngo zanyu, mu mibano rukristu, mu mihari no mu mirwi y’ubutumwa. Nimwihatire kandi kugisoma neza, mugikundishe abandi. Nimuzirikane Ijambo ry’Imana musangamwo, mugab*mburukire Mutima Mweranda, abayobore mu rugendo rwo kurushirizaho gutegera ico Imana ibayagira, mu gihe cose muba mugezemwo. Nko muri ibi bihe twijukiye ingendo y’amahoro n’ugusubiza hamwe, ribabere umuco n’urumuri (aba Izaburi 119, 105). Natwe Abungere banyu, kubw’ubutumwa dushinzwe bwo kuragira igihugu c’Imana, turabemereye kutazohengeshanya kugamburuka ico Mutima Mweranda azotwongorera, mu kubashikiriza inyigisho zzose nkenerwa, zizofasha umuryango kurushirizaho kumenya ico Imana ishaka kuwushikanako, ibicishije mw’Ijambo ryayo.
Ni co gituma mbere, ku rwego rw’Inama yacu, tugiye gukomeza Ibiro bishinzwe ubutumwa bwa Bibiliya Nyeranda. Gurtyo, ababishinzwe, bifatanije n’abo tuzoba twagenye ku rwego rw’amadiyoseze n’amaparuwase ngo bunganire muri ico gikorwa, bafashe gushira mu ngiro inyigisho ngenderwako tuzoza turapfundika mu Nama yacu, mu bijanye n’ubutumwa bwa Bibiliya Nyeranda. Muri iyo ntumbero nyene, namwe bakristu, turabateye akamo, ngo muze dufashanye gushiraho no gushigikira imigwi y’ugusoma n’ukuzirikana Ijambo ry’Imana ku rwego rw’amadiyoseze n’amaparuwase. Birakenewe kandi ko mu madiyoseze no mu maparuwase yose, haboneka abemera kugira imigwi y’indemeshabutumwabwa Bibiliya Nyeranda, yishinga gusabira n’uguterera ubwo butumwa.
Tubaye turabashimira ku mutima muzokwakirana ako kamo tubatye. Ariko rero nk’uko namwe muzovyibonera, n’aho hitanze benshi, hashobor akuboneka ibitabu ibihumbi cumi gusa: ni dukeyi cane ku madiyoseze umunani. Ni co gituma intererano yanyu igikenewe, kugira ngo tuze dushobore kwandikisha ibindi vuba.
Imana Data yaturungikiye Umwana wayo, we Jambo yigize umuntu akabana natwe, ngo aduhishurire Imana y’ukuri, na Mutima Mweranda atumurikira muri vyose, nibahezagire mwese, kandi ihezagire n’Ekleziya yose y’I Burundi, ivyiza vyayo bibandanye bidusaga, Ijambo ryayo ribandanye ritumurikira. Bikira Mariya Nyina wa Jambo, we yamye azirikana vyose mu mutima wiwe, nadusabire. Amen.
Bigiriwe I Roma, ku wa 9 Rusama 2014.
Abungere banyu.













