Accueil » Posts tagged 'Eliya' (Page 2)
Archives de Tag: Eliya
IDOMINIKA YA 2 YO MU KAREMA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (22, 1-2. 9a. 10-13. 15-19)
Ishikanwa rya sokuru wacu Ibrahimu
Umusi umwe, Imana ishaka kugeza Ibrahimu, iramwakura iti : « Ibrahimu ! »
Ayishura ati : « Sabwe, Mukama ! »
Imana na Yo iti : « Fata umwana wawe, ca kinege ukunda cane, Izahaki, ugende mu gihugu ca Moriya kumutangako ituro ry’Imana, ku musozi nza kukwereka. »
Bamaze gushika aho Imana yari yamurangiye, Ibrahimu yubaka ururhimbi, arundako za nkwi, araheza afata Izahaki umwana wiwe araboha, amutereka ku ruhimbi hejuru y’inkwi. Ibrahimu araramvura ukuboko, afata inkota ngo asogote umwana wiwe.
Umumarayika w’Umukama yamara avugira mu kirere ati : « Ibrahimu ! Ibrahimu ! »
Aramwishura ati : « Sabwe, Muhanyi ! »
Umumarayika na we ati : « Nturoreshe ukuboko ku mwana wawe ! Ntihagire ikibi umugirira ! Ndazi noneho ko wubaha Imana, ntiwanyimye umwana wawe, ikinege cawe kimwe rudende. »
Ibrahimu araramuye amaso, abona impfizi y’intama, amahembe afashwe n’igisaka. Ibrahimu arayifata, ayitangako ituro ry’Imana mu kibanza c’umuhungu wiwe.
Umumarayika atumwe n’Umukama asubira kwakura Ibrahimu ubwa kabiri, ati : « Ndarahiye, kw’izina ry’Umukama, kubera ko wubahutse gukora ivyo, ntiwimane umwana wawe, ikinege cawe kimwe rudende, nzoguhunda imihezagiro, abuzukuru n’abuzukuruza bawe bazogwira nk’inyenyeri zo kw’ijuru, bazongana n’umusenyi wok u nkombe z’ikiyaga, bazokwirahira abansi babo babigambe. Kw’izina ryabo, imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa, kuko wagamburukiye Imana. »
IZABURI 115 (116), 10. 15. 16-17. 18-19
Icit : Nzokwama ngendera imbere y’Umukama,
kuri iyi si y’abazima.
Nari nizeye Umukama, aho navuga nti :
« Ndagowe cane ! »
Urupfu rw’abamwishimira
Umukama ntaruraba ryiza.
Ewe Mukama,
jewe ndi umusuku wawe,
umwana w’incoreke yawe :
warankuye mu mvuto.
Nzogushikanira igiturire co kugukengurukira,
kandi ntabaze izina ryawe, Mukama ;
ivyo nemereye Umukama nzobikora vyose,
mu maso y’abiwe bose bakoranye.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (8, 31b-34)
Imana ntiyimanye Umwana wayo
Ncuti zanje,
Ko Imana isanzwe iturwanira, ni nde yoturwanya? Ko itimanye umwana wayo bwite, ariko ko yamuduhebeye twese, icoyitesha noneho kutugabira ibisigaye vyose kuri uno Mwana, ni iki? Ni nde azokwagiriza abatowe n’Imana? Mbega, Imana si Yo ibagira intungane? Ni nde azobacira urwo gutsindwa? Mbega, ni Yezu Kristu, kandi ari We yapfuye agaheza akazuka, akaba kandi ari We yicaye iburyo bw’Imana akatwambariza?
INKURU NZIZA
Kristu urakaninahazwa,
Wewe Jambo ryamaho ry’Imana nzima.
Muri ca gicu gica ibikeke
rya Data rirumvikana, riti :
« Uyu ni Umwananje nkunda cane :
nimumutege amatwi. »
Kristu urakaninahazwa,
Wewe Jambo ryamaho ry’Imana nzima.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Mariko (9, 2-10)
Uyu ni Umwana wanje nkunda cane
Umusi umwe,
Yezu atora Petero, Yakobo na Yohani, abajana bonyene ahiherereye ku musozi muremure. Araheza arihindura babona : impuzu ziwe zirakayangana nk’umwerasi wahejeje, bimwe ata mumeshi kw’isi yoshobora kweresha impuzu ukuraho.
Hanyuma, Eliya na Musa barababonekera, baganira na Yezu. Buno rero Petero abwira Yezu ati : « Muhanyi, birahimbaye ko tuba aha : ingo, tugire insago zitatu, rumwe rw’iwawe, urundi rwa Moshe n’urundi rwa Eliya. » Ntiyari azi ico yariko aravuga kuko bari bacitse ivutu.
Haza igicu kirabatwikira, muri nya gicu kandi hava ijwi riti : « Uyu ni Umwana wanje nkunda cane, nimumwumve ! » Buno nyene, baravye irya n’ino, nta wundi n’umwe babona hamwe na bo, atari Yezu musa.
Bariko baramanuka nya musozi, Yezu arababuza kugira uwo babwira ico bari babonye, Umwana w’umuntu atamaze kwizura mu bapfuye. Na bo bakora uko ababwirije ; ariko babazanya bonyene ivyo ari vyo ‘ukuzuka ava mu bapfuye’.
IDOMINIKA YA 19 YO MU MWAKA (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (19, 9a. 11-13a)
Umukama yiyereka Eliya
Eliya ashitse i Horebi, yinjira mw’isenga ryari aho ararayo. Umukama aramubarira ati : « Sohoka, uje guhagarara kuri urya musozi, imbere y’Umukama ; ni ho Umukama aza guca. »
Hanyuma haza umuyaga w’igihuhusi, urasitura imirambi, n’amabuye arasatagurika ; ariko Umukama ntiyari muri ico gihuhusi. Ico gihuhusi kirangiye, haza ikintu kigigimvya isi, ariko Umukama ntiyari muri ico kintu. Hanyuma yaco, niho haza umuriro, ariko Umukama ntiyari muri uwo muriro. Umuriro uzimye, haza akayaga gakeyi. Eliya ngo akumve, aca yipfuka umutamana wiwe mu maso, arasohoka ahagarara mu rwinjiriro rwa rya senga.
IZABURI 84 (85), 9ab. 10. 11-12. 13-14
Icit : Mukama, twereke urukundo udufitiye,
uduhe urukiza rwawe !
Hinge numvirize ivyo Umukama agira avumere :
avumera amahoro y’igihugu ciwe ;
nangwa, abamwubaha bari hafi y’ugukira,
hanyuma ubuninahazwa bwiwe bube kw’isi yacu.
Urukundo n’agatima k’ibanga bigendane,
amahoro n’ubutungane bihane ikaze ;
umudahemuka azokwamuka kw’isi,
intungane imanuke iva mw’ijuru.
Umukama niyadukomorera ingabirano ziwe,
isi izoca irondoka ;
ubutungane buzomuja imbere,
amahoro yiwe amuherekeze.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (9, 1-5)
Nopfuma mba igicibwa kuri Kristu, kubera benewacu tuvukana ku mubiri
Ncuti zanje,
Ndavuga ukuri muri Kristu, simbesha, kandi ijwi ry’umutima wanje rirabinyemeza muri Mutima Mweranda : numva intuntu nyinshi n’amaganya y’intatezuka mu mushaha wanje. Egome, jewe nyene nopfuma mba igicibwa kuri Kristu, kubera benewacu tuvukana ku mubiri. Bo ni Abanyisraeli : baragenewe iteka ry’abana bo mu nzu, ubuninahazwa, amasezerano, amategeko, ivy’ugusenga icese, imihango, eka n’abasokuru. Kandi ni bo Kristu yamukako kubw’umubiri, We aganza vyose, Imana nyaguhezagirwa mu myaka yose. Amen.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umutima wanje uriteze Umukama,
ijambo ryiwe ni ryo nizeye.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (14, 22-23)
Mbwira ngusange hiyo ngendera ku mazi
Amaze kugwiza imikate ngo agaburire abantu, buno nyene, Yezu aca ategeka abigishwa biwe ngo baje mu bwato, bamutange ku nkombe yo hakurya, na we asigare arasezera abantu. Ahejeje kubasezera, yidugira ku musozi ahiherereye ngo asenge, bugoroba ari yo akiri wenyene.
Ubwato bwari bumaze gushika mu kiyaga hagati buzungagizwa n’ibisebuzi ; umuyaga waturuka imbere yabo. Buri mu guca, Yezu aza iyo bari, agendera ku mazi, barakangwa, bavuga bati : « Ni umuzimu ! », ubwoba burabatekera, bakoma induru.
Buno nyene, Yezu ababwira ati : « Humure, ni jewe ; ntimugire ubwoba ! » Petero aramwishura ati : « Niyaba ari wewe, mbwira ngusange hiyo ngendera ku mazi. » Yezu ati : « Ingo ! » Petero ava mu bwato, agendera ku mazi aja iyo Yezu ari. Abonye umuyaga uhuhuta cane, agira ubwoba ; ngo yumve atanguye kunyika, avuza induru ati : « Ntabara, Mukama ! »
Buno nyene, Yezu aca aramvura ukuboko, aramufata, amubwira ati : « Muntu utagira ukwemera, icatumye ukeka ni iki ? » Bamaze gushika mu bwato, umuyaga uca urahera. Abari mu bwato baca baramusenga bavuga bati : « Ni ukuri, uri Umwana w’Imana ! »








