Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Idominika' (Page 2)

Archives de Tag: Idominika

Idominika ya 20 yo mu mwaka. (Umwaka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya : 38, 4-6. 8-10
Umuhanuzi azira ico yatumwe

Jérémie, ProphèteMu gihe Yeremiya yari mu mvuto, abashingantahe babwiye umwami bati : « Uyo muntu akwiye gupfa, kuko yavunye inkokora intwaramiheto zasigaye mu gisagara, eka n’igihugu cose, mu kuvuga ben’ayo majambo. Oya namba, uyo muntu ntashakira ineza igihugu, ashaka ko gitikira. » Umwami Sedesiyasi arabishura ati :« Ng’uyo mwamwifatiye, umwami nta bubasha afise kubarusha ! » Baca bafata Yeremiya, bamuta mu kinogo bimvye ku kirimba c’umuganwa Malkiyahu. Bămukororeyeyo bamuboshe. Muri ico kinogo, nta mazi yarimwo, atari ikivurungu c’ivyondo ; Yeremiya agikorokeramwo. Intwazangabo y’ingoro y’umwami, umwe ava muri Etiyopiya yitwa Ebedumeleki, aragenda kubarira umwami, ati : « Mwami wanje nyen’ingoma, ivyo abo bantu bagiriye umuhanuzi Yeremiya ni bibi cane ! » Bamutereye mu kinogo, kandi ari mu kwicwa n’inzara!» Maze, umwami abarira Umunyetiyopiya Ebedumeleki, ati : « Tora hano abagabo batatu, (suite…)

INDWI NYERANDA: Ukwinjira kw’Umukama i Yeruzalemu

Ivyo basoma mu mwaka «A» twaravynditse mu gihimba cagenewe umwaka «A» nyene. Aha tugira tuhandike ivyagenewe umwaka «B». iyi Nkuru Nziza tugira ngo dutangurireko, murazi ko ari iyisomwa imbere y’Ukwinjira mw’isengero.

INKURU NZIZA

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (11, 1-10)

Aragahezagirwa uwuje kw’izina ry’Umukama

RameauxImisi mikeyi imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu n’abigishwa biwe bari begereye Yeruzalemu, hafi ya Betifage na Betaniya, amaja ku Gasozi k’Imizeti. Yezu arungika babiri bo mu bigishwa biwe, ababwira ati : « Nimugende mu kigwati kiri aho imbere yanyu, mupfa kuhagera, muhasanga indogobwe ikiri nto, iziritse, ata muntu n’umwe arigera agenderako. Muyiziture, muyinzanire. Na ho nihagira uwubabaza ati : « Muyiziturira iki ? », muramwishura muti : « Umukama ni we ayikeneye, kandi ntateba kuyibarungikira aho nyene. »

Baragenda rero, basanga indogobwe iziritse iruhande y’urugi, hanze ku kayira, barayizitura. Hanyuma bamwe mu bari aho bababwira bati : « Muzituriye iki iyo ndogobwe ? » Babishura uko Yezu yari yavuze, na bo barabareka barayizitura. Bazanira rero nya ndogobwe Yezu, bayisasako imitamana yabo, Yezu na we ayicarako. Ni uko rero, abantu benshi basasa imitamana yabo mu nzira, abandi na bo basezera mu nzira bakoresheje amashami baca mu mirima. Abari imbere n’abari inyuma barahanirana bati : « Hozana ! Aragahezagirwa uwuje kw’izina ry’Umukama ! Iragahezagirwa ingoma ya sogokuru Dawudi ishitse ! Hozana no mw’ijuru ry’intashikirwa ! »

CANKE

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (12, 12-16)

Imisi mikeyi imbere y’umusi mukuru wa Pasika, ishengero ryinshi cane ry’abari baje ku misi mikuru, ryumvise ko Yezu yaje i Yeruzalemu, rifata udushami tw’ibisanda, rirashwabaduka ngo rimusanganire, riza rirasemerera riti : « Hozana ! N’ahezagirwe uwuje kw’izina ry’Umukama, ari we Mwami w’Israyeli ! »

Yezu na we aronse umukurira w’indogobwe, arawicarako, nk’uko vyanditswe ngo :
« Ntutinye, mwigeme wa Siyoni,
ng’uwo umwami wawe araje
yicaye ku mukurira w’indogobwe. »
Abigishwa biwe ntibashoka babitegera, yamara aho Yezu amariye kuninahazwa, baributse ko vyari vyaranditswe, kandi ko ari vyo bamugiriye.

IDOMINIKA YA 28 YO MU MWAKA (Umwâka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (25, 6-10a)

Umukama azotegura inzimano kandi azohanagura amarira y’abantu bose

Kuri irya musi, Umukama Imana y’ingabo azotegurira ibihugu vyose, kuri uyu murambi, inzimano y’inyama zinuze, y’imivinyu iryoshe cane, inyama zinuze n’umuvinyu ukamuye neza. Uyu murambi azowukurako ivyambarwa vyo kugandara vyari bitwikiriye ibihugu vyose, n’impuzu yo gufuba abantu yari ipfutse intara zose iyo ziva zikagera.
Urupfu azorwirukana ubutakigaruka. Umukama azohanagura amarira y’abantu bose, yongere akure iceyi ku gihugu ciwe cateterewe, eka agikure kw’isi yose ; kuko Umukama yabivuze.

Kuri uyo musi, bazovuga bati : « Ng’iyo Imana yacu twari tuzeyeko urukiza, Umukama ni We Ntwari twishimiye ; turanezerewe kandi turahimbawe kuko yaturokoye !» Kuko ububasha bw’Umukama buri kuri uyu murambi.

IZABURI 22 (23), 1-3a. 3b-4. 5-6

Icit : Nzoba mu ngoro y’Umukama
         Imisi yose y’ubuzima bwanje.

Umukama ni We mwungere wanje,
Sinzokena ;
ni We amvyagiza
mu canya c’ubwatsi buremvye.
Iruhande y’amazi adasuma, ni ho azonshikana,
aremeshe umutima wanje ubudasiba.

Ni We anyoborera inzira nziza
Kubw’izina ryiwe.
Sinzogira ico ntinya
N’aho noca mu mwonga mu mwijima,
kuko uri kumwe nanje,
kuko inyobozo yawe impumuriza.

Untegurira ameza
Mu maso y’abansi ;
wansize amavuta ku mutwe,
igikombe canje kirasesekaye.

Eka mbere mu buzima bwanje
Namana impore n’ubuhirwe ;
Inzu yanje ni ingoro y’Umukama
Imisi yose y’ubuzima bwanje.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyafilipi (4, 12-14. 19-20)

Vyose ndabishobora muri Kristu ankomeza

Ncuti zanje,
Jewe ntibingora kwicisha bugufi canke kumererwa neza. Muri vyose na hose, narimenyereje guhaga no gusonza, kuba muri vyinshi no kuba mu bukene. Vyose ndabishobora muri Kristu ankomeza. Ariko rero, mwagize neza mu kuntabara mu marushwa yanje. Mu kubasubiriza mu nkōko, Imana yanje izobamara ubukene bwose ku ngero y’itunga ryayo, ibahe ititangiriye itama muri Kristu Yezu. Imana, Dawe wa twese, n’ininahazwe imyaka n’imyaka. Amen.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.

Ese Imana Se w’Umukama wacu Yezu Kristu
Yomurikira amaso y’imishaha yacu,
kugira ngo turimbure ukwizigira yaduhamagariye twese uko kungana.

Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (22, 1-14)

Igisomwa kigufi : 22, 1-10

Muri irya misi,
Yezu yishuye abakuru b’abasaserdoti n’abashingantahe b’igihugu mu kubacira uyu mugani ati : « Ubwami bw’ijuru busa n’umwami yariko araringaniza inzimano z’ubugeni bw’umuhungu wiwe. Araheza arungika abasuku biwe guhamagara abatumire ngo baze mu bugeni, na bo baranka kuza. Asubira gutuma abandi basuku ngo babwire nya batumire bati : ‘Naringanije inzimano, ibimasa n’ibindi bitungwa nabaze, vyose vyatunganye ; nimuze mu bugeni.’ Ariko baravyirengagiza barigira, uri uwugiye kwirabira itongo, uri uwugiye kwidandariza ; abandi na bo bafata ba basuku, barabakubita, barabica.

Nya mwami ngo avumve, arashavura, arungika ingabo ziwe guhonya bano bicanyi n’uguturira igisagara cabo. Hanyuma na ho abwira abasuku biwe ati : ‘Ivy’ubugeni biri mu buryo, ariko abari batumiwe ntibari babikwiye. Gende rero mu mahwane y’inzira, mubwire abo mubona bose baze mu bugeni.’ Nya basuku baca bihereza amayira, bakoranya abo bahasanze bose, ababi n’abeza ; inzu y’ubugeni iruzura.»

Igisomwa kigufi giherera aha

« Umwami rero yinjiye kuraba abazimanwa, arabukwa uwutambaye ivyambarwa vy’ubugeni, amubwira ati : ‘Mbega mugenzi, winjiye ngaha ute utambaye ivyambarwa bikwiye ubugeni ?’ Uno na we aranuma. Nya mwami abwira abasuku biwe ati : ‘Nimumubohe amaboko n’amaguru, mumute hanze mu mwijima, iyo aja kuririra akomanya amenyo.’ Kukaba nka ko rero, hahamagarwa benshi hagashimwa bake. »