Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Idominika' (Page 3)

Archives de Tag: Idominika

IDOMINIKA YA 5 YA PASIKA (Umwâka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa : 6, 1-7

Baratoye abandi indwi buzuye Mutima Mweranda

Muri irya misi, abigishwa bariko baragwira, hanyuma Abagereki bidodombera Abahebereyi, kuko abapfakazi babo batagira ikibaraba. Bamwe Cumi na babiri bakoranya abigishwa bose, bababwira bati : « Ntibibereye yuko tureka kwigisha Ijambo ry’Imana ngo turiko turategura ivyo ku meza. None rero bagenzi, nimwitorere muri mwebwe abantu indwi b’imigenzo myiza, buzuye Mutima Mweranda n’ubwitonzi, tuzobagenere ico gikorwa. Twebwe, tuzoshishikara ivy’ugusenga n’ivy’ukwigisha Ijambo ry’Imana. »

Iyo mpanuro ishika ku nyota abari aho bose ; baca batora Stefano, umuntu yuzuye ukwemera na Mutima Mweranda, na Filipo, Prokori, Nikanori, Timoni, Parmenasi na Nikola, umwigishwa mushasha wo mu gihugu ca Antiyokiya ; babashikiriza abatumwa, abatumwa na bo bamaze gusaba, babagaranzurirako ibiganza.
Ijambo ry’Imana rero rirasagamba, igitigiri c’abigishwa kikongerekana i Yeruzalemu, n’abasaserdoti benshi (b’Abayahudi) barayobokera ukwemera.

IZABURI 32 (33) 1-2. 4-5.18-19

Icit : Mukama, tworose urukundo rwawe,
kuko ari Wewe twama twizigiye.

Canke : Alleluya.

Tere impundu Umukama, mwa bantu b’intungane,
abantu b’intungane barabereye gutera impundu.
Shemeze Umukama mu nanga,
mucurarangire inanga y’imirya cumi.

Ijambo ry’Umukama riratunganye,
ibikorwa vyiwe vyose birimwo ukuri.
Umukama akunda ingingo n’ukuri,
isi isagiriwe n’urukundo rwiwe.

Ijisho ry’Umukama rihora ku bamwubaha,
ku bizeye urukundo abafitiye,
kugira ngo abasimbishe icobo,
abakize amapfa.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere ry’Umutumwa Petero : 2, 4-9

Mweho muri indanga zitorewe n’Imana,

musangiye ubusaserdoti na Kristu Umwami.

Ncuti zanje,
Nimwiyegereze Umukama, we buye rizima ryashibuwe n’abantu, ariko rigashimwa kandi rigatera igomwe Imana. Namwe rero, nimumere nk’amabuye mazima yo kwubaka ingoro y’umutima ngo mube ubusaserdoti bweranda mu guhereza amashikanwa ashimisha Imana kubwa Yezu Kristu.

Na none, Ibitabu Vyeranda bivuga biti : « Nzoshira muri Siyoni ibuye rigumya imfuruka nitoreye kandi riteye igomwe, uwuzoryishimikiza ntazoteterwa. » Mwebwe rero abemera, iryo teka ni rwanyu ; ivyo abanse kwemera, bo rya buye abubaka bari bataye rigahava rikaba ishimikiro ry’inzu, ni ryo ribabera igishitsi c’ukubatsitaza, igitandara c’ukubatembagaza. Batsitara kuko banse kwemera rya Jambo, na none ico ni co bari bagenewe.

Mweho muri indanga zitorewe n’Imana, musangiye ubusaserdoti na Kristu Umwami, muri igihugu gihunzweko ubweranda, muri icibare Imana yiciriye ngo cerekane ubukomezi bw’Uwabakuye mu mwijima akabashira mu muco w’akatabonetse.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.

Umukama yavuze ati : « Jewe ndi inzira, Ukuri n’Ubuzima ;
ntawuja kwa Data atanciyeko. »

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani : 14, 1-12

Jewe ndi Inzira, Ukuri n’Ubuzima
Mu gihe yari mu kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se wiwe, Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Ntimusimbwe n’umutima ! Muremere Imana, munyemere nanje. Mu ngoro ya Data, hari ibibanza vyinshi ; ahandi ho nari kubibabwira, kuko ngiye kubategurira ikibanza, nzoheze ngaruke, mbajane hafi yanje, kugira ngo ah ondi habe ariho muba namwe. Kandi iyo ngira nje murazi inzira irorayo. »

Toma amubwira ati : « Mukama, ntituzi iyo uja, inzira irorayo twoyimenya dute ? » Yezu aramwishura ati : « Jewe ndi Inzira, Ukuri n’Ubuzima ; ntawuja kwa Data atanciyeko. Ko mwamenye, muzomenya na Data. Ubu bwa none, muramuzi kandi mwaramubonye. »

Filipo amubwira ati : « Mukama, twereke Data, bizoba bibaye ! » Yezu aramwishura ati : « Aho twabaniye, ubwo ga Filipo nturamenya ? Uwumbonye aba abonye Data. Ushobora kuvuga ute, uti : Twereke Data ? Mbega, ntiwemera k ondi muri Data, na We Data akaba muri jewe ? Amajambo ndababwira sindayavuga ndayibwiiye : Data aba muri jewe ni We yirangurira ibikorwa vyiwe. Ni ukuri, nyemera ! Jewe ndi muri Data, na We Data ari muri jewe ; canke, nimupfume muvyemezwe n’ibi bikorwa nyene mubona.
Ni ukuri, ni ukuri, ndabibabwiye : uwunyemera azokora na we nyene ibikorwa nkora ; ndetse azokora n’ibiruta, kuko ngiye kwa Data. »

IDOMINIKA YA 3 YO MU MWAKA (A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya: 8, 23b-9, 3

(Mu Bugalile bw’abanyamahanga, igihugu cariboneye umuco w’agatangaza)

Kera Imana yaratetereje igihugu ca Zabuloni n’ica Neftali; ariko mu nyuma yarateye iteka inzira ikikuza ikiyaga, hakurya ya Yordani, no mu Bugalile bw’abanyamahanga.
Igihugu cahora mu mukorane cariboneye umuco w’agatangaza, umuco warasiye ku bantu bari muri ico gihugu c’umwijima.
Warongereje akanyamuneza kabo, ubasesekariza agahimbare : none bariko barakwigina, banezerewe nk’abariko barimbura, bishongora nk’abagabura amatungo y’abansi. Nkako wabaremuruye umuzigo wabasenya ibikanu, ubuhiri bwabavuna ibitugu wabugize ubunywenywe, ikibǒko c’uwabatwaza umukazo wagiciye nka wa munsi wirahira abansi kuri Madiyani.

Izaburi 26 (27), 1. 4. 13-14

Icit: Umukama ni We rumuri rwanje, ni We bukiriro bwanje.

Umukama ni We rumuri rwanje, ni We bukiriro bwanje,
notinya nde wundi ?
Umukama ni We nkingi y’ubuzima bwanje,
ni nde yompindisha agashitsi ?

Hari ikintu nsaba Umukama,
ndagicambirwa :
ni ukuba mu ngoro y’Umukama,
iminsi yose y’ubuzima bwanje,
ngo mpimbarwe n’uko Umukama ari mwiza,
nkaguma mu ngoro yiwe.

Ndavyemeye, nzobona Umukama agira neza
Kuri iyi si y’abazima.
Izigire Umukama, mugumye umutima, ntimuhugumbwe,
nimwitege Umukama.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti: 1, 10-13. 17
(Nimube mwese imvugarimwe kandi ntihagire amacakubiri yaduka muri mwebwe)

Ndabasavye, benewacu, kw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu, mube mwese imvugarimwe kandi ntihagire amacakubiri yaduka muri mwebwe ; nimuhuze imitima, muname rimwe. Nkako nyene, abantu b’i Klohe barambwiye ivyanyu : ngo hari imitongano muri mwebwe. Ni ukuvuga ko umwe wese muri mwebwe yitora akavuga ati: « Jewe ndi uwa Paulo », uwundi ati : « Nanje ndi uwa Apollo », uwundi na we ati : « Nanje ndi uwa Kefas », uwundi ngo : « Nanje ndi uwa Kristu ». Mbega, Kristu yaciwemwo ibice ? Mbega, Paulo ni we yabambwe ku musaraba kubwanyu canke mwabatijwe kw’izina rya Paulo ?
Eka, Kristu ntiyantumye kubatiza, yantumye kwigisha Inkuru Nziza, ntakoresheje ubwenge bwerekanwa n’imvugo, kugira ngo umusaraba wa Kristu ntupfe ubusa.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.
Yezu yarigishije Inkuru Nziza y’Ubwami,
akiza ubumuga n’indwara zose z’igihugu.
Alleluia.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Matayo : 4, 12-23

Igisomwa kigufi : 4, 12-17

(Yezu aza kuba i Kafarnaumi, ngo ijambo ry’Umuhanuzi Izaya riranguke)

Yezu amaze kwumva ko Yohani Batista yatawe mw’ibohero, asubira mu Bugalile. Avuye mu gisagara c’i Nazareti, aza kuba i Kafarnaumi, igisagara cegereye ikiyaga ku mbibe za Zabuloni na Neftali, ngo ijambo ry’umuhanuzi Izaya riranguke : « Gihugu ca Zabuloni, nawe gihugu ca Neftali, wewe nzira irora ku kiyaga, hakurya ya Yordani, Bugalile bw’abanyamahanga : igihugu cari cicaye mu mwijima cariboneye umuco w’agatangaza warasiye ku bari bicaye mu gihugu c’umuzimagiza n’urupfu. »
Kuva ubwo, Yezu atangura kwigisha, avuga ati : « Nimwihanure, kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi. »

(Igisomwa kigufi giherera aha).

Yezu rero aca ku nkombe y’ikiyaga c’i Bugalile abona abavukana babiri, Simoni yataziriye Petero na mwenewabo Andreya, bariko baratera insenga zabo mu kiyaga : na none bari abarovyi. Ababarira ati : «Nimunkurikire, nzobagira abarovyi b’abantu. » Nabo baca baheba insenga zabo, baramukurikira.
Ahavuye, arabandanya abona abandi bavukana babiri, Yakobo mwene Zebede na mwenewabo Yohani, bari mu bwato kumwe na se wabo Zebede, bariko barasana insenga zabo ; araheza arabahamagara. Na bo ubwo nyene baheba insenga zabo na se, baramukurikira.

Yezu yaragendura Ubugalile bwose yigishiriza mu masinagoga, yigisha Inkuru Nziza y’Ubwami, akiza n’ubumuga n’indwara zose z’igihugu.

IDOMINIKA YA 2 YO MU MWAKA (A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya: 49, 3. 5-6

(Ngiye kukugira umuco w’intara zose, urukiza rwanje rushike ku mbibe z’isi)

Umukama yambwiye ati : « Uri umusavyi wanje, Israeli, muri wewe nzoronka ubuninahazwa.»
Ubu hoho Umukama yaravuze, We yandemye mu nda ya mama, ngo ndamubere umusavyi, ndamugarukanire Yakobo, nshwabure Israeli. Ego cane, ndi n’agaciro mu maso y’Umukama, Imana yanje ni Yo magara yanje. Yaravuze iti : « Kuba umusavyi wanje ahagarikira bene Yakobo, agarura bene Israeli barokotse, ivyo ntibikwiye. Ngiye kukugira umuco w’intara zose, urukiza rwanje rushike ku mbibe z’isi.

Izaburi 39 (40), 2. 4ab. 7-8a. 8b-9. 10

Icit: Ndi hano, ndaje, Mukama, ndaje gukora ivyo ushaka.

Nari nizigiye Umukama nshimitse,
yaranteze ugutwi.
Araheza antuma nezerwa ndaririmba,
ndaririmbira Imana yacu.

Inkuka n’imperezwa vyari ubusa kuri Wewe,
warantabaye ndabimenya.
Eka ivyo baguhereza vyose ntiwari ubishimitsemwo,
niho nitora nti : « Ndi hano ndaje. »

Ivyanditswe kuri jewe
bintegereza gukora ivyo ushaka :
Mana mfise, amabwirizwa yawe aranezereza
Kandi ndayashize ku mutima.

Narataziriye inkuru nziza
Ishengero rikoranye.
Raba sinobinuma,
ni ico wiyiziye, Mukama.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti : 1, 1-3

(Tubipfurije inema n’amahoro akomoka ku Mana, Dawe wa twese, no ku Mukama Yezu Kristu)

Jewe Paulo,
Jewe nahamagariwe kuba umutumwa wa Yezu Kristu nk’uko Imana yabishatse, twe na mwenewacu Sosteni, turandikiye mwebwe Ekleziya y’Imana iri i Korenti, mwebwe mwatagatifujwe ne Kristu Yezu, mwahamagariwe kuba beranda hamwe n’abo bose bambaza iyo bari hose izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu, ari We Mukama wabo n’uwacu, tubipfurije inema n’amahoro akomoka ku Mana, Dawe wa twese, no ku Mukama wacu Yezu Kristu.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.

Jambo yarigize umuntu, abana natwe.
Abamwakiriye bose yabahaye ububasha
Bwo kuba abana b’Imana.

Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani : 1, 29-34

(Ng’uyu Umwagazi w’Imana, ng’uyu uwukura igicumuro c’isi)

Yohani Batista abona Yezu aje, amwerekeye, aca avuga ati : « Ng’uyu Umwagazi w’Imana, ng’uyu uwukura igicumuro c’isi. Uwo ni We navuze, aho nagira nti : Mu nyuma zanje, haza kuza umuntu anduta, kuko ntarabaho yariho.
Na jewe sinari ndamuzi ; yamara naje kubatiza mu mazi ngo amenyekane muri Israeli. » Yohani yongera avuga ati : « Nabonye Mutima amanuka ava mw’ijuru nk’inuma, maze ahagarara kuri We.
Nanje nyene sinari ndamuzi ; ariko uwandungitse kubatiza mu mazi ni we yambwiye ati : ‘Uwo uzobona Mutima yururukiyeko akamuhagararako, ni we abatiza muri Mutima Mweranda.’None naravyiboneye, nico gituma nemeje ko uyo ari We Mwana w’Imana.