Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Idominika' (Page 4)

Archives de Tag: Idominika

IDOMINIKA YA 31 YO MU MWAKA

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : 11, 22-12,2

(Imana irakunda ibiremwa vyayo vyose)

Mukama, isi yose imbere yawe imeze nk’agatete k’umusenyi gahengeka umunzane, nk’ima ry’urume rizindukira gutonyangira hasi. Mukama, ufitiye imbabazi abantu, kuko ushobora vyose ; nturaba ibicumuro vyabo, kugira ngo bigarure. Nkako nyene, ufitiye urukundo rw’igishika ibiremwa vyose, nta na kimwe mu vyo wagize kigutera ishishi ; ico wanka ntiwari kukirema.

Ikidashatswe nawe coshobora kuramba gute ? Ikidahamagawe nawe coshobora kurama gute ? Igituma ugirira imbabazi ibiremwa vyose, ni uko ari rwawe, ni uko uri Rugabá ukunda ubuzima, impwemu zawe zikabeshaho vyose.
Abaguye, uritonda mu kubahanura, urabakebura, ukabereka igicumuro cabo, kugira ngo bikure mu kabi, babonereho kukwemera, Mukama.

Izaburi 144 (145), 1-2, 8-9, 10-11, 13c-14

Icit : Nzohezagira izina ryawe iminsi yose, Mwami wanje, Mana mfise.

Hinge nkuninahaze, Mwami wanje, Mana mfise,
Mpezagire izina ryawe iminsi yose ntahengeshanya !
Eka nshaka kukuninahaza iminsi yose,
Izina ryawe ntirizomva mu kanwa.

Umukama ni Nyen’impuhwe n’ikigongwe,
Ntakaza ishavu, yuzuye urukundo ;
Umukama agirira ineza bose,
agirira imbabazi ivyo yaremye vyose.

Ivyo waremye, Mukama, nibigushemeze,
Abakunzi bawe nibaguhezagire !
Nibayage ubuninahazwa bw’ubwami bwawe,
Nibigane hose ubutwari bwawe !

Umukama ni imvugakuri mu majambo yiwe,
Ni urukundo mu bikorwa vyiwe vyose ;
Araramira abashaka kugwa bose,
akagorora abagoramye bose.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya kabiri Umutumwa Paulo yandikiye Abanyatesalonika : 1, 11-2, 2

(Twitege Umukama mu mahoro atagira imvange)

Ncuti zanje,
Twama tubasabira ngo Imana yacu isange mukwiranye n’ibanga yabahamagariye ; kubera ububasha bwayo, n’ibafashe kurangura bimwe bishemeye ivyiza vyose mushaka gukora, n’iremeshe ukwemera kwanyu, kugira ngo izina ry’Umukama wacu Yezu rininahazwe muri mwebwe, namwe mushimagizwe muri We : ico ni co Imana yacu n’Umukama wacu Yezu Kristu babateguriye.
Benewacu, dushaka kubahanura ku vyerekeye umuzo w’Umukama wacu Yezu Kristu n’ikoraniro ryacu hamwe na We : ntimushoke muhagarikwa umutima canke ngo muterwe ubwoba n’ijambo bitirira Mutima canke n’ijambo canke n’ikete batwitirira ryemeza ko umunsi w’Umukama uri mu gushika.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Imana yakunze isi gushika itange Umwana wayo w’ikinege ; uwumwemeye wese arafise ubuzima budahera.
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 19, 1-10

(Uguhinduka kwa Zake, umukuru w’Abatozakori)

Zacchaeus in the Sycamore Awaiting the Passage...

Zacchaeus in the Sycamore Awaiting the Passage of Jesus (Photo credit: Wikipedia)

Umusi umwe, Yezu yinjiye i Yeriko, aca mu gisagara hagati. Hakaba hari umuntu yitwa Zake ; yari umukuru w’Abatozakori kandi yari atunze. Yama yipfuza kubona Yezu uwo ari we, ariko ntiyabishobora kubera ishengero ryari ryinshi cane, na we akaba mugufi. Arirukanga, aja imbere, yurira igiti, kugira ngo ashobore kumubona, kuko ari yo nzira yajana.

Yezu, ahashitse ararangamira, aramubarira ati : « Zake, ururuka ningoga, kuko uyu munsi ndamutse ndara iwawe. » Na we aca arururuka, amwakirana akanyamuneza.
Abari aho ngo babibone, baja mu vyo kwidodomba bose, bati : « Ehe, agiye kurarira umuntu w’umunyabicumuro ! » Zake rero arahagarara, abwira Umukama ati : « Mukama, ng’ivyo ivyanje : ngiye kubicamwo kubiri, igice kimwe ngihe abarushwa ; nihaba hari uwo nanyanganije, ndamusubize ibiruta kane ivyo namutwaye. » Niho rero Yezu yavuga ati : « Uyu munsi, urukiza rwashitse muri iyi nzu, kuko n’uyu abaye umwana wa Ibrahimu. Na kare, Umwana w’umuntu yaje kurondera n’ugukiza ivyari vyazimiye. »

IDOMINIKA YA 30 YO MU MWAKA

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : Sir 35, 15b-17. 20-22

(Imana ntiyirengagiza igisabisho c’umukene)

Umukama ni umucamanza atagira nkunzi.
Ntatoranya, arumviriza riho uwugowe amwambaza. Ntakengera igisabisho c’impfuvyi, n’iminiho y’umupfakazi.
Uwukorera Imana n’umutima wiwe wose, Imana iramwakiriza yompi, igisabisho ciwe kigashika mw’ijuru.
Igisabisho c’umworo kiramena ibicu ; ntashobora guhozwa igihe atararonka ico asaba.
Azohozako gushika Uwo mw’ijuru amurabe ryiza, aburanire intungane, azicire urutunganye.

Izaburi 33 (34), 2-3. 17-18. 19-23
Icit : Umurushwa aratabaza Umukama, akamwumvira.

Nzoninahaza Umukama na ntaryo,
nzomuhaya ntahengeshanya.
Nanje nyene nzoninahazwa n’Umukama,
abantu batobato nibumve, bahimbarwe.

Umukama aserukira gutikiza inkozi z’ikibi,
ntizibe zikirangwa kw’isi.
Barasaba Umukama akabumvira,
akabakiza umwitwarariko wabo wose.

Umukama yama yiyegereza imitima ituntuye,
akaremesha abajonjogoye.
Umukama azocungura abasavyi biwe,
nta wumuhungirako azopfa yishuye.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya kabiri Umutumwa Paulo yandikiye Timote : 4, 6-8. 16-18
(Shira ku muzirikanyi ijambo ry’Umukama)

Mwananje nkunda cane,
Jeho ndiko nditangako inkuka kandi igihe canje c’ukwigira kirashitse. Nararwanye rugabo, nararangije urugendo, narazigamye ukwemera. Ibisigaye ni ukuronka rwa rugori rw’ubutungane Umukama, We Mucamanza w’intungane azompereza kuri urya musi, kandi ntazoruhereza jewe jenyene, azoruhereza n’abo bose bazoba baroreranye urukundo iseruka ryiwe.

Aho natangura kuja kwiburanira, nta n’umwe yamfashije, ariko bose barampevye. Ese Imana itobobahora ! Umukama ni We yampagarikiye akandemesha, kugira ngo ijambo ryiwe rimenyeshwe nanje bimwe bishemeye kandi rishikire abapagani bose.
Nanje naravuye mu menyo y’intambwe ; Umukama azonkiza icitwa akabi cose kandi azondonsa ubwami bwiwe bwo mw’ijuru. Ni We akwiye ubuninahazwa imyaka yose. Amen.

English: The Pharisee and the Publican (Le pha...

The Pharisee and the Publican (Le pharisien et le publicain) by James Tissot, 1886-94, Opaque watercolor over graphite on gray wove paper, Brooklyn Museum (Photo credit: Wikipedia)

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Imana ni Yo yatumye abantu b’isi buzura na Yo muri Kristu, ikongera ikadushiramwo ijambo ry”ubwo bwuzure.
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 18, 9-14

(Umutozakori ni we yatashe agabanye)

Umunsi umwe, Yezu yaciriye uyu mugani bamwe bagira ngo ni bo beranda bagakengera abandi, ati : « Abantu babiri baraduze mw’isengero gusenga : umwe akaba ni Umufarizayo, uwundi na we Umutozakori.
Nya Mufarizayo, umutwe aranega, ku mutima asenga, agira ati : ‘Mana yanje, ndagushimiye, kuko ntameze nk’abandi, bo bariba, bakarenganya abandi, bagasambana, kandi simeze nk’urya Mutozakori ; nisonzesha kabiri mu ndwi, ngatanga imperezwa y’ivyo ntunze vyose.’
Wa Mutozakori na we, aguma kure, ntiyubahuka n’uguhanga ijuru, mugabo yikubita ku gikiriza, avuga ati : ‘Mana yanje, ngirira ikigongwe, jewe munyabicumuro.’
Ndabibabwiye : uyu ni we yatashe agabanye, na we umwe wa mbere, haba namba. Kukaba nkako, umuntu yihaya azoteterezwa, na we uwicisha bugufi azoshemezwa. »

IDOMINIKA YA 29 YO MU MWAKA

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka : 17, 8-13
(Igisabisho gihozako ca Musa kiratsinda abansi)

Mu gihe abanyisraeli bari mu gahinga, Abameleki baraja kubatera i Refidimu. Moshe rero abarira Yoshuwa ati : « Dusobanurire abantu, ubajane murwanye Abamaleki ; nanje ejo nzohagarara ku mpinga y’umusozi, nitwaje ya nkoni y’Imana. »
Yoshuwa agira nk’uko Moshe yamubariye nyene, aja kurwanya Abamaleki ; Moshe na Aroni na Huri baraduga, baja ku mpinga y’uwo musozi. Maze, Moshe iyo amanitse amaboko, Abanyisraeli ni bo batera baja imbere ; ayamanuye na ho, Abamaleki bakaba ari bo batera baja imbere.
Maze, amaboko ya Moshe arateba araruha ; bafata ibuye, bararimufatira aryicarako ; Aroni na Huri bagumya amaboko yiwe, umwe ku ruhande rumwe, uwundi ku rundi : amaboko yiwe araguma gushika izuba rirenge. Yoshuwa rero aratsinda Abamaleki, abatsindisha inkota.

Izaburi 120 (121), 1-2. 3-4. 5-6. 7-8
Icit : Urukiza rwacu turukesha Umukama. We yaremye ijuru n’isi.

Amaso yanje ndayerekeje ku mataba :
urukiza rwanje ruzova hehe ?
Urukiza rwanje ndarukesha Umukama,
We yaremye ijuru n’isi.

Umukama ntazokureka ngo utirimuke,
Umuvunyi wawe ntazokwigera ahunikira.
Eka nyabuna, Umuvunyi w’Israeli
Ntasinzira kandi ntahunikira.

Umukama azoba umuvunyi wawe,
Umukama azogukingira ikibaba ;
ku mutaga izuba ntirizokunaga,
mw’ijoro ukwezi ntikuzogukorako.

Umukama azokurinda akabi kose,
azigame umutima wawe ;
Umukama azokuzigama mu mazinduka no mu matahuka,
ubu no mu myaka yose.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya kabiri Umutumwa Paulo yandikiye Timote : 3, 14-4,2
(Umuntu w’Imana aca abangukirwa, akagira ibimukwiye ngo akore igikorwa ciza cose)

Mwananje nkunda cane,
Urazigama ivyo bakwigishije, kuko uzi ko ari ivy’ukuri, ukamenya n’ababikwigishije. Kuva mu buto bwawe, wamye umenya Ibitabu Vyeranda : birashobora kuguha ubwitonzi bugushikiriza ubukiriro kubera ko twemera Kristu Yezu. Icanditswe cose cohejwe n’Imana kandi gifise akamaro mu kwigisha, mu guhanura, mu kugorora no mu kurera mu butungane. Gurtyo, umuntu w’Imana aca abangukirwa, akagira ibimukwiye ngo akore igikorwa ciza cose.
Ndakwihanikirije imbere y’Imana n’imbere ya Kristu Yezu azocira urubanza abazima n’abapfuye, ndabigusavye kandi kw’izina ry’uwuzoseruka mu buninahazwa bw’inganji yiwe : igisha udahengeshanya abaguteze amatwi n’abakwihoza, hanura, wihanize, uremeshe,  mu bwitonzi no mu bwira bwinshi.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Ijambo ry’Imana ni rizima, ryuzuye ububasha, rirasobanura ivyiyumviro n’ivyipfuzo biri mu mutima.
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 18, 1-8
(Imana izoburana abayo bayiborogera ijoro n’umtaga)

Umunsi umwe, Yezu yaciriye abigishwa biwe umugani, kugira abigishe ko bakwiye guhozako mu gusaba ntibarambirwe : « Habaye mu gisagara umushingantahe atubaha Imana, abantu na bo ntabababare. Muri ico gisagara nyene, hari umupfakazi yama amusaba amubwira ati : ‘Urantunga umburane, unkize uwirirwa arampama!’
Aramwankira kabiri, gatatu. Hanyuma yibwira ati : ‘N’aho ntubaha Imana, abantu sindabababare, uyu mupfakazi arangora, ngira ngo ndamucire urubanza rwiwe, yoye kumena amatwi. »

Umukama arasubira ati : « Nimwumve imvugo y’uyo mushingantahe mubi. None, Imana ni yo itoburana abayo bayiborogera ijoro n’umutaga ? Ni yo yobatevya ? Ndababwiye : izobaburana idahagaze. Ariko, none aho Umwana w’umuntu azogarukira, mbe azosanga ukwemera kw’isi ? »