Ijambo ry’Imana dushikirizwa mu Nkuru Nziza yo kuri uwu musi w’Imana wa mbere wo mu Karema, naho dukunda kuryitirira ukugeragezwa kwa Yezu, nkundire tubihindukize ukundi, tuvyerekeze ku kwemera kwacu, n’ingene tukugaragaza, cane cane iyo rugeranyeko. Nkako nyene, ibisomwa twasomewe, uko ari bitatu, biragaruka kuri ukwo kugaragaza ukwemera iryo Imana ituyagira ngo riduhishurire abo turi mu maso yayo. Mu gisomwa ca mbere, turabona ko aho abantu ba mbere bashaka kuba nk’Imana, ntibemere kamere yabo, bagiye ku mohe, nta kindi babonye atari uko ataco bambariye, ari ba magara make, bari gusa. Ivyo twumva rero mu gisomwa ca mbere ntibitwiganira ivyabaye, kw’igenekerezo iri canke irindi, hariya…, ariko bitwereka ingene kamere y’umuntu yamye kuva na kera na rindi. Umuzi w’igicumuro cacu (suite…)
Abakristu bahamagariwe kuba ivyabona vy’urukundo n’ikigongwe c’Imana.
Patiri Christian Nzinahora
Hambavu yo kuduhishurira ko Imana ari munyakigongwe, Yezu aratwigisha ko na twebwe duhamagariwe kuba abanyakigongwe: “Nimube abanyakigongwe nk’uko Sowanyu wo mw’ijuru ari umunyakigongwe”.
Mu mugani w’umusuku ruburakigongwe, Yezu aratwigisha ko Imana yama iturekurira ataco idusavye igihe cose tuyitakambiye, igihe cose twemanze akabi kacu mu kwambaza ikigongwe cayo. Ariko ubwo buntu Imana itugirira, duhamagariwe natwe kubugirira abandi badufitiye umwenda, atari uko tuba turiko turicira icobo, kandi Imana yari yaduciriye icanzo c’urukiza n’ubuzima. Uyu musuku ruburakigongwe yananiwe no kurekurira uwaramufitiye umwenda – usa n’uko ata gaciro wari ufise ugereranije n’umwenda we yari yarekuriwe n’Umwami – kuko atigeze atahura ko yagiriwe imbabazi kandi atari abikwiye. Akenshi biratunanira kurekurira abandi kuko (suite…)