Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Ikarema' (Page 2)

Archives de Tag: Ikarema

Ukugeragezwa kwa Yezu, ni urupimo rw’ukwemera Imana nk’uko ishaka kutwihishurira Yo nyene.

Ijambo ry’Imana dushikirizwa mu Nkuru Nziza yo kuri uwu musi w’Imana wa mbere wo mu Karema, naho dukunda kuryitirira ukugeragezwa kwa Yezu, nkundire tubihindukize ukundi, tuvyerekeze ku kwemera kwacu, n’ingene tukugaragaza, cane cane iyo rugeranyeko. Nkako nyene, ibisomwa twasomewe, uko ari bitatu, biragaruka kuri ukwo kugaragaza ukwemera iryo Imana ituyagira ngo riduhishurire abo turi mu maso yayo. Mu gisomwa ca mbere, turabona ko aho abantu ba mbere bashaka kuba nk’Imana, ntibemere kamere yabo, bagiye ku mohe, nta kindi babonye atari uko ataco bambariye, ari ba magara make, bari gusa. Ivyo twumva rero mu gisomwa ca mbere ntibitwiganira ivyabaye, kw’igenekerezo iri canke irindi, hariya…, ariko bitwereka ingene kamere y’umuntu yamye kuva na kera na rindi. Umuzi w’igicumuro cacu (suite…)

“Nimube abanyakigongwe nk’uko So wanyu wo mw’ijuru ari umunyakigongwe” (Luka 6, 36)

Abakristu bahamagariwe kuba ivyabona vy’urukundo n’ikigongwe c’Imana.

Patiri Christian Nzinahora

Patiri Christian Nzinahora

Hambavu yo kuduhishurira ko Imana ari munyakigongwe, Yezu aratwigisha ko na twebwe duhamagariwe kuba abanyakigongwe: “Nimube abanyakigongwe nk’uko Sowanyu wo mw’ijuru ari umunyakigongwe”.

Mu mugani w’umusuku ruburakigongwe, Yezu aratwigisha ko Imana yama iturekurira ataco idusavye igihe cose tuyitakambiye, igihe cose twemanze akabi kacu mu kwambaza ikigongwe cayo. Ariko ubwo buntu Imana itugirira, duhamagariwe natwe kubugirira abandi badufitiye umwenda, atari uko tuba turiko turicira icobo, kandi Imana yari yaduciriye icanzo c’urukiza n’ubuzima. Uyu musuku ruburakigongwe yananiwe no kurekurira uwaramufitiye umwenda – usa n’uko ata gaciro wari ufise ugereranije n’umwenda we yari yarekuriwe n’Umwami – kuko atigeze atahura ko yagiriwe imbabazi kandi atari abikwiye. Akenshi biratunanira kurekurira abandi kuko (suite…)

“Nimube abanyakigongwe nk’uko Sowanyu wo mw’ijuru ari umunyakigongwe” (Lc 6, 36)

AMAPFUNGO Y’ABASASERDOTI N’ABIHEBEYIMANA BABA I ROMA

Nimube abanyakigongwe nk’uko Sowanyu wo mw’ijuru ari umunyakigongwe” (Lc 6, 36)

Patiri Christian Nzinahora

Patiri Christian Nzinahora

Bavukanyi, Ikarema tumaze igihe tutanguye ni Ikarema idasanzwe kuko ije mu mwaka wahariwe ikigongwe c’Imana. Nk’uko dusanzwe tubizi ikarema ni igihe co guhindukira ku Mana. Duhamagariwe gusenga, kwisonzesha no kugira utwigoro mu ntumbero yo gucumvya impengamiro n’ingeso mbi zacu zitwigiza kure y’Imana kandi zikatubuza kugiriranira imigenderanire myiza n’abandi bavukanyi. Murumva rero ko ikarema ari igihe ciza kidufasha guhurumbira kuruta ikigongwe c’Imana kitwuhagira umwanda wose w’igicumuro, kikatugira abantu bashasha banywanye n’Imana kandi bakunda n’abagenzi. Nta muntu numwe ashobora kunywana na bagenziwe atabanje gukomeza ubunywanyi bwiwe n’Imana.

Nico gituma rero nashimye ko twozirikanira hamwe ikigongwe Imana idahengeshanya kutwereka kugira ngo natwe dushobore kuba abanyakigongwe barajwe ishinga no gusasagaza hose amahoro n’akanyamuneza. Muri ino nyigisho, (suite…)