Accueil » Posts tagged 'Ikarema' (Page 3)
Archives de Tag: Ikarema
Igihe c’Ikarema: Idominika ya 2 (Umwâka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (15, 5-12. 17-18)
Umukama yunga ubumwe na Aburahamu
Umusi umwe, Umukama yabonekeye Aburahamu, amujana hanze. Amubwira ati : « Tereza amaso kw’ijuru, uheze uharure zirya nyenyeri niwabona ubishobora. Yongera ati : « Abana uzovyara bazongana na zirya nyenyeri. » Aburahamu aca yizigira ijambo ry’Umukama, na we arabimushimira. Umukama yongera amubwira ati : « Ni jewe Umukama nagukuye muri Uri, mu ntara y’Abakasidimu, ngo ndakugabire iki gihugu. » Aburahamu yishura ati : « Mukama Mana yanje, none nomenyeshwa n’iki ko nzokironka ? » Umukama ati : « Genda unzanire ishashi y’imyaka itatu, impene y’imyaka itatu, n’impfizi y’intama y’imyaka itatu, intunguru imwe n’umuswi w’inuma. » Aburahamu amuzanira ivyo bikoko vyose, abihimburamwo kubiri kubiri, igihimba kimwe kimwe agitumberanya n’ikindi ariko za nyoni ntiyazihimbagura. Ibisiga bigira ngo vyahuke izo nyama, Aburahamu aravyamira. Izuba rigiye kurenga, itiro riramuhwikira, aca yumva ubwoba buramutekeye. Izuba ryarenze, bumaze gukorana, aca abona itanure rifumba umwotsi n’igishirira, bica muri ya mihindigiti ya vya bikoko. Uwo musi, Umukama asezerana na Aburahamu avuga ati : « Abuzukuru n’abuzukuruza bawe ndabagabiye iki gihugu, kuva kw’isumo rya Misiri gushika kuri rwa ruzi runini rwa Ewufrati. »
IZABURI 26 (27) 1, 7-8, 9abc, 13-14
Icit. : Umukama ni we rumuri rwanje,
ni we bukiriro bwanje.
Umukama ni we rumuri rwanje, ni we bukiriro bwanje,
notinya nde wundi ?
Umukama ni we nkingi y’ubuzima bwanje,
ni nde yompindisha agashitsi ?
Mukama, ndagutabaza, unyumvire !
Ngirira ikigongwe, unyishure !
Sinibagiye ko wavuze uti : Rondera inyonga zanje.
Inyonga zawe, Mukama, ni zo ndondera.
Inyonga zawe ntizinje kure.
Ntushavure ngo unyirukane,
ni Wewe mirukiro yanje.
Ndavyemeye, nzobona Umukama agira neza
kuri iyi si y’abazima.
Izigire Umukama, mugumye umutima, ntimuhugumbwe,
nimwitege Umukama.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyafilipi (3, 17-4, 1)
Igisomwa kigufi : 3, 20-4, 1
Kristu aratwubura tukaba bashasha
Ncuti zanje,
Nimunyigane mwese kandi muhange amaso abigenza nk’uko mubona twigenza. Erega, nk’uko nabibabwiye kenshi, ngasubira kubibabarirana amarira uyu musi : benshi bigenza nk’abansi b’umusaraba wa Kristu. Amaherezo yabo ni ugutakara, Imana yabo ni inda yabo, ikibaninahaza ni ukwikurako ubupfasoni, nta kindi bitwararika atari ivy’isi.
(Igisomwa kigufi gitangurira aha)
Tweho, iwacu ni mw’ijuru : ni ho turoreranye igishika Umukama Yezu Kristu azoza nk’Umukiza, akanagura imibiri yacu, kugira ngo ayishushanye n’umubiri wiwe w’ubuninahazwa, nk’uko afise ububasha burangutse bw’ukwigandurira vyose.
None rero, benewacu nkunda cane kandi nipfuza gusubira kubona, mwebwe gahimbare kanje n’impera yanje, nimugumye umutima gutyo nyene mu Mukama, bakunzi banje.
INKURU NZIZA
Kristu, urakaninahazwa,
Wewe Jambo ryamaho ry’Imana nzima.
Muri ca gicu gica ibikeke, ijwi rya Data rirumvikana riti :
« Uyu ni Umwananje nkunda cane ; nimumutege amatwi ! »
Kristu, urakaninahazwa,
Wewe Jambo ryamaho ry’Imana nzima.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (9, 28b-36)
Akiriko arasenga, arakayangana mu maso
Umusi umwe, Yezu yihereranije Petero, Yohani na Yakobo, aduga ku musozi, aja gusenga. Hano akiriko arasenga, mu maso harahinduka, ivyambarwa vyiwe vyera de, bica ibibatsi. Ng’abo abantu babiri bariko baramuganiriza ni Musa na Eliya. Baboneka mu buninahazwa, bavugana na we rwa rugendo agira arangure i Yeruzalemu. Petero na bagenzibe bari baremerewe n’itiro ; ngo bikangure, barabona ubuninahazwa bwiwe n’abantu babiri bahagararanye na we. Aho bari mu kumwikebanura, Petero abwira Yezu ati : « Muhanyi, birahimbaye ko tuba aha : tugire insago zitatu : rumwe rw’iwawe, urundi rwa Musa n’urundi rwa Eliya. » Ntiyari akimenya ico avuga. Hano akibivuga, haza igicu kirabatwikira, na bo ubwoba burabatekera hano kibatwikiriye. Muri nya gicu kandi hava ijwi rivuga riti : « Uyo ni Umwana wanje natonesheje, nimumwumve ! » Iryo jwi rimaze kuvuga, Yezu asigara wenyene. Abigishwa biwe barabihora, muri ico gihe ntihagira n’umwe biganira ivyo bari babonye.
Igihe c’Ikarema: Idominika ya 1 (Umwâka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (26, 4-10)
Ukwemera kw’igihugu c’Imana Israyeli
Musa yabwiye ishengero ry’Abanyisrayeli ati « Niwahereza ivyimburwa vya mbere, umuherezankuka azokwakira igisimbo birimwo, agitereke ku ruhimbi rw’Umukama Imana yawe. Hanyuma uvuge imbere y’Umukama Imana yawe, uti: « Sokuru yari Umwaramu w’umwangazi, yamanutse mu gihugu ca Misiri, ihahungira ari kumwe n’abantu imparurwa ; ntiyari bwarondoke gushika aho abiwe bǎsagarara, bakaba igihugu gikomeye. Hanyuma Abanyamisiri baraheza baducura bufuni na buhoro, baratugirira nabi, batugira abaja. Niho twatakambira Umukama Imana ya basokuru, Umukama araheza adutega yompi, aribonera ayo tugowe, amaganya yacu n’agahahazo batwicisha. Umukama aca aramvura ukuboko kwiwe rubashavyose, adukura mu Misiri, akora ibitangaza vyinshi n’ibimenyetso biteye ubwoba. Yaratuzanye gushika aha, atugabira iki gihugu gitembamwo amata n’ubuki. None rero, Mukama, ndagushikaniye umwaka w’ivyo nimbuye mw’itongo wampaye.’
Hanyuma uheze ubitereke imbere y’Imana yawe, ukubite ibipfukamiro imbere y’Umukama Imana yawe. »
IZABURI 90 (91) 1-2, 10-11, 12-13, 14-15
Icit. : Mukama, guma iwanje,
ndi mu marushwa.
Iyo nkingiwe n’inkinzo y’Uwahangamye mw’Ijuru,
nkibera mw’irebe ry’Umushoboravyose,
ndibuka Umukama ari we mahungiro n’amirukiro yanje,
Imana yanje nizeye.
Nta kabi kazokugobako,
nta muvumo uzogera mu nzu yawe ;
na none yabwirije abamarayika biwe,
ngo baguhagarikire mu rugendo rwawe rwose.
Bazokurerura mu maboko yabo,
ngo ntutsitare kw’ibuye.
Uzokandagira imamba n’akamina,
uhonyore umukurira w’intare be n’isato.
« Nzomukimbagiza ko yanyishimikije,
nzomukuza kw’atiyobagije izina ryanje.
Aranyakura nkamwitaba,
mu marushwa sindamuvirira :
ndamuruhura nkamuninahaza. »
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (10, 8-13)
Ukwemera muri Yezu Kristu
Ncuti zanje,
Mu Bitabu Vyeranda handitswe ngo: « Ijambo riri hafi yawe rwose, riri mu kanwa kawe no mu mushaha wawe. » Iryo Jambo, ni ya Nkuru nziza y’ukwemera duhora tubigisha. Nka ko, niwaba wemeza n’umunwa wawe ko Yezu ari Umukama, ukemera mu mushaha wawe yuko Imana yamuzuye mu bapfuye, uzokira. Kuko uwemera n’umushaha wiwe wose aca aba intungane, na we uwubiserura mu mvugo aba ashikiriye ubukiriro.
Kukaba nka ko, Ibitabu bivuga ngo: « Ku musi w’urubanza, nta n’umwe mu bamwemera azoteterwa.» Nta gitandukanya Umuyuda n’Umugereki kiriho : bose basangiye Umukama umwe, we agabira abamwambaza bose. Handitswe kandi ngo : « Umuntu wese yambaza izina ry’Umukama, azokira. »
INKURU NZIZA
Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.
Umuntu ntatungwa n’indya gusa,
ariko aratungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.
Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (4, 1-13)
Mutima amujana mu gahinga, araheza arageragezwa na shetani
Yezu yuzuye Mutima Mweranda ava kuri Yorodani, Mutima amujana mu gahinga, ahamara imisi mirongo ine ageragezwa na Shetani. Muri iyo misi, nta co yageza ku munwa ; ngo ize guhera, arasonza. Shetani imubwira iti : « Niwaba uri Umwana w’Imana, bwiriza iri buye ricike umukate. » Yezu ayishura ati : « Handitswe ngo : Umuntu ntatungwa n’indya gusa.» Shetani yongera yongera kumujana ku gasozi karekare, imwereka intara zose z’abami b’isi, imubwira iti : « Ndaguhereza ubwo bubasha bwose n’ubuninahazwa bwaho bwose, kuko nabuhawe ndabuhereza uwo nshatse ; niwapfukama imbere yanje, buzoba rwawe bwose. » Yezu mu kuyishura ayibwira ati: « Handitswe ngo : Uzosenga Umukama Imana yawe, uyikorere yo nsa. » Shetani yongera kumujana i Yeruzalemu, imutereka kw’isunzu ry’igisengero, imubwira iti: « Niwaba uri Umwana w’Imana, niwikororere hasi, kuko handitswe ngo : ‘Azotegeka abamarayika biwe ngo bakurinde.’ Kandi ngo : Bazoguterura mu minwe yabo, woye gutsitaza ikirenge kw’ibuye. » Yezu mu kuyishura ayibwira ati : « Handitswe ngo: Ntuze ugerageze Umukama Imana yawe.»
Irangije kumugerageza mu buryo bwose, shetani imuva iruhande gushika igihe cagenwe.
Igihe c’Ikarema: Umusi wa 3 w’Iminyota.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yoweli (2, 12-18)
Nimutabure imitima yanyu aho gutabura ivyambarwa
Ng’iri iryavumerewe n’Umukama :
Nimungarukeko n’umutima wanyu wose, mu kwisonzesha, mu marira no mu maganya. Nimutabure imitima yanyu aho gutabura ivyambarwa vyanyu ; nimugaruke ku Mukama, Imana yanyu, kuko ikundana, ifise imbabazi, izira gushavura, ikanka akabi. Hari uwobimenya ? Kumbure yohindukira, yigaruye, igasiga umugisha aho iciye : mubone ituro n’inturire y’ugushikanira Umukama Imana yanyu.
Nimuvugirize inzamba muri Siyoni, mutangaze ukwisonzesha, muhamagare ikoraniro, mukoranye igihugu, muhamagaze inama, mutororokanye abatama, mukoranye abana batobato, n’abo nyene bakiri kw’ibere ! Umugabo akiri mu nkinga n’asohoke, umugore na we ave mu nkinga !
Abaherezankuka, ari bo basuku b’Umukama, nibaririre hagati y’uruhimbi n’intangaro bavuga bati :
« Girira ikigongwe igihugu cawe, Mukama !
Iragi ryawe nturihe abarimaramaza,
ibihugu ngo vyitwengere !
mu bihugu, ni kuki bavuga ngo :
Mbe Imana yabo iri he ? »
Noneho, Umukama yarikabuye, agarukira intara yiwe,
agirira ikigongwe igihugu ciwe.
IZABURI 50 (51), 3-4. 5-6a. 12-13. 14-17
Icit : Dushiremwo, Mukama, umushaha mushasha ;
duhe, Mukama, umutima mushasha.
Ngirira ikigongwe, se Mana yanje, kubera ubuntu bwawe,
kubw’ikigongwe cawe kidakama, nzimanganiriza akabi nakoze.
Nyuhagira umwanda wose mfise,
uheze uhanagure ibicumuro vyanje vyose.
Ego cane, ikibi nakoze ndakizi,
icaha nakoze kindaza ishinga.
Ni Wewe musa nacumuyeko,
akabi wanka ni ko nakoze.
Mukama, nshiramwo umushaha w’indanga,
ugushaka kwanje na kwo ukuremeshe,
kwame kukwihambiriyeko.
Ntunshibure ngo nkuve mu maso,
ntera iteka riho ungumizemwo ubwiza bwawe.
Ndaba ryiza nka kera, mpimbarwe,
kandi ndokoza ugushaka gutegera, sinzokwiyonkoreko.
Mukama, mfatanura umunwa,
mbashe gushemeza ubuninahazwa bwawe.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (5, 20-6, 2)
Emere babuzurize n’Imana. Ng’iki ca igihe kiroranye rwose.
Ncuti zanje,
Ubu duserukira Kristu, vyongeye Imana Yo nyene, ni Yo ibashikiriza impanuro iciye kuri twebwe. Nico gituma tubasavye kw’izina rya Kristu : emere babuzurize n’Imana. Uwutigeze amenya igicumuro, Imana yamwitiranije n’igicumuro c’abantu kubera twebwe, kugira ngo kubera We, dusangire ubutungane n’Imana.
Kandi, ko dukorana na Yo, turabihanikirije ntimupfishe ubusa inema mwahawe n’Imana. Kuko yavuze iti : « Mu gihe kiroranye narakwumviye, ku musi w’ubukiriro naragufashije. » Ng’iki rero ca gihe kiroranye rwose, ng’uyu wa musi w’ubukiriro.
INKURU NZIZA
Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.
Umukama yavuze ati : « Nimwihanure kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi. »
Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (6, 1-6. 16-18)
So wawe abona ibiri mu mpisho azobiguhera impera
Muri irya misi,
Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Nimureke kwerekana ubwiza bwanyu mu maso y’abantu, kugira ngo babashime : ahandi ho, So wanyu wo mw’ijuru nta mpera azobaha.
Niwagira ico uhaye umurushwa, ntukigire ururirimbo, kumwe abibara uko batari baigira mu masinagoga be no mu mayira, ngo abantu babaninahaze
; ni ukuri ndabibabwiye, impera yabo baramaze kuyironka. Weho rero, niwagira ico ufumbatishije umworo, ukubamfu kwawe ntikuze kumenye ico ukuryo kugize, kugira ngo ico utanze kigume mu mabanga ; So wawe abon
a ikimizwe n’ingoma azokigusubiza.
Nimwasenga, ntimugire nk’abanyabwishime bakunda gusengera ahabona, mu masinagoga no mu mayirabiri, ngo abantu bababone : ni ukuri ndabibabwiye, impera yabo baramaze kuyironka. Weho rero, niwashaka gusenga, injira haruguru hiherereye, wugare urugi, uheze usenge So wawe ari ahiherereye : So wawe abona ikitaboneka azobikwishura.
Nimwisonzesha ntimwijirwe nk’uko abanyabwishime babigira, bakinyankabiranya mu maso, kugira ngo abantu babone ko bisonzesheje ; ni ukuri ndabibabwiye, impera yabo baramaze kuyironka. Weho rero, niwisonzesha, inogereze mu mutwe, ariko bimenywe gusa na So wawe ata kimusoba : So wawe abona ibiri mu mpisho azobiguhera impera. »






