Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Ikarema' (Page 4)

Archives de Tag: Ikarema

IDOMINIKA YA 3 YO MU KAREMA (Umwâka B)

Babonye bibereye, bashobora gusoma ibisomwa vyose vy’Idominika ya 3 yo mu Karema vyagenewe umwaka A.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (20, 1-17)

Igisomwa kigufi : 20, 1-3. 7-8. 12-17

Ku musozi wa Sinayi, Imana yavumereye aya majambo yose, iti : « Ni jewe Umukama Imana yawe, nagukuye mu ntara ya Misiri, ndakuvana mu buja warimwo. Nta zindi mana uzosenga atari jewe.

Igisomwa kigufi kiba kirahagarariye aha

Mu biremwa vyo mu kirere, ivyo kw’isi n’ivyo mu mazi, ntihagire na kimwe utoramwo ikigereranyo, bisubiye, ntuze usenge ibishusho. Ntuze ubipfukamire, kandi ntuze ubikorere, kuko jewe Umukama Imana yawe, ndi n’ishavu ryinshi ; ikibi cakoze abavyeyi ngihanira abana babo, abuzukuru n’abuzukuruza babo ; ariko nkagirira ikigongwe abankunda, bakazigama amabwirizwa yanje, be n’abana babo, abuzukuru n’abuzukuruza babo.

Igisomwa kigufi kibandaniriza aha

Ntuze urahirire ubusa izina ry’Umukama Imana yawe, kuko uwurahirira ubusa Umukama ntazogenda atamuhanye. Urama wibuka umusi w’Imana uwuhimbaze.

Igisomwa kigufi gisubira kuba kirahagarariye aha

Uzorangura ibikenurwa vyawe mu misi itandatu ; ariko umusi ugira indwi ube umusi w’Umukama Imana yawe. Ntukagire igikorwa na kimwe ukora kuri uwo musi, yaba wewe ubwawe canke umuhungu wawe canke umukobwa wawe, canke umusuku wawe canke incoreke yawe canke inka yawe, canke umuvamahanga aba iwawe.

Kukaba nkako, Umukama yaremye isi n’ijuru, ikiyaga n’ibirimwo vyose mu misi itandatu, umusi ugira indwi araheza araruhuka. Ni co gituma uwo musi wo kuruhuka, Umukama yawuhezagiye, akawutera iteka ryinshi.

Igisomwa kigufi kibandaniriza aha

Sonera so na nyoko, kugira ngo uzorambe imyaka kuri iyi si Umukama Imana yawe aguhaye.
Ntugire uwo wica.
Ntuze usambane.
Ntuze wibe.
Ntuze wagirize mugenzawe uvuga ibinyoma.
Ntuzokwipfuze inzu ya mugenzawe.
Ntuzokwipfuze umugore wiwe, umusuku wiwe, incoreke yiwe, inka yiwe kibure indogobwe yiwe ; eka ikintu ciwe cose. »

IZABURI 18 (19), 8. 9. 10. 11

Icit : Mukama, urafise amajambo y’ubuzima budahera.

Amategeko y’Umukama aratunganye,
Ahembura umutima ;
amabwirizwa y’Umukama ni ay’ukuri,
ni yo bwenge bw’abantu batobato.

Amategeko y’Umukama aragororotse,
ni akezamutima ;
amabwirizwa y’Umukama arasobanutse,
ni yo muco w’umutima.

Ukwubaha Umukama ni akaroruhore,
ntikuzokwigera guhera n’intete ;
Umukama ashinga intahe y’ukuri
Intahe yama itunganye.

Isumvya inzahabu gukundwa,
na yo nyene itagira imvange ;
irusha kuryoha
ubuki bw’umutsama.

IGISOMWA CA KABIRI

 Ivyo dusoma mwIbaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti (1, 22-25)

Ubwenge bw’abantu n’ubusazi bw’Umusaraba

Ncuti zanje,
Igihe Abayuda basaba ikimenyetso, Abagereki na bo bakarondera ubwenge, tweho turamenyesha Kristu yabambwe ku musaraba : ku Bayuda, uwo musaraba ni ikibatsitaza, ku Bagereki na bo, ni ubujuju ; ariko, ku bahamagawe n’Imana, baba Abayuda canke Abagereki, Kristu ni we bubasha bw’Imana akongera akaba ubwenge bw’Imana.

None rero, ubujuju bw’Imana burusha abantu ubwenge, kandi n’intege nke z’Imana zirusha abantu ubukomezi.

INKURU NZIZA

Kristu, urakaninahazwa,
wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana Nzima.

Imana yarakunze isi gushika itange Umwana wayo w’ikinege.
Uwumwemeye wese arafise ubuzima budahera.

Kristu, urakaninahazwa,
wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana Nzima.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani (2, 13-25)

Sambure iki gisengero, nanje nze ndagihagarike mu misi itatu

Pasika y’Abayuda yari yegereje, Yezu rero aduga i Yeruzalemu. Araheza asanga mu gisengero ababunza inka, intama n’inuma, n’abavunja amafaranga bicaye. Araheza azingazinga imigozi, ayigira nk’ikibŏko, arabahinda bose abakura mu gisengero, be n’intama n’ibimasa, amafaranga y’abavunja arayasanzaza, ameza yabo arayacuranguza. Ababunga inuma na bo ababwira ati : « Kura ivyo ngaha, ingoro ya Data ntimuyigire inzu y’akaguriro ! »

Abigishwa biwe rero bibuka ko handitswe ngo : « Ukwitwararika ingoro yawe kurambakuye. »
Abayuda rero baramwishura bati : « Ko ubigenjeje gurtyo, ikimenyetso utweretse ni ikihe ? » Yezu abishura ati : « Sambure iki gisengero, nanje nze ndagihagarike mu minsi itatu. » Abayuda rero baramwishura bati : « Iki gisengero bakimazeko imyaka mirongo ine n’itandatu bacubaka, nawe ngo wogihagarika mu minsi itatu ! »

We yamara yavuga igisengero c’umubiri wiwe. Aho rero amariye kuzuka ava mu bapfuye, abigishwa biwe bibuka ko yari yabivuze ; barahava bemera Ivyanditswe, bemera n’ijambo Yezu yari yavuze.

Igihe Yezu yari i Yeruzalemu mu misi mikuru ya Pasika, benshi babonye ibimenyetso yagira, baremera izina ryiwe. Yezu we yamara ntiyabibashimira kuko yari abazi bose kandi atari akeneye uwumumenyesha ibiri mu muntu ; na none yari azi akari mu mutima wa muntu.

IDOMINIKA YA 2 YO MU KAREMA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (22, 1-2. 9a. 10-13. 15-19)

Ishikanwa rya sokuru wacu Ibrahimu

Umusi umwe, Imana ishaka kugeza Ibrahimu, iramwakura iti : « Ibrahimu ! »
Ayishura ati : « Sabwe, Mukama ! »
Imana na Yo iti : « Fata umwana wawe, ca kinege ukunda cane, Izahaki, ugende mu gihugu ca Moriya kumutangako ituro ry’Imana, ku musozi nza kukwereka. »

Sacrifice_theme_imageBamaze gushika aho Imana yari yamurangiye, Ibrahimu yubaka ururhimbi, arundako za nkwi, araheza afata Izahaki umwana wiwe araboha, amutereka ku ruhimbi hejuru y’inkwi. Ibrahimu araramvura ukuboko, afata inkota ngo asogote umwana wiwe.

Umumarayika w’Umukama yamara avugira mu kirere ati : « Ibrahimu ! Ibrahimu ! »
Aramwishura ati : « Sabwe, Muhanyi ! »
Umumarayika na we ati : « Nturoreshe ukuboko ku mwana wawe ! Ntihagire ikibi umugirira ! Ndazi noneho ko wubaha Imana, ntiwanyimye umwana wawe, ikinege cawe kimwe rudende. »
Ibrahimu araramuye amaso, abona impfizi y’intama, amahembe afashwe n’igisaka. Ibrahimu arayifata, ayitangako ituro ry’Imana mu kibanza c’umuhungu wiwe.

Umumarayika atumwe n’Umukama asubira kwakura Ibrahimu ubwa kabiri, ati : « Ndarahiye, kw’izina ry’Umukama, kubera ko wubahutse gukora ivyo, ntiwimane umwana wawe, ikinege cawe kimwe rudende, nzoguhunda imihezagiro, abuzukuru n’abuzukuruza bawe bazogwira nk’inyenyeri zo kw’ijuru, bazongana n’umusenyi wok u nkombe z’ikiyaga, bazokwirahira abansi babo babigambe. Kw’izina ryabo, imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa, kuko wagamburukiye Imana. »

IZABURI 115 (116), 10. 15. 16-17. 18-19

Icit : Nzokwama ngendera imbere y’Umukama,

         kuri iyi si y’abazima.

Nari nizeye Umukama, aho navuga nti :
« Ndagowe cane ! »
Urupfu rw’abamwishimira
Umukama ntaruraba ryiza.

Ewe Mukama,
jewe ndi umusuku wawe,
umwana w’incoreke yawe :
warankuye mu mvuto.

Nzogushikanira igiturire co kugukengurukira,
kandi ntabaze izina ryawe, Mukama ;
ivyo nemereye Umukama nzobikora vyose,
mu maso y’abiwe bose bakoranye.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (8, 31b-34)

Imana ntiyimanye Umwana wayo

Ncuti zanje,
Ko Imana isanzwe iturwanira, ni nde yoturwanya? Ko itimanye umwana wayo bwite, ariko ko yamuduhebeye twese, icoyitesha noneho kutugabira ibisigaye vyose kuri uno Mwana, ni iki? Ni nde azokwagiriza abatowe n’Imana? Mbega, Imana si Yo ibagira intungane? Ni nde azobacira urwo gutsindwa? Mbega, ni Yezu Kristu, kandi ari We yapfuye agaheza akazuka, akaba kandi ari We yicaye iburyo bw’Imana akatwambariza?

INKURU NZIZA

Kristu urakaninahazwa,
Wewe Jambo ryamaho ry’Imana nzima.

Muri ca gicu gica ibikeke
rya Data rirumvikana, riti :
« Uyu ni Umwananje nkunda cane :
nimumutege amatwi. »

Kristu urakaninahazwa,
Wewe Jambo ryamaho ry’Imana nzima.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Mariko (9, 2-10)

Uyu ni Umwana wanje nkunda cane

Umusi umwe,
Yezu atora Petero, Yakobo na Yohani, abajana bonyene ahiherereye ku musozi muremure. Araheza arihindura babona : impuzu ziwe zirakayangana nk’umwerasi wahejeje, bimwe ata mumeshi kw’isi yoshobora kweresha impuzu ukuraho.

Hanyuma, Eliya na Musa barababonekera, baganira na Yezu. Buno rero Petero abwira Yezu ati : « Muhanyi, birahimbaye ko tuba aha : ingo, tugire insago zitatu, rumwe rw’iwawe, urundi rwa Moshe n’urundi rwa Eliya. » Ntiyari azi ico yariko aravuga kuko bari bacitse ivutu.

Haza igicu kirabatwikira, muri nya gicu kandi hava ijwi riti : « Uyu ni Umwana wanje nkunda cane, nimumwumve ! » Buno nyene, baravye irya n’ino, nta wundi n’umwe babona hamwe na bo, atari Yezu musa.
Bariko baramanuka nya musozi, Yezu arababuza kugira uwo babwira ico bari babonye, Umwana w’umuntu atamaze kwizura mu bapfuye. Na bo bakora uko ababwirije ; ariko babazanya bonyene ivyo ari vyo ‘ukuzuka ava mu bapfuye’.

IGIHE C’IKAREMA: UMUSI WA GATATU W’IMINYOTA

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yoweli (2, 12-18)

Nimutabure imitima yanyu aho gutabura ivyambarwa

Igarure kandi wemere Inkuru Nziza.

« Igarure kandi wemere Inkuru Nziza ».

Ng’iri iryavumerewe n’Umukama :
Nimungarukeko n’umutima wanyu wose, mu kwisonzesha, mu marira no mu maganya. Nimutabure imitima yanyu aho gutabura ivyambarwa vyanyu ; nimugaruke ku Mukama, Imana yanyu, kuko ikundana, ifise imbabazi, izira gushavura, ikanka akabi. Hari uwobimenya ? Kumbure yohindukira, yigaruye, igasiga umugisha aho iciye : mubone ituro n’inturire y’ugushikanira Umukama Imana yanyu.
Nimuvugirize inzamba muri Siyoni, mutangaze ukwisonzesha, muhamagare ikoraniro, mukoranye igihugu, muhamagaze inama, mutororokanye abatama, mukoranye abana batobato, n’abo nyene bakiri kw’ibere ! Umugabo akiri mu nkinga n’asohoke, umugore na we ave mu nkinga ! Abasaserdoti ari bo basuku b’Umukama, nibaririre hagati y’uruhimbi n’intangaro bavuga bati :
« Girira ikigongwe igihugu cawe, Mukama !
Iragi ryawe nturihe abarimaramaza,
ibihugu ngo vyitwengere !
mu bihugu, ni kuki bavuga ngo :
Mbe Imana yabo iri he ? »
Noneho, Umukama yarikabuye, agarukira intara yiwe, agirira ikigongwe igihugu ciwe.

IZABURI 50 (51), 3-4. 5-6a. 12-13. 14-17

Icit : Dushiremwo, Mukama, umushaha mushasha ;
duhe, Mukama, umutima mushasha.

Ngirira ikigongwe, se Mana yanje, kubera ubuntu bwawe,
kubw’ikigongwe cawe kidakama, nzimanganiriza akabi nakoze.
Nyuhagira umwanda wose mfise,
uheze uhanagure ibicumuro vyanje vyose.

Ego cane, ikibi nakoze ndakizi,
icaha nakoze kindaza ishinga.
Ni Wewe musa nacumuyeko,
akabi wanka ni ko nakoze.

Mukama, nshiramwo umushaha w’indanga,
ugushaka kwanje na kwo ukuremeshe,
kwame kukwihambiriyeko.
Ntunshibure ngo nkuve mu maso,
ntera iteka riho ungumizemwo ubwiza bwawe.

Ndaba ryiza nka kera, mpimbarwe,
kandi ndokoza ugushaka gutegera, sinzokwiyonkoreko.
Mukama, mfatanura umunwa,
mbashe gushemeza ubuninahazwa bwawe.

IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (5, 20-6, 2)

Emere babuzurize n’Imana. Ng’iki ca igihe kiroranye rwose.

Ncuti zanje,
Ubu duserukira Kristu, vyongeye Imana Yo nyene, ni Yo ibashikiriza impanuro iciye kuri twebwe. Nico gituma tubasavye kw’izina rya Kristu : emere babuzurize n’Imana. Uwutigeze amenya igicumuro, Imana yamwitiranije n’igicumuro c’abantu kubera twebwe, kugira ngo kubera We, dusangire ubutungane n’Imana.
Kandi, ko dukorana na Yo, turabihanikirije ntimupfishe ubusa inema mwahawe n’Imana. Kuko yavuze iti : « Mu gihe kiroranye narakwumviye, ku musi w’ubukiriro naragufashije. » Ng’iki rero ca gihe kiroranye rwose, ng’uyu wa musi w’ubukiriro.

INKURU NZIZA

Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.
Umukama yavuze ati : « Nimwihanure kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi. »
Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (6, 1-6. 16-18)

So wawe abona ibiri mu mpisho azobiguhera impera

Muri irya misi,
Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Nimureke kwerekana ubwiza bwanyu mu maso y’abantu, kugirango babashime : ahandi ho, So wanyu wo mw’ijuru nta mpera azobaha.

Niwagira ico uhaye umurushwa, ntukigire ururirimbo, kumwe abibara uko batari Abbé Lambert RIYAZIMANAbaigira mu masinagoga be no mu mayira, ngo abantu babaninahaze ; ni ukuri ndabibabwiye, impera yabo baramaze kuyironka. Weho rero, niwagira ico ufumbatishije umworo, ukubamfu kwawe ntikuze kumenye ico ukuryo kugize, kugira ngo ico utanze kigume mu mabanga ; So wawe abona ikimizwe n’ingoma azokigusubiza.

Nimwasenga, ntimugire nk’abanyabwishime bakunda gusengera ahabona, mu masinagoga no mu mayirabiri, ngo abantu bababone : ni ukuri ndabibabwiye, impera yabo baramaze kuyironka. Weho rero, niwashaka gusenga, injira haruguru hiherereye, wugare urugi, uheze usenge So wawe ari ahiherereye : So wawe abona ikitaboneka azobikwishura.

Nimwisonzesha ntimwijirwe nk’uko abanyabwishime babigira, bakinyankabiranya mu maso, kugira ngo abantu babone ko bisonzesheje ; ni ukuri ndabibabwiye, impera yabo baramaze kuyironka. Weho rero, niwisonzesha, inogereze mu mutwe, ariko bimenywe gusa na So wawe ata kimusoba : So wawe abona ibiri mu mpisho azobiguhera impera. »