Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'imana' (Page 4)

Archives de Tag: imana

UMUSI MUKURU W’UMUSHAHA WA YEZU

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko : 7, 6-11

Umukama yabatoye kubera urukundo abafitiye.

Muri irya misi, Moshe yabwiye Abanyisraeli ati : « Uri igihugu cahezagiwe n’Umukama Imana yawe : ni Wewe Umukama Imana yawe yatoye mu ntara zose zo kw’isi ngo ube icibare ciwe. Igituma Umukama yabatoye akabitwararika, si ukubera ko igitigiri canyu casumba ic’abandi bose, mbere ni mwe bake kw’isi yose. Yabatoye riho kubera urukundo abafitiye kandi kugira ngo agumye isezerano yasezeranye na ba Sokuru banyu ; nico gituma Umukama yaramvuye ukuboko kwiwe rubasha vyose akabakiza ubuja, akabakura mu minwe ya Faraoni, umwami wa Misiri.

Uraheza rero utegere ko Umukama Imana yawe ari We Mana y’ukuri, Imana idatana mu ndagano, idaturgana kw’ijambo, abayikunda bagakurikiza n’amabwirizwa yayo ikabagumiriza urukundo rwayo gushika ku ruvyaro rw’igihumbi; abayanka na bo ikabahana kuno nyene. Abayanka ntibagera umutwe, kandi ibaha igihano kibakwiye. Uragumya rero amateka, amabwirizwa n’imigenzo yose ndagushikirije uyu musi, kugira ngo uyarangure. »

IZABURI 102 (103) 1-2. 3-4. 9-7. 8. 10

Icit : Urukundo Umukama afitiye abamwubaha
         Rwamaho imyaka yose.

Himbaza se mushaha wanje Umukama,
maze n’amagara yanje yose aninahaze Izina ryiwe ryeranda ;
himbaza se mushaha wanje Umukama,
maze ntihagire ico wibagira mu vyiza vyiwe.

Ni We akurekurira ibicumuro vyawe vyose,
ni We agukiza indwara zose ;
i We akugarurira ku cobo,
ni We atuma uhagatirwa n’urukundo n’igishika.

Umukama akorana ubutungane,
Akaburanira impahazwa ;
ni We yamenyesheje Moshe amabanga yiwe,
akereka abana b’Israeli ivyiza vy’agatangaza yakoze.

Umukama ni We Nyen’imbabazi n’ikigongwe,
ntakaza ishavu, yuzuye urukundo ;
uko ducumura, siko aduhana,
uko tumutuka, siko adusubiza.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere ry’Umutumwa Yohani : 4, 7-16

Imana yaradukunze.

Bakunzi banje, nidukundane, kuko urukundo ruva ku Mana. Kandi uwukundana wese yavyawe n’Imana, kandi arazi Imana. Uwudakundana ntiyamenye Imana, kuko Imana ari Rukundo.
Ng’iki icatumenyesheje urukundo rw’Imana muri twebwe : ni uko Imana yarungitse Umwana wayo w’ikinege kw’isi, kugira ngo tube bazima kubwiwe. Ng’iki ikigira urukundo : ni uko atari twebwe twakunze Imana, ariko ni uko ari Yo yadukunze, ikarungika Umwana wayo kw’isi kuba iciru c’ibicumuro vyacu.

Bakunzi banje, ko Imana yadukunze ityo, natwe turategerezwa gukundana. Ntawigeze yihweza Imana ; ariko dukundanye, Imana iratugumamwo, n’urukundo rwayo rukaba rurangukiye muri twebwe. Ng’iki ikitumenyesha yuko tuguma muri Yo, na Yo ikatugumamwo : ni uko yadusangije Mutima wayo. Natwe twarihweje kandi turemeza yuko Data yarungitse Umwana wiwe kuba Umukiza w’isi.

Uwo wese yemera yuko Yezu ari we Mwana w’Imana, Imana iramugumamwo, na we akaguma mu Mana. Natwe, twaramenye kandi twaremeye urukundo Imana idufitiye, ko ruba muri twebwe. Imana ni Yo Rukundo : uwuguma mu rukundo aguma mu Mana, na Yo Imana ikamugumamwo.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.

Umukama yavuze ati : « Nimwemere inganji yanje,
mukunde n’ivyo nigisha,
kuko nitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima. »

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo : 11, 25-30

Ndi uwitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima.

Muri irya misi, Yezu yavuze aya majambo ati : « Dawe, Mukama w’ijuru n’isi, ndagushemeza kuko wahishije ivyo bintu abanyabwenge n’abahinga, ukabimenyesha ibitazi. Niko, Dawe, kuko ariko wabishatse.

Dawe yarampaye ibintu vyose, kandi nta n’umwe amenya Mwana atari Se, kandi ntawumenya Se atari Mwana, be n’uwo Mwana azoba yamumenyesheje.
Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. Nimwemere inganji yanje, mukunde n’ivyo ndabigisha, kuko nitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima ; niho muzoronka akoyoko k’imitima yanyu. Ni ivy’ukuri, inganji yanje ntiremereye, na vyo ivyo nzobashinga ntibizobavuna. »

IDOMINIKA Y’8 YO MU MWAKA (A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 49, 14-15

(Jewe sinzokwigera ndaguheba)

Siyoni yahora igira iti : « Umukama yarampevye, Umukama yaranyibagiye. »  Mbe, hari umuvyeyi yokwibagira umwana ari ku bibero, hari uwokwanka uwo yibarutse ? N’aho hoboneka uwovyubahuka, jewe siinzokwigera ndaguheba.

Izaburi 61 (62), 2-3. 6-7. 8-9ab

Icit : Niwirukire ku Mana, mushaha wanje !

Umushaha wanje uruhuka ushikiriye Imana Yo nsa,
Ni Yo nyene izonkiza ;
Ni Yo kinja ryanje, ni Yo bukiriro bwanje,
Ni Yo nkinzo yanje, eka ntaco ninona.

Niwirukire ku Mana, mushaha wanje,
Ni Yo nzeyeko urukiza ;
Ni Yo kinja ryanje, ni Yo bukiriro bwanje,
Ni Yo nkinzo yanje, eka ntaco ninona.

Ku Mana ni ho bukiriro bwanje n’ubuninahazwa bwanje,
Ku Mana ni ho mirukiro yanje n’amahungiro yanje.
Niwizere Imana, wa ntara, izere udahengeshanya ;
Uyiganyire ayari ku mutima.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti : 4, 1-5

(Umukama azogaragaza akari mu mishaha)

Ncuti zanje,
Umuntu wese rero n’atubonemwo abasuku ba Kristu n’abashikiriza b’amabanga y’Imana. Nayo ico barondera ku mushikiriza, ni uko umwe wese yosangwa ari intatirimuka. Kubwanje, ivy’ugucirwa urubanza na mwebwe canke n’intahe y’abantu, ndabinezwe buhoro ; mbere na jewe nyene ntarwo nicîra. Niko, ntaco umutima untonganya, ariko si co kingira intungane ; uwuncira urubanza ni Umukama. Ni uko rero, nimureke guca urubanza na rumwe hataragera, igihe Umukama ataraza ; ni We azoboneshereza ivyanyegejwe mu mwijima, kandi azogaragaza akari mu mishaha. Niho rero umuntu wese azohabwa n’Imana ishimwe rimukwiye.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.
Ijambo ry’Imana ni rizima, ryuzuye ububasha,
Rirasobanura ivyiyumviro n’ivyipfuzo biri mu mitima.
Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo : 6, 24-34
(Ntimwitwararike ivy’ejo)

Muri irya minsi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati :«Ntawushobora gukorera ba shebuja babiri, kuko yokwanka umwe agakunda uwundi, canke yokwishimira umwe uwundi na we akamunebagura. Niho rero mutoshobora gukorera Imana n’ifaranga.

Nico gituma ndababwira nti : Nimureke guhagarikwa umutima n’indya zo kubatunga n’impuzu z’ukwambika umubiri wanyu. None, amagara ntasumba imfungurwa, umubiri na wo ugasumba ivyambarwa ? Rabe inyoni zo mu kirere : ntizibiba, ntizimbura, ntizica ibigega ; ariko So wanyu wo mw’ijuru arazigaburira ! None ntimuziruta na kure ? Aho nyene, ni nde muri mwebwe yoshobora kwiyongerako irindi tambwe ryo kuramba ngo n’uko bimuhagaritse umutima?
Na vyo ivyambarwa, bibahagarikira umutima iki ? Itegereze ukuntu amashurwe yo mw’ishamba akura : ntarima kandi nta mpuzu ajisha ; ariko ndababwiye ko na Salomo, nanzi ngo yari akatabonetse, atigeze yambara nka rimwe muri ayo mashurwe. Ko Imana irinda yambika ivyatsi vyo mw’ishamba vyirirwa uyu munsi ejo bigacanwa, mwebwe yobura kubagirira ibisumba ? Emwe mwa bantu mwemera buhoro !

Nimureke rero gusimbwa n’umutima mugira muti : Mbega tuza kurya iki ? Tuza kunywa iki ? Tuza kwambara iki ? Abapagani ni bo bakurikirana mwen’ivyo ; ariko So wanyu wo mw’ijuru arazi ko mukeneye ivyo vyose. Nimutangure rero murondere Ubwami bw’Imana n’ubutungane bwayo, na vyo ibindi izobibagerekerako. Ntimwitwararike ivy’ejo : ejo hazokwimenya. Umunsi wose ugorwa n’ivyawo. »

IDOMINIKA YA 3 YO MU MWAKA (A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya: 8, 23b-9, 3

(Mu Bugalile bw’abanyamahanga, igihugu cariboneye umuco w’agatangaza)

Kera Imana yaratetereje igihugu ca Zabuloni n’ica Neftali; ariko mu nyuma yarateye iteka inzira ikikuza ikiyaga, hakurya ya Yordani, no mu Bugalile bw’abanyamahanga.
Igihugu cahora mu mukorane cariboneye umuco w’agatangaza, umuco warasiye ku bantu bari muri ico gihugu c’umwijima.
Warongereje akanyamuneza kabo, ubasesekariza agahimbare : none bariko barakwigina, banezerewe nk’abariko barimbura, bishongora nk’abagabura amatungo y’abansi. Nkako wabaremuruye umuzigo wabasenya ibikanu, ubuhiri bwabavuna ibitugu wabugize ubunywenywe, ikibǒko c’uwabatwaza umukazo wagiciye nka wa munsi wirahira abansi kuri Madiyani.

Izaburi 26 (27), 1. 4. 13-14

Icit: Umukama ni We rumuri rwanje, ni We bukiriro bwanje.

Umukama ni We rumuri rwanje, ni We bukiriro bwanje,
notinya nde wundi ?
Umukama ni We nkingi y’ubuzima bwanje,
ni nde yompindisha agashitsi ?

Hari ikintu nsaba Umukama,
ndagicambirwa :
ni ukuba mu ngoro y’Umukama,
iminsi yose y’ubuzima bwanje,
ngo mpimbarwe n’uko Umukama ari mwiza,
nkaguma mu ngoro yiwe.

Ndavyemeye, nzobona Umukama agira neza
Kuri iyi si y’abazima.
Izigire Umukama, mugumye umutima, ntimuhugumbwe,
nimwitege Umukama.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti: 1, 10-13. 17
(Nimube mwese imvugarimwe kandi ntihagire amacakubiri yaduka muri mwebwe)

Ndabasavye, benewacu, kw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu, mube mwese imvugarimwe kandi ntihagire amacakubiri yaduka muri mwebwe ; nimuhuze imitima, muname rimwe. Nkako nyene, abantu b’i Klohe barambwiye ivyanyu : ngo hari imitongano muri mwebwe. Ni ukuvuga ko umwe wese muri mwebwe yitora akavuga ati: « Jewe ndi uwa Paulo », uwundi ati : « Nanje ndi uwa Apollo », uwundi na we ati : « Nanje ndi uwa Kefas », uwundi ngo : « Nanje ndi uwa Kristu ». Mbega, Kristu yaciwemwo ibice ? Mbega, Paulo ni we yabambwe ku musaraba kubwanyu canke mwabatijwe kw’izina rya Paulo ?
Eka, Kristu ntiyantumye kubatiza, yantumye kwigisha Inkuru Nziza, ntakoresheje ubwenge bwerekanwa n’imvugo, kugira ngo umusaraba wa Kristu ntupfe ubusa.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.
Yezu yarigishije Inkuru Nziza y’Ubwami,
akiza ubumuga n’indwara zose z’igihugu.
Alleluia.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Matayo : 4, 12-23

Igisomwa kigufi : 4, 12-17

(Yezu aza kuba i Kafarnaumi, ngo ijambo ry’Umuhanuzi Izaya riranguke)

Yezu amaze kwumva ko Yohani Batista yatawe mw’ibohero, asubira mu Bugalile. Avuye mu gisagara c’i Nazareti, aza kuba i Kafarnaumi, igisagara cegereye ikiyaga ku mbibe za Zabuloni na Neftali, ngo ijambo ry’umuhanuzi Izaya riranguke : « Gihugu ca Zabuloni, nawe gihugu ca Neftali, wewe nzira irora ku kiyaga, hakurya ya Yordani, Bugalile bw’abanyamahanga : igihugu cari cicaye mu mwijima cariboneye umuco w’agatangaza warasiye ku bari bicaye mu gihugu c’umuzimagiza n’urupfu. »
Kuva ubwo, Yezu atangura kwigisha, avuga ati : « Nimwihanure, kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi. »

(Igisomwa kigufi giherera aha).

Yezu rero aca ku nkombe y’ikiyaga c’i Bugalile abona abavukana babiri, Simoni yataziriye Petero na mwenewabo Andreya, bariko baratera insenga zabo mu kiyaga : na none bari abarovyi. Ababarira ati : «Nimunkurikire, nzobagira abarovyi b’abantu. » Nabo baca baheba insenga zabo, baramukurikira.
Ahavuye, arabandanya abona abandi bavukana babiri, Yakobo mwene Zebede na mwenewabo Yohani, bari mu bwato kumwe na se wabo Zebede, bariko barasana insenga zabo ; araheza arabahamagara. Na bo ubwo nyene baheba insenga zabo na se, baramukurikira.

Yezu yaragendura Ubugalile bwose yigishiriza mu masinagoga, yigisha Inkuru Nziza y’Ubwami, akiza n’ubumuga n’indwara zose z’igihugu.