Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'imana' (Page 5)

Archives de Tag: imana

IDOMINIKA YA 2 YO MU MWAKA (A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya: 49, 3. 5-6

(Ngiye kukugira umuco w’intara zose, urukiza rwanje rushike ku mbibe z’isi)

Umukama yambwiye ati : « Uri umusavyi wanje, Israeli, muri wewe nzoronka ubuninahazwa.»
Ubu hoho Umukama yaravuze, We yandemye mu nda ya mama, ngo ndamubere umusavyi, ndamugarukanire Yakobo, nshwabure Israeli. Ego cane, ndi n’agaciro mu maso y’Umukama, Imana yanje ni Yo magara yanje. Yaravuze iti : « Kuba umusavyi wanje ahagarikira bene Yakobo, agarura bene Israeli barokotse, ivyo ntibikwiye. Ngiye kukugira umuco w’intara zose, urukiza rwanje rushike ku mbibe z’isi.

Izaburi 39 (40), 2. 4ab. 7-8a. 8b-9. 10

Icit: Ndi hano, ndaje, Mukama, ndaje gukora ivyo ushaka.

Nari nizigiye Umukama nshimitse,
yaranteze ugutwi.
Araheza antuma nezerwa ndaririmba,
ndaririmbira Imana yacu.

Inkuka n’imperezwa vyari ubusa kuri Wewe,
warantabaye ndabimenya.
Eka ivyo baguhereza vyose ntiwari ubishimitsemwo,
niho nitora nti : « Ndi hano ndaje. »

Ivyanditswe kuri jewe
bintegereza gukora ivyo ushaka :
Mana mfise, amabwirizwa yawe aranezereza
Kandi ndayashize ku mutima.

Narataziriye inkuru nziza
Ishengero rikoranye.
Raba sinobinuma,
ni ico wiyiziye, Mukama.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti : 1, 1-3

(Tubipfurije inema n’amahoro akomoka ku Mana, Dawe wa twese, no ku Mukama Yezu Kristu)

Jewe Paulo,
Jewe nahamagariwe kuba umutumwa wa Yezu Kristu nk’uko Imana yabishatse, twe na mwenewacu Sosteni, turandikiye mwebwe Ekleziya y’Imana iri i Korenti, mwebwe mwatagatifujwe ne Kristu Yezu, mwahamagariwe kuba beranda hamwe n’abo bose bambaza iyo bari hose izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu, ari We Mukama wabo n’uwacu, tubipfurije inema n’amahoro akomoka ku Mana, Dawe wa twese, no ku Mukama wacu Yezu Kristu.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.

Jambo yarigize umuntu, abana natwe.
Abamwakiriye bose yabahaye ububasha
Bwo kuba abana b’Imana.

Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani : 1, 29-34

(Ng’uyu Umwagazi w’Imana, ng’uyu uwukura igicumuro c’isi)

Yohani Batista abona Yezu aje, amwerekeye, aca avuga ati : « Ng’uyu Umwagazi w’Imana, ng’uyu uwukura igicumuro c’isi. Uwo ni We navuze, aho nagira nti : Mu nyuma zanje, haza kuza umuntu anduta, kuko ntarabaho yariho.
Na jewe sinari ndamuzi ; yamara naje kubatiza mu mazi ngo amenyekane muri Israeli. » Yohani yongera avuga ati : « Nabonye Mutima amanuka ava mw’ijuru nk’inuma, maze ahagarara kuri We.
Nanje nyene sinari ndamuzi ; ariko uwandungitse kubatiza mu mazi ni we yambwiye ati : ‘Uwo uzobona Mutima yururukiyeko akamuhagararako, ni we abatiza muri Mutima Mweranda.’None naravyiboneye, nico gituma nemeje ko uyo ari We Mwana w’Imana.

IDOMINIKA YA 29 YO MU MWAKA

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka : 17, 8-13
(Igisabisho gihozako ca Musa kiratsinda abansi)

Mu gihe abanyisraeli bari mu gahinga, Abameleki baraja kubatera i Refidimu. Moshe rero abarira Yoshuwa ati : « Dusobanurire abantu, ubajane murwanye Abamaleki ; nanje ejo nzohagarara ku mpinga y’umusozi, nitwaje ya nkoni y’Imana. »
Yoshuwa agira nk’uko Moshe yamubariye nyene, aja kurwanya Abamaleki ; Moshe na Aroni na Huri baraduga, baja ku mpinga y’uwo musozi. Maze, Moshe iyo amanitse amaboko, Abanyisraeli ni bo batera baja imbere ; ayamanuye na ho, Abamaleki bakaba ari bo batera baja imbere.
Maze, amaboko ya Moshe arateba araruha ; bafata ibuye, bararimufatira aryicarako ; Aroni na Huri bagumya amaboko yiwe, umwe ku ruhande rumwe, uwundi ku rundi : amaboko yiwe araguma gushika izuba rirenge. Yoshuwa rero aratsinda Abamaleki, abatsindisha inkota.

Izaburi 120 (121), 1-2. 3-4. 5-6. 7-8
Icit : Urukiza rwacu turukesha Umukama. We yaremye ijuru n’isi.

Amaso yanje ndayerekeje ku mataba :
urukiza rwanje ruzova hehe ?
Urukiza rwanje ndarukesha Umukama,
We yaremye ijuru n’isi.

Umukama ntazokureka ngo utirimuke,
Umuvunyi wawe ntazokwigera ahunikira.
Eka nyabuna, Umuvunyi w’Israeli
Ntasinzira kandi ntahunikira.

Umukama azoba umuvunyi wawe,
Umukama azogukingira ikibaba ;
ku mutaga izuba ntirizokunaga,
mw’ijoro ukwezi ntikuzogukorako.

Umukama azokurinda akabi kose,
azigame umutima wawe ;
Umukama azokuzigama mu mazinduka no mu matahuka,
ubu no mu myaka yose.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya kabiri Umutumwa Paulo yandikiye Timote : 3, 14-4,2
(Umuntu w’Imana aca abangukirwa, akagira ibimukwiye ngo akore igikorwa ciza cose)

Mwananje nkunda cane,
Urazigama ivyo bakwigishije, kuko uzi ko ari ivy’ukuri, ukamenya n’ababikwigishije. Kuva mu buto bwawe, wamye umenya Ibitabu Vyeranda : birashobora kuguha ubwitonzi bugushikiriza ubukiriro kubera ko twemera Kristu Yezu. Icanditswe cose cohejwe n’Imana kandi gifise akamaro mu kwigisha, mu guhanura, mu kugorora no mu kurera mu butungane. Gurtyo, umuntu w’Imana aca abangukirwa, akagira ibimukwiye ngo akore igikorwa ciza cose.
Ndakwihanikirije imbere y’Imana n’imbere ya Kristu Yezu azocira urubanza abazima n’abapfuye, ndabigusavye kandi kw’izina ry’uwuzoseruka mu buninahazwa bw’inganji yiwe : igisha udahengeshanya abaguteze amatwi n’abakwihoza, hanura, wihanize, uremeshe,  mu bwitonzi no mu bwira bwinshi.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Ijambo ry’Imana ni rizima, ryuzuye ububasha, rirasobanura ivyiyumviro n’ivyipfuzo biri mu mutima.
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 18, 1-8
(Imana izoburana abayo bayiborogera ijoro n’umtaga)

Umunsi umwe, Yezu yaciriye abigishwa biwe umugani, kugira abigishe ko bakwiye guhozako mu gusaba ntibarambirwe : « Habaye mu gisagara umushingantahe atubaha Imana, abantu na bo ntabababare. Muri ico gisagara nyene, hari umupfakazi yama amusaba amubwira ati : ‘Urantunga umburane, unkize uwirirwa arampama!’
Aramwankira kabiri, gatatu. Hanyuma yibwira ati : ‘N’aho ntubaha Imana, abantu sindabababare, uyu mupfakazi arangora, ngira ngo ndamucire urubanza rwiwe, yoye kumena amatwi. »

Umukama arasubira ati : « Nimwumve imvugo y’uyo mushingantahe mubi. None, Imana ni yo itoburana abayo bayiborogera ijoro n’umutaga ? Ni yo yobatevya ? Ndababwiye : izobaburana idahagaze. Ariko, none aho Umwana w’umuntu azogarukira, mbe azosanga ukwemera kw’isi ? »

IDOMINIKA YA 28 YO MU MWAKA

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abami : 5, 14-17

Nahamani yemeza icese Umukama

Elisha refuses the gifts of Naaman

Elisha refuses the gifts of Naaman (Photo credit: Wikipedia)

Nahamani, umukuru w’intwaramiheto z’umwami wa Siriya, aramanuka kwiyoga agashika indwi muri Yordani, nk’uko umuhanuzi Elize yari yabimutegetse. Umubiri wiwe uca usubira gutotahara, umera nk’uw’umwana w’ikibunduguru.
Niho rero yaca agaruka kwa Elize, ari kumwe n’abagendanyi biwe bose, yinjira iwe amubwira ati : « Noneho ndemeye ko ata yindi Mana iriho, atari Imana y’Israeli ! Enda rero, niwakire ishikanwa ry’umusavyi wawe. » Elize amwishura ati : « Nkurahiye ubuzima bw’Umukama nkorera, nt ana kimwe nzokwakira namba. » Nahamani aramwinginga ngo avyakire, ariko uno aguma yanka. Maze Nahamani aramubarira ati : « Ko utavyemeye, ndagusavye unkundire ntware ivu ry’iki gihugu ringana n’iryo amafarasi abiri yoshobora gutwara, kuko kuva ubu ata zindi mana nshaka guhereza amashikanwa atari Umukama Imana y’Israeli. »

Izaburi 97 (98), 1.2-3b.3c-4

Icit : Umukama aramenyesha intara z’amahanga yuko ari We akiza.

Vyinire Umukama akavyino gashasha,
kuko yakoze ivyiza vy’agatangaza ;
urukiza turukesha We,
ruva mu kuryo kwiwe kweranda.

Umukama yaramenyesheje intara z’amahanga
Yuko ari We akiza kandi yuko ari We ntungane.
Yaribitse ingene yakunze n’ingene atazohemukira
Umuryango w’Israeli.

Ba kavantara bose bariboneye
Ingene Imana yacu ikiza.
Wa si iyo uva ukagera, komera amashi Umukama,
samiriza akanyamuneza !

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya kabiri Umutumwa Paulo yandikiye Timote : 2, 8-13

Nitubere Kristu inzigamabanga z’imisi yose

Mwananje nkunda cane,
Ibuka Yezu Kristu yamuka ku muryango wa Dawudi : yarazutse mu bapfuye nk’uko Inkuru nziza nahawe ibivuga. Ni We mporwa mu magorwa bandemetse, gushika bambohe nk’inkozi y’ikibi. Ariko Ijambo ry’Imana, ntawushobora kuriboha. Nico gituma vyose ndiko ndabirinda kubw’abatowe, kugira ngo na bo bashikire ubukiriro muri Kristu Yezu hamwe n’ubuninahazwa bwamaho.

Iri jambo ni iry’ukwemera : «Nitwaba twarapfanye na We, tuzorambana na We ; nitwaba twararinze amagorwa hamwe, tuzosangira n’ubwami ; nitwaba twaramwihakanye, na We nyene azotwihakana ;nitwaba twaramuhemukiye, we azoguma ari intahemuka, kuko adashobora kwihakana We nyene. »

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.
Muri vyose na hose, nimwame mukenguruka, kuko ari co Imana ibashakako muri Kristu Yezu.
Alleluia.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 17, 11-19

Nta wundi yoboneka ngo agaruke aninahaze Imana, Atari uyo munyankiko !

Mu gihe Yezu yariko aragenda I Yeruzalemu, yaciye ku rubibe rwa Samariya n’Ubugalile. Ariko araca mu mihana yahoo, hakaba abantu cumi barwaye imibembe baza bagana iyo ari. Bashira ijwi hejuru bakiri kure bati : « Yezu, Mwigisha, tugirire ikigongwe ! »

Na We ngo ababone, arababwira ati : « Nimugende mwiyereke abasaserdoti. » Na bo bashitse mu nzira, babona bakize. Umwe muri bo rero ngo abone yakize, aca asubira inyuma, aza yishongora aninahaza Imana ; ashitse imbere ya Yezu, akubita ibipfukamiro hasi amukurira ubwatsi. Kandi uno yari Umunyasamariya.

Yezu rero arabaza ati : « Mbega, ntibakize bose uko ari cumi ? None se, ba bandi icenda bari hehe ? Nta wundi yoboneka ngo agaruke aninahaze Imana, atari uyo munyankiko! » Araheza amubarira ati : « Va hasi, ugende ; ukwemera kwawe kuragukijije. »