Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'imana' (Page 8)

Archives de Tag: imana

Ku wa 14 NYAKANGA : ININAHAZWA RY’UMUSARABA

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Iharūra : 21, 4b-9

(Musa acurisha inzoka y’icuma uwukomowe ayiravye yaca akira)

Français : Charles Le Brun, Le serpent d'Airai...

Français : Charles Le Brun, Le serpent d’Airain, 1650, Bristol, Art Gallery (Photo credit: Wikipedia)

Mu gihe Abanyisraeli bagandera mu gahinga, barabuze umutima barihebura. Bidogera Imana na Musa bati : «Mwadukuye mu Misiri ngo dupfire muri aka gahinga katagira umukate n’amazi. Twatewe iseseme n’aka gaheza !» Umukama rero atuma inzoka zikaze kubakomora, benshi muri bo barapfa. Baraza kubarira Musa bati : « Twaracumuye ku Mukama no kuri wewe. Dusabire, Umukama adukize izo nzoka. » Musa arabatakambira (ku Mukama). Umukama na We abarira Musa ati : « Curisha inzoka isa na zo, uheze uyimanike ku giti. Uwuzokomorwa wese akayiraba azoca akira.» Musa aca acurisha inzoka y’icuma ayimanika ku giti ; uwumaze gukomorwa ayiravye yaca akira.

Izaburi 77 (78), 1-2. 34-35. 36-37. 38
Icit : Ntimwibagire na rimwe ivyiza vy’agatangaza Umukama yabagiriye

Ewe gihugu canje, umvira amateka nashinze,
tega ugutwi ijambo mvuze,
nciye imigani,
nibukiriza ibanga ryo hambere.

Mu gihe yabageseza, bagira barondere Imana,
bagira bagaruke, iyo si bayiyegereze,
baribuka ko ari yo nkinzo yabo,
Umukama wabo ahangamye mw’ijuru.

Yamara kari akarimi keza,
baramubesha :
ntibari bamufiseko umushaha,
ntibemera n’insezerano ziwe.

Ariko We yamana imbabazi,
aho kubageseza yazimanganije akabi kabo ;
ah’ukugira uko ishavu rigize,
yama aricuvya kandi ntarambirwe.

IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyafilipi : 2, 6-11

(Yaricishije bugufi ; ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose)

Umukama Yezu,
yamanye akamere k’Imana,
Ntiyigeze yishira hejuru ngo n’uko angana n’Imana ;
Ariko yigize ubusa mu gusangira akamere k’abasuku,
Mu kwigira umuntu asa n’abandi ;
Yigenjeje nk’umuntu asanzwe,
Arushirizaho mbere kwicisha bugufi,
Aragamburuka gushika yemere urupfu
Kandi urupfu rwo ku musaraba.
Ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose,
Ikamugabira Izina rirengeye amazina yose,
Kugira ngo kw’izina rya Yezu, bose bakubite ibipfukamiro
Mw’ijuru, kw’isi no mu kuzimu kw’inyenga,
Kandi ururimi rwose ruyage ko Yezu Kristu ari Umukama,
Ngo Imana Se ininahazwe.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Turagusenga, Kristu, turaguhezagira, kuko wacunguje isi umusaraba wawe.
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Yohani : 3, 13-17

(Umwana w’umuntu abwirizwa kuninahazwa ku musaraba)

Muri irya minsi, Yezu yabariye Nikodemu ati : « Nta n’umwe yuriye mw’ijuru atari uwamanutse ava mw’ijuru, Umwana w’umuntu. Nk’uko Musa yamanitse inzoka mu gahinga, ni ko n’Umawana w’umuntu abwirizwa kumanikwa, ngo uwumwemeye wese aronke ubuzima budahera.

Nkako nyene, Imana yarakunze isi gushika itange Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwemeye wese ntapfe, aronke riho ubuzima budahera. Erega, Imana ntiyatumye Umwana wayo gucira isi urubanza, ariko yamurungitse ngo akize isi. »

IDOMINIKA YA 12 YO MU MWAKA

Croix de Pennavern.JPG

Croix de Pennavern.JPG (Photo credit: Wikipedia)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Zakariya (12, 10-11. 13, 1)

(Bazokwihweza uwo basogose)

Ng’iri ijambo Umukama avumereye :

Abo mu muryango wa Dawudi n’abo muri Yeruzalemu nzobaronsa umutima mwiza. Bazoheza bihweze uwo basogose ; bazomuririra nk’abaririra umwana w’ikinege, babogoza nk’abaririra umwana w’imfura. Muri ico gihe, i Yeruzalemu hazokwaduka induru n’iminiho, nka kumwe yari i Hadadi-Rimoni, mu kiyaya ca Megido. Kuri urya munsi, isoko ry’mazi rizodudubiriza abo mu muryango wa Dawudi n’abo muri Yeruzalemu, ngo ribakize igicumuro cose n’iceyi cose.

IZABURI 62(63), 2abcd. 2e-4. 5-6. 8-9

ICIT : Umutima wanje urakunyotewe, Mukama, Mana mfise.

Mana, ni Wewe Mana yanje,

Mpora ndondera kuva mu gitondo ca kare ;

umutima wanje urakunyotewe.

Nanje ndakwipfuza,

muri iyi si yase imigaga itagira n’ikinyotera.

 

Niko, narakubonye mu ngoro yawe,

ndihweza ububasha n’ubuninahazwa bwawe ;

niho urukundo rwawe rwandutira amagara,

ngashobora kugushimagiza!

 

Niko, nzoguma nguhezagira umwanya nkiriho,

nzokwayira iminwe izina ryawe ;

niho nzohimba nk’uwagaburiwe imisoso n’ibinure,

nzoguhaya mpimbarwe n’ukuguhoza mu kanwa.

 

Nkako, waje kuntabara :

nanje nakuvugirije impundu ndi mu mutamana wawe!

Umutima wanje wose uraguhurumbira,

ukuryo kwawe ni kwo kunshigikiye.

 

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abagalati (3, 26-29)

(Ko mwabatijwe muri Kristu, mwambaye Kristu)

Ncuti zanje,

Mwese muri abana b’Imana kubera ukwemera mufise muri Kristu Yezu. Mwese, ko mwabatijwe muri Kristu , mwambaye Kristu ; nta Muyahudi canke Umugreki, nta mushumba canke uwidegemvya, nta mugabo canke umugore bakiriho, kuko mwese muri umwe muri Kristu Yezu. Nimwaba muri aba-Kristu, muri uruvyaro rwa Ibrahimu, n’umuhango Imana yamwemereye nimwe mwawurazwe.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya

Umukama yavuze ati : “Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje, kandi ndazizi na zo zikankurikira.”

Alleluya.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka (9, 18-24)

(Petero yerekana ukwemera kwiwe)

Umunsi umwe, Yezu yariko arasengera ahiherereye, abigishwa biwe na bo bari kumwe. Araheza arababaza ati : “Mwumva abantu bavuga ngo ndi nde ?” Baramwishura bati : “Bamwe bavuga ngo uri Yohani Batista, abandi ngo uri Eliya, abandi ngo uri umuhanuzi yazutse muri bamwe ba kera.” Yezu araheza arababaza ati : “Mweho, muvuga ngo ndi nde ?” Petero, aba ari we avuga, yishura ati : “Uri Kristu w’Imana.”

Araheza arabihanikiriza ashimitse ngo ntihagire uwo babibwira, ati : “Umwana w’umuntu abwirizwa kubabara menshi, agacibwa n’abashingantahe n’abasaserdoti n’abanditsi, akicwa, hanyuma akazuka ku munsi ugira gatatu.”

Hanyuma bose ababwira ati : “Uwushaka kungendanira niyihebe we nyene, yikorere umusaraba wiwe w’iminsi yose, ankwirikire. Nkako, uwuzoshaka kurokora ubuzima bwiwe azobubura, na we uwuzobuheba kubwanje azoburokora.”