Accueil » Posts tagged 'Isamwa ata gicumuro'
Archives de Tag: Isamwa ata gicumuro
8 KIGARAMA : ISAMWA ATA GICUMURO RYA BIKIRA MARIYA
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (3, 9-15. 20)
Nzobankanisha, wewe n’umugore, abawe n’abiwe bazozirana
Umugabo amaze kurya kuri ca giti, Umukama Mana yaciye amuhamagara ati : « Mbega, uri hehe ? » Umugabo na we aramwishura ati : « Numvise ishwashwa ryawe mu ndimo, nca ngira ubwoba kuko ndi gusa, ni ko kwinyegeza. » Na We asubizayo ati : « Ni nde yakubwiye ko uri gusa ? Woba wariye ivyamwa vy’igiti nari nakubujije kurya ? » Wa mugabo yishura ati : « Ni wa mugore wampa yanzaniye ivyamwa vyaco, nanje ndarya. » Umukama abwira umugore ati : « Wagize ibiki ? » Umugore na we aramwishura ati : « Ni inzoka yampenze ndarya. »
Umukama abwira rero inzoka ati : « Ko warikoze, uragacibwa mu bindi bikoko vyose, ibitobito n’ibiba mw’ishamba. Uzogenda urikwega hasi, kandi indya yawe ni ivu gushika gupfa kwawe. Nzobankanisha, wewe n’umugore, abawe n’abiwe bazozirana. Azoguhonyora ku mutwe, (suite…)






