Accueil » Posts tagged 'itarenta'
Archives de Tag: itarenta
IDOMINIKA YA 33 YO MU MWAKA -Umwaka A
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Imigani (31, 10-13. 19-20. 30-31)
Umukenyezi yitonda aba ari n’agaciro
Ni nde azoronka umukenyezi atagira akanenge? Ibimuciye biruta na kure ibiciye intabonwa nziza cane. Umunega wiwe yama amwishimiye, amuzeyeko ivyiza vyinshi. Imisi yose babana, ni we gahimbare kiwe, nta magorwa azomutera. Arajisha, agatāka, eka arabangutse mu bikorwa. Yamana inyuzi mu ntoke, intoke ziwe ziraberereye. Aboro abakiriza yompi, agatabara abakene.
Ugushaza kurahenda, ubutore bw’umubiri na bwo nta co bumaze, ariko umukenyezi akwiye gushemezwa, ni urya yubaha Umukama. Muramuronsa igice c’ivyo yakoreye, ibikorwa vyiwe na vyo bimurange mu marembo y’igisagara.
IZABURI 127 (128) 1-2, 3, 4-5
Icit.: Hahiriwe umuntu wese yubaha Umukama.
Hahiriwe umuntu wese yubaha Umukama,
akagendera mu nzira yiwe! (suite…)






