Accueil » Posts tagged 'Izaya' (Page 2)
Archives de Tag: Izaya
IDOMINIKA YA 2 Y’UBUSHIKIRO (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (40, 1-5. 9-11)
Nimuharurire Umukama inzira
Humurize, humurize igihugu canje,
Nimusubirize umutima mu nda Abanyayeruzalemu.
Babwire muti : « Igikorwa canyu kirarangiye,
Igicumuro canyu carishuwe.
Umukama yarabahanye ikirenga kabiri ku bicumuro vyanyu. »
Ijwi risemerera riti :
« Nimuharurire Umukama inzira mu gahinga,
muharurire Imana yacu inzira igororotse mw’idonzi.
Umubande wose ufurirwe,
umusozi n’umutumba wose uringanizwe,
ahari imanga hose hongere hasaswe,
na ho ahaduga nk’uruti rw’icumu haringanizwe.
Ni ho ubuninahazwa bw’Umukama buzokwibonekeza,
kandi nta wuzosigara atabubonye,
kuko Umukama yarivumereye. »
Wewe uzaniye Siyoni inkuru nziza,
duga ku musozi muremure.
Wewe uzaniye Yeruzalemu inkuru nziza,
shira ijwi hejuru cane.
Tereza akamo, ntutinye.
Ubwire ibisagara vya Yuda uti :
« Ng’iyo Imana yanyu !
Ng’uyo Umukama Imana, azozanana n’ububasha,
ukuboko kwiwe kuzomugarurira vyose.
Raba, azoza azanye ivyo yatsindiye vyose
Kandi inkurikizi yiwe yitangiye imbere.
Azoragira ubusho bwiwe nk’umwungere,
azoterura imyagazi mu maboko,
ayitware ku gikiriza,
intama zonsa na zo azozibungabunga. »
IZABURI 84 (85), 9ab-10. 11-12. 13-14
Icit : Mukama, twereke urukundo udufitiye,
uduhe urukiza rwawe.
Hinge numvirize ivyo Umukama agira avumere :
avumera amahoro y’igihugu ciwe ;
nangwa, abamwubaha bari hafi y’ugukira,
hanyuma ubuninahazwa bwiwe bube kw’isi yacu.
Urukundo n’agatima k’ibanga bigendane,
amahoro n’ubutungane bihane ikaze ;
umudahemuka azokwamuka kw’isi,
intungane imanuke iva mw’ijuru.
Umukama niyadukomorera ingabirano ziwe,
isi izoca irondoka ;
ubutungane buzomuja imbere,
amahoro yiwe amuherekeze.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya kabiri ry’Umutumwa Petero (3, 8-14)
Nimutegure inzira y’Umukama
Bakunzi banje,
Hari ikintu mudashobora kwibagira : ni uko mu maso y’Umukama umusi umwe umeze nk’imyaka igihumbi, imyaka igihumbi ikamera nk’umusi umwe. Umukama ntatevya isezerano ryiwe, nk’uko bamwe biyumvira yuko aritevya ; ariko arazi kubiyumanganya, ntashaka ko hagira n’umwe atikira, ashaka ko bose bohava bisubirako. Mugabo, umusi w’Umukama uzoza nk’igisuma, aho ikirere kizosanzara casirana, ibisate vyaco bigashongeshwa n’umuriro, isi na yo n’ibikorwa biri muri yo bigacika igitongorero.
None, ko ivyo vyose bizoshonga bityo, namwe mutegerezwa kwigenza rweranda mu bikorwa vy’ukuyobokera Imana no mu bisabisho, mu kurindira no mu guhahamira amaza y’Umusi w’Imana uzotuma ikirere gishongeshwa n’ugusha, ibisate vyaco bikayagishwa n’umuriro. Nka ko, ivyo turindiriye nk’uko Umukama yabituraganiye, ni rya juru rishasha na ya si nshasha bivyagiyemwo ubutungane.
Ni uko rero, bakunzi banje, umwanya mukibirindiriye, nimushishikare rwose kugira ngo abasange muri mu mahoro, mutagira agahonzi n’amahinyu.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Nimutegure inzira y’Umukama, muringanize inzira ziwe ;
ni ho umuntu wese azobona urukiza rw’Imana.
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (1, 1-8)
Nimuringanize inzira z’Umukama
Intanguro y’Inkuru Nziza ya Yezu Kristu, Umwana w’Imana.
Nk’uko vyanditswe n’umuhanuzi Izaya ngo : « Raba ndungitse intumwa yanje imbere yawe, ngo ategure inzira yawe. Ijwi ry’uwuhogora mu gahinga riti : ‘Tegure inzira y’Umukama, ringanize inzira ziwe.’ »
Na we Yohani Batista yari mu gahinga, amanyesha ibatisimu y’ukwisubirako ngo ibicumuro birekurwe. Yirukirwa n’igihugu cose c’Ubuyudeha n’ababa i Yeruzalemu bose, bakemera ibicumuro vyabo kandi bakabatizwa na we mu mazi ya Yordani.
Yohani yari yambaye impuzu y’ubwoya bw’ingamiya, maze akayikenyeza umukanda w’urusâto, yari atunzwe n’ukurya inzige kumwe n’ubuki bwo mw’ishamba.
Kandi yigisha ati : « Uwuje mu nyuma zanje arandusha ububasha, mbere sinkwiye n’ugupfundurura imizana y’inkweto ziwe. Jewe, nababatije mu mazi gusa, ariko We, azobabatiza muri Mutima Mweranda.»
IDOMINIKA YA 15 (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (55, 10-11)
Imvura irarondora isi
Ng’iri iryavuzwe n’Umukama :
Nka kurya imvura n’ikime bigwa biva kw’ijuru ntibisubireyo bitavomeye isi ngo biyirondore, ibiterwa bikamera, umubivyi akaronka imbuto n’imfungurwa, niko n’ijambo rivuye mu kanwa kanje ritangarukako ritagize akamaro, ritaranguye ico nshaka, ridakoze ico naritumye.
IZABURI 64 (65), 10abcd. 10e-11. 12-13. 14
Icit : Imbuto zimwe zigwa mu busize bwinjiye, zirarondoka.
Uragendera isi ukayivubira,
ukongera ukayitungisha cane ;
inzizi z’Imana zuzuye amazi,
ni Wewe utanga amasaka.
Uko niko utunganya isi,
mu kuvubira imigāga yayo, mu kumenagura ibinonko ;
urabicucagira akavura nyako,
ugahezagira n’ibiyimezeko.
Umureko uwusagira ivyiza vyawe,
ku burari bwawe handagaye umugisha :
inyovu zirayagayaga,
imitumba na yo irigina.
Ku mitumba huzuye ubusho,
imibande yuzuye ingano.
Vyose vyigina mu kanyamuneza.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (8, 18-23)
Ibiremwa vyose vyiteze umusi ubuninahazwa bw’abana b’Imana buzohishurwa
Ncuti zanje,
Ku bwanje amagorwa yo ngaha kw’isi ntaho ahuriye n’ubuninahazwa twizigiye. Erega, ibiremwa vyose biriteze umusi ubuninahazwa bw’abana b’Imana buzohishurwa. Niko, isi yarabaye umuja w’ibitagira mvūrá, ariko ntiyavyishakiye, vyagizwe n’uwabiyisutsemwo. Ariko ubu irizigiye kuzokizwa ubwo buja bw’akabi, ishike mu buninahazwa bw’abana b’Imana ata nkomanzi.
Erega turazi neza ko gshika ubu isi yose yiganyira nk’umuvyeyi ari ku mbanyi. Kandi ga, si yo gusa, na twebwe nyene, n’aho tumaze kuronka ingabirano za mbere za Mutima Mweranda, turaciganyira mu mutima, twiteze ko umubiri wacu urokoka.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Imbuto ni ijambo ry’Imana, umubivyi na we ni Kristu.
Uwumwemera wese azoramba mu myaka yose.
Alleluya, alleluya
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (13, 1-23)
Igisomwa kigufi : 13, 1-9
Ubwami bw’ijuru busa n’umubivyi
Muri irya misi,
Yezu yavuye mu nzu aja kwicara ku nkombe y’ikiyaga ; abantu benshi bakoranira iruhande yiwe, araheza aja mu bwato, ishengero na ryo riguma ku nkombe. Hanyuma abwira abantu vyyinshi mu migani ati : « Hari umubivyi yitoye aja kubiba. Ariko arabiba, imbuto zimwe zigwa mu nzira, haza inyoni zirazinobagura. Izindi zigwa mu mabuye hatagira ivu rikwiye, zica zimera ningoga kuko zitarir zashitse mw’ivu ; izuba ngo ryake, rica riraziturira, kuko zitari zifise imizi, zica ziruma. Izindi mbuto zigwa mu mahwa ; ngo zimare gukura, arazizinga. Izindi zigwa mw’ivu ryiza ; zirarondoka, imwe yigira ijana, iyindi mirongo itandatu, iyindi mirongo itatu. Uwufise amatwi niyumve. »
Igisomwa kigufi giherera aha
Abatumwa begereye Yezu baramubaza bati : « Mbe igituma usigura mu migani ni iki ? » Arabasubiza ati : « Mweho mwarahawe kumenya amabanga y’Ubwami bw’ijuru, ariko bo iryo teka ntiibaritewe. Uwuri n’ico afise, bazomwongerereza atunge, na we uwutaco afise, bazomwaka n’utwo yahorana. Nico gituma ndabigisha mu migani, kuko bakanura ntibabone, bakumva ntibategere.
Ijambo Umuhanuzi Izaya yavuze ryabatahiye, ngo : ‘Muzokwumva n’amatwi yanyu ariko ntimuzotegera, muzorabisha amaso yanyu ariko ntaco muzobona ; kuko umutima w’ico gihugu wabaye ibuye : amatwi yabo bakayazibira, kugira ngo ntibaboneshe amaso yabo, ntibumvishe amatwi yabo, ntibategere mu muzirikanyi wabo, ntibahinduke ngo ndabakize.’
Amaso yanyu arahiriwe kuko abona, n’amatwi yanyu kuko yumva. Kuko ni ukuri ndababariye : abahanuzi n’abantu b’intungane benshi baripfuje kubona ico mubona ariko ntibakibonye, kwumva ico mwumva ariko ntibacumvise.
Mweho rero, umve ico umugani w’umubivyi uvuga. Iyo umuntu yumvise ijambo ry’Ubwami ntaritegere, Umwansi araza agaca arikura mu mutima wiwe : uwo muntu ni we yabibwe ku nzira. Uwabibwe ku mabuye na we, ni uwumva Ijambo agaca aryakirana akanyamuneza ; mugabo nta mizi rifise, rimara akanya gusa : haza amarushwa canke ikindi kiza gihama Ijambo, agaca aheba. Iyabibwe mu mahwa, ni umuntu yumvise ijambo, mugabo ivyiyumviro vy’isi n’itunga bigaca birizinga, ntiryame. Iyabibwe mw’ivu ryiza, ni uwumva Ijambo akaritegera neza ; uwo ni we yama imbuto, imwe ikagira ijana, iyindi mirongo itandatu, iyindi na yo mirongo itatu. »






