Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Mana'

Archives de Tag: Mana

IDOMINIKA YA 30 YO MU MWAKA

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : Sir 35, 15b-17. 20-22

(Imana ntiyirengagiza igisabisho c’umukene)

Umukama ni umucamanza atagira nkunzi.
Ntatoranya, arumviriza riho uwugowe amwambaza. Ntakengera igisabisho c’impfuvyi, n’iminiho y’umupfakazi.
Uwukorera Imana n’umutima wiwe wose, Imana iramwakiriza yompi, igisabisho ciwe kigashika mw’ijuru.
Igisabisho c’umworo kiramena ibicu ; ntashobora guhozwa igihe atararonka ico asaba.
Azohozako gushika Uwo mw’ijuru amurabe ryiza, aburanire intungane, azicire urutunganye.

Izaburi 33 (34), 2-3. 17-18. 19-23
Icit : Umurushwa aratabaza Umukama, akamwumvira.

Nzoninahaza Umukama na ntaryo,
nzomuhaya ntahengeshanya.
Nanje nyene nzoninahazwa n’Umukama,
abantu batobato nibumve, bahimbarwe.

Umukama aserukira gutikiza inkozi z’ikibi,
ntizibe zikirangwa kw’isi.
Barasaba Umukama akabumvira,
akabakiza umwitwarariko wabo wose.

Umukama yama yiyegereza imitima ituntuye,
akaremesha abajonjogoye.
Umukama azocungura abasavyi biwe,
nta wumuhungirako azopfa yishuye.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya kabiri Umutumwa Paulo yandikiye Timote : 4, 6-8. 16-18
(Shira ku muzirikanyi ijambo ry’Umukama)

Mwananje nkunda cane,
Jeho ndiko nditangako inkuka kandi igihe canje c’ukwigira kirashitse. Nararwanye rugabo, nararangije urugendo, narazigamye ukwemera. Ibisigaye ni ukuronka rwa rugori rw’ubutungane Umukama, We Mucamanza w’intungane azompereza kuri urya musi, kandi ntazoruhereza jewe jenyene, azoruhereza n’abo bose bazoba baroreranye urukundo iseruka ryiwe.

Aho natangura kuja kwiburanira, nta n’umwe yamfashije, ariko bose barampevye. Ese Imana itobobahora ! Umukama ni We yampagarikiye akandemesha, kugira ngo ijambo ryiwe rimenyeshwe nanje bimwe bishemeye kandi rishikire abapagani bose.
Nanje naravuye mu menyo y’intambwe ; Umukama azonkiza icitwa akabi cose kandi azondonsa ubwami bwiwe bwo mw’ijuru. Ni We akwiye ubuninahazwa imyaka yose. Amen.

English: The Pharisee and the Publican (Le pha...

The Pharisee and the Publican (Le pharisien et le publicain) by James Tissot, 1886-94, Opaque watercolor over graphite on gray wove paper, Brooklyn Museum (Photo credit: Wikipedia)

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Imana ni Yo yatumye abantu b’isi buzura na Yo muri Kristu, ikongera ikadushiramwo ijambo ry”ubwo bwuzure.
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 18, 9-14

(Umutozakori ni we yatashe agabanye)

Umunsi umwe, Yezu yaciriye uyu mugani bamwe bagira ngo ni bo beranda bagakengera abandi, ati : « Abantu babiri baraduze mw’isengero gusenga : umwe akaba ni Umufarizayo, uwundi na we Umutozakori.
Nya Mufarizayo, umutwe aranega, ku mutima asenga, agira ati : ‘Mana yanje, ndagushimiye, kuko ntameze nk’abandi, bo bariba, bakarenganya abandi, bagasambana, kandi simeze nk’urya Mutozakori ; nisonzesha kabiri mu ndwi, ngatanga imperezwa y’ivyo ntunze vyose.’
Wa Mutozakori na we, aguma kure, ntiyubahuka n’uguhanga ijuru, mugabo yikubita ku gikiriza, avuga ati : ‘Mana yanje, ngirira ikigongwe, jewe munyabicumuro.’
Ndabibabwiye : uyu ni we yatashe agabanye, na we umwe wa mbere, haba namba. Kukaba nkako, umuntu yihaya azoteterezwa, na we uwicisha bugufi azoshemezwa. »

IDOMINIKA YA 15 YO MU MWAKA

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko 30, 10-14

Itegeko ry’Imana ryanditswe mu mushaha w’umuntu

Muri iya minsi, Musa yabariye ishengero ry’Abanyisraeli ati : « Umviriza ijwi ry’Umukama Imana yawe, mu kugumya amabwirizwa n’amateka yiwe yanditswe muri iki gitabu c’Amabwirizwa ; n’usubize agatima ku Mukama Imana yawe n’umushaha wawe wose, n’umutima wawe wose. Iri bwirizwa nguhaye uyu musi ntirikurengeye, urashobora kurirangura. Ko ritari mw’ijuru, ntuze urinde kwibaza  uti : ‘Ni nde azokwurira mw’ijuru akaja kuritumanurira, tukaryumva, tukaboneraho kurikurikiza ?’ Ko ritari hakurya y’amazi, ntuze wibaze uti : ‘Ni nde azojabuka kurituzanira, tukaryumva, tukaboneraho kurikurikiza ?’ Iryo jambo riri hafi yawe, riri mu kanwa kawe no mu mutima wawe, kugira ngo urikurikize.»

IZABURI 68 (69), 14. 17. 30-31. 33-34. 36ab.37

Icit : Mwa bantu muciye bugufi, nimurondere Imana ; ni ho muzobona ubuzima.

Jeho mboneyeho kugutakambira, Mukama /muri iki gihe c’ukunyereka ubuntu bwawe, Mana mfise /n’unyishure kubera imbabazi nyinshi umfitiye,/kuko ari Wewe woshobora kunkiza rwose./

Urazirikanye, Mukama, urukundo rwawe ni akaroruhore,/kubw’imbabazi nyinshi umfitiye, n’undabe ryiza !/Jeho ndi umurushwa, ndababaye ;/rukiza rwawe nirumvyure, Mana mfise./

Nzoheza ninahaze izina ry’Imana,/nzorivyinira, nzorikengurukira./Abantu baciye bugufi barabibonye barahimbarwa :/« Eka namwe muhurumbira Imana,/nimusubize umutima hamwe !»/

Na none, Umukama yumvira abicisha bugufi,/ntarenzako amaso abiwe ari imbohe./Imana izobogora Siyoni/Kandi izokwubaka ibisagara vya Yuda,/kugira ngo abasavyi bayo bahatorane,/kandi abakunda izina ryayo bahagerere.

 

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abakolosi : 1, 15-20

Kubwiwe no muri We, ni ho vyose vyaremewe

Kristu ni We gashusho k’Imana itaboneka,   ni We yaboneye izuba zina kiremwa cose,   kuko muri We ariho vyose vyaremewe, ivyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi, ibiboneka n’ibitaboneka, yaba Abashingantahe canke Ingabo canke Inkomezi canke Intwaza z’Ijuru, Vyose ni We yabiremye kandi ni We maherezo ya vyose. Yamye ariho vyose bitarahaba kandi vyose bibeshwaho muri We. Ni We kandi umutwe w’umubiri wiwe ari wo Ekleziya. Ni We vyose vyamukako, ni We mfura y’abapfuye, Kugira ngo abe uwa mbere muri vyose, Kuko Imana yashimye ko umusesekara wayo wose Uvyagira muri Kristu, Igashima ko ku bwiwe vyose bisubira kwuzura na Yo, ari ivyo kw’isi ari ivyo mw’ijuru, Igihe yazana amahoro kubw’amaraso yasheshe ku musaraba.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.

Amajambo yawe, Mukama, araduha umutima n’ubuzima ; urafise amajambo y’ubuzima budahera.

Alleluya.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka 10, 25-37

Ibwirizwa ry’urukundo

Umusi umwe, Umwigisha yari aho ava hasi ngo ageze Yezu, ati : « Mbega, Mwigisha, nokora iki ngo nze ntorane ubuzima budahera ?»Yezu na we aramwishura ati : « None, mu mabwirizwa handitswe iki ? Uhora usomamwo ibiki ? » Uno na we amwishura ati : « Urakunda Umukama Imana yawe n’umushaha wawe wose, n’umutima wawe wose, n’amagara yawe yose, n’ubwenge bwawe bwose ; urakunda kandi mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene.» Yezu na we ati : « Wishuye neza ; genda, ugire gurtyo nyene, uzohoraho.»

Ariko, wa Mwigisha arondera ingene yokwikurayo, abaza Yezu ati : « Mbega, mugenzanje ni nde ?» Yezu amusubiza ati :

The Good Samaritan by Aimé Morot (1880) shows ...

The Good Samaritan by Aimé Morot (1880) shows the Good Samaritan taking the injured man to the inn. (Photo credit: Wikipedia)

«Habaye umuntu yariko aramanuka ava i Yeruzalemu aja i Yeriko ; arahava agwa mu bisuma, bihejeje kumwambura, biramukubita, birigira, bimusiga ari intere. Hanyuma rero, umusaserdoti amanukana nya nzira ; ngo amubone, aca iruhande arigira. Hanyuma na ho, harenguka umulevita ; ngo amubone, aca iruhande ararengana.

Umunyasamariya na we yari yimariyeurubanza ; aramurengukako, ngo amubone amutera ikigongwe ; aramwegera, apfuka inguma ziwe, azisukako amavuta n’umuvinyu, araheza amushira ku gitwazi ciwe, aja kumwakira indaro, aramubungabunga. Ngo buce, yakira idenariyo zibiri, azihereza nyen’indaro, amugira ati : ‘ Murwaze neza ; ibindi vyose uzomutangira, nzobigusubiza ngarutse.’

None ku bwawe, muri abo bantu batatu, ni nde yagiriye ubugenzi wa muntu yagwa mu bisuma ?» Wa Mwigisha yishura ati : « Ni uwo yamugiriye imbabazi.» Yezu na  We ati : « Genda nawe rero, ugire gurtyo. »