Accueil » Posts tagged 'Musa' (Page 2)
Archives de Tag: Musa
IDOMINIKA YA 21 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca Yozuwe (24, 1-2a. 15-17. 18b)
Tuzoba inzigamahanga z’Umukama, kuko ariwe Mana yacu
Muri irya misi,
Yozuwe yakoranirije imiryango yose y’Israyeli i Sikemu, ahamagaza abakurambere b’Israyeli, abakuru bayo, abacamanza bayo, be n’ababwiriza bayo ; bararenguka bahagarara imbere y’Imana. Yozuwe araheza abarira ishengero ryose ati : « Nimwabona bibabangamiye gukorera Umukama, uyu musi nimwitorere uwo muzokorera : hitemwo za mana ba sogokuruza bakorera hakurya ya rwa ruzi rwa Efurati, canke imana z’Abemori bene iki gihugu murimwo. Jewe n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Umukama.» Abantu baramwishura bati : « Twopfuma dupfa hako duheba Umukama ngo dukorere izindi mana ! Umukama Imana yacu ni we yadukuye mu gihugu ca Misiri, twe na ba sogokuruza, aho twari twagorewe mu buja ; ni we yakoze ibitangaza imbere yacu, ni we yadukingiye mu nzira yose twazananye no mu mahanga twaciyemwo. Na twebwe nyene, tuzogendanira Umukama, kuko ari we Mana yacu.»
IZABURI 33 (34) 2-3, 16-17, 18-19, 20-21, 22-23
Icit. : Umvirize, murabe,
ingene Umukama ari mwiza.
Nzoninahaza Umukama na ntaryo, (suite…)
Idominika ya 29 yo mu mwaka. (Umwaka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (17, 8-13)
(Igisabisho gihozako ca Moshe kiratsinda abansi)
Mu gihe abanyisraeli bari mu gahinga, Abameleki baraja kubatera i Refidimu. Moshe rero abarira Yoshuwa ati : « Dusobanurire abantu, ubajane murwanye Abamaleki ; nanje ejo nzohagarara ku mpinga y’umusozi, nitwaje ya nkoni y’Imana. »
Yoshuwa agira nk’uko Moshe yamubariye nyene, aja kurwanya Abamaleki ; Moshe na Aroni na Huri baraduga, baja ku mpinga y’uwo musozi. Maze, Moshe iyo amanitse amaboko, Abanyisraeli ni bo batera baja imbere ; ayamanuye na ho, Abamaleki bakaba ari bo batera baja imbere.
Maze, amaboko ya Moshe arateba araruha ; bafata ibuye, bararimufatira aryicarako ; Aroni na Huri bagumya amaboko yiwe, umwe ku ruhande rumwe, uwundi ku rundi : amaboko yiwe (suite…)
IDOMINIKA YA 2 YO MU KAREMA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (22, 1-2. 9a. 10-13. 15-19)
Ishikanwa rya sokuru wacu Ibrahimu
Umusi umwe, Imana ishaka kugeza Ibrahimu, iramwakura iti : « Ibrahimu ! »
Ayishura ati : « Sabwe, Mukama ! »
Imana na Yo iti : « Fata umwana wawe, ca kinege ukunda cane, Izahaki, ugende mu gihugu ca Moriya kumutangako ituro ry’Imana, ku musozi nza kukwereka. »
Bamaze gushika aho Imana yari yamurangiye, Ibrahimu yubaka ururhimbi, arundako za nkwi, araheza afata Izahaki umwana wiwe araboha, amutereka ku ruhimbi hejuru y’inkwi. Ibrahimu araramvura ukuboko, afata inkota ngo asogote umwana wiwe.
Umumarayika w’Umukama yamara avugira mu kirere ati : « Ibrahimu ! Ibrahimu ! »
Aramwishura ati : « Sabwe, Muhanyi ! »
Umumarayika na we ati : « Nturoreshe ukuboko ku mwana wawe ! Ntihagire ikibi umugirira ! Ndazi noneho ko wubaha Imana, ntiwanyimye umwana wawe, ikinege cawe kimwe rudende. »
Ibrahimu araramuye amaso, abona impfizi y’intama, amahembe afashwe n’igisaka. Ibrahimu arayifata, ayitangako ituro ry’Imana mu kibanza c’umuhungu wiwe.
Umumarayika atumwe n’Umukama asubira kwakura Ibrahimu ubwa kabiri, ati : « Ndarahiye, kw’izina ry’Umukama, kubera ko wubahutse gukora ivyo, ntiwimane umwana wawe, ikinege cawe kimwe rudende, nzoguhunda imihezagiro, abuzukuru n’abuzukuruza bawe bazogwira nk’inyenyeri zo kw’ijuru, bazongana n’umusenyi wok u nkombe z’ikiyaga, bazokwirahira abansi babo babigambe. Kw’izina ryabo, imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa, kuko wagamburukiye Imana. »
IZABURI 115 (116), 10. 15. 16-17. 18-19
Icit : Nzokwama ngendera imbere y’Umukama,
kuri iyi si y’abazima.
Nari nizeye Umukama, aho navuga nti :
« Ndagowe cane ! »
Urupfu rw’abamwishimira
Umukama ntaruraba ryiza.
Ewe Mukama,
jewe ndi umusuku wawe,
umwana w’incoreke yawe :
warankuye mu mvuto.
Nzogushikanira igiturire co kugukengurukira,
kandi ntabaze izina ryawe, Mukama ;
ivyo nemereye Umukama nzobikora vyose,
mu maso y’abiwe bose bakoranye.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (8, 31b-34)
Imana ntiyimanye Umwana wayo
Ncuti zanje,
Ko Imana isanzwe iturwanira, ni nde yoturwanya? Ko itimanye umwana wayo bwite, ariko ko yamuduhebeye twese, icoyitesha noneho kutugabira ibisigaye vyose kuri uno Mwana, ni iki? Ni nde azokwagiriza abatowe n’Imana? Mbega, Imana si Yo ibagira intungane? Ni nde azobacira urwo gutsindwa? Mbega, ni Yezu Kristu, kandi ari We yapfuye agaheza akazuka, akaba kandi ari We yicaye iburyo bw’Imana akatwambariza?
INKURU NZIZA
Kristu urakaninahazwa,
Wewe Jambo ryamaho ry’Imana nzima.
Muri ca gicu gica ibikeke
rya Data rirumvikana, riti :
« Uyu ni Umwananje nkunda cane :
nimumutege amatwi. »
Kristu urakaninahazwa,
Wewe Jambo ryamaho ry’Imana nzima.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Mariko (9, 2-10)
Uyu ni Umwana wanje nkunda cane
Umusi umwe,
Yezu atora Petero, Yakobo na Yohani, abajana bonyene ahiherereye ku musozi muremure. Araheza arihindura babona : impuzu ziwe zirakayangana nk’umwerasi wahejeje, bimwe ata mumeshi kw’isi yoshobora kweresha impuzu ukuraho.
Hanyuma, Eliya na Musa barababonekera, baganira na Yezu. Buno rero Petero abwira Yezu ati : « Muhanyi, birahimbaye ko tuba aha : ingo, tugire insago zitatu, rumwe rw’iwawe, urundi rwa Moshe n’urundi rwa Eliya. » Ntiyari azi ico yariko aravuga kuko bari bacitse ivutu.
Haza igicu kirabatwikira, muri nya gicu kandi hava ijwi riti : « Uyu ni Umwana wanje nkunda cane, nimumwumve ! » Buno nyene, baravye irya n’ino, nta wundi n’umwe babona hamwe na bo, atari Yezu musa.
Bariko baramanuka nya musozi, Yezu arababuza kugira uwo babwira ico bari babonye, Umwana w’umuntu atamaze kwizura mu bapfuye. Na bo bakora uko ababwirije ; ariko babazanya bonyene ivyo ari vyo ‘ukuzuka ava mu bapfuye’.






