Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Mutima Mweranda' (Page 3)

Archives de Tag: Mutima Mweranda

IDOMINIKA YA 6 YA PASIKA (Umwaka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (15, 1-2. 22-29)

paolo_2_viaggio-copyright-freeBamwe bo muri bo bamanutse i Antiyokiya bava mu Buyudeha bahora babwira benewabo bati: “Nimutagenyerwa nk’uko Musa yabitegetse, ntimuzokira.” Niko gushira kubiri bagahaririza Paulo na Barnaba. Bashinga rero ingingo ko Paulo na Barnaba na bamwe muri bo boduga i Yeruzalemu ku batumwa n’abakurambere ngo babatature.

Bahejeje kuvyihweza neza, abatumwa, abakurambere hamwe n’Ekleziya yose baja ingingo ngo batore bamwe muri bo, babarungike i Antiyokiya, bajane na Paulo na Barnaba. Abatowe ni Yuda bahora bita Barsaba be na Silasi, abantu b’icubahiro. Babarungikana ibaruwa rivuga riti: “Abatumwa n’abakurambere ari bo benewanyu, turatasha benewacu bo mu mahanga bari i Antiyokiya, muri Siriya no muri Sirisiya. Twarumvise ko hari bamwe baje bava ino, baza tutabarungitse, bakaza kubatera ubwoba babavyimvya umutima. Twaragiye inama imwe, (suite…)

IDOMINIKA YA 2 YO MU MWAKA (Umwâka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (62, 1-5)

Urukundo rw’Imana ku gihugu ciwe

Sinzoreka guhayagiza Siyoni,
sinzohengeshanya gushimagiza Yeruzalemu,
gushika ubutungane bwabo butamanzure nk’umutwenzi,
urukiza rwaho ruce ibibatsi nk’urumuri.
Intara zizoheza zibone ubutungane bwawe,
abami bose babone ubuninahazwa bwawe.
Bazogutazira izina rishasha
rivuye mu kanwa k’Umukama.

Mu minwe y’Umukama uzoba urugori rukayangana,
mu kiganza c’lmana uzoca ibibatsi nk’urugori rw’abami.
Ntibazoba bakikwita « Intabwa »,
intara yawe ntizoba icitwa « Akarere »,
bazoguhamagara riho « Kinezero canje »,
intara yawe bayite « Inkundwakazi »
kuko uhimbara Umukama,
intara yawe kandi izoronka umunega.
Nk’uko umusore yabîra umwigeme,
ni ko umuremyi wawe azokwǎbīra ;
nka kurya umukenyezi anezera umugabo wiwe,
ni ko nawe uzonezera Imana.

IZABURI 95 (96) 1-2a, 2b-3, 7-8a, 9a.10ac

Icit. : Nimugende mumenyeshe isi yose
         ivyiza vy’agatangaza Imana yakoze !

Vyinira Umukama akavyino gashasha,
nawe si iyo uva ukagera, vyinira Umukama,
vyinira Umukama, izina ryiwe rihezagirwe.

Uko bukeye uko bwije, nimumenyeshe urukiza rwiwe,
mwiganire abapagani ko ari we aninahaye,
mumenyeshe ibihugu vyose ivyiza vy’agatangaza yakoze.

Hereze Umukama, mwa miryango y’intara,
hereze Umukama ikaze n’iteka,
hereze Umukama ikaze rikwiye izina ryiwe.

Senga Umukama arangwa n’ubweranda :
nawe, wa si, hinda agashitsi mu nyonga ziwe,
cire agace abapagani muti : « Umukama ari ku ngoma ! »
ni we aca urubanza akurikije ubutungane.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (12, 4-11)

Mutima ni we agaba ingabirano ziwe

saint-esprit_et_egliseNcuti zanje,
Hariho ubwoko bwinshi bw’ingabirano, mugabo Mutima akaba umwe ; hariho ubwoko bwinshi bw’imyuga, mugabo Umukama akaba umwe ; hariho ubwoko bwinshi bw’ibikorwa, mugabo Imana Yo itunganya vyose muri bose ni imwe nsa. Umwe wese ahabwa na Mutima ingabirano, kugira ngo igirire akamaro bose. Umwe ahabwa na Mutima ingabirano y’ukwigisha ubwitonzi bw’Imana, uwundi iy’ukwigisha ubumenyi bw’Imana ku bw’uyo Mutima nyene, uwundi ingabirano y’ukwemera muri uyo Mutima nyene, uwundi iy’ugukiza muri uyo Mutima nyene, uwundi iy’ugukora ibitangaro, uwundi iy’uguhanura kw’izina ry’Imana uwundi iy’ugutahuza ibivuye kuri Mutima, uwundi iy’ukuvuga indimi, uwundi iy’ukuzisobanura. Ariko, ivyo vyose bigirwa na Mutima umwe rudende agabira umwe wese nk’uko abishaka.

INKURU NZIZA

Aleluya, alleluya.
Imana yaduhamagaye kubera inkuru nziza, kugira ngo tubashe gushikira
ubuninahazwa bw’Umukama wacu Yezu Kristu.
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (2, 1-11)

Ikimenyetso ca mbere ca Yezu i Kana

CanaUmusi umwe, habaye ubugeni i Kana mu Bugalile na we nyina wa Yezu ni ho yari ari. Yezu na we nyene yari yatumiwe muri ubwo bugeni, hamwe n’abigishwa biwe. Umuvinyu ngo uze guhera, nyina wa Yezu aramubarira ati : « Erega, nta muvinyu bagifise. » Yezu na we amwishura ati : « Mbega Mupfasoni, twe nawe tubisinzikayeko iki ? Igihe canje ntikiragera. » Araheza nyina wiwe abwira abasuku ati : « Ico aza kubabwira cose, muragikora. »

Hakaba hari haterekanze intango zitandatu zabajwe mu mabuye Abayuda biyuhagiriramwo : imw’imwe yuzuzwa n’impange zibiri canke zitatu. Yezu abarira ba basuku ati : « Nimwuzuze amazi izo ntango. » Barazuzuza no hejuru. Araheza Yezu ababarira ati « Nimudahe rero mushire umuteretsi. » Baramushira. Nya muteretsi ngo yumvirize nya mazi yahindutse umuvinyu, ahamagara nyenukurongora kuko atari azi iyo nya muvinyu uvuye, — vyari bizwi na nya basuku bene kuvoma, — aramubarira ati : « Abandi bahora babanza gutereka umuvinyu uryoshe, bamara guhimba bakawuhiriza uwutanganya n’uwa mbere kuryoha, yamara weho wabanje kwirengagiza uwuryoshe, none uwuzanye ubu. »

Ico ni co kimenyetso Yezu yatanguriyeko, agikorera i Kana mu Bugalile. Ukwo ni ko Yezu yerekanye ubuninahazwa bwiwe, abigishwa biwe baca baramwemera.

UMUSI MUKURU W’UBUTATU BWERANDA.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (4, 32-34. 39-40)

Umukama ni We Mana y’ijuru n’isi, kandi nta wundi Atari We

Muri irya misi, Musa yabariye ishengero ry’Abanyisrayeli ati : « N’ubaze rero ivyabaye mu misi yaheze, yabaye imbere yawe kuva umusi Imana yarema umuntu kw’isi, kuva ku mpera y’isi gushika ku yindi. Hari ikintu nk’ico gihambaye cigeze kuba ? Hari uwoba yarumvise ibisa n’ivyo ? Hari igihugu coba carumvise ijwi ry’Imana rivugira hagati mu muriro, nk’uko waryumvise, kigaheza kikaragama ? Canke, hari imana yoba yaragerageje gukura igihugu hagati mu kindi ikoresheje amananiza, ibimenyetso, ibitangaza, intambara, ikoresheje kandi ikiganza cayo gikomeye n’ukuboko kwayo kuramvuye, mu buryo buteye ubwoba nk’ivyo Umukama Imana yanyu yabakoreye vyose mu Misiri muvyibonera ?
Bimenye rero uyu musi, wongere ubishire mu mutima wawe, ko Umukama ari We Mana, hejuru mw’ijuru no hasi kw’isi ; nta yindi iriho. Urazigama amategeko n’amabwirizwa yiwe ndagutegetse uyu musi, kugira ngo uroranirwe wewe n’abahungu bawe mu nyuma zawe, kugira ngo kandi uzorambire mu gihugu Umukama Imana yawe aguhaye, mu myaka yose. »

IZABURI 32 (33), 4-5. 6. 9. 18-19. 20. 22

Icit. : Hahiriwe intara Umukama yigiriye iragi

 Ijambo ry’Umukama riratunganye,

ibikorwa vyiwe vyose birimwo ukuri.
Umukama akunda ingingo n’ukuri,
isi isagiriwe n’urukundo rwiwe.

Umukama yavuze rimwe, ijuru rirahagarara,
impwemu ziwe zirarema inteko z’ijuru ;
apfa kuvuga ikintu, kikaba gihagaze,
yategeka, ukabona ikintu kiraremwe.

Ijisho ry’Umukama rihora ku bamwubaha,
ku bizeye urukundo abafitiye ;
kugira abasimbishe icoba,
abakize amapfa.

Umutima wacu witeze Umukama,
ni We mahungiro yacu, ni We nkinzo yacu.
Mukama, tworose urukundo rwawe,
nk’uko ari Wewe twama twizigiye.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (8, 14-17)

Mwaronse umutima w’abana barezwe mu nzu udutuma tuvuga tuti : Abba, Dawe !

Ncuti zanje,
Abarongowe na Mutima w’Imana bose, ni bo bana b’Imana. Na kare, ntimwaronse umutima w’abashumba ngo musubire kugira ubwoba, yamara mwaronse umutima w’abana barezwe mu nzu utuma tuvuga tuti : « Abba, Dawe !» Mutima we nyene ubwiwe ni we afasha umutima wacu kwemeza ko turi abana b’Imana. Ko turi abana, turi ba samuragwa, ba samuragwa b’Imana n’abaragwa kimwe na Kristu, dusanzwe dusangiye na we ububabare kugira ngo tuzoninahazwe hamwe na we.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
– Haninahazwe Data na Mwana na Mutima Mweranda !
– Haninahazwe Uwuriho, Uwamyeho n’Uwugira ngo aze !
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (28, 16-20)

Mubabatize kw’izina rya Data n’irya Mwana n’iSteTrinitérya Mutima Mweranda

Muri irya misi, ba bigishwa Icumi n’umwe baja mu Bugalile, ku musozi, aho Yezu yari yabategetse kuja. Bamubonye baramupfukamira, ariko bamwe bagakekereza. Yezu abegereye ababwira ati : « Nahawe ubukuru bwose mw’ijuru no kw’isi. Gende rero mwigishe abantu bose, mubabatize kw’izina rya Data n’irya Mwana n’irya Mutima Mweranda, mubigishe gukora ivyo nabategetse vyose. Nanje ndi kumwe namwe ubutakibavirira gushika ku muhero w’isi. »