Accueil » Posts tagged 'Mutima Mweranda' (Page 4)
Archives de Tag: Mutima Mweranda
UMUSI MUKURU W’UBUTATU BWERANDA
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka : 34, 4b-6.8-9
(Umukama, Imana yuzuye imbabazi n’ubuntu)
Muri irya misi, Moshe yazindutse kare mu gatondo, aduga ku musozi wa Sinayi, nk’uko Umukama yari yamutegetse, atwaye vya bisate bibiri vy’amabuye. Umukama amanuka muri ca gicu, ahagararana na we aho hantu ; Moshe araheza yambaza izina ry’Umukama. Umukama aca imbere yiwe, aravumera ati : « Ndi Umukama, ndi Umukama, ndi Imana yuzuye imbabazi n’ubuntu, sinkaza ishavu, ndi ikigongwe cinshi, nzira guhemuka. »
Ako kanya, Moshe aca akubita ibipfukamiro hasi, arasenga. Hanyuma avuga ati : « Mukama, niwaba unkunda, ndagusavye utuje imbere. Ndazi, Mukama, ko iki gihugu gifise umutima ugumye nk’ibuye ; ariko, turekurire ibicumuro vyacu n’ubugaba bwacu, tugire ba samuragwa bawe. »
URURIRIMBO : Dn 3, 52-56
Icit : Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose !
Uragahezagirwa, Mukama, Mana y’abasokuru
Icit : Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose !
Izina ryawe rininahaye kandi ryeranda nirihezagirwe,
Icit : Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose !
Uragahezagirwa mu ngoro nyeranda y’ubuninahazwa bwawe,
Icit : Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose !
Uragahezagirwa ku ntebe y’ubwami bwawe,
Icit : Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose !
Uragahezagirwa, Wewe,
Icit : Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose !
Wewe uhangamye hejuru y’abamarayika,
Icit : Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose !
Uragahezagirwa mu kirere co mw’ijuru,
Icit : Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose !
IGISOMWA CA KABIRI
(Muragahorana inema ya Yezu Kristu,
urukundo rw’Imana
n’ingabirano ya Mutima Mweranda)
Ncuti zanje
Nimunezerwe, murondere ubweranda, muremeshanye ; muhuze imitima, mwamane amahoro : niho Imana y’urukundo n’amahoro izobana namwe. Nimuramukanye namwe mu kugwana mu nda nk’aberanda. Aberanda bose barabatasha. Muragahorana mwese inema y’Umukama Yezu Kristu, urukundo rw’Imana, mwuzure na Mutima Mweranda !
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Haninahazwe Data na Mwana na Mutima Mweranda !
Haninahazwe Uwuriho, Uwamyeho n’Uwugira ngo aze !
Alleluya, alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani : 3, 16-18
(Imana yarungitse Umwana wayo ngo akize isi)
Imana yarakunze isi gushika itange Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwemeye wese ntapfe, aronke riho ubuzima budahera. Erega, Imana ntiyatumye Umwana wayo gucira isi urubanza, ariko yamurungitse ngo akize isi. Uwumwemera nta ntahe imuvugirako, uwutemera we, yararemetswe intahe, kuko yanse kwemera izina ry’Umwana w’ikinege w’Imana.
Idominiká ya 6 ya Pāsíka (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa : 8, 5-8. 14-17
(Barabagranzurirako ibiganza, baronka Mutima Mweranda)
Muri irya misi,
Filipo yari yamanutse mu gisagara c’i Samariya kumenyesha Kristu. Abamutega yompi bari indiri, kuko bose bumva canke bakibonera ibitangaro yakora. Abari biziziwe na Shetani, yarabavamwo ikagenda iraboroga ; kandi abari bamugaye n’abacumbagira benshi yarabakiza. Igisagara cose cari mu kanyamuneza.
Abatumwa bo bari bagumye i Yeruzalemu, bumvise ko Samariya imaze kwigishwa Ijambo ry’Imana, barungikayo Petero na Yohani. Na bo bamaze gushikayo, barabasabira ngo Mutima Mweranda abazeko ; bari bamaze kubatizwa gusa kw’izina ry’Umukama Yezu, mugabo nta n’umwe yari bwaronke Mutima Mweranda. Nya batumwa rero barabagaranzurirako ibiganza, baronka Mutima Mweranda.
IZABURI 65 (66), 1-3a. 4-5. 6-7a. 16. 20
Icit : Bantu muri kw’isi yose, shimagize Imana.
Canke : Alleluya.
Bantu muri kw’isi yose, shimagize Imana,
muririmbire izina ryayo rininahaye,
muhimbaze ishimagizwa ryayo !
Mubwire Imana muti : « Ibikorwa vyawe ni agahambaye ! »
Abari kw’isi yose baricisha bugufi imbere yawe,
bakayaga, bakaririmba izina ryawe !
Nimuze, mwirabire ibikorwa vy’Imana,
ibitangaza yagiriye abantu ni agahambaye.
Yarahinduye ikiyaga ahumutse,
Abantu barijabukiye uruzi, ibirenge bidakandagiye mu mazi.
Aho ni ho dukura akanyamuneza kacu,
Kuko ategekana ububasha imyaka n’imyaka.
Abubaha Imana mwese,
Nimuze mwumvirize ivyiza yangiriye.
Imana n’ishimagizwe, Yo itirengagije igisabisho canje,
Ntinyime urukundo imfitiye.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere ry’Umutumwa Petero : 3, 15-18
(Yarishwe kuvy’umubiri, ariko yarasubiye kuba muzima kuvy’umutima)
Ncuti zanje,
Nimwubahe mu mishaha yanyu Umukama Yezu, mwame mufise iryo mwishura uwo wese ababaza igituma mufise umwizero. Mubigirane icubahiro, n’umutima wanyu utekanye, kugira ngo, kubera imigenzo myiza mufise muri Kristu, abababeshera bataterwe mu kubavuga nabi.
Na none, mwopfuma mubabara muhorwa iciza mukora, iyo ari co Imana ishaka, hako muhorwa inabi. Nangwa na Kristu We nyene yarapfuye rimwe rizima kubera ibicumuro, We ntungane apfira abononyi, kugira ngo adushikane ku Mana. Yarishwe kuvy’umubiri, ariko yarasubiye kuba muzima kuvy’umutima.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Uwunkunda azozigama ijambo ryanje,
Na Data azomukunda, duheze tuze iwe. »
Alleluya, alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani : 14, 15-21
(Nzosaba Data, na We azobaha uwundi Mutabazi)
Mu gihe yari mu kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se wiwe,
Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Nimwaba munkunda, muzozigama amabwirizwa yanje, nanje nzosaba Data, na We azobaha uwundi Mutabazi muzokwamana imisi yose. Azobaha Mutima w’ukuri, isi idashobora kwakira kuko itamubona ntinamumenye. Mweho muramuzi kuko abana namwe kandi ari muri mwebwe.
Sinzobasiga muri impfuvyi, nzogaruka kubaraba. Ni akanya gato isi ntibe ikimbona ; mweho yamara muzombona, kuko ndiho, namwe nyene muzobaho. Kuri uyo musi, muzotegera ko ndi muri Data, namwe muri jewe, nanje muri mwebwe. Uwakira amabwirizwa yanje akayazigama, ni we ankunda : na we uwunkunda, azokundwa na Data, nanje nyene nzomukunda nongere ndamwimenyeshe. »
Ugukēnguruka: Imâna ni inináhazwe.
Bose : Imana ni ininahazwe.
- Nituninahaz’Izina ryayo ryeranda.
- Haninahazwe Yezu Kristu, Mana nyayo n’Umuntu nyawe.
- Haninahazw’Izina rya Yezu.
- Haninahazwe Umushaha wiwe mweranda.
- Haninahazwe Amaraso yiwe y’igiciro ntangere.
- Haninahazwe Yezu, mw’Isakramentu ryeranda rwose ry’Altari.
- Haninahazwe Mutima Mutagatifu Umuvunyi.
- Haninahazwe wa Muvyeyi muhimbaza w’Imana Bikira Mariya mweranda.
- Haninahazw’Isamwa ryiwe ryeranda, ata gicumuro.
- Haninahazw’Iteka ryiwe ry’ukwurizwa mwijuru.
- Haninahazw’Izina rya Mariy’Umubikira n’Umuvyeyi.
- Haninahazwe Yozefu Mutagatifu wa Mukunzi wiwe
- Mungu naninahazwe mu Bamalayika biwe, n’abatagatifu biwe.
Cfr Turirimbire Umukama I, 6ème éd., Presses Lavigeries, Bujumbura 1998, p.69 (H1)








