Accueil » Posts tagged 'Ng’uyo Yezu araje'
Archives de Tag: Ng’uyo Yezu araje
« Ng’uyo Yezu araje. Musanganire ». Igihe c’Ubushikiro.
Ico ari co igihe c’Ubushikiro

Muri Ekleziya Gatolika ikurikiza imigirwa y’Abanyaroma (Église Catholique Romaine), ni ikiringo kimara indwi zine, cugurura, uko umwaka utashe, urukurikirane rw’ukuntu bahimbaza ikinyegezwa ca Kristu. Muri Ekleziya Gatolika ikurikiza imigirwa yarazwe n’umweranda Ambruwaze (Église Catholique de rite ambroisien), ico kiringo kimara indwi zitandatu. Nk’uko n’ibindi biringo bisanzwe bifise umusi mukuru bigenda bitwerekezako, n’ikiringo c’Ubushikiro kirafise uwo kitwerekezako : kitwerekeza ku musi mukuru wa Noheli, ari wo musi mukuru w’ivuka rya Yezu Kristu. Uwo musi mukuru (Noheli), twovuga ko watanguye guhimbazwa mu gice ca mbere c’ikinjana ca kane inyuma y’ivuka rya Yezu Kristu. Ariko mu kinjana ca gatandatu, ni ho hashirwaho ikiringo c’ukuwitegurira, ubwa mbere ntacari kihari. Muri ico kiringo rero bǎrisonzesha bakongera bakibabaza. Ico kiringo kimaze kujaho, mu nyuma cafashe intumbero ya Liturujiya.
Ukuntu ico kiringo catanguye gushirwaho
Ico kiringo nticamye kiringanijwe muri Ekleziya. Catanguye guhimbazwa mu kinjana ca gatanu. Umwepiskopi Perpet w’i Tours twovuga ko ari we yatanguje ihimbazwa ry’ico kiringo. Mw’ikete yanditse yasavye abakristu ko kuva ku musi mukuru w’umweranda Maritino w’i Tours (uhimbazwa itariki 11 Munyonyo) gushika ku musi mukuru wa Noheli, boza barisonzesha gatatu mu ndwi. Hari abaciye batangura (suite…)






