Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Pasika'

Archives de Tag: Pasika

« Dawe, ninahaza umwana wawe. » Duhamagariwe kwakira ubuninahazwa bw’Imana, ngo imvugo yacu ireme kandi iremeshe.

S’abonner pour poursuivre la lecture

Abonnez-vous pour avoir accès à la suite de cette publication et au contenu réservé aux abonnés.

No mu bihe vy’ukwihebura kuko ivyo twari twizeye vyose vyāfyōndôtse, Yezu yama hafi yacu ngo dusangire urugendo. Atubere akarorero rero natwe.

  1. Yezu atwama hafi n’iyo turi mu ngorane.

Iri jambo Luka Mweranda yanditse mu myaka ya 80, haheze nk’imyaka 50 Kristu Yezu apfuye hanyuma akazuka riratwerekeye cane, hano iwacu. Yaryanditse afise ku mutima cane cane abakristu batari imvukira z’igihugu c’Abayuda. Imyaka ya 60 ishira 70 yari yabayemwo ingorane nyinshi ku bakristu, kubera uruhamo rw’Umwami Neron. Mu mwaka wa 70, Yeruzalemu yarasambuwe n’ingabo z’abanyaroma bariko bagwana intambara ngo bigarurire vyose. Muri 72 muri ico kinjana ca mbere nyene, mu bugaragwa bw’i Masada, ni ho hiciwe Abayuda ba nyuma bariko bagerageza kugwanira iteka ryabo. Ico gihe nyene, abatumwa bariko barapfa (kubera imyaka) kandi ari bo bari kiremesha mu mibano y’abakristu. Vyari bigoye. None babifate gute? Tweho bite, ko twaciye mu bisa n’ivyo.

Ku bakunzi ba Yezu, aho yiciwe, vyose vyari birangiye. Ahari umwizero ko ibintu vyagira bigende neza, na cane cane ko hari abari biteze ko Yezu abakurako agasuzuguro n’umukandamizo w’abanya-Roma, vyose vyari biguye mu mazi. Nta kindi kigisigaye kiretse ukwisubirira muhira: « ariko tweho twari twizigiye ko ari We yari gucungura Israyeli! None bukeye gatatu ivyo bintu vyabaye! « 
Muze twishire mu kibanza c’abo bigishwa. Muze tujane na bo akanya gato. Muze tubumvirize. Muze twibaze igihe nk’ivyo bitubayeko ingene twokwifata. Kandi vyama vyabaye. Kandi n’ubu ni vyo bidukoranije kuko hari muri twebwe abigeze kuba bafise umwizero mu babo ariko ugafyondoka, bagasigara bipfumbereje.

(suite…)

IDOMINIKA YA 4 YA PASIKA (Umwâka C)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (13, 14. 43-52)

Jésus, le Bon PasteurUmusi umwe, Paulo na Barnaba barashitse i Antiyokiya ya Pisidiya ku musi w’isabato, baragenda mw’isinagoga. Bavuye mw’ikoraniro, benshi mu Bayahudi no mu banyamahanga bemeye Ubuyahudi bakwirikira Paulo na Barnaba; baraganira na bo, babahanura kugumya inema y’Imana. Kw’isabato ikwirikira, igisagara nka cose kirakorana ngo cumve ijambo ry’Imana. Abayahudi ngo babone ico gihugu cose, bavyura ishari, bahinyuza Paulo mu vyo yavuga vyose, bamutuka. Paulo na Barnaba barashira amakenga, bababwira bati: “Ni mwebwe mwategerezwa kubwirwa ubwa mbere ijambo ry’Umukama; none ko muryanse, mukaba ari mwebwe nyene mwikengereye, mubona mudakwiye ubuzima budahera, hinge twigire mu bapagani. Kuko ari ko Umukama yadutegetse ngo: Nagutoye ngo ube umuco w’amahanga, ngo ujane ubukiriro hose gushika ku mpera y’isi.” Abapagani bumvise ayo majambo baranezerwa, baninahaza ijambo ry’Umukama; n’abo bose bari bagenewe ubuhirwe budahera baca baremera. Naryo ijambo ry’Umukama rikwira igihugu cose. Ariko, abagore n’abapfasoni bakunda Imana, n’abakuru b’igisagara, bohejwe n’abayahudi, bagirira nabi Paulo na Barnaba, barabirukana babakura mu ntara yabo. Paulo na Barnaba na bo babakunkumurirako inkungugu yari ku birenge vyabo, bigira muri Ikoniya. Abigishwa na bo bari buzuye akanyamuneza na Mutima Mweranda.

IZABURI 99 (100) 2, 3, 5

Icit: Turi mu ntara Umukama ayobora we nyene ubwiwe.

Canke: Alleluya.

Yemwe abari kw’isi yose, nimuvugirize Umukama impundu,
nimukorere Umukama n’akanyamuneza,
muze mu nyonga ziwe muririmbe.

Mumenye yuko Umukama ari we Mana:
Ni we yaturemye natwe turi abiwe,
Turi ingabo ziwe, turi intama zo mu busho bwiwe.

Erega, Umukama ni mwiza,
urukundo rwiwe rwamaho,
arakwiye kwemerwa mu myaka n’imyaka.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Yohani (7, 9. 14b-17)

Jewe Yohani, mbona isinzi ry’abantu batagira igitigiri bava mu mashinga yose, mu bwoko bwose, mu ntara zose, bavuga indimi zose, bahagaze imbere y’intebe y’Ubwami n’imbere y’Umwagazi, bambaye amakanzu yera, bafise n’ibisanda mu minwe.

Umwe wo mu Batama ambwira ati: “Abo ni abarokotse ya makuba, bamesuye amakanzu yabo, bayeresha amaraso ya wa Mwagazi. Nico gituma bahagaze imbere y’intebe y’Imana, bakayikorera ijoro n’umutaga mu ngoro yayo; na we Uwuvyagiye ku ntebe azosanza ihema ryiwe hejuru yabo. Ntibazoba bagisonza, ntibazoba bakinyoterwa, ntaho izuba rizoba rikibarabika canke intuguta yose iyo iva ikagera, kuko wa Mwagazi ubavyagiyemwo hagati ku ntebe uzobaragira kandi uzobashora ku mazi y’ubuzima. Imana na yo izohanagura amosozi yose mu maso yabo.”

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya

Jewe ndi wa mwungere mwiza; ndazi intama zanje, na zo zikamenya.

Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza nk’uko yashikirijwe na Yohani (10, 27-30)

Umusi umwe, Yezu yabariye Abayuda ati: « Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje, kandi ndazizi vyongeye zirankwirikira. Ndaziha ubuzima budahera, ntizizokwigera zipfa, bisubiye ntawuzozinkura mu minwe. Data yazimpaye aruta bose kandi ntawuzoshobora kuzikura mu minwe ya Data. Jewe na Data turi umwe. »